“Nimwandikire Anton!”
● Icabona ca Yehova w’umuyabaga yitwa Anton yaba mu kigwati ca Schelkan kiri ukwa conyene i Stavropol’ Kray mu Burusiya. Akiri umwana basanze arwaye myopathie de Duchenne, ino ikaba ari indwara idakira inyaruka kwonona imitsi kandi ikunda guhitana umuntu atarashikana imyaka 20. Igihe Anton yari afise imyaka icenda, ntiyari agishobora gutambuka canke guhaguruka ata wumufashije.
Igihe Yevgeny n’umukenyezi wiwe Diana bagendera ishengero rimwe ry’Ivyabona, barabonanye na Anton. Diana yasiguye ati: “Anton yari afise amagara make cane, mugabo yarakunda rwose ivy’Imana. Kubera ko mukuruwe yari yishwe n’iyo ndwara nyene afise imyaka 19, Anton yari azi yuko ata gihe kinini asigaje co kubaho. Naho vyari ukwo, yari umuntu ahimbawe kandi abona ko ibintu bizogenda neza.”
Diana n’umunega wiwe bararemesheje Anton kwongereza umwanya yamara ariko aramamaza inkuru nziza mu kuza arandikira amakete abantu bo mu bindi bigwati biri ukwa vyonyene. Mu 2005, yaranditse amakete nka 500 maze ayarungikira abantu baba mu bigwati bibanyi. Ariko rero, nta n’umwe yigeze amusubiza, ivyo bikaba vyaramuvunye umutima. Naho Anton yacitse intege, yarabandanije kwandika amakete yongera arasenga abigiranye ubwira asaba Imana ko yomuronsa ubuyobozi ku bijanye n’ukuntu yoba umwamamaji w’inkuru nziza yererwa naho ivyiwe vyari vyifashe nabi.
Umusi umwe Anton ariko arasoma ikinyamakuru, yarubutse kw’ikete ryanditswe n’umugore arwaye yari akeneye guhozwa. Anton yaramwandikiye ikete, amwe mu majambo yari muri ryo akaba yacapuwe muri ico kinyamakuru nyene. Yagira ati: “Naho ndwaye indwara idakira, gusoma Bibiliya biramfasha kwitega kazoza mfise icizigiro. Ndipfuza cane kuronka amakete kandi nama ndayarindiriye.”
Uwo mukenyezi yarakozwe ku mutima cane, bituma yandikira ikete ico kinyamakuru nyene. Iryo kete ryacapuwe mu kiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Nimwandikire Anton!” Uwo mukenyezi yarakengurutse ivyiyumviro bijanye n’ivy’Imana vyari muri iryo kete rya Anton maze yongerako ati: “Nimuze dufashe Anton! Nimumwandikire. Uwo musore arakeneye kubwirwa amajambo aranga ubuntu!” Yaciye atanga aderese ya Anton.
Amakete yandikiwe Anton yaratanguye gushika ku biro vya posita bitoyi vyo muri ca kigwati yabamwo, akaba yaronka amakete 30 ku musi! Yava hirya no hino mu Burusiya, muri Estoniya, Letoniya na Lituwaniya, mu Budagi eka mbere no mu Bufaransa. Yararonse amakete amajana arungitswe n’abasomyi b’ico kinyamakuru. Diana avuga ivyo yibuka ati: “Anton yararengewe n’umunezero. Yari asigaye afise abantu amajana yashobora kwandikira akababwira ivyo yemera bishingiye kuri Bibiliya.”
Anton yaramaze umwaka urenga yandikiranira n’abo bantu bari baramwandikiye, kandi yarababwiye ukuri kwo muri Bibiliya. Kubera yuko amaboko yiwe yagenda aragoyagoya, yaciye atangura kuza arandikisha amakete yiwe. Anton yapfuye muri Nyakanga 2008, akaba yari afise imyaka 20. Naho yari afise amagara make cane, ukwizera kwiwe be n’urukundo yakunda igikorwa co kwamamaza inkuru nziza vyatumye aronka uturyo two gushikira abantu amajana.