ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/1/04 rup. 24-26
  • Ico twigiye ku batwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twigiye ku batwa
  • Be maso!—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibimera bikiza kandi bivura
  • Zose zitororokanira ku gace k’umunyu
  • Ingene bahiga bakoresheje insenga
  • Tugendera mu bwato bw’ububazano ku Ruzi Sangha
  • Ibintu bitangaje vyatugumye mu bwenge dusubiye i muhira
  • ‘Ibiti vya Yehova birahaga’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Twariboneye imamfu amaso mu yandi
    Be maso!—2012
Be maso!—2004
g04 8/1/04 rup. 24-26

Ico twigiye ku batwa

VYASHIKIRIJWE N’UMWANDITSI WA BE MASO! MURI RÉPUBLIQUE CENTRAFRICAINE

“Nimukure ibirato. Tugiye guca mu mazi hanyuma tujabuke akayira inzovu zicamwo. Mukurikize neza ivyo ndababwira. Nitwahura n’imamfu, muce mubunda, ntimuyirabe mu maso. Duhuye n’inzovu, muce muhagarara mudakakaza”.

BUGINGO turiko dusama akayaga kw’ibaraza ry’iresitora, turazirikana ku bintu vyose duhejeje kubona. Imbere yacu hatemba Uruzi Sangha; hakurya yarwo na ho tuhabona ishamba rya manyenye riteye igomwe. Turi i Bayanga, agace ka République centrafricaine ko mu Bumanuko, kari hagati ya Kamerune na Repubulika ya Kongo.—Raba ikarata iri ku rupapuro rwa 19.

Tugishika aho bakirira abatemberera parike y’i Dzanga-Ndoki, twaciye twibagira ukuntu urugendo twari twagize kugira dushike ngaho rwaruhisha. Iyo parike iri ku bilometero 480 uvuye i Bangui, umurwa mukuru wa République centrafricaine, kandi kugira dushike ngaho twamaze hafi amasaha 11 turi mu muduga duca mu kayira. Hamwehamwe, usanga hari ibigundu vy’imigano vyameze iruhande y’inzira. Tugeze i Ngoto, twabwirijwe gufata ubwato kugira ngo tujabuke uruzi. Ubwo bwato bwari ubudasanzwe na gato mu buryo bw’uko butari bufise imoteri; ubwo bwato bwatujabukanye bukoresheje gusa umukuba w’amazi. Kugira ngo ntibute inzira, bwayoborwa n’iringi rizunguruka ku kigozi kinini bakwega, ku bw’ivyo abasore bakeyi ico baca bagira gusa kwari ukubuyobora.

Twigiye imbere, ku Ruzi Bambio, hari ikiraro kireremba ku mazi, kikaba ari ikiraro kibangutse cane kubera ko ata co kiba haba mu ci amazi yagabanutse, canke mu rushana uruzi rwuzuye. Ako karere kari gateye igomwe, vyongeye twarashoboye kuraba ibikoko aho bisanzwe vyibera twongera turashobora kubona abatwa b’aba Akaa bakibaho mu buryo bwa kera.

Woshima kujana natwe muri urwo rugendo rwiza cane, naho biza kuba ari mu ciyumviro gusa? Uwutuyobora ni umutwa yitwa Benoît. Twabanje kuja mu kigwati c’iwabo kuraba abatwakazi babiri bazi kuvuza imiti y’ikirundi, umwe yitwa Germaine uwundi Valérie. Abo bagore baciye baduherekeza. Twaguma dutangara uko batwereka ibimera vyo mu kibira bitandukanye bikoreshwa mu kuvura.

Ibimera bikiza kandi bivura

Hashize iminuta itari mike duca mu kayira gatoyi ko mu kibira n’umuduga, ba bagore babiri twahitana kugira tujane baciye badusaba kuva mu muduga hanyuma tukabakurikira mu kibira. Baca inzira bakoresheje imipanga yabo mu gihe natwe twakora uko dushoboye kugira tugume tubakurikira. Twaciye tubona ikintu ca mbere cadutangaje ari co mo nzambu nzambu, kikaba ari ikemera kirimwo amazi kimeze nk’ikirandaranda. Abatuyobora baciye buno nyene baca ingegene zirehareha na santimetero nka 50, duca turanywa amazi avuyemwo. Yari amazi meza, apfutse kandi amara inyota.

Twigiye kure gatoyi, baciye batwereka ibabi ry’igiti c’ipera. Abatwa barasabika ayo mababi kugira baronke umuti wo kuvura inkorora. Ikindi giti citwa ofuruma, kivamwo amakakama yera, ukaba ari umuti mwiza wo kuvura abantu barwaye amaso y’imbwa. Twaciye tubaza duti: “Hoba hariho umuti uvura aho inzoka yagukomoye”? Baciye batwishura bati: “Urahari nyene. Turasekura amababi ya bolo [izina aba Aka bahaye ubwoko bumwe bw’ikirandaranda, kikaba ari ikirandaranda co mu ntara z’ubushuhe] tugaca dushira aho yakomoye”. Uko twatera intambwe ni ko twabona ibindi bimera abatuyobora batubwira ko bifise ico bivura. Hariho imiti ivura ibikomere n’inzoka zo mu nda, amatwi, amenyo, mbere n’ukugumbaha.

Abo bantu, ababonwa rimwe na rimwe ko bakiri inyuma y’amajambere, barafise vyinshi vyo kutwigisha. Uko twabandanya muri ico kibira, ni ko abo bagore babiri twari kumwe bavuza imiti y’ikirundi begeranya ivyo bafungura, aho twovuga ibizinu, amasalata yo mw’ishamba n’imizi ikoreshwa mu gishingo c’ibitungurusumu. Amababi amwamwe ategerezwa kuba yari aryoshe rwose kubera ko baciye bayarira aho nyene! Ese ukuntu kizoba ari ikintu ciza igitangaza kubandanya kwiga mw’isi nshasha Imana yasezeranye!—Yesaya 65:17; 2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe 21:1-4.

Zose zitororokanira ku gace k’umunyu

Ku muhingamo twaciye tugenda ku gace k’umunyu tujanywe no kuraba inzovu zo mu kibira. Turiko tuja aho hantu ni ho uwatuyobora yaduhereye za nyobozo twavuga mu ntango y’iki kiganiro. Ariko none, ako gace k’umunyu ni ukuvuga iki? Ni ikibanza kinini kitarimwo ibiti, aho isi yaho usanga yuzuyemwo ivyunyunyu biryohera ibikoko bimwebimwe. Ku bw’ivyo, ni ikibanza inzovu zo mu kibira, imbogo, impongo, ingiri nininini be n’ibindi bikoko bihuriramwo ku musi ku musi.

Kubera ko ico kibira kizitanye cane, bigatuma bigorana rwose kubona ibikoko biriyo, abajejwe parike baciye bubaka ku mubari wa nya gace k’umunyu ahantu hakirurutse ho kurabira. Ariko rero, kugira ngo dushike aho hantu hakirurutse, twategerejwe kujabuka ahantu hajaga, aho amazi yatugera mu ntege. Uwutuyobora yarumviriza yitonze amajwi yumvikana hirya no hino yacu kandi akaguma araba yuko turi hafi yiwe. Kubera iki? Kubera ko inzovu rimwe na rimwe zaca muri iyo nzira nyene!

Tumaze gushika nya hantu hakirurutse, twarafashe akanya ko kuraba ibikoko, tukaba twabonye inzovu zirenga 80, imbogo zimwezimwe be n’impongo nkeyi. Umuhinga umwe mu vya siyansi w’umukenyezi yari amaze imyaka 11 yiga inzovu ni ho yari ari. Yatubwiye ati: “Inzovu imwimwe yose iteye ukwayo. Maze kugira urutonde rw’izishika 3.000, kandi izishika 700 ndazi amazina yazo”. Ikibabaje ni uko amasenge y’inzovu zo mu kibira aronderwa cane n’abantu bashaka kuyakoramwo ibidodo bikoreshwa mu bihugu bimwebimwe vyo mu Buseruko kugira herekanwe nyene kwandika inzandiko kanaka canke nyene gucapa ibicapo kanakab.

Ingene bahiga bakoresheje insenga

Ku musi ukurikira mu gaturuturu, twarakurikiye umugwi w’abahigi cumi kugira ngo twibonere n’amaso yacu bwite ingene bahiga bakoresheje urusenga. Abagabo n’abagore baraje bafise insenga zabo zikozwe mu birandaranda. Urusenga rumwerumwe rwose rwapima nk’imetero 20 kuri santimetero 120. Tumaze gucokera muri nya kibira, uwo mugwi waciye uzingurura nya nsenga hanyuma uraziramvura, izo nsenga bakaba bari bazifatanije ku buryo zikwira ahangana n’imetero nka 200. Maze abahigi baciye bakikuza nya nsenga, hanyuma mu gihe batambagiza hirya no hino baza barazungagiza amashami bongera bakoma induru kugira ngo ibikoko niba bihari vyirukire muri nya nsenga. Ico gihe, nta bikoko vyari bihari. Nya bahigi baciye babohora za nsenga, baca bigira imbere mu kibira, basubira kugira nka kumwe k’ubwa mbere. Bashobora kubigira incuro nyinshi.

Ku musase, twari twarushe. Nya batwa bari babonye ifumberi zitatu ari zo ngeregere, mugabo zarashoboye kuzibukira nya nsenga hanyuma zirihungira. Ntitwari turajwe ishinga no kubona igikoko cafashwe mu nsenga. Ariko twashaka kumenya uburyo buranga ubuhanga abo bantu babayeho naho nyene bisa n’uko badafise ibikoresho vyinshi vyo gukoresha kandi akaba ata gikoresho na kimwe co mu buhinga bwa none bafise. Ku bw’ivyo, ntitwacitse inkokora na gato kubera ko ivyo twari duhejeje kwibonera vyari ibintu bitangaje.

Tugendera mu bwato bw’ububazano ku Ruzi Sangha

Ni nde atoshima kugira buhorobuhoro ku mazi acereje? Mu bwato bw’ububazano biranaryoshe cane kubera yuko uba usa n’aho uri ku buringanire bumwe n’amazi. Ku muhingamo turi mu bwato, twagiye kuraba inyoni bita inyôngonyôngo be n’izindi nyoni nyinshi zifise amabara menshi, imwimwe yose ikaba yari nziza kuruta iyo twaba duhejeje kubona. Zimwezimwe muri izo nyoni zava kw’ishami zigurukira ku rindi ku nkokoro y’uruzi, ukamenga ni nk’aho ziriko ziradukurikira uko tugira buhorobuhoro ku mazi.

Mu bibanza bimwebimwe, twaritegereje inguge ziva ku murandaranda umwe zisimbira ku wundi zinezereza gusa, canke kumbure zikaba zashaka kutunezereza! Alain Patrick, uwari atwaye ubwo bwato yarihase kugira atwigize imbere nko ku metero amajana angahe kubera yuko ku musi w’imbere y’aho, hari imvubu yari yahabonye. Twoba twari gushobora kuzibona uwo musi? Ikibabaje, nta zo twabonye. Zari zigiriye. Ariko rero, urwo rugendo rwiyongereye twagize rwatumye tubona ibigwati bitari bike ku nkengera y’uruzi twongera turatamarira abana benshi bariko batwara utwato twabo dutoduto bakoresheje ubuhinga butangaje. Vy’ukuri, ntituzokwigera twibagira urwo rugendo twagize mu bwato ku Ruzi Sangha.

Ibintu bitangaje vyatugumye mu bwenge dusubiye i muhira

Turi mu muduga dusubira i Bangui, ibintu amajana n’amajana twabonye kandi twibuka vyaguma bigaruka mu mizirikanyi yacu. Ibintu vyinshi vyari vyadukoze ku mutima cane, mu gihe ibindi na vyo vyari vyadutangaje. Ntituzokwigera twibagira canecane ukuntu mu kibira abo batwa habagwa neza canke ubukerebutsi butuma abatwa bungukira ku bintu vyose biri aho basanzwe bibera.

Vyongeye, naho tutaronse umwanya uhagije wo kubona akantu kose, twaragize agateka ko kugendera igice kidasanzwe c’isi, aho umuntu ashobora gusanga inzovu zo mu kibira, imamfu, inguge, imvubu, impongo, ingwe hamwe n’inyoni be n’ibinyugunyugu vy’amabara menshi y’indobeke. Twabwiwe yuko ikibira kizitanye c’ishamba cimeza bita Dzanga-Sangha be n’iparike ya Dzanga-Ndoki birimwo nk’ubwoko 7.000 bw’ibimera be n’ubwoko 55 bw’ibikoko vyonsa.

Ubwo bwoko bwose ntangere butandukanye bw’ibinyabuzima buratwibutsa umurongo wo muri Bibiliya uvuga uti: “Uhoraho we, ereg’ibikorwa vyawe n’ivy’uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge: isi yuzuye ubutunzi bgawe” (Zaburi 104:24). Ico kintu c’intibagirwa twize carakomeje umwiyemezo wacu wo gukurikiza aya majambo dusanga muri iyo Zaburi nyene agira ati: “Nzokwama ndirimbira Uhoraho nkiriho, nzokwama ndirimbira Imana yanje ishimwe ngihumeka. Ivyo niyumvira biyiryohere: nanje nzokwama nnezererwa Uhoraho”.—Zaburi 104:33, 34.

[Utujambo tw’epfo]

a Abatwa bo mu karere ka Afirika gaherereye ku rucahagati (équateur) bazwi ko ari bagufibagufi, bakaba bafise incahagati y’uburebure buri munsi ya metero 1 na santimetero 27.

b Ivyo bidodo, bita “chop” biranakorwa no mu bindi bintu. Ushaka kumenya vyinshi, raba Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Rusama 1994, urupapuro rwa 22-24.

[Amakarata ku rup. 25]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

KAMERUNE

REP. YA KONGO

RÉPUBLIQUE CENTRA-FRICAINE

Bangui

Bayanga

Iparike ya Dzanga-Ndoki

[Abo dukesha ifoto ku rup. 24]

© Jerry Callow/Panos Pictures

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika