Imibabaro izovaho—Umuhango wo kwizigirwa
“[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”—Ivyahishuwe 21:4.
UWO muhango weza umutima, twoba twoshobora kuwizigira? Zirikana imwe mu ngabisho za kera kuruta izindi zose zahawe umuntu. Imana yabwiye Adamu yuko aramutse agambaraye, yopfuye “ata kabuza.” (Itanguriro 2:17) Kandi yarapfuye nk’uko nyene Imana yari yabivuze. Ico gihano, urupfu be n’imibabaro abantu barazwe, ni ikimenyamenya c’uko Imana ishitsa iryo yavumereye. Wumva none dukwiye gukekeranya ku muhango Imana yatanze w’uko ibintu bizosubira kumera neza ng’aha kw’isi?
Niwibuke kandi za kamere z’Imana twarimbuye mu kiganiro c’imbere y’iki. Kuba twipfuza yuko imibabaro ivaho nta kindi vyerekana atari impuhwe z’Imana, urukundo rwayo n’ubutungane bwayo. N’ikindi kandi, ibintu biba kw’isi be n’agatima abantu bagaragaza muri iki gihe birerekana yuko igihe c’uko Imana igira ico ikoze kiriko kiregereza cihuta.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ivyo bizoba ryari?”
Kubera iki Yehova Imana ari we ashoboye rwose gukuraho imibabaro ishikira abantu? Kubera yuko afise ubushobozi bwo gukuraho vya bintu bitatu biteza imibabaro akaba kandi yaratunganije kuzobikuraho abicishije ku Mwana wiwe Yezu. Raba ukuntu azobigenza
Amahitamwo umuntu agira.
Sekuruza wacu Adamu yagize ihitamwo ryakwegeye ingaruka zikomeye abamukomokako bose. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe gushika n’ubu.” (Abaroma 8:22) Imana yatoreye umuti ico kintu mu buryo butunganye, burangwa imbabazi kandi busanzwe. Mu Baroma 6:23 hasigura hati: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu, mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.”
Uwo muntu atagira agasembwa Yezu yabayeho adacumura. Urupfu rwiwe rwo ku giti co kubabarizwako rwatumye bishoboka ko abantu bagamburuka bakurwako umuvumo w’igicumuro n’urupfu. Ubu turafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’isi aho agatima dufise ko gukora ibibi, kano kakaba gatuma tugira amahitamwo ataranga ubukerebutsi, kazoba kakuweho. Abateza abandi imibabaro n’ibigirankana na bo nyene bazokurwaho, kuko “inkozi z’ikibi zizorandurwa.”—Zaburi 37:9.
Ibintu bipfa kwiyadukiza hamwe n’agasembwa.
Yezu Kristu we Mwami yagenywe n’Imana arafise ububasha ku nguvu zo mu bidukikije. Mu kinjana ca mbere G.C., igihe Yezu n’intumwa ziwe bari mu bwato buroba, “[haradutse] ikirura c’umuyaga gikaze, imipfunda na yo iguma yisuka mu bwato, ku buryo ubwato buhakwa kwuzura amazi.” Igihe intumwa za Yezu zamuhamagara ngo azitabare, yaciye “avyuka akankamira nya muyaga, abwira ikiyaga ati: ‘Hora! Tekereza!’ Nya muyaga uca uraturura, haratekana cane.” Izo ntumwa zaratangaye cane. Zavuze ziti: “Mbere n’umuyaga n’ikiyaga bi[ra]mugamburukira.”—Mariko 4:37-41.
Mu gihe c’ubutegetsi bwa Yezu, abantu bagamburuka “[b]azokwibera mu mutekano kandi [ntibazohagarikwa] umutima n’ugutinya amagorwa.” (Imigani 1:33) Muri ayo magorwa harimwo n’ayaturuka ku vyago vy’ivyaduka. Vyongeye, gukoresha nabi isi, kwubaka inyubakwa zishobora kwiha inkumbi no kwirengagiza ingabisho zitangwa n’ibidukikije hamwe n’ayandi makosa abantu bakora, bizoba vyavuyeho. Nta muntu azosubira gushikirwa n’imibabaro kubera ibintu bibi vyadutse bigahurirana n’uko muri uwo mwanya ari aho hantu vyabereye.
Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarerekanye ikindi kintu kiranga ubutegetsi bwiwe azokoresha mu gukuraho imibabaro ishikira abantu muri iki gihe itewe n’ibintu bipfa kwiyadukiza. Yavuze ati: “Ni jewe zuka n’ubuzima.” (Yoh. 11:25) Egome, Yezu arafise ububasha bwo kuzura abantu amamiliyoni bahitanywe n’ivyago vy’ivyaduka kandi aripfuza kubigira. None uwo woba ari umuhango utazoranguka? Yezu yaratumye turushiriza kwizigira uwo muhango mu kuzura abapfuye igihe yari kw’isi. Batatu muri bo baravugwa muri Bibiliya.—Mariko 5:38-43; Luka 7:11-15; Yohani 11:38-44.
“Umutware w’iyi si.”
Kristu Yezu yaragenywe n’Imana kugira ngo “ahindure ubusa umwe afise uburyo bwo guteza urupfu, ari we Shetani.” (Abaheburayo 2:14) Yezu yavuze ati: “Iyi si iraciriwe urubanza; ubu umutware w’iyi si agira atabwe hanze.” (Yohani 12:31) “[Azosambura] ibikorwa vya Shetani” mu gukura kw’isi akosho kiwe. (1 Yohani 3:8) Iyumvire ukuntu ikibano gishasha c’abantu kizoba gitandukanye n’ic’ubu igihe agatima karemeshwa na Shetani k’umwina, ububi n’ubwikunzi kazoba kavuyeho!