Icatumye ngira ubuzima buri n’intumbero
NK’UKO VYAVUZWE NA ERNEST PANDACHUK
Navukiye mu biyaya bitagiramwo ibiti vy’i Saskatchewan muri Kanada. Igihe nari mfise imyaka 23, naragiye muri Afirika, aho namaze imyaka 35 mfise ubuzima buhimbaye ndi umumisiyonari. Vyagenze gute ngo ngire ubuzima bumeze gutyo? Ntivyapfuye kwizana. Reka ndabibasigurire.
INZU ya mbere twabamwo yari yubakishijwe ibiti, ivyondo be n’ivyatsi, ikaba itari imeze neza bihagije ku buryo ishobora gukingira umuryango wacu mu bihe vy’urushana rukaze rwo mu kiyaya. Mu 1928, benshi muri twebwe abana icenda tutaravuka, dawe na mawe baremeye ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya uwari yaje i muhira yabahaye. Mu rushana rwakurikiye rwamaze igihe kirekire, barize Bibiliya bakoresheje ivyo bisohokayandikiro. Ku mpeshi ikurikira, bari bamaze kujijuka ko bubuye ukuri. Barakuyagiye umuryango, abagenzi be n’ababanyi, ariko canecane abana babo.
Navutse mu 1931, maze haciye igihe gitoyi nkurikirwa n’abandi batanu. Gusoma no kwiga Bibiliya vyari mu bintu vya misi yose umuryango wacu wakunda kugira. Ndibukana akamwemwe ibihe twakunda kuba dukoraniye hamwe mu gatondo. Dawe ni we yayobora ibiganiro bishingiye ku canditswe co muri Bibiliya twagira, n’igihe nyene twaba dufise abashitsi. Mawe na dawe hamwe n’abana bamaze gukura, barakurakuranwa mu gusoma n’ijwi ryumvikana ibiri mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya.
Uretse ukutwigisha gusoma no kwandika, dawe yaratwigishije kandi kugira ubushakashatsi dukoresheje inkoranyamajambo za Bibiliya. Bidatevye, twaramenye uburyo twokoresha Bibiliya kugira dusigurire abandi ivyo twemera. Ivyo biyago bihimbaye vyaramfashije kuzirikana ku biganiro bishingiye kuri Bibiliya. Haciye igihe, narashobora gukoresha Bibiliya kugira mbeshuze inyigisho z’ikinyoma zo mu madini. Narashobora kwerekana ko ubugingo bupfa, ko ata muriro udahera uriho be n’uko Imana na Yezu batangana canke ko batagize icitwa ngo ni Ubutatu.—Umusiguzi 9:5, 10; Ezekiyeli 18:4; Yohana 14:28.
Dawe na mawe kandi baratwigishije biciye ku karorero batanga bongera baraturemesha kwumira ku bigororotse, naho ivyo vyotumye tudakundwa na benshi. Nk’akarorero, ntibigeze banywa itabi. Baratugabishije ku bijanye n’ingaruka zaryo zonona, baranatubwira yuko kw’ishure boduhatiye kurinywa. Ndibuka aya majambo dawe yavuze: “Nimwanka kunywa itabi hari aho bobabwira ngo ntimurinda. Mugabo murace mubaza nya muntu muti: ‘Uwurinda ni nde? Ni uwuganzwa n’itabi canke ni uwuriganza?’ ”.
Ikindi kigeragezo cogaragaje y’uko nogumye canke ntogumye nisunga ukumenyerezwa gushingiye kuri Bibiliya naronse mu bwana, caje igihe nari mfise imyaka 11. Ico gihe, Intambara ya Kabiri y’isi yose yari yaratanguye, kandi bikaba vyitegwa yuko kw’ishure abana baririmba amajambo yo guhayagiza ibendera. Naratahuye bivuye ku vyo nize muri Bibiliya ko kuririmba amajambo nk’ayo kwari ugusenga, ari co gituma nanse kubijamwo. Ivyo vyatumye nirukanwa kw’ishure mu kiringo c’amezi atandatu.
Naho ari ukwo, nahavuye ndangiza amashure hanyuma muri Ntwarante 1947, ndagereranya ukwiyegurira Yehova Imana kwanje mu kubatizwa mu mazi. Haciye amezi atandatu, naciye mba umutsimvyi, ni ukuvuga umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose. Nabanje gukorera amaja mu Bumanuko bwa Saskatchewan, nshinga intahe ku barimyi no ku borozi bo muri ico cibare kinini. Mu ci, nagenda n’ifarasi, mu rushana rukanye na ho nkagendera mu mukogote usakaye ukwegwa n’ifarasi, uwo twita akazu. Kugira ngo ubemwo ubushuhe, naracana amakara. Nategerezwa kuba maso rero kugira ngo ntiwubame.
Abo mu misozi bari abantu b’umutima mwiza kandi bakirana. Ndabagendeye ku mugoroba, akenshi bansaba kurara. Urazi ukuntu naryoherwa n’ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya bishwangamura vyakurikira! Umuryango wa Peterson ni umwe mu miryango yavyakiriye neza inyuma y’ikiganiro camaze ijoro ryose. Earl na nyina wiwe baracitse Ivyabona vya Yehova b’abanyamwete.
Nkorera muri Kebeke
Mu 1949, naritavye akamo katewe abatsimvyi ko gufasha mu gikorwa co kwamamaza mu ntara ya Kebeke. Nk’abatsimvyi 200 bavuye mu Burengero bwa Kanada baritavye ako kamo. Bashitse mu gisagara ca Montréal muri Nyakanga, bakaba bari biteguriye kwemera kuja aho borungitswe gukorera hose muri Kebeke. Aho hari mu gihe hatwara umushikiranganji wa mbere w’umugatolika yitwa Maurice Duplessis, uwari yariyemeje kwirukana Ivyabona muri iyo ntara.
Ivyo vyari ibihe vyuzuyemwo ingorane birimwo vyinshi vyo gukora kandi vyari ibihe bihimbaye. Muri izo ngorane harimwo kwiga igifaransa, gufatwa, gutegwa n’utugwi tw’inkozi z’ikibi be n’ukudurumbanya amateraniro yacu ya gikirisu kwagirwa n’abantu b’ishaka rirenze urugero baba batwinyegetejemwo. Ariko rero, iryo shaka ryabo ntiryanteye ubwoba canke ngo ritume mpungabana mu murimo narangura ndi umusuku w’Imana. Abavyeyi banje bari baranyinjijemwo ugukunda ibigororotse bongera batuma njijuka ko igikorwa c’ukwamamaza kirangurirwa kw’isi yose cari carabuwe na Yezu corangutse, naho hobaye hariho ukurwanywa.—Matayo 24:9, 14.
Mu gihe nari muri Kebeke, narahuye na Emily Hawrysh, umutsimvyikazi w’umwizerwa aturuka i Saskatchewan. Kuva tugize ubugeni ku wa 27 Nzero 1951, Emily yamye ari umukozi dukorana adahemuka be n’umugenzi aremesha. Kubera ko intumbero yacu yari iyo kugira uruhara mu busuku mu buryo burushirije kuba ubushitse, twarasavye kuja kw’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower maze turemererwa, iryo shure rikaba ritanga ivyigwa bimara amezi nk’angahe bitegura abasuku bazoja mu murimo w’ubumisiyonari. Muri Ruhuhuma 1953, twaronse impapuro z’umutsindo mu mugwi ugira 20 w’abasohoka Ishure ry’i Gileyadi.
Mu gihe twari tukirindiriye impapuro ziduha uburenganzira bwo kwinjira muri Afirika, twaratumiwe gusahiriza amashengero y’Ivyabona vya Yehova y’i Alberta n’i Ontario muri Kanada. Muri iyo misi, kugira tuve mw’ishengero tuje mu rindi, twaripakiza. Ku bw’ivyo, twarize kworosha ubuzima bwacu no gutwara mw’ivarisi ibintu vyose dufise. Haciye amezi makeyi, igihe impapuro zacu z’inzira n’izo kwinjira muri Afirika zari zimaze kuboneka, twaciye tuja muri Rodeziya yo mu Bumanuko, ahitwa ubu Zimbabwe.
Tumenyera ubuzima bwo muri Afirika
Tumaze amezi atanu tuhashitse, twaciye turungikwa kugendera imigwi y’Ivyabona vya Yehova muri Zimbabwe no muri Botswana be no mu bice vyo mu Bumanuko bwa Rodeziya yo mu Buraruko (ahitwa ubu Zambiya). Kw’Ishure ry’i Gileyadi, twari twararemeshejwe kutagereranya igikebere turangurira mu mahanga n’ico twarangurira mu gihugu cacu c’amavukiro no kwibuka yuko naho twoba turi mu bintu bimeze gute, dushobora kugira ico twigiye kuri ivyo bidushikiye. Ayo majambo y’ubukerebutsi yaradufashije guhindura ivyiyumviro vyacu. Gushika uno musi, twe na Emily turemeranya n’aya majambo akunda kuvugwa, agira ati: “Akaryo kabonetse, ntukagishe; gashobora kutazokwigera gasubira kuboneka”.
Twava hamwe tuja ahandi dukoresheje igariyamoshi, ibisi, ikamyo canke ikinga, ni ukuvuga ko twakoresha ikibonetse cose. Naho ivyo vyaruhisha cane, hariho ibindi bintu vyagerageza umwiyemezo wacu wo ‘kutagisha akaryo kabonetse’. Mu myaka ibiri ya mbere, Emily ntiyari yemerewe kujana nanje mu turere twiharijwe n’imiryango kanaka kubera amategeko yabibuza. Ku bw’ivyo, umugore wanje twari tumaze imyaka mikeyi gusa twubakanye yategerezwa kuguma mu bisagara vyegereye aho ibarabara ry’indarayi riherera, kenshi akaba ata bindi Vyabona baba bahari. Ukwizera kwa Emily, uburindutsi bwiwe be n’umwiyemezo wiwe ntivyatumye ndamushima kandi ndamukunda gusa, ariko kandi vyarazaniye ivyamwa vy’Ubwami ivyo bibano.
Tukimara kuronka aho tuba tuhahawe n’umwe mu bantu baho, Emily yaramamaza mu micungararo gushika ngarutse mvuye mu karere kiharijwe n’umuryango kanaka. Rimwe na rimwe, yakora ari wenyene ukwezi kwose. Yararonkeye inkomezi be n’uburinzi ku kwiheka ku kuboko kw’ububasha kwa Yehova, hanyuma ubusuku bwiwe burama ivyamwa. Igihe kimwe, hari umugore umwe yitwa Rita Hancock yemeye ukuri kwa Bibiliya, mu nyuma umugabo wiwe arahava yifatanya na we. Uwo mugabo yaracitse umuvukanyi w’umwizerwa hanyuma arasukura ari umukurambere mukirisu gushika arinde apfa. Ubu hariho amashengero asagamvye muri bimwebimwe mu bisagara Emily yabivyemwo imbuto z’ukuri kwa Bibiliya.
Ubwakiranyi be n’ubuhanga vy’Abanyafirika
Muri ico gihe, ikintu cankoze ku mutima cane ni ukuntu Ivyabona b’Abanyafirika bo mu turere twiharijwe n’imiryango kanaka baha agaciro bimwe bigera ibwina ishirahamwe rya Yehova be n’abacungezi b’ingenzi bariserukira. Narafashwe neza n’abo bavukanyi bakirisu bakundana. Imisi yose ku wa mbere, narava ahaba habereye iteraniro nkaja ahandi. Aho narara haba ari mu kazu k’ubwatsi gaherutse kwubakwa, kakaba kaca kanyibutsa inzu umuryango wacu wabamwo i Saskatchewan. Naryama ku gitanda kigizwe n’ivyatsi bishashe hasi bifise intimba ya santimetero 30 hanyuma bakarenzako ishuka.
Amateraniro yo muri utwo turere twiharijwe n’imiryango kanaka mu bisanzwe yabera mw’ishamba cimeza. Abayitaba baratema ivyatsi vyo hasi, bagasigaza ibiti bisagaraye bitanga agatutu. Ivyatsi batekeye neza hanyuma bakabitondesha neza bikagira imirongo, ni vyo vyaheza bikaba intebe zo kwicarako. Amaherezo baca bazitira iyo mbuga bakoresheje ivyatsi. Turi aho hantu hameze neza, nama nakozwe ku mutima n’amajwi aryoheye ugutwi abavukanyi n’abavukanyikazi bacu b’Abanyafirika bakoresha igihe baba bariko baririmbira Yehova amashemezo mu majwi ane ajana ku buryo umuntu adashobora kuvyibagira.
Icabonywe c’intibagirwa
Mu gihe c’ubusuku bwanje, narahuye na Gideon Zenda, umugenduzi mukuru w’amashure yegukira misiyoni z’abangilikani. Gideon yari yize amashure, ushizemwo n’ukwiga kaminuza, abifashijwemwo n’iryo shengero. Ariko rero, ntiyari yararonkeye inyishu zimara akanyota vyinshi mu bibazo bishingiye kuri Bibiliya yari afise. Ni co gituma yasavye yuko nobonana na we hamwe n’abo bakorana batari bake kugira ngo nishure ivyo bibazo. Mu gihe c’ivyo biganiro, hari nk’abantu 50, ushizemwo abagenduzi b’amashure, abayobozi be n’abigisha. Gideon ni we yari ahagarikiye ivyo biganiro. Twava ku kiganiro kimwe tuja ku kindi mu buryo burimwo urutonde. Ku kiganiro kimwekimwe cose, navuga iminuta 15, tugaca tuja ku bibazo. Ivyo biganiro vyamaze amasaha atari make.
Icavuye muri ivyo biganiro bidasanzwe ni uko Gideon, umuryango wiwe hamwe n’abandi benshi mu bo bakorana, bose bacitse abasavyi ba Yehova biyeguye kandi bakabatizwa. Umusenyeri wo muri ako karere yaciye abahagarika mu kazi bakora mu mashure atwarwa n’abangilikani. Ariko rero, bose bagumye bafise umutima rugabo kandi baguma bashikamye mu murimo wa Yehova, bamwebamwe baratangura gusukura ari abatsimvyi.
Ukuntu abantu bakiriye isenema iryoshe cane
Mu 1954, Ivyabona vya Yehova barasohoye isenema yitwa ngo La Société du Monde Nouveau en action. Mu mwaka ukurikira, ya mategeko yahora abuza ko umugore ajana n’umugabo wiwe mu turere twiharijwe n’imiryango kanaka yarakuweho. Ivyo vyatumye Emily ajana nanje muri utwo turere. Ico gihe, twararonkejwe umuduga, imoteri itanga umuyagankuba be n’icuma cerekana amasanamu ku ruhome kugira ngo twerekane iyo senema hose muri mwene ivyo bibano. Benshi ntibari bwigere babona na rimwe isenema, ku bw’ivyo isenema twerekana yaza kurabwa n’abantu benshi. Iyo senema yerekana intambwe ku yindi ukuntu bahingura Amabibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo kw’icapuriro ryacu rinini ry’i Brooklyn muri New York.
Iyo senema yarimwo kandi amasanamu y’ikivukano mpuzamakungu c’Ivyabona vya Yehova bari baje gusengera ku kibuga c’inkino ca Yankee Stadium muri New York mu 1953. Abo Banyafirika ntibari bwigere babona na rimwe mwene ubwo bumwe n’urukundo vyigaragaza mu bantu badasangiye ibara ry’urukoba. Iyo senema yatumye imiryango myinshi y’Abanyazimbabwe yiga Bibiliya hanyuma irifatanya n’Ivyabona. Abayobozi b’amashure bo mu gihugu cose batahura yuko igikoresho nk’ico kiri n’agaciro ntanganyigisho ku banyeshure babo, barasavye ko twoja kuyerekana.
Umusi umwe mw’ijoro, narakanguwe n’Ivyabona basaba yuko ndabereka iyo senema. Naratangajwe n’abantu bashika nka 500 bari bagenze amasaha n’amasaha baza kuyiraba. Bari bumvise yuko ndi muri ako karere kandi ko nari namye ndayerekana. Abo bantu isinzi bakimara kuhava, hari uwundi mugwi w’abantu 300 wari wamaze gushika. Ku bw’ivyo, naciye nsubira kuyerekana. Isaha icenda z’ubuca, ni ho abanyuma mu baje kuyiraba bataha! Mu kiringo c’imyaka irenga 17, muri Zambiya honyene, abantu barenga umuliyoni bararorereye iyo senema y’ububasha!
Ibikebere bishasha muri Afirika
Tumaze imyaka irenga itanu n’igice dukorera muri Zimbabwe, twaciye twimurirwa muri Afirika y’Epfo. Ivyo vyasigura ko twategerezwa kwiga ururimi bita afrikaans. Mu nyuma, twarize kandi igisesoto n’ikizulu. Kuba twari dushoboye kwigisha Ijambo ry’Imana mu zindi ndimi vyaratumye turushiriza kuba kirumara mu busuku, biranatuma twumva ko hari ivyo dushoboye kurangura.
Mu ntango zo mu 1960, twashinzwe gukora igikorwa c’ubugenduzi amaja mu Bumanuko bwa Afirika. Mu myaka 27 yakurikiye, twaragenze cane muri Lezoto, Namibiya, Afirika y’Epfo, Swazilande no mw’izinga rya Asansiyo be n’irya Sainte-Hélène yo mu Bumanuko bw’Ibahari Atalantike. Vyose hamwe twagenze ibilometero ibihumbi amajana dukorera abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakirisu. Ibikorwa vyabo biranga ukwizera n’ukudahemuka mu bihe bimeze nabi, vyaraturemesheje kwumira kw’ibanga.
Nk’akarorero, naramenyanye n’Ivyabona bo muri Swazilande batadohotse ku kwizera kwabo igihe Umwami Sobhuza wa kabiri yapfa. Kubera ko banse kugira uruhara mu migenzo idashingiye ku Vyanditswe yagizwe ku rupfu rw’uwo munyacubahiro, barirukanywe mu buzi bongera barakwa uburenganzira bwabo bwo kuba abenegihugu. Naho bamaze imyaka myinshi batagira ico biha kandi bari mu magume, ntibigeze bata ukwizera kwabo. Kuba naramenye abo bavukanyi n’abavukanyikazi bakirisu bameze neza no kuba naraganiriye na bo imbonankubone, ni agateka ntangere nzokwama nkengurukirako Yehova.
Uwundi muntu twamenyanye ni Philemon Mafereka, umutsimvyi w’i Mokhotlong muri Lezoto, ahaherereye mu misozi, ku bukiruruke bw’imetero zirenga 3.000. Kubera yuko ata modoka zunguruza abantu zari zihari, we n’umugore wiwe mukundwa be n’abana babo babiri hamwe n’abandi bantu bane bari biteguriye kubatizwa, baragize urugendo rw’ibilometero birenga 100 baza kw’iteraniro ryabera mu kibanza kiri ku bukiruruke bw’imetero 1.200. Mu gice kinini c’urugendo bagize bategerezwa guca mu misozi ihanamye. Baraduga imisozi bakamanuka iyindi bifadikiza n’amaboko, bakongera bakajabuka utwonga twinshi be n’inzuzi nyinshi.
Basubiye inyuma iteraniro rimaze kurangira, bagiye batwaye amakopi menshi y’igitabu La vérité qui conduit à la vie éternelle. Ivyo bitabu bari babishiriye abantu bo mu karere kabo k’i Mokhotlong. Mugabo, kubera ko inzira yose bagenda bahura n’abantu bashimishwa n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, ibitabu vyose bari bafise vyarangiye bataranashika i muhira. Kwibonera umwete be n’ukuyobokera Imana vy’abo bavukanyi n’abavukanyikazi bakirisu nka Philemon n’umugore wiwe vyarabaye agateka kuri jewe na Emily, ako gateka kakaba katarava mu bwenge bwacu gushika n’ubu.
Rimwe na rimwe, twarageramirwa n’inzoka zifise ubumara, nk’imamba, hamwe n’imyuzure y’amazi be n’izindi ntambamyi. Ivyo twiboneye, naho ico gihe vyatera ubwoba, nta co bivuze tubigereranije n’ivyiza be n’iminezero biva mu gukorera Yehova. Twaramenye yuko atigera aheba intahemuka ziwe.
Igihe Emily yagira ingorane z’amagara zikomeye, Yehova yaraturonkeje ubukerebutsi bwo kubona iyo ngorane mu buryo buri ku burimbane. Uguhindura uburyo yahora afungura be n’ugutunganya ahantu harushirije kuba isuku vyarafashije kugira ngo anyaruke gutora mitende. Twarashize ihema ku gakamyonete kugira bitume Emily aguma ahantu hameze neza uko twagira urugendo, maze amaherezo arasubira kugira amagara meza.
Dusubira muri Kanada
Mu 1988, inyuma y’imyaka 35 twari tumaze turi mu gikorwa c’ubumisiyonari mw’ishinga rya Afirika riryoheye ijisho, twararungitswe gusubira gukorera muri Kanada. Maze mu 1991, narongeye gusubira gusukura ndi umucungezi w’ingenzi. Haciye imyaka umunani, nararwaye indwara yonona mu bwonko. Naho ntabaye ngikora vyinshi kuva ico gihe, ndacaronkera agahimbare mu gusukura ndi umukurambere muri rimwe mu mashengero y’i London muri Ontario.
Muri iki gihe, ndibukana akanyamuneza igihe natangura gukora ndi umutsimvyi mu Bumanuko bwa Saskatchewan ngendera kw’ifarasi, ubu hakaba haciye nk’imyaka 56. Ese ukuntu nkenguruka kubona dawe yarakomeye kw’ibanga mu kutwigisha kwiyumvira nk’abantu bakomeye mu vy’impwemu, batigera batinya kurwanira ukuri n’ubugororotsi! Yaranyigishije Ijambo ry’Imana, rikaba ryatumye ngira ubuzima buri n’intumbero. Iyo ntoranwa narayigumanye ubuzima bwanje bwose. Sinokwigera mfata ubuzima bwanje mu murimo wa Yehova ngo ndabukabe n’ikintu ico ari co cose iyi si ishaje ifise itanga.
[Ifoto ku rup. 27]
Umuryango wacu w’abana icenda mu 1949, mawe akaba ateruye umuhererezi. Jewe ndi inyuma yiwe
[Ifoto ku rup. 28]
Nubatse aka “kazu” kugira ndagakoreshe mu busuku bwanje
[Ifoto ku rup. 28]
Abagore bo muri Kebeke bafashwe bahorwa kwamamaza
[Ifoto ku rup. 30]
Naragize uruhara mu kwigisha aba bacungezi b’ingenzi muri Zimbabwe
[Ifoto ku rup. 31]
Twubatse iri hema kugira Emily atore mitende
[Ifoto ku rup. 31]
Ifoto ya vuba ndi kumwe na Emily