ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/11 rup. 21-23
  • Ivyo abavyeyi bavuga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyo abavyeyi bavuga
  • Be maso!—2011
  • Ivyo bijanye
  • Inyongera ibibazo abavyeyi bibaza
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Guseruranira akari ku mutima n’abana b’imiyabaga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Kuguma Museruriranira Akari ku Mutima Bitagoranye
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Kuki abavyeyi banje batandeka ngo niryohere?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Be maso!—2011
g 10/11 rup. 21-23

Ivyo abavyeyi bavuga

Imyaka y’ubuyabaga ituma abavyeyi benshi bagira izindi ngorane nyinshi. Woshobora gute gufasha umwana wawe kuroranirwa muri ico kiringo c’ubuzima, icoshobora kumuvuruga ubwenge nk’uko na wewe kikuvuruga ubwenge? Raba ivyo abavyeyi bamwebamwe bo hirya no hino kw’isi bavuze.

AMAHINDUKA

“Igihe umuhungu wanje yari akiri muto, yaremera impanuro ndamuhaye atarinze guharira. Mugabo igihe yashika mu myaka y’ubuyabaga, yasa n’aho atizigira ubukuru bwanje. Yarakekeranya ku vyo naba navuze no ku kuntu naba nabivuze.”​—⁠Frank wo muri Kanada.

“Umuhungu wanje ntakivuga nk’uko yahora. Mbwirizwa kumubaza ivyo yiyumvira aho kwitega ko ari we atangura kubimbwira. Kugira ngo anyishure ikibazo mba ndamubajije, ntivyoroha. Aranyishura mugabo habanza guca umwanya.”​—⁠Francis wo muri Ositraliya.

“Birahambaye cane ko twihangana. Birashika tukumva twokankamira abana bacu, mugabo guturura maze tukayaga na bo vyama biba vyiza kuruta!”​—⁠Felicia wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

GUSERURANIRA AKARI KU MUTIMA

“Birashika umukobwa wanje w’umuyabaga agatangura kwisigura cane, kandi rimwe na rimwe yiyumvira ko ndiko ndamutora amahinyu. Ntegerezwa kumwibutsa yuko ndamukunda, ko turi kumwe be n’uko nipfuza ko yororanirwa!”​—⁠Lisa wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

“Igihe abana banje bari bakiri bato baranserurira akari ku mutima bitagoranye. Vyaranyorohera kumenya ibiri mu mutima wabo. Ubu ntegerezwa kugerageza kubatahura kandi nkabereka ko ndabubaha umwe wese ku giti ciwe. Iyo ndabigenjeje gutyo, ni ho gusa banserurira akari ku mutima.”​—⁠Nan-hi wo muri Koreya.

“Kubuza abana bacu b’imiyabaga ngo ntibakore ibintu binaka, ntibihagije. Dutegerezwa kubafasha kuzirikana kandi tukagiranira na bo ibiyago vyiza bibakora ku mutima. Kugira ngo tubishikeko, turakeneye kuba abantu biteguriye kwumviriza ivyo bavuga, naho nyene usanga harimwo ivyo tutoshima kwumva.”​—⁠Dalila wo muri Brezile.

“Igihe bibaye ngombwa ko nkosora umukobwa wanje, ngerageza kubigira mu mwiherero aho kubigirira aho abandi babona.”​—⁠Edna wo muri Nijeriya.

“Igihe mba ndiko ndayaga n’umuhungu wanje, birashika ngasamazwa n’ibindi bikorwa vy’i muhira ku buryo ntamutega yompi. Arabibona, kandi nibaza yuko ari kimwe mu bintu bituma atayaga cane nanje. Ndakeneye kwihatira kumutega yompi igihe turiko turayaga kugira ngo abandanye guserura akari ku mutima.”​—⁠Miriam wo muri Megizike.

UMWIDEGEMVYO

“Namye ntinya guha umwidegemvyo abana banje b’imiyabaga, kandi nta gukeka ko ivyo ari vyo vyatumye tugiranira ingorane. Twarayaze na bo ivy’ico kibazo tudahishanya. Narabasiguriye igituma ntinya kubaha umwidegemvyo, mu nyuma na bo baransigurira igituma bipfuza kurushiriza kugira umwidegemvyo. Twarashoboye kwumvikana yuko borushiriza kugira umwidegemvyo mugabo ntibarenge ku mategeko yumvikana nabashingiye.”​—⁠Edwin wo muri Gana.

“Umuhungu wanje yaripfuza ipikipiki. Nararwanije cane ico ciyumviro ku buryo nasanze ndiko ndamuhambarira nongera ndamwereka ibibi vyose biri mu kuyigura, sinamuha akaryo ko kwisigura. Ivyo vyaramushavuje cane vyongera bituma arushiriza kwiyemeza kuyironka! Naciye mpitamwo gukoresha ubundi buryo. Naramuremesheje gusuzuma neza ico ciyumviro afatiye ku mice itandukanye, harimwo ingeramizi vyoteza, amahera vyotwara be n’ico vyosaba kugira ngo aronke uruhusha rwo gutwara iyo pikipiki no kurugumana. Namubwiye kandi ko yosaba impanuro abakirisu bahumuye mw’ishengero. Nahavuye ntahura ko aho kumuhambarira, vyari vyiza kuruta ndamuremesheje guserura ivyipfuzo vyiwe ata kimutangira. Muri ubwo buryo narashoboye kumukora ku mutima.”​—⁠Hye-young wo muri Koreya.

“Twarashinga uturimbi, ariko tukaza turatanga umwidegemvyo buhorobuhoro. Uko abana barushiriza gukoresha neza umwidegemvyo twaba twabahaye, ni ko twarushiriza kuwubaha. Twarabaha uturyo two kuronka umwidegemvyo, tukabereka ko twipfuza ko bawuronka; mugabo ntitwareka kubahana igihe baba baduhemukiye.”​—⁠Dorothée wo mu Bufaransa.

“Sinigera ntitura amategeko naba nashinze. Mugabo igihe abana banje baba bagamburutse, naba niteguriye kugira ivyo ndabarekuriye. Nk’akarorero, mu bihe bimwebimwe narabongerereza umwanya batahirako. Mugabo igihe baba barengeje uwo mwanya incuro irenga imwe, narabahana.”​—⁠Il-hyun wo muri Koreya.

“Uko umukozi arushiriza kugamburuka no kwitaho ibintu, ni ko umukoresha wiwe arushiriza kwitaho ivyiwe. Muri ubwo buryo nyene, umuhungu wanje arabona yuko uko arushiriza kugamburuka no kwitaho ibintu atarenze amategeko twamushingiye, ari ko turushiriza kumuha umwidegemvyo. Umuhungu wanje arazi yuko ashobora gutakaza umwidegemvyo afise aramutse atawukoresheje neza, nka kurya nyene umukozi ahanwa kubera ko atashikije ivyo asabwa.”​—⁠Ramón wo muri Megizike.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 22]

“Niwigishe abana ukuntu bakwiye kubaho, na bo bazovyibuka mu buzima bwabo bwose.”​—⁠Imigani 22:​6, Good News Translation

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 23]

AMAKURU YEREKEYE UMURYANGO

“Kurera abana b’imiyabaga ni ikintu ciza igitangaza”

Joseph: Abakobwa banje bakuru babiri ni imiyabaga, kandi ndabona yuko bihambaye kubumviriza no guha agaciro ivyiyumviro vyabo. Kwiyemerera amakosa yanje no kubagaragariza icubahiro igihe ndiko ndabavugisha biradufasha kuguma duseruriranira akari ku mutima. Muri make, mbona ko kurera abana b’imiyabaga ari ikintu ciza igitangaza, nkaba ndabikesha ubuyobozi dukura mw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya.

Lisa: Narabonye ko igihe umukobwa wacu w’imfura yaba umuyabaga, yari akeneye ko ndushiriza kumwitwararika. Ndibuka yuko namara umwanya munini ndamwumviriza, nyaga nawe, nongera ndamuhumuriza. Twe n’umunega wanje turamenyesha abakobwa bacu yuko bashobora guserura akari ku mutima be n’uko tuza kwubahiriza inyiyumvo zabo. Ndagerageza gushira mu ngiro amajambo aranga ubukerebutsi ari muri Yakobo 1:​19, adusaba ‘gutebuka kwumva no guteba kuvuga.’

Victoria: Mawe ni we mugenzi andutira abandi. Sindigera mbona umuntu ameze neza kandi yitwararikana nka we, kandi ukwo ni ko ameze kuri bose. Mu vy’ukuri mbona ko mawe yitwararika abandi ata buryarya. Nta wundi nomusubiriza.

Olivia: Dawe ni umuntu yitwararika abandi kandi atanga atitangiriye itama. Yama nantaryo afasha abandi n’igihe nyene tuba dufise bikeyi. Iyo bibaye ngombwa ko aba umuntu adafyina arabigira, ariko kandi ni umuntu vy’ukuri aryoherwa. Ni umuvyeyi adasanzwe, kandi ndahimbarwa kuba ari umuvyeyi wanje!

“Ntitwigera turambirwa!”

Sonny: Igihe abakobwa bacu bafise ingorane, turicara uko tugize umuryango maze tukayiganira. Twama duseruriranira akari ku mutima, maze tugafata ingingo twisunze Bibiliya. Twe na Ynez turagerageza kandi kuraba neza ko abo bakobwa bafise abagenzi beza kandi bahumuye. Abagenzi bacu ni abagenzi babo, abagenzi babo na bo bakaba abagenzi bacu.

Ynez: Tuguma dufise ivyo dukora, kandi tubikorera hamwe uko tugize umuryango. Kubera ko turi Ivyabona vya Yehova, tuguma dufise vyinshi dukora mu busuku, mu kwiyigisha Bibiliya no mu kuyiga mu muryango, no mu bikorwa vyo kwitanga, harimwo ugutabara abashikiwe n’ivyago n’ukwubaka Ingoro z’Ubwami. Turategekanya n’umwanya wo kwiruhura. Ntitwigera turambirwa!

Kellsie: Dawe ni umuntu azi gutega yompi, kandi yama abaza umuryango wose imbere y’uko afata ingingo ihambaye. Mawe yama yiteguriye kuntega yompi igihe cose nkeneye imfashanyo, canke igihe gusa nipfuza ko tuba turatera ryarenga.

Samantha: Mawe atuma niyumvamwo ko ndi umuntu adasanzwe, akundwa cane, ahambaye cane, naho we atabimenya. Arantega yompi akongera akanyitwararika. Ubugenzi bwacu nta co nobukaba.

[Amafoto]

Umuryango wa Camera: Joseph, Lisa, Victoria, Olivia na Isabella

Umuryango wa Zapata: Kellsie, Ynez, Sonny na Samantha

[Ifoto ku rup. 22]

Abavyeyi boshobora gutanga umwidegemvyo ku rugero runaka, mugabo kandi bagashinga amategeko yumvikana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika