ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/12 rup. 10-12
  • Abanazi ntibashoboye kumpindura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abanazi ntibashoboye kumpindura
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umwidegemvyo uhera hakaza ubwoba
  • Njanwa mu kigo c’ababikira
  • Nemererwa kuja i muhira
  • Mbega nokwishura iki Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Agakete Kahinduye Ubuzima Bwanje
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Narizigiye ubwitwararitsi bwa Yehova buranga urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Tubifashijwemwo na Yehova, twararokotse intwaro z’agahotoro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Be maso!—2012
g 1/12 rup. 10-12

Abanazi ntibashoboye kumpindura

Nk’uko vyavuzwe na Hermine Liska

IKIRINGO gitekanye c’ubwana bwanje caheze bukwi na bukwi mu 1938, igihe Adolf Hitler n’umugambwe wiwe w’abanazi bigarurira igihugu canje c’amavukiro Otrishe. Bidatevye, twe n’abo twigana twarategetswe gukoresha ya ndamukanyo yahayagiza Hitler, kuririmba indirimbo z’Abanazi no kuja mu Muhari w’urwaruka rushigikira Hitler. Naranse nivuye inyuma gukora ivyo bintu. Reka ndabibiganire.

Ndi umuhererezi mu bana batanu, nkaba ari jewe jenyene ndi umukobwa. Twakuriye kw’iyororero-rimiro ryari i St. Walburgen i Carinthie muri Otrishe. Dawe yitwa Johann Obweger, mawe na we akitwa Elisabeth. Mu 1925, dawe yarabaye uwo bita Bibelforscher, ni ukuvuga umutohoji wa Bibiliya, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Mawe yabatijwe mu 1937. Kuva nkiri umwana, baranyigishije ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bongera baramfasha gukunda Imana n’ivyo yaremye. Nk’akarorero, baranyeretse yuko ari bibi guha umuntu uwo ari we wese icubahiro kingana no gusengwa. Yezu Kristu yavuze ati: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.”—Luka 4:8.

Dawe na mawe bari abakiranyi cane. Twararonka abashitsi benshi, kandi abakozi benshi bo kuri rya yororero-rimiro babana n’umuryango wacu wari ugizwe n’abantu indwi. Twararirimba cane, ico kikaba ari ikintu kikigirwa i Carinthie, kandi twarakunda kugira ibiyago biryoshe bishingiye kuri Bibiliya. Ndacibukana akamwemwe ukuntu uko tugize umuryango twakikuza imeza yacu yo muri salo imisi yose ku w’indwi mu gitondo kugira ngo twige Bibiliya.

Umwidegemvyo uhera hakaza ubwoba

Ubudagi bwigaruriye Otrishe igihe nari mu gukwiza imyaka umunani. Kuva ico gihe, abanyagihugu bararushirije gushirwako umukazo ngo bisunge ivyasabwa n’umugambwe w’Abanazi, maze budakeye na kabiri, abantu bose bategekwa kuza bararamukanya bakoresheje ya ndamukanyo yahayagiza Hitler. Naranse kubigira kubera ko ijambo “heil” mu kidagi risobanura ngo “ubukiriro,” nkaba ntashaka kuvuga ko Hitler ari we nzeyeko ubukiriro! Nari nzi yuko Yezu Kristu ari we Mukiza wanje. (Ivyakozwe 4:12) Kubera iyo mpagararo yanje, narakunda gutyekezwa n’abigisha hamwe n’abanyeshure twigana. Igihe nari mfise imyaka 11, umuyobozi w’ishure ritoyi nigako yavuze ati: “Hermine, ngira ndagusubize mu wa mbere. Sinshobora kwihanganira umwana nkawe w’intagondwa mw’ishure ryanje!”

Kubera ko twe na basazanje twanse twivuye inyuma guhayagiza Hitler, dawe yararengukijwe muri sentare. Yasabwe gushira umukono ku rukaratasi rwemeza ko yihakanye ukwizera kwiwe. Urwo rukaratasi rwavuga kandi yuko yiyemeje kurera abana biwe yisunze ivyiyumviro vy’Abanazi. Kubera ko yanse kurushirako umukono, we na mawe baratswe abana babo, jewe nca njanwa mu kigo kijejwe gusubira gutoza indero abana cari ku bilometero nka 40 uvuye i muhira.

Budakeye na kabiri narakumbuye rwose i muhira, kandi naguma ndira cane. Muri ico gihe nyene, umurezi wacu yaragerageje kungobera ngo nje muri wa Muhari w’urwaruka ushigikira Hitler, ariko biba ivy’ubusa. Abandi bakobwa baragerageza kuduza ukuboko kwanje kw’iburyo mu gihe co kuramutsa ibendera ry’Abanazi, mugabo ntibabishikako. Nari mfise umwiyemezo nk’uwo abasavyi b’Imana ba kera bari bafise, abavuze bati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri twebwe guheba Yehova ngo dukorere izindi mana.”—Yosuwa 24:16.

Abavyeyi banje ntibari bafise uburenganzira bwo kuza kundaba. Ariko rero, bararondera ukuntu twobonana mu mpisho mu nzira ija kw’ishure hamwe no kw’ishure. Ukwo kuza ndabonana na bo gatoyi vyarandemesheje cane kuguma ndi umwizigirwa kuri Yehova. Igihe kimwe tubonanye na bo, dawe yarampaye Bibiliya ntoyi, nkaba naza ndayinyegeza neza mu gitanda canje. Ese ukuntu nahimbarwa no kuyisoma, naho nyene nabwirizwa kubigira ninyegeje! Umusi umwe narahatswe gufatwa, mugabo naciye nyegeza iyo Bibiliya munsi y’uburengeti bwanje.

Njanwa mu kigo c’ababikira

Kubera ko utwigoro twose two gusubira kuntoza indero twari twabaye impfagusa, abategetsi bariketse yuko abavyeyi banje bari bakingirako akosho. Ku bw’ivyo, muri Nyakanga 1942, baciye bandungika n’igariyamoshi i Munich mu Budagi, aho naciye nshirwa mw’ishure ryegukira gatolika ryitwa Adelgunden, na ryo nyene rikaba ryari mu kigo c’ababikira. Igihe nimurirwa kuri iryo shure, ababikira barabonye ya Bibiliya yanje baca barayinyaka.

Ariko rero, kubera ko nari niyemeje kutadohoka ku vyo nemera, sinaja mu misa. Igihe nabwira umubikira umwe yuko abavyeyi banje bahora bansomera Bibiliya imisi yose ku w’indwi, ukuntu yavyakiriye kwarantangaje. Yaransubije Bibiliya yanje! Biragaragara ko ivyo nari namubwiye vyari vyamukoze ku mutima. Mbere yaremeye ko ndamusomera muri iyo Bibiliya.

Igihe kimwe, hari umwarimukazi yambwiye ati: “Hermine, ufise umushatsi ugomba gutukura, ukagira n’amaso y’ubururu. Wewe uri Umudagikazi nturi Umuyudakazi. Yehova ni Imana y’Abayuda.”

Namwishuye nti: “Mugabo Yehova ni we yaremye ibintu vyose. Ni we yaturemye twese!”

Umuyobozi w’iryo shure na we nyene yaragerageje kunshirako umukazo. Igihe kimwe yavuze ati: “Urazi ga Hermine, umwe muri basazawe yariyandikishije mu gisoda. Ese ukuntu ari akarorero keza wokurikiza!” Nari nzi yuko umwe muri basazanje yari yariyandikishije mu gisoda, mugabo sinashaka na gato gukurikiza akarorero kiwe.

Namubwiye nti: “Si ndi umuyoboke wa musazanje. Ndi umuyoboke wa Yezu Kristu.” Uwo muyobozi yaciye antera ubwoba avuga ko andungika mu kigo c’abarwaye mu mutwe, aca mbere ategeka umubikira umwe ngo yitegurire kunjanayo. Ariko rero, kabaye akarimi gusa.

Mu ci ryo mu 1943, i Munich haratewe amabombe maze abana biga kuri rya shure Adelgunden bimurirwa mu gihugu hagati. Ico gihe narakunda kuzirikana amajambo mawe yambwiye ati: “Nivyaba ngombwa ko dutandukana maze ntunaronke udukete twanje, uribuka ko Yehova na Yezu bazoba bari kumwe na we. Ntibazokwigera baguheba. Uze rero ugume usenga.”

Nemererwa kuja i muhira

Muri Ntwarante 1944, narasubijwe kuri rya shure Adelgunden, aho twamara umwanya wacu nka wose, ni ukuvuga ijoro n’umurango, turi ahantu bikinga ibitero vy’indege kubera amabombe yarushiriza guterwa i Munich. Muri ico gihe, abavyeyi banje baguma basaba yuko bosubizwa umwana wabo, ari we jewe. Amaherezo barabibemereye, nkaba nashitse i muhira mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza mu 1944.

Igihe hagera ko nsezera wa muyobozi, yavuze ati: “Uratwandikira niwashika i muhira, Hermine. Kandi uze ugumane iyo mpagararo yawe.” Yari yarahindutse koko! Naramenye yuko haciye igihe gito ndahavuye, abakobwa icenda n’ababikira batatu bahitanywe n’amabombe yariko araterwa n’indege. Ese ukuntu intambara ari ikintu giteye ikinya!

Naho ari ukwo, nari nezerewe cane no kuba nsubiye kubonana n’umuryango wacu. Muri Rusama 1944, igihe intambara yariko irabica bigacika, narabatirijwe mu kintu bogeramwo kimeze nk’ubwato, gutyo nderekana ko niyeguriye Yehova. Igihe iyo ntambara yarangira mu 1945, naciye nja mu murimo w’igihe cose, nkaba nari nshashaye kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, bukaba ari bwo bwonyene abantu bakwiye kwizigira ko buzozana amahoro n’umutekano vyamaho.—Matayo 6:9, 10.

Mu 1950, naramenyanye n’uwitwa Erich Liska, akaba yakora igikorwa co kugendera amashengero yari umusuku w’ingenzi w’Ivyabona vya Yehova akiri muto yaturuka i Vienne muri Otrishe. Twubakanye mu 1952, kandi naramaze igihe gito ndamuherekeza igihe yaba ariko aragendera amashengero kugira ngo ayakomeze mu buryo bw’impwemu.

Umwana wacu w’imfura yavutse mu 1953, hanyuma hakurikira abandi babiri. Kubera ko amabanga yacu yari yiyongereye, twarahagaritse umurimo w’igihe cose kugira ngo turere abana bacu. Narabonye yuko igihe umuntu agumye yumiye ku Mana, itigera imuhemukira, ahubwo nyabuna, iramuha inkomezi. Ntiyigeze impeba. Yehova yarampumurije yongera arankomeza na canecane kuva aho umugabo wanje nikundira apfiriye mu 2002.

Iyo nzirikanye ubuzima bwanje, ndakengurukira cane abavyeyi banje kuba barinjije mu mutima wanje kuva nkiri muto ugukunda Imana n’Ijambo ryayo ryanditse, ryo sôko ry’ubukerebutsi nyakuri. (2 Timoteyo 3:16, 17) Mugabo ikiruta vyose, ndakengurukira Yehova we abandanya kumpa inkomezi zo kwihanganira ibigeragezo vyo mu buzima.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 11]

“Si ndi umuyoboke wa musazanje. Ndi umuyoboke wa Yezu Kristu”

[Ifoto ku rup. 11]

Aha nari kumwe n’umuryango wacu kuri rya yororero-rimiro ryacu ryari i St. Walburgen

[Amafoto ku rup. 11]

Abavyeyi banje ari bo Johann Obweger na Elisabeth

[Abo dukesha ifoto ku rup. 11]

Amafoto yompi: Foto Hammerschlag

[Ifoto ku rup. 12]

Aha nari kumwe n’umunega wanje Erich

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika