INKURU Y’UBUZIMA
Tumaze imyaka 50 mu murimo w’igihe cose hafi ya cercle arctique
“Biroroshe ko ukora ubutsimvyi. Abavyeyi bawe bompi bari mu kuri, kandi barashobora kugufata mu mugongo.” Ukwo ni ko twabwiye umugenzi wacu yari mu busuku bw’igihe cose. Yatwishuye ati: “Umve ndababwire: Twese dusangiye Dawe.” Iyo nyishu yiwe yarimwo iki cigwa gihambaye: Dawe wa twese wo mw’ijuru aritwararika abasavyi biwe akongera akabakomeza. Nkako, ivyadushikiye mu buzima vyarerekanye ko ivyo ari ukuri.
TWAVUKIYE mu muryango w’abarimyi urimwo abana cumi i Northern Ostrobothnia muri Finlande. Intambara ya kabiri y’isi yose yaragize ico ikoze ku bwana bwacu. Naho twaba ku bilometero amajana uvuye aho intambara zabera, ntitwigeze twibagira amabi y’iyo ntambara. Igihe ibisagara bibanyi vya Oulu na Kalajoki vyaterwamwo amabombe, twarabonye ibintu bitukura mu kirere mw’ijoro. Abavyeyi bacu baraduhimirije twebwe abana kuza turinyegeza igihe cose tubonye indege z’intambara ziciye hejuru yacu. Ni co gituma vyadukoze ku mutima igihe musaza wacu w’imfura Tauno yatubwira ivyerekeye isi y’iparadizo itazoba irimwo akarenganyo.
Uhereye ibubamfu: Eeva Kallio, Saimi Mattila-Syrjälä, Aili, Annikki na Saara Naponen mu 1949
Tauno yigiye ukuri kwo muri Bibiliya mu bisohokayandikiro vy’abatohoji ba Bibiliya afise imyaka 14. Igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yatera, yaranse kuja mu gisoda kubera ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya bituma atabwa mw’ibohero. Ari ng’aho, yarafashwe bunyamaswa. Ivyo nta kindi vyakoze atari ugukomeza umwiyemezo yari afise wo gukorera Yehova, kandi amaze kurekurwa yararushirije mbere kugira umwete mu busuku. Akarorero keza k’uwo musaza wacu karaturemesheje kuja ku makoraniro Ivyabona bagirira mu kigwati kibanyi. Twaritaba kandi amahwaniro, naho twabwirizwa kugira akigoro gakomeye ko kuziganya amahera akwiye y’urugendo. Twarashonera impuzu ababanyi bacu, tukarima ibitunguru tukongera tugatoragura inkere. Kubera ko twaba dufise ibikorwa vyinshi ku murima wacu, akenshi ntitwashobora kwitaba amahwaniro turi kumwe, ari co gituma twaza turakuranwa.
Uhereye ibubamfu: Matti (serugo), Tauno, Maria Emilia (inarugo), Väinö (umwana), Saimi, Aili na Annikki mu 1935
Ukuri twize ku vyerekeye Yehova n’imigambi yiwe kwaratumye turushiriza kumukunda, maze dufata ingingo yo kumwegurira ubuzima bwacu. Mu 1947, twempi twarerekanye ko twiyeguye mu kubatizwa mu mazi menshi, Annikki akaba yari afise imyaka 15, Aili na we 17. Mwene wacu Saimi yabatijwe muri uwo mwaka nyene. Twariganye kandi Bibiliya na mwene wacu Linnea, uno akaba yari yaramaze kwubaka urwiwe. We n’umuryango wiwe na bo nyene barabaye Ivyabona vya Yehova. Tumaze kubatizwa, twarishingiye umugambi wo gukora ubutsimvyi, tukaza turakora ubutsimvyi bw’igihe gito (ni ukuvuga bwo gufasha).
DUKORA UBUSUKU BW’IGIHE COSE
Turi ku rugendo tuja kw’ihwaniro i Kuopio mu 1952. Uhereye ibubamfu: Annikki, Aili na Eeva Kallio
Mu 1955, twarimukiye i Kemi, igisagara kiri kure cane mu buraruko. Naho twempi twakora akazi k’amasaha menshi, twaripfuza kuba abatsimvyi mugabo tugatinya yuko tutoshobora kwironsa ivyo dukeneye. Twiyumviriye yuko dukwiye kubanza kuziganya amahera. Ico gihe ni ho twaganira na wa muvukanyikazi w’umutsimvyi twavuga mu ntango. Ivyo vyaradufashije kubona ko gukorera Yehova mu murimo w’igihe cose bidahagaze gusa ku buryo bwacu bwite canke ku gufatwa mu mugongo n’umuryango wacu. Igihambaye kuruta ibindi vyose ni uko twiheka kuri Dawe wa twese wo mw’ijuru.
Kaisu Reikko na Aili bari mu busuku bwo mu ndimiro
Ico gihe twari twaraziganije amahera ahagije yo kudutunga amezi abiri. Ku bw’ivyo muri Rusama 1957, twarasavye dutinyatinya kumara amezi abiri dukorera ubutsimvyi i Pello, kino kikaba ari igisagara co mu karere ka Lapland, hakurya ya wa murongo w’ikigereranyo uri amaja kw’isonga rya ruguru ry’umubumbe w’isi (cercle arctique). Haciye amezi abiri, twari tugifise ya mahera yose twari twaziganije, ari co gituma twasavye kumara ayandi mezi abiri dukora ubutsimvyi. Haciye ayo mezi abiri, twari tugifise ayo mahera yose. Ico gihe twari twajijutse ko Yehova yotwitwararitse. Inyuma y’imyaka 50 tumaze mu murimo w’ubutsimvyi, turacafise ya mahera twaziganya! Dutereje amaso inyuma, tubona ko ari nk’aho Yehova yari adufashe amaboko atubwira ati: ‘Ntimutinye. Jewe nzobafasha.’—Yes. 41:13.
Inyuma y’imyaka 50 tumaze turi mu murimo w’ubutsimvyi, turacafise ya mahera twaziganya!
Turi kumwe mu busuku ku musi hari hakanye cane mu rushana
Mu 1958, umucungezi wacu w’umuzunguruko yasavye ko twoja gukorera ubutsimvyi budasanzwe i Sodankylä mu karere ka Lapland. Ico gihe, muri ako karere hariyo Icabona umwe gusa, akaba yari umuvukanyikazi. Yize ukuri mu buryo butwengeje. Umuhungu wiwe yari kumwe n’abanyeshure bigana bagiye gutembera i Helsinki, umurwa mukuru wa Finlande. Igihe uwo mugwi wariko uragendagenda muri ico gisagara, umuvukanyikazi umwe ageze mu zabukuru yarahaye Umunara w’Inderetsi uwo muhungu, akaba yari inyuma y’abandi, maze amusaba kuwuha nyina. Nya muhungu yarabigize, maze nyina wiwe aca aratahura ko yubuye ukuri.
Twarakose icumba cari hejuru y’inyubakwa y’ishirahamwe rimwe ryasatura imbaho. Ni ho twagirira amakoraniro. Mu ntango, ni twe twenyene twitaba amakoraniro hamwe n’uwo muvukanyikazi waho be n’umukobwa wiwe. Twasomera hamwe amayagwa yo kwiga. Mu nyuma, umugabo umwe yari yariganye Bibiliya n’Ivyabona yaraje gukorera muri iryo shirahamwe. We n’umuryango wiwe baratanguye kwifatanya n’umugwi wacu. We n’umugore wiwe bahavuye babatizwa. Uwo muvukanyi ni we yahagarikira amakoraniro twagira. Vyongeye, hari abandi bagabo bakorera muri iryo shirahamwe batanguye kwitaba amakoraniro maze barakira ukuri kwo muri Bibiliya. Haciye imyaka nk’ingahe, uwo mugwi wacu wari warongerekanye ku buryo hashingwa ishengero.
INGORANE ZADUSHIKIYE
Kuba twaragira ingendo ndende tuja kwamamaza, vyatuma ico gikorwa kitatworohera. Mu ci, twaragenda n’amaguru, tukanyonga amakinga eka mbere tukagenda n’ubwato kugira ngo dushikire abantu bo mu cibare cacu. Amakinga yacu yaradufashije bimwe bidasanzwe. Twarayikorako kandi igihe tugiye ku mahwaniro no kuramutsa abavyeyi bacu baba ku bilometero amajana n’amajana. Mu gihe c’urushana, twarafata ibisi mu gitondo ca kare tukaja mu kigwati kimwe co muri ako karere maze tugakora inzu ku nzu tugenda n’amaguru. Tumaze guhetura ikigwati kimwe, twaraja mu gikurikira n’amaguru. Ibibarafu vyaba ari vyinshi, kandi amabarabara ntiyama yakuwemwo ivyo bibarafu. Akenshi twaca aho imikogote ikwegwa n’amafarasi yaba yaciye muri ivyo bibarafu. Rimwe na rimwe ibibarafu vyarapfuka aho imikogote y’ingenzi zarenganye yaba yaciye, kandi mu ntango z’impeshi wasanga ibibarafu vyoroshe cane kandi bijaga ku buryo twabicamwo bitugoye.
Bamwebamwe mu bo twiganye Bibiliya
Kuba haba hakanye cane kandi huzuye ibibarafu vyaratwigishije kwambara mu buryo butuma dususuruka. Twambara mwene vya bintu bimeze nk’amashesheti bigera mu kiyunguyungu be n’imyambaro ibiri canke itatu y’amashesheti hamwe n’amabotine maremare cane. Naho vyari ukwo, amabotine yacu yakunda kuba yuzuye ibibarafu. Igihe twaba dushitse ku ngazi z’inzu yinaka, twarakura ayo mabotine maze tugakunkumurira hasi ivyo bibarafu. Vyongeye, amakoti maremare twambara mu rushana yarajoba ku gice co hepfo igihe twaba turiko turaca mu bibarafu. Mu nyuma, igihe haba harushirije gukanya, ico gice co hepfo caca kigumarara kubera ubukanye kikamera nk’icuma. Inarugo umwe yavuze ati: “Mutegerezwa kuba mufise ukwizera nyakuri, kubera ko mwemeye kuja hanze ikirere cifashe gutya.” Twari twagize urugendo rw’ibilometero birenga 11 n’amaguru kugira ngo dushike kuri uwo muhana.
Kubera ko twaja kure cane, akenshi twarara mu mihana y’abantu. Igihe bwaba buriko burira, twaca dutangura gusaba indaro. Iyo mihana wasanga iciye bugufi, mugabo abo bantu bari bafise umutima mwiza bakaba n’abakiranyi. Vyongeye, uretse ko baduha indaro, baraduha n’ivyo dufungura. Akenshi twaryama ku nshato z’ibikoko bimeze nk’impongo canke mbere ku nshato z’idubu. Vyarashika tukarara ahantu hameze neza gatoya. Nk’akarorero, umugore umwe yaba mu nzu nini yaratujanye mu cumba c’abashitsi mw’igorofa ryo hejuru aho igitanda ciza gishasheko amashuka mashasha yera cari kiturindiriye. Akenshi twaraganira kuri Bibiliya na nyene urugo gushika ryitereye. Ku muhana umwe, twebwe hamwe n’umugabo n’umugore baba muri iyo nzu twaraye mu cumba kimwe, bo barara mu ruhande rumwe natwe turara mu rundi. Ikiyago gishingiye ku Vyanditswe twagiraniye na bo carabandanije mu kizime gushika mu bucagucagu. Uwo mugabo n’umugore wiwe baguma babaza ibibazo bakurakuranwa.
UBUSUKU BUTEYE UMUNEZERO
Lapland ni igihugu kitimbuka mugabo ciza cane, kandi ubwiza bwaho bugenda buratandukana bivanye n’igihe c’umwaka. Ariko rero kuri twebwe, abantu bakunda Yehova bari beza mbere kuruta. Mu bantu b’imitima nziraburyarya twabwira inkuru nziza harimwo n’abakora igikorwa co kwicira ibiti bari baraje kuba mu makambi yabamwo abantu bakora ico gikorwa i Lapland. Vyarashika tukinjira mu kazu kamwe, twebwe abavukanyikazi babiri batobato, tugasangayo abagabo benshi cane. Abo bagabo b’inguvu barakira neza ubutumwa bwo muri Bibiliya bakongera bakakira ibisohokayandikiro bahimbawe.
Twariboneye ibintu vyinshi bishimishije. Umusi umwe, isaha yo ku gituro c’amabisi yari imbere iminuta itanu, bituma rero dusanga ibisi yari kudutwara yagiye. Twaciye twiyemeza gufata iyindi bisi ija mu kindi kigwati. Ntitwari bwigere dukorera muri ako karere. Ku muhana wa mbere, twahasanze umugore akiri muto umwe aca atubwira ati: “Kaze bigeme, nari ndabiteze.” Twari tumaze igihe twigana Bibiliya na mwene wabo. Uwo mugore akiri muto yari yarasavye uwo mwene wabo ngo atunganye ivy’uko twomugendera kuri uwo musi nyene. Ariko rero, ntitwigeze turonka ubwo butumwa. Twaciye dutangura kwigana Bibiliya na we hamwe n’incuti ziwe zaba hafi yiwe. Budakeye na kabiri, twarashize hamwe abo batohoji kugira ngo baze barigira hamwe, bakaba bari nk’abantu 12. Kuva ico gihe, abantu benshi bo muri uwo muryango barabaye Ivyabona vya Yehova.
Mu 1965, twarungitswe gukorera mw’ishengero turimwo ubu ry’i Kuusamo, munsi ya wa murongo w’ikigereranyo. Ico gihe, iryo shengero ryarimwo abamamaji bari ku rushi. Mu ntango, icibare cacu gishasha casa n’ikigoye. Abantu barakunda cane ivy’idini kandi baratwinuba. Naho vyari ukwo, benshi barubaha Bibiliya, ivyo bikaba vyaratuma turonka ico duhurizako mu kuyaga. Buhorobuhoro rero twaragerageje kumenya abo bantu, kandi haciye nk’imyaka ibiri, vyararushirije kworoha gutanguza inyigisho za Bibiliya.
TURACAFISE UMWETE MU BUSUKU
Turaja mu murimo wo mu ndimiro no ku misi imvura iba yaguye
Muri iki gihe, ntidufise inguvu zo kumara umusi wose mu murimo wo mu ndimiro, mugabo turacagira uruhara mu busuku imisi nka yose. Kubwira inkuru nziza abantu bo mu cibare cacu kinini cane vyararushirije kworoha igihe Aili yiga gutwara umuduga abiremeshejwe n’umusengezana wacu maze akaronka uruhusha rwo gutwara umuduga mu 1987 afise imyaka 56. Twararonse iyindi mfashanyo igihe hubakwa Ingoro y’Ubwami nshasha, tukimukira mu kazu gafatanye na yo.
Iyongerekana twiboneye rituma tugira umunezero mwinshi. Igihe twatangura umurimo w’igihe cose mu buraruko bwa Finlande, hari abamamaji bari ku rushi gusa basabagiye muri ako karere amahero. Ubu hari umuzunguruko umwe ugizwe n’amashengero atari make. Birakunda gushika ku materaniro no ku mahwaniro umuntu akidondora agaca atubaza nimba tumwibuka. Mu bihe bimwebimwe, usanga twarigeze kuba tuyoborera inyigisho ya Bibiliya iwabo akiri umwana. Izo mbuto ziba zaramaze imyaka nk’ingahe canke mbere imyaka mirongo zarabibwe, ziba zaramye!—1 Kor. 3:6.
Mu 2008, twararumije imyaka 50 turi abatsimvyi badasanzwe. Turakengurukira Yehova kuba twarashoboye kuremeshanya kugira ngo tugume muri ico gikorwa ciwe c’agaciro. Twabayeho mu buryo busanzwe, mugabo nta co twigeze tubura. (Zab. 23:1) Emwe, twariboneye yuko kwa gutinyatinya twagira mu ntango kutari gukenewe! Birashimishije kubona muri iyo myaka yose Yehova yaradukomeje nk’uko yabisezeranye muri Yesaya 41:10 ati: “Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.”