ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/11 rup. 13-15
  • Ivyo abavyeyi bavuga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyo abavyeyi bavuga
  • Be maso!—2011
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya yoba ishobora kugufasha kurera abana bawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Kurera abana kuva bakiri batoyi gushika babaye imiyabaga
    Be maso!—2011
  • Ingene mwoha indero umwana wanyu
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Be maso!—2011
g 10/11 rup. 13-15

Ivyo abavyeyi bavuga

Ushobora gute gufasha abana bawe kumenya agaciro ko kugamburuka uko bagenda barakura? Ushobora gute kubigisha ibintu bizobagirira akamaro uko bagenda bagana ku kuba abantu bakuze? Raba ivyo abavyeyi bo hirya no hino kw’isi bavuze.

KWIGISHA ABANA KUBANA N’ABANDI NO GUKORA UDUKORWA TW’I MUHIRA

“Igihe dufunguriye hamwe tukongera tukaganira ivyadushikiye kuri uwo musi, umwana wese ariga kwumviriza. Igihe babonye twebwe abavyeyi turiko turumviriza twihanganye, biratuma bubahana bakongera bakiyubahiriza.”​—⁠Richard wo mu Bwongereza.

“Turakorwa ku mutima no kubona ukuntu abana bacu bubahana be no kubabona bariko baratorera umuti ingorane bafitaniye tutarinze kuhaseruka. N’ikindi kandi, barayaga n’abakuze umutima uri mu nda.”​—⁠John wo muri Afrika y’Epfo.

“Kubera ko ndi umuntu adatunganye, birashika nkababaza abana banje ntabishaka. Igihe ivyo bishitse, birahambaye cane ko nsaba ikigongwe ku bw’ikosa mba nakoze.”​—⁠Janelle wo muri Ositraliya.

“Turamenyereza abana bacu gukora udukorwa tw’i muhira. Kubigisha gukorera abandi birafasha abagize umuryango gukorana neza bikongera bigatuma abana bacu biyumvamwo yuko hari ico bamaze.”​—⁠Clive wo muri Ositaraliya.

“Naho bitoroshe, birahambaye ko twigisha abana bacu ukuntu botahurana, ukuntu bokwubahana be n’ukuntu bobabarirana.”​—⁠Yuko wo mu Buyapani.

ISUKU RY’UMUBIRI HAMWE N’AMAGARA

“Igihe abana bacu bari bakiri bato, twarabigisha kwiyoga maze tugatuma bibaryohera mu gukoresha amasabuni akozwe nk’udushusho tw’abantu, isabuni y’amazi yo kwoga mu mutwe iri mu ducupa ducapuweko utuntu dutwenza be n’ibinyuko bifise imero y’udukôko.”​—⁠Edgar wo muri Megizike.

“Igihe twaba ahantu hatari ibombo ry’amazi, nama ndaba neza yuko isabuni be n’ikintu kirimwo amazi biri ahantu habereye kugira ngo dushobore gukaraba mu minwe uko twinjiye mu nzu.”​—⁠Endurance wo muri Nijeriya.

“Buri musi turaha abana bacu imfungurwa ntungamagara tukongera tukabasigurira igituma bihambaye gufungura ingaburo ibereye. Kubera ko usanga abana bashaka kumenya ibintu bitandukanye biba bigize ibifungurwa binaka, ndabasaba ngo bamfashe guteka. Umwanya tumarana turiko turateka uratuma kandi turonka akaryo ko guseruranira akari ku mutima.”​—⁠Sandra wo mu Bwongereza.

“Kwinonora imitsi birahambaye, kandi twebwe abavyeyi turagerageza gutanga akarorero keza. Birashimisha abana bacu igihe uko tugize umuryango twiruka buhorobuhoro, igihe twoga, igihe dukina tenisi canke basiketi, canke igihe tugendeye ku makinga. Baratahura yuko kwinonora imitsi bidahambaye gusa, ariko kandi ko binaryoshe.”​—⁠Keren wo muri Ositaraliya.

“Ikintu abana bakeneye kuruta ibindi ni ukumara umwanya bari kumwe n’abavyeyi babo. Nta kintu na kimwe gishobora kugisubirira, yaba amahera, ingabirano canke gufata ingendo. Udukorwa tw’i muhira ndadukora gusa mu gitondo igihe abana baba bari kw’ishure. Gutyo, ku muhingamo ndaronka akaryo ko kuba ndi kumwe na bo.”​—⁠Romina wo mu Butaliyano.

GUTOZA ABANA INDERO

“Twasanze ata buryo na bumwe bwo gutoza indero ari bwiza kuruta ubundi; bivana n’ukuntu ibintu vyifashe. Mu bihe bimwebimwe, usanga gutoza indero umwana bisaba kuyaga na we mu buryo bukora ku mutima kandi ata gufyina, mu bindi bihe na ho, bigasaba kumwankira gukora ikintu akunda.”​—⁠Ogbiti wo muri Nijeriya.

“Turasaba abana bacu ngo basubiremwo ubuyobozi tuba twabahaye kugira ngo twiyemeze neza ko babutahuye. Mu nyuma, turakurikiza ivyo tuba twavuze. Nimba dushaka ko abana bacu baba abumviriza bakora ivyo bumvise, dutegerezwa kurangura uruhara rwacu mu kubahana igihe bagambaraye.”​—⁠Clive wo muri Ositraliya.

“Nasanze ari ngirakamaro guca bugufi kugira turehe n’abana banje igihe mba ndiko ndabakosora. Ivyo biramfasha gutuma bantega yompi. N’ikindi kandi, birabafasha kuguma babona ukuntu mu maso hanje hameze, bino bikaba bishobora kugira ico bibabwiye cokimwe n’ivyo mvuga.”​—⁠Jennifer wo muri Ositraliya.

“Turagerageza kutabwira umwana wacu ngo: ‘Ntiwigera wumviriza,’ mbere n’igihe biba bisa n’uko ari ko biri. Vyongeye, ntiduhanira umwana wacu mu maso y’uwo bavukana. Turamwongorera canke tukamwihereranya kugira ngo dushobore kugira ico tumubwiye.”​—⁠Rudi wo muri Mozambike.

“Abana baragirwako akosho bitagoranye, kandi barakunda kwigana abandi. Ku bw’ivyo, turakeneye kuzibira akosho konona gaturuka ku bo bigana, ku vyo bumviriza mu bimenyeshamakuru be n’agaturuka mu kibano, maze tugafasha abana bacu gutsimbataza inyifato runtu zishingiye ku ngingo ngenderwako zibereye. Kubashingira ingingo ngenderwako zigenga ikibereye n’ikitabereye birabafasha kwiyamiriza ikintu cose gishobora kubagirira nabi.”​—⁠Grégoire wo muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo.

“Abana bakwiye gutozwa indero mu buryo bushikamye, buhuye n’ikosa bakoze kandi budahindagurika. Bategerezwa gutahura inkurikizi yo gukora ikibi kandi bakamenya yuko ushira mu ngiro ivyo wavuze.”​—⁠Owen wo mu Bwongereza.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 14]

“Ntimuratse abana banyu, kugira ngo ntibavunike umutima.”​—⁠Abakolosayi 3:​21

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 15]

AMAKURU YEREKEYE UMURYANGO

Umuvyeyi yireranye abana arashobora kuroranirwa

Ibibazo vyabajijwe Lucinda Forster

Ni igiki kikugora kuruta ibindi bwa muvyeyi yireranye abana?

Kuba umuvyeyi ubwavyo si aho gutuma umwana, ariko bwa muvyeyi yireranye abana, birangora canecane kumenya ukuntu nokoresha neza umwanya wanje n’inguvu zanje. Bisaba umwanya kugira ngo umuvyeyi yinjize mu mwana ingingo ngenderwako be n’imico runtu yongere aronke umwanya wo kwiruhura no gutwenga bari kumwe. Akenshi biraba ngombwa ko mpeba umwanya wanje wo kwiruhura kugira ngo nkore udukorwa tw’i muhira.

Ubigenza gute none kugira ngo ugume useruranira akari ku mutima n’abakobwa bawe?

Iyo abavyeyi bamaze kwahukana, abana barashobora kwiyumvamwo ko badatekaniwe kandi bagashavura. Mbona yuko kurabana na bo mu maso no kutabakankamira igihe hadutse ingorane ari ikintu gihambaye. Ndarindira gushika duturuye, maze ngaca ngerageza guserura ikindaje ishinga ntarinze gukomeza ibintu. Ndababaza ico bavyiyumvirako, maze nkabatega yompi, kandi nkabereka ko ntahura vy’ukuri ukuntu biyumva. Nditwararika ibijanye n’inyigisho bahabwa kw’ishure nkongera nkabakeza ku vyo bakora. Twama dufungurira hamwe dutekanye. Nama kandi ndababwira yuko ndabakunda cane.

Ubatoza indero gute?

Abana barakeneye gushingirwa amategeko atomoye, kandi birahambaye ko ataza arahindagurika. Ndagerageza kubagaragariza umutima mwiza ariko ngashikama. Mbwirizwa gufasha abana banje kuzirikana nkongera nkabasigurira igituma inyifato yinaka itabereye. Ndagerageza kandi gutuma baserura akari ku mutima imbere y’uko ndabahana, kugira ngo menye icatumye bigenza gutyo. Iyo nsanze ndi mw’ikosa, nk’akarorero igihe mba natahuye ukutari kwo ukuntu ibintu vyifashe, ndabasaba ikigongwe.

Wigisha gute abana bawe kwubaha abandi?

Ndabibutsa ivyo Yezu yigishije, bijanye n’uko umuntu akwiye gufata abandi nk’uko yipfuza ko bamufata. (Luka 6:​31) Ndaremesha abakobwa banje gukora uko bashoboye kwose kugira ngo batorere umuti ingorane bafitaniye, nkongera nkabereka ivyiza biri mu kwishurana ubwitonzi n’ubuntu igihe bashavuye.

Mukora iki mu kwiruhura?

Kubera ko tudashobora kwama turonka uburyo bwo kuja gufatira akaruhuko ahandi, turarondera mu binyamakuru vyo mw’isi uburyo bwo kwiruhura budatwara amahera menshi. Turaja gusama akayaga canke tukaja kuratira ijisho ahari ibiterwa vyo kugurisha. Turatera mu murima wacu ibiterwa vyo kuryosha ibifungurwa maze tukaryoherwa igihe tuba turiko turirobanurira ivyo dukoresha mu guteka. Kwiruhura birahambaye, naho tumara gusa umwanya mu busitani bwo kwisamarizamwo bwo mu karere iwacu.

Ni umunezero uwuhe be n’ivyiza ibihe wironkeye?

Kuba mu rugo rurimwo umuvyeyi umwe ntivyatworoheye, mugabo twararushirije gufatana mu nda, kandi twarize gukenguruka ibintu vyiza dufise. Ndaryoherwa no kubona ukuntu umwana wese agenda aratsimbataza kamere zitandukanye n’iz’uwundi. Ubu baripfuza kumara umwanya bari kumwe nanje, kandi ndahimbarwa kuba ndi kumwe na bo. Iyo navyutse nabi canke neza barabibona kandi rimwe na rimwe barangumbira kugira gusa bampumurize. Ukuntu bangaragariza urukundo biranezereza cane. N’igihambaye kuruta, twariboneye ukuntu Umuremyi yitwararikana adukunda, uno akaba yaradufashije mu bihe vyinshi bigoye. Bibiliya yarandonkeje inkomezi zatumye nguma ngerageza kuba umuvyeyi mwiza.​—⁠Yesaya 41:13.

[Ifoto]

Uwu ni Lucinda ari kumwe n’abakobwa biwe Brie na Shae

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika