ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/1/04 rup. 32
  • Impfunguzo zituma umubano w’ababiranye uroranirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impfunguzo zituma umubano w’ababiranye uroranirwa
  • Be maso!—2004
Be maso!—2004
g04 8/1/04 rup. 32

Impfunguzo zituma umubano w’ababiranye uroranirwa

“Ukubesha ku rugero runaka: urwo ni rwo rupfunguzo rutuma abikundanira baroranirwa”. Ivyo bivugwa mu kinyamakuru kimwe (La Presse). Ico kinyamakuru co muri Kanada cariko kivuga ivyashikirijwe mw’itohoza ryagizwe ryerekanye yuko kubesha bizana inyungu. Iryo tohoza ryari ryasohowe mu kinyamakuru kimwe (Journal of Social and Personal Relationships). Porofeseri Tim Cole wo kuri kaminuza imwe (De Paul University) yo mu gisagara ca Chicago muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ati: “Tubeshe ku rugero runaka, turashobora kuzigama inyungu ziva ku kwikundanira tutarinze gushira mu kaga ukwo kwikundanira”.

Ariko none, guhendana vyoba koko ari urupfunguzo rutuma umubano w’ababiranye uroranirwa? Bibiliya ihimiriza abakirisu iti: “Mwiyambure ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ukuri na mugenzi we, kuko tur’ingingo za bagenzi bacu” (Abanyefeso 4:25). Hoba hari ico iyo mpanuro yofasha? Igihe habazwa iki kibazo kivuga ngo: Ni iyihe mvo imwe ikomeye kuruta izindi zose ituma abubakanye batandukana?, umushingwamanza umwe yahukanye yishuye ati: “Ni uko badashobora kuganira badahishanya, ntibashobore guseruriranira akari ku mutima kandi ntibashobore gufatana nk’abagenzi pfampfe”.

None akabanga ko kugira umubano w’ababiranye urangwa agahimbare ni akahe? Ikigabane ca 3 c’igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo kirafise umutwe uvuga ngo “Impfunguzo Zibiri Zituma Umubano w’Ababiranye Urama”. Ico kigabane kirarimbura ibintu nyamukuru bibiri bituma abubakanye bashobora kubana mu gahimbare, bigatuma baronka imihezagiro myinshi. Urashobora gusaba ico gitabu mu kwuzuza agace kandikwamwo aderese kari kumwe n’iki kiganiro hanyuma ukakarungika kuri aderese yaherekanywe canke ku yibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5 rw’iki kinyamakuru.

□ Ndabasavye mundungikire igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo.

Niwerekane ururimi.

□ Ndabasavye mumenyeshe ibijanye n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igirwa ku buntu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika