ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/11 rup. 16-20
  • Ubuyabaga—Kwitegurira kuba umuntu ageze mu bigero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuyabaga—Kwitegurira kuba umuntu ageze mu bigero
  • Be maso!—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kuva mu bwana yerekeza ku kuba umuntu akuze
  • Numenyere ico twokwita ahantu hashasha
  • Igihe umwana wawe w’umuyabaga agize amakenga ku vyo wemera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Intumbero y’umuvyeyi ni iyihe?
    Be maso!—2011
  • Guseruranira akari ku mutima n’abana b’imiyabaga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Inyongera ibibazo abavyeyi bibaza
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Ibindi
Be maso!—2011
g 10/11 rup. 16-20

Ubuyabaga​—Kwitegurira kuba umuntu ageze mu bigero

DUFATE yuko uvuye mw’izinga ryo mu karere gashushe ukaja mu karere gakanye cane ko kw’isonga rya ruguru ry’umubumbe w’isi. Ucururuka indege, uciye wumva ko uri ahantu hakanye nk’ibarafu. Woba uza kuhamenyera? Egome, mugabo uraza gukenera kugira ibintu bikeyi uhinduye.

Ikintu nk’ico kiragushikira igihe abana bawe babaye imiyabaga. Ni nk’aho ikirere kiba gihindutse bukwi na bukwi. Wa muhungu atahora akuva iruhande, ubu ashima kuba ari kumwe n’abo mu runganwe rwiwe. Wa mukobwa yahora ashika agaca akubwira ivyamushikiye uwo musi, ubu akwishura inyishu ngufingufi gusa.

Umubajije uti: “Kw’ishure vyagenze gute?”

Akwishura ati: “Neza.”

Aca yinumira.

Umubajije uti: “Uriko wiyumvira iki?”

Akwishura ati: “Nta na kimwe.”

Aca arushiriza kwinumira.

Ni ibiki none vyabaye? Mu myaka mikeyi iheze, umwana wawe yari afise umutima ukunze wo kukubwira ibintu nka vyose, mugabo ubu asa n’uwutakubwira ibintu vyinshi, kandi birashobora gushika akabwira abandi ivyo atokubwira. Woshobora kwiyumvamwo ko ushoboye gusa kwihweza umwana wawe w’umuyabaga ariko arakura mugabo ko udashoboye kumufasha.

Vyoba none bidashoboka ko uguma wiyegereje abana bawe mu gihe c’ubuyabaga? Ivyo si ko biri na gato. Urashobora kuguma wiyegereje abana bawe igihe bari mu myaka y’ubuyabaga. Ariko rero, urakeneye kubanza gutahura ibiriko biraba muri ico kiringo c’ikura gishimishije yamara rimwe na rimwe kibamwo amahinduka menshi.

Kuva mu bwana yerekeza ku kuba umuntu akuze

Abashakashatsi barigeze kuba biyumvira yuko ubwonko bw’umwana buba bumaze gukura bihagije ku myaka itanu. Ubu bemera yuko naho ubwonko bwongerekana gatoya inyuma y’ico kiringo, ukuntu bukora kwokwo kudahinduka. Igihe abana baba ari ho bacinjira mu buyabaga, baratangura kugira amahinduka mu mubiri atuma bahindura ukuntu biyumvira. Nk’akarorero, mu gihe abana batoyi usanga babona ibintu nk’uko biri koko, abana b’imiyabaga bobo usanga bafise agatima ko kwiyumvira ibintu nk’uko bitari, bagasuzuma bitonze ivyiyumviro vyinyegeje mu kintu kinaka. (1 Abakorinto 13:​11) Baragira ivyiyumviro bikomeye, kandi ntibagira isoni zo kubibwira abandi.

Uwitwa Paolo wo mu Butaliyano, yarabonye yuko umuhungu wiwe w’umuyabaga yagize amahinduka nk’ayo. Avuga ati: “Iyo ndavye umuhungu wanje w’umuyabaga, simbona yuko ari agahungu kari imbere yanje, ahubwo mbona umenga ni akagabo. Ntiyahindutse ku mubiri gusa. Ikintangaza kuruta ibindi ni ukuntu yiyumvira. Ntatinya guserura ivyiyumviro vyiwe no kubiburanira!”

Woba umaze kubona ikintu nk’ico ku mwana wawe w’umuyabaga? Kumbure igihe yari akiri umwana, yapfa gukurikiza amategeko. Nta yindi nsobanuro yari akeneye atari ukumubwira uti: “Kubera ko nabivuze.” Ubu ko ari umuyabaga, ashaka ko umusigurira igituma, kandi ashobora kuba anakekeranya ku ngingo umuryango wanyu ubayeho wisunga. Rimwe na rimwe ukuntu aserura ivyiyumviro vyiwe bisa n’ukugarariza.

Mugabo ntuce ushika ku ciyumviro c’uko umwana wawe w’umuyabaga arondera kwiganzura ingingo zawe. Yoshobora gusa kuba ariko arita ku rutare kugira ngo ingingo zawe azigire iziwe, ni ukuvuga azironderere ikibanza mu buzima bwiwe. Kugira ngo tubitangire akarorero, dufate yuko uriko urimuka uva mu nyubakwa imwe uja mu yindi kandi ukaba wimukanye utwawe twose. Vyoba vyokworoha yuko ikintu cose ukironkera ikibanza muri iyo nyubakwa nshasha? Vyoshobora kutoroha. Mugabo ico tutokeka coco ni iki: ntuzota ikintu na kimwe ubona ko kiri n’agaciro.

Umwana wawe w’umuyabaga arashikirwa n’ikintu nk’ico nyene uko yitegurira igihe aho “azosiga se na nyina.” (Itanguriro 2:​24) Ego ni ko, ico gihe coshobora kuba kikiri kure cane kubera ko umwana wawe w’umuyabaga aba atarashika mu bigero. Ariko rero, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, aramaze gutangura gutekera ibintu. Mu myaka y’ubuyabaga, aba ariko arasuzuma ingingo yakuze yigishwa, akaba ariko arahitamwo izo azogenda atwaye mu bigero.a

Kumenya ko umwana wawe ariko arafata ingingo nk’izo, vyoshobora kugutera ubwoba. Ariko rero, numenye yuko umwana wawe niyamara kugera mu bigero, azosigarana gusa ingingo abona ko ziri n’agaciro. Ku bw’ivyo, ubu umwana wawe w’umuyabaga akiri i muhira, ni co gihe c’uko asuzuma yitonze ingingo azobaho yisunga.​—⁠Ivyakozwe 17:11.

Mu vy’ukuri, birahambaye ko umwana wawe w’umuyabaga akora ico kintu. Nakare, hamwe ubu yoba apfa kwemera ingingo wisunga, mu nyuma yoshobora gupfa kwemera ingingo abandi bisunga. (Kuvayo 23:2) Bibiliya ivuga ko uwukiri muto nk’uwo yoroshe guhenda kubera ko aba “atagira umutima,” ivyo bikaba bisobanura ko atagira ugutahura, iyo ikaba ari imwe mu nsobanuro z’iyo mvugo. (Imigani 7:7) Uwukiri muto atajijutse ku vyo yemera arashobora “[ku]zungazungishwa n’ibisebuzi [a]janwa irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho biciye ku mayeri y’abantu.”​—⁠Abanyefeso 4:⁠14.

Wokora iki none kugira ngo umwana wawe ntashikirwe n’ico kintu? Niwiyemeze neza ko afise ibi bintu bitatu bikurikira:

1 UBUBASHA BWO GUTEGERA

Intumwa Paulo yanditse yuko “abantu bahumuye . . . ububasha bwabo bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.” (Abaheburayo 5:​14) Woshobora kuvuga uti: ‘Mugabo maze imyaka n’iyindi nigisha umwana wanje gutandukanya iciza n’ikibi.’ Vyongeye, nta gukeka ko ico kintu wamwigishije camugiriye akamaro muri ico gihe, congera kiramufasha kwitegurira ikiringo arimwo. (2 Timoteyo 3:​14) Naho ari ukwo, Paulo yavuze yuko bakeneye kumenyereza ububasha bwabo bwo gutegera. Mu gihe abana batoyi boshobora kuba bakeneye kumenya iciza n’ikibi, abana b’imiyabaga bobo baba bakeneye “[kuba] abakuze mu bubasha bwo gutegera.” (1 Abakorinto 14:​20; Imigani 1:4; 2:​11) Ntiwipfuza yuko umwana wawe w’umuyabaga agamburuka nk’impumyi, ahubwo wipfuza ko akoresha ububasha bwiwe bwo kwiyumvira. (Abaroma 12:​1, 2) Ushobora gute none kumufasha kubigenza gutyo?

Uburyo bumwe wobigira ni ukumureka agaserura akari ku mutima. Ntumuciremwo, kandi ukore uko ushoboye kwose kugira ngo ntutwarwe n’ishavu, n’igihe nyene avuze ikintu utipfuza kwumva. Bibiliya ivuga iti: ‘Utebuke kwumva, utebe kuvuga, utebe kuraka.’ (Yakobo 1:​19; Imigani 18:​13) Vyongeye, Yezu yavuze ati: “Ibibogaboga mu mutima [ni] vyo akanwa kavuga.” (Matayo 12:​34) Niwumviriza, uzoshobora kumenya ibintu biraje ishinga koko umwana wawe w’umuyabaga.

Igihe uvuga, nugerageze gukoresha ibibazo aho kuvuga ata kwigengesera. Kugira ngo Yezu atume abigishwa biwe be n’abantu b’intabarirwa baserura akari ku mutima, rimwe na rimwe yarababaza ati: “Muvyiyumvirako iki?” (Matayo 21:​23, 28) Urashobora kubigenza gutyo ku mwana wawe w’umuyabaga, n’igihe nyene aseruye iciyumviro gitandukanye n’icawe. Nk’akarorero:

Nimba umwana wawe w’umuyabaga avuze ati: “Sinzi neza ko Imana iriho.”

Aho kumwishura ngo: “Ivyo si vyo twakwigishije, iriho nyene!”

Woshobora kuvuga uti: “Ni igiki gituma wiyumvira gutyo?”

Kubera iki ukwiye gufasha umwana wawe w’umuyabaga guserura akari ku mutima? Kubera ko naho uba wamaze kwumva ivyo avuga, uba ukeneye no kumenya ivyo yiyumvira. (Imigani 20:5) Ingorane ishobora kuba ihagaze ku ngingo mfatirwako z’Imana aho kuba ihagaze ku kuba Imana iriho.

Nk’akarorero, uwukiri muto yumva ko agoberewe kurenga amategeko y’Imana agenga ikibereye n’ikitabereye, yoshobora kugerageza kuvyemera mu kwikuramwo iciyumviro c’uko Imana iriho. (Zaburi 14:1) Ashobora kwiyumvira ati: “ ‘Nimba Imana ata yiriho,’ si ngombwa rero ngo mbeho nisunga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya.”

Nimba umwana wawe w’umuyabaga asa n’uwiyumvira muri ubwo buryo, yoshobora kuba akeneye kuzirikana ku kibazo kigira giti: Noba vy’ukuri nemera yuko ingingo mfatirwako z’Imana zihari ku bw’ineza yanje? (Yesaya 48:​17, 18) Nimba yemera ko zihari ku bw’ineza yiwe, numuremeshe kubona yuko akwiye kurwanira ineza yiwe.​—⁠Abagalatiya 5:⁠1.

Nimba umwana wawe w’umuyabaga avuze ati: “Iryo ryoshobora kuba ari idini ryawe, mugabo ntibisobanura yuko rica riba rwanje.”

Aho kumwishura ngo: “Ni idini ryacu, nawe uri umwana wacu, kandi utegerezwa kwemera ivyo tukubwiye kwemera.”

Woshobora kuvuga uti: “Ivyo bintu uvuze ntivyoroshe. Ariko rero, nimba uteye akagere ivyo nemera, utegerezwa kuba ufise ibindi ubisubiriza. None wewe wemera iki? Ni ingingo mfatirwako iyihe wiyumvira yuko vyoba vyiza umuntu abayeho ayisunga?”

Kubera iki ukwiye gufasha umwana wawe w’umuyabaga guserura akari ku mutima? Kubera ko kumufasha kuzirikana muri ubwo buryo bishobora kumufasha gusuzuma ivyiyumviro vyiwe. Yoshobora gutangara amenye ko ivyo yemera ari co kimwe n’ivyo wemera mugabo ko ikimuraje ishinga ari ikindi kintu ata ho gisa gisana n’ico yakubwiye.

Nk’akarorero, kumbure umwana wawe w’umuyabaga ntazi ingene yosigurira abandi ivyo yemera. (Abakolosayi 4:6; 1 Petero 3:​15) Canke hashobora kuba hari umuntu badasangiye igitsina amukwegera, mugabo bakaba batemera bimwe. Numenye ingorane nyezina umwana wawe w’umuyabaga afise, maze na we nyene umufashe kuyitahura. Uko arushiriza gukoresha ububasha bwiwe bwo gutegera, ni ko azorushiriza kwitegurira kuba umuntu akuze.

2 UBUYOBOZI BUVA KU BAKUZE

Abahinga bamwebamwe mu vy’inyifato z’abantu bavuga yuko mu myaka y’ubuyabaga umuntu akwiye kwitega ibintu bitoroshe vyogereranywa n’ikirura be n’amaganya, mugabo mu mico kama imwimwe yo muri iki gihe, usanga ata kintu na kimwe cerekana ko ivyo bintu bishika. Abashakashatsi basanze abakiri bato bo muri ivyo bibano bamenyera ubuzima bw’abakuze hataragera. Usanga bakorana n’abakuze, bakifatanya n’abakuze, kandi bagashingwa amabanga agenewe abakuze. Imvugo nk’izi ngo “imico kama iranga abakiri bato,” “amabi akorwa n’abakiri bato,” eka mbere n’imvugo ngo “ubuyabaga” ntizibaho.

Igihushanye n’ivyo, rimbura ibintu bishikira abakiri bato bo mu bihugu vyinshi, abo usanga ari benshi cane mu mashure aho bifatanya n’abo bangana gusa. Iyo batashe, basanga ata n’umwe ari i muhira. Abavyeyi babo bompi baba bari ku kazi. Incuti zabo ziba kure. Abantu bonyene bifatanya na bo bitagoranye ni abo mu runganwe rwabo.b Woba ubona akaga birimwo? Ikibazo ntigihagaze gusa ku kuba bifatanya n’abantu batabereye. Abashakashatsi basanze n’abakiri bato b’intangakarorero basa n’abashaka kugira inyifato yo kutitwararika ibintu igihe bataba bari kumwe n’abakuze.

Isirayeli ya kera ni co kibano kitabuza abakiri bato kwifatanya n’abakuze.c Nk’akarorero, Bibiliya iravuga ibijanye na Uziya, uno akaba yabaye umwami wa Yuda akiri umuyabaga. Ni igiki cafashije Uziya kurangura iryo banga ritoroshe? Biragaragara yuko yafashijwe n’imiburiburi ku rugero runaka n’akosho keza yagizweko n’umuntu yari akuze yitwa Zekariya, uwo Bibiliya ivuga ko yari “uwigisha ugutinya Imana y’ukuri.”​—⁠2 Ngoma 26:5.

Umwana wawe w’umuyabaga yoba afise umuntu akuze umwe canke barenga bamuhanura, bisunga ingingo ngenderwako nk’izo wisunga? Ntiwumvire ishari abo bantu bagira akosho keza ku mwana wawe. Kuba umwana wawe w’umuyabaga abafise, birashobora kumufasha gukora ikibereye. Hari umugani wo muri Bibiliya ugira uti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”​—⁠Imigani 13:20.

3 AGATIMA KO KWITAHO IBINTU

Mu bihugu bimwebimwe, itegeko ntiryemera yuko abakiri bato bakoreshwa amasaha arenze ayo babwirizwa gukora buri ndwi canke ko bakora ibikorwa binaka. Bene ayo mategeko yashizweho kugira ngo akingire abana gukoreshwa mu buryo bushobora kubangamira ubuzima bwabo, akaba yashizweho biturutse kuri rya terambere mu vy’amahinguriro ryaba hagati y’ikinjana ca 18 n’ica 19.

Naho amategeko ajanye n’ibikorwa vy’umuruho umwana akora akingira abakiri bato ngo ntibashikirwe n’ibintu bishobora kubangamira ubuzima bwabo, abahinga bamwebamwe bavuga yuko ayo mategeko atuma kandi bataba abantu bitaho ibintu. Nk’uko igitabu kimwe (Escaping the Endless) kibivuga, ivyo vyatumye abana benshi b’imiyabaga batsimbataza agatima katabereye ko kubona yuko babereye kuronka ibintu batarinze kubibirira akuya. Bene kwandika ico gitabu bavuga yuko ivyo bitegerezwa kugenda gutyo nyene kubera yuko tuba mw’isi irushiriza kwitwararika ivyo kunezereza imiyabaga aho kugira ico ibitezeko.

Igihushanye n’ivyo, Bibiliya iravuga ibijanye n’abakiri bato bemeye kuzezwa amabanga aremereye. Rimbura ivyerekeye Timoteyo, uwo bishoboka ko yari akiri umuyabaga igihe yamenyana n’intumwa Paulo, uno akaba yari umugabo yagize ikintu kinini akoze kuri we. Paulo yarigeze kubwira Timoteyo ngo “[akabure] nk’umuriro ingabirano y’Imana iri muri we.” (2 Timoteyo 1:6) Naho Timoteyo ashobora kuba yariko arasozera imyaka yiwe y’ubuyabaga canke arengeje gato imyaka 20, yaravuye i muhira maze aragira ingendo ari kumwe n’intumwa Paulo, arafasha gushinga amashengero no gukomeza abavukanyi. Haciye nk’imyaka cumi Paulo akorana na Timoteyo, yarabwiye abakirisu b’i Filipi ati: “[N]ta wundi mfise ari n’umutima nk’uwiwe kandi yitaho ivyanyu.”​—⁠Abafilipi 2:20.

Abana b’imiyabaga akenshi usanga bashashaye kwemera kuzezwa ibanga, na canecane igihe baba babona yuko kurizezwa bituma bakora igikorwa ngirakamaro. Uretse ko ivyo bibigisha kuba abantu bitaho ibintu iyo bamaze gukura, biratuma kandi n’ubu bakora ibintu vyiza cane.

Numenyere ico twokwita ahantu hashasha

Nk’uko vyavuzwe mu ntango y’iki kiganiro, nimba uri umuvyeyi afise umwana w’umuyabaga, ushobora kuba wiyumvamwo yuko ari nk’aho uri ahantu hatandukanye n’aho wahora mu myaka mikeyi iheze. Nuhere amazinda yuko ushobora kumenyera, nk’uko wamenyereye mu bindi biringo vy’ikura ry’umwana wawe.

Imyaka y’ubuyabaga umwana wawe arimwo nuyibone nk’akaryo ufise ko (1) kumufasha gutsimbataza ububasha bwiwe bwo gutegera, (2) kumufasha kuronka ubuyobozi buva ku bakuze be no (3) kumufasha gutsimbataza agatima ko kwitaho ibintu. Niwabigenza gutyo, uzoba uriko urafasha umwana wawe kwitegurira kuba umuntu akuze.

[Utujambo tw’epfo]

a Igitabu kimwe kivuga mu buryo bubereye ko ubuyabaga ari “ugusezera umuntu utashaka ko mutandukana.” Ushaka kumenya ayandi makuru, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2009, urupapuro rwa 10-​12, wasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Ukwisamaza kugenewe abana b’imiyabaga kurafatira ku gatima bafise ko kwifatanya n’abo mu runganwe rwabo, kugatuma bagumana iciyumviro c’uko abakiri bato bafise imico kama ibaranga abakuze badashobora gutahura canke kwisunga.

c Ijambo “umuyabaga” ntiriboneka muri Bibiliya. Biragaragara ko abakiri bato bo mu basavyi b’Imana, baba abo mu gihe c’imbere y’ubukirisu canke mu gihe c’ubukirisu, bamenyera ubuzima bw’abakuze hakiri kare kuruta uko biri mu mico kama myinshi yo muri iki gihe.

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 20]

“NDIFITIYE ABAVYEYI BEZA IGITANGAZA”

Abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova barigisha abana babo kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya biciye ku vyo bavuga no ku karorero batanga. (Abanyefeso 6:4) Ariko rero, ntibabahatira kuzisunga. Abavyeyi b’Ivyabona baratahura yuko umwana wese amaze gukura ategerezwa kwihitiramwo ingingo azobaho yisunga.

Uwitwa Aislyn, akaba afise imyaka 18, abayeho yisunga ingingo yakuze yigishwa. Avuga ati: “Kuri jewe, idini ndimwo si ikintu nkora umusi umwe gusa mu ndwi. Ni bwo buryo bwanje bwo kubaho. Riragira ico rikoze ku kintu cose nkora no ku ngingo yose mfata, guhera ku bo ngira abagenzi kw’ishure gushika ku bitabu mpitamwo gusoma.”

Aislyn arakenguruka cane indero abavyeyi biwe bakirisu bamuhaye. Avuga ati: “Ndifitiye abavyeyi beza igitangaza, kandi naragize amahirwe kuba baranyinjijemwo icipfuzo co kuba Icabona ca Yehova no kuguma ndi we. Abavyeyi banje bazombera inguvu izonyobora igihe cose nzoba nkiriho”

[Ifoto ku rup. 17]

Nureke umwana wawe w’umuyabaga aserure akari ku mutima

[Ifoto ku rup. 18]

Umuntu akuze atanga impanuro arashobora kugira akosho keza ku mwana wawe

[Ifoto ku rup. 19]

Gushinga abana b’imiyabaga igikorwa ngirakamaro birabafasha kuba abantu bitaho ibintu iyo bamaze gukura

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika