ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Abaroma 1:1-16:27
  • Abaroma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abaroma
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abaroma

IKETE RYANDIKIWE ABAROMA

1 Jewe Pawulo ndi umushumba wa Kristu Yezu kandi nahamagariwe kuba intumwa, nshirwa ku ruhande ku bw’inkuru nziza y’Imana+. 2 Iyo nkuru nziza Imana yayisezeranye kera mu Vyanditswe vyeranda biciye ku bahanuzi bayo. 3 Yerekeye Umwana wayo yavuye mu ruvyaro* rwa Dawidi+ hisunzwe umubiri, 4 mugabo ku bubasha bw’Imana akitwa Umwana w’Imana+ hisunzwe impwemu y’ubweranda, igihe yazurwa mu bapfuye+, egome Yezu Kristu Umukama wacu. 5 Biciye kuri we, naragiriwe* ubuntu buhebuje*, mpabwa n’ibanga ryo kuba intumwa+ kugira abantu bo mu mahanga yose bagamburuke bivuye ku kwizera+, batere iteka izina ryiwe. 6 Na mwebwe muri mu bantu bo muri ayo mahanga bahamagawe ngo begukire Yezu Kristu. 7 Ndabandikiye mwebwe mwese mukundwa cane n’Imana muri i Roma, mwahamagariwe kuba aberanda.

Ubuntu buhebuje n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu bibane namwe.

8 Imbere ya vyose, ndakengurukira Imana yanje biciye kuri Yezu Kristu ku biberekeye mwese, kubera ko ukwizera kwanyu kuvugwa mw’isi yose. 9 Nkako, Imana nkorera igikorwa ceranda n’umutima wanje wose* mu kumenyesha inkuru nziza yerekeye Umwana wayo, yombera icabona ko nama ndabavuga mu masengesho yanje ubudasiba+, 10 nsaba ko vyoteba bigakunda ko nza iwanyu nimba bishoboka n’Imana ikaba ibishaka. 11 Kuko nshashaye kubabona kugira ndabahe ingabire y’ivy’impwemu, ngo mukomezwe mu kwizera, 12 canke riho duhanahane indemesho+ biciye ku kwizera kw’umwe wese, kwaba ukwanyu canke ukwanje.

13 Mugabo bavukanyi, sinshaka ko muyoberwa yuko kenshi nateguye kuza iwanyu, ariko gushika ubu bikaba bitarakunda. Nashaka kuza kugira ngo no muri mwebwe ndaharonke umwimbu, cokimwe no mu yandi mahanga. 14 Mfitiye ideni Abagiriki n’abanyamahanga*, inkerebutsi n’imburabwenge. 15 Ndashashaye rero kubamenyesha inkuru nziza na mwebwe muri i Roma+. 16 Kuko ntaterwa isoni n’inkuru nziza+. Nkako, ni bwo buryo bukomeye Imana ikoresha mu gukiza umuntu wese afise ukwizera+, ubwa mbere Abayuda+ hanyuma Abagiriki*+. 17 Biciye kuri iyo nkuru nziza, ubugororotsi bw’Imana buriko burahishurirwa abafise ukwizera maze bigakomeza ukwizera kwabo+, nk’uko vyanditswe ngo: «Ariko umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera+.»

18 Kuko uburake bw’Imana+ buriko burahishurwa buvuye mw’ijuru ngo burwanye ibintu vyose biranga ukutubaha Imana kandi bitagororotse abantu bakora. Abo bantu baraniga ukuri+ ngo ntigukwiragire, baciye mu nzira zitagororotse. 19 Bari bakwiye kumenya Imana kubera ko ivyo umuntu ashobora kumenya ku vyerekeye Imana vyibonekeza neza muri bo, kuko Imana yabiberetse neza+. 20 Nkako ibintu tutabona biranga Imana*, ni ukuvuga ububasha bwayo bwamaho+ n’ubumana bwayo+, biribonekeza neza kuva igihe isi yaremwa, kuko bibonekera ku bintu yaremye+. Nta co rero bafise bireguza. 21 Naho bari bazi Imana, ntibayininahaje nk’Imana canke ngo bayikengurukire, ahubwo badukanye ivyiyumviro vy’ubupfu, kandi imitima yabo y’imburabwenge yuzuye umwiza+. 22 Naho biyita inkerebutsi, bacitse ibipfu, 23 bafata ubuninahazwa bwa ya Mana idapfa* babuha ikintu gisa n’umuntu apfa*, inyoni, ibiremwa vy’amaguru ane n’ivyikwega hasi+.

24 Imana rero yarabaretse ngo bakore ibintu bihumanye bihuje n’ivyipfuzo vy’imitima yabo, kugira batetereze imibiri yabo. 25 Ukuri kw’Imana bagukavye ikinyoma, basenga* ivyaremwe bongera babikorera igikorwa ceranda aho kubikorera Umuremyi, umwe akwiye gushemezwa ibihe vyose. Amen! 26 Ni co gituma Imana yabaretse ngo batwarwe n’ivyipfuzo vy’umubiri biteye isoni+, kuko abagore babo bahinduye uko imibiri yabo isanzwe ikoreshwa igasigara ikoreshwa ibidakorwa+. 27 N’abagabo nyene bararetse uko umubiri w’umugore usanzwe ukoreshwa*, bagiranira inambu ikaze, abagabo ku bagabo+. Bakora ibiteye isoni, bakaronka mu mibiri yabo igihano* gikwiye kandi gihuye n’ukuzimira kwabo+.

28 Kubera ko batashimye kwemera Imana*, Imana yarabaretse bagumana ivyiyumviro itemera, bakora ibintu bitabereye+. 29 Buzuye ibintu vyose bitagororotse+, vy’ububisha, vy’umwina+ kandi bibi. Buzuye n’agashari+, ubwicanyi+, imiryano, ubuhendanyi+ n’umutima wo gukora ikibi+. Bavuga urusaku*, 30 bakambika ibara abandi+, bakanka Imana. Ntibisonera, baribona, barishima, barategura imigambi yo gukora ikibi*, baragambararira abavyeyi+, 31 ntibagira ubwenge+, ntibubahiriza amasezerano, ntibakunda ababo kandi ntibagira imbabazi. 32 Naho bazi neza ingingo igororotse yashinzwe n’Imana, yuko abakora mwene ivyo bakwiriye gupfa+, ntibaguma babikora gusa, ahubwo baranashima ababikora.

2 Nta co ufise wireguza rero, yewe muntu wese+ ucira abandi urubanza. Erega iyo uciriye urubanza uwundi, nawe uba urwiciriye*, kuko wewe uca urubanza ukora nk’ivyo nyene+. 2 Turazi ko urubanza Imana icira abakora mwene ivyo ruhuye n’ukuri.

3 None ga muntu, ko ucira urubanza abakora mwene ivyo kandi nawe ari vyo ukora, wibaza ko uzokira urubanza rw’Imana? 4 Canke usuzugura ingene Imana igwije ubuntu+, ukwigumya*+ n’ukwihangana+? Ntuzi ko igira ubuntu kubera ishaka kugufasha ngo wigaye+? 5 Mugabo kubera akagagazo kawe n’umutima wawe utigaya, uriko wirundaniriza uburake buzokuzako ku musi w’uburake bw’Imana, niyahishura urubanza rwayo rugororotse+. 6 Kandi izokwishura umwe wese ibihuye n’ivyo akora+: 7 izoha ubuzima budahera abaguma bihanganye mu gukora iciza barondera ubuninahazwa, iteka n’ukutabora+, 8 ariko abantu b’abanyamahane kandi bagambararira ukuri mugabo bakagamburukira ibitagororotse, bazokwibonera uburake bw’Imana n’ishavu ryayo+. 9 Hazoba amakuba n’amaganya ku muntu wese akora ikibi, ubwa mbere ku Muyuda hanyuma ku Mugiriki*. 10 Mugabo hazoba ubuninahazwa, iteka n’amahoro ku muntu wese akora iciza, ubwa mbere ku Muyuda+ hanyuma ku Mugiriki+. 11 Kuko Imana itagira nkunzi+.

12 Abo bose bacumuye ata mategeko bafise, bazopfa ata mategeko abacira urubanza+. Mugabo abo bose bacumuye bagabwa n’amategeko, bazocirwa urubanza n’amategeko+. 13 Abumva amategeko si bo bagororotsi imbere y’Imana, ahubwo abakora ivyo amategeko avuga ni bo bazokwitwa abagororotsi+. 14 Kuko igihe abantu bo mu mahanga bakoze ivyo amategeko avuga kubera bisanzwe bibarimwo kandi ata mategeko bafise+, abo bantu baba berekanye ko muri bo hari amategeko, naho ata mategeko bafise. 15 Ni bo berekana ko ibiri mu mategeko vyanditse mu mitima yabo, kandi ijwi ryabo ryo mu mutima riremeranya na bo. Ivyiyumviro vyabo birabarega canke bikabaregura*. 16 Ukwo ni ko bizogenda umusi Imana izocira urubanza ibintu abantu bagize ibanga, ikaruca biciye kuri Kristu Yezu+. Ivyo birahuye n’inkuru nziza namamaza.

17 Muri mwebwe hari abitwa Abayuda+. Wewe Umuyuda urishimikiza amategeko, ukishimira Imana yawe. 18 Urazi ivyo igomba kandi urashobora kumenya ibibereye kubera wigishwa* amategeko+. 19 Warajijutse ko uri indongozi y’abantu b’impumyi n’umuco ku bari mu mwiza. 20 Wiyumvira ko ushobora gukosora imburabwenge, ukigisha abana batoyi, ukaba uzi inyigisho z’ishimikiro n’ukuri kw’ishimikiro biri mu mategeko. 21 Wewe none wigisha abandi, weho ntiwiyigisha+? Wewe wamamaza ngo «ntiwibe+», uriba? 22 Wewe uvuga ngo «nturenge ibigo+», weho nturenga ibigo? Wewe wanka urunuka ibigirwamana, ntusahura ivyo mu nsengero? 23 Wewe wishimira amategeko, ntutetereza Imana mu kuyarengako? 24 Kuko «izina ry’Imana ririko riratukwa* mu mahanga kubera mwebwe», nk’uko vyanditswe+.

25 Nkako, ukugenyerwa*+ kugira akamaro igihe gusa ukora ivyo amategeko avuga+. Ariko nimba urenga amategeko, ukugenyerwa kwawe kuba gucitse ukutagenyerwa. 26 Nimba rero umuntu atagenyerewe+ akurikiza ibintu bigororotse amategeko asaba, none Imana ntizoca imubona nk’uwagenyerewe+? 27 Uwutagenyerewe ku mubiri mugabo akaba akurikiza amategeko, azogucira urubanza wewe wagenyerewe uyarengako kandi ufise amategeko yanditse. 28 Kuko Umuyuda wo ku rukoba atari we Muyuda+, eka n’ukugenyerwa kw’inyuma ku mubiri si kwo kugenyerwa+. 29 Ahubwo Umuyuda wo mu mutima ni we Muyuda+, kandi agenyerwa ku mutima+ biciye ku mpwemu, ntagenyerwa biciye ku mategeko yanditse+. Ntashimagizwa n’abantu, ahubwo ashimagizwa n’Imana+.

3 None Umuyuda arushije abandi iki? Canke akamaro ko kugenyerwa ni akahe? 2 Abarusha vyinshi mu buryo bwose. Imbere ya vyose, Abayuda ni bo Imana yajeje amajambo yayo meranda+. 3 None tuvuge iki ku bijanye n’Abayuda bamwebamwe baterekanye ukwizera? Ukutizera kwabo kwoba gusobanura ko Imana itakiri iyo kwizigirwa? 4 Habe namba! Ahubwo Imana niboneke ko ivuga ukuri+, naho umuntu wese yoboneka ko ari umubeshi+, nk’uko vyanditswe ngo: «Kugira ngo uboneke ko ugororotse mu vyo uvuga, kandi utsinde igihe uriko uracirwa urubanza+.» 5 Ariko nimba ukutagororoka kwacu gushira ahabona ubugororotsi bw’Imana, tuvuge iki none? Imana yoba irenganya igihe yerekana uburake bwayo? (Ndiko mvuga nk’abantu.) 6 Habe namba! Wumva none Imana yoheza igacira urubanza isi gute+?

7 Ariko nimba ikinyoma canje catumye ukuri kw’Imana kurushiriza kuja ahabona bigatuma ininahazwa, kubera iki none ncirwa urubanza nk’umucumuzi? 8 Tubuzwa n’iki kuvuga ngo: «Dukore ibibi kugira ivyiza bibone kuza»? Kandi hari abatwagiriza ko ari ko tuvuga. Urubanza rucirwa abo bantu rurahuye n’ubutungane+.

9 Tuvuge iki none? Twoba turuta abandi? Habe namba! Nk’uko duhejeje kuvyerekana, Abayuda n’Abagiriki* bagabwa n’igicumuro bose+. 10 Nk’uko vyanditswe, «nta mugororotsi ariho, eka nta n’umwe+. 11 Nta n’umwe afise ugutahura*. Nta n’umwe arondera Imana. 12 Abantu bose barataye inzira igororotse, bose basigaye ata co bamaze. Nta n’umwe agira ubuntu, eka nta n’umwe+.» 13 «Imihogo yabo ni imva zirangaye. Bakoresha akarimi kabo mu guhendana+.» «Mu kanwa kabo huzuyeyo ubumara bw’incira+.» 14 «Kandi akanwa kabo kuzuyemwo imivumo n’umururazi+.» 15 «Ibirenge vyabo vyihutira gusesa amaraso+.» 16 «Amayira yabo arimwo agatikizo n’ivyago, 17 kandi ntibazi inzira y’amahoro+.» 18 «Nta gutinya Imana kuri muri bo*+.»

19 Turazi ko ibintu vyose amategeko avuga, abibwira abagabwa n’amategeko kugira iminwa yose inume, n’isi yose ibe iyikwiye igihano imbere y’Imana+. 20 Nta muntu n’umwe* rero azokwitwa umugororotsi imbere y’Imana biciye ku bikorwa bisabwa n’amategeko+, kuko amategeko ari yo atuma umuntu amenya neza igicumuro+.

21 Ariko ubugororotsi bw’Imana ubu bwarahishuwe bidaciye ku mategeko+, nk’uko amategeko n’ivyanditswe n’abahanuzi bibishingira intahe+. 22 Egome, ubugororotsi bw’Imana bwarahishuwe biciye ku kwizera Yezu Kristu, ku bw’abo bose bafise ukwizera. Kuko ata tandukaniro riri hagati y’abantu+. 23 Bose baracumuye kandi ntibashikira ubuninahazwa bw’Imana+. 24 Ni nk’ingabire ya gusa+ kubona bariko bitwa abagororotsi bivuye ku buntu bwayo buhebuje*+. Ubwo buntu yabugaragaje mu kubabohora biciye ku ncungu yarishwe na Kristu Yezu+. 25 Imana yaramutanze ngo abe ishikanwa rituma tubabarirwa ibicumuro*+ biciye ku kwizera amaraso yiwe+. Kwari ukugira ngo Imana yerekane ubugororotsi bwayo, kuko yababariye ibicumuro vyabaye kera kubera ukwigumya* kwayo. 26 Kwari ukugira ngo yerekane kandi ubugororotsi bwayo+ muri iki kiringo turimwo, ngo iboneke ko igororotse n’igihe yita umugororotsi umuntu yizera Yezu+.

27 None twoba dufise imvo yo kwirata? Nta n’imwe. Kubera itegeko irihe? Iry’ibikorwa+? Habe namba, ahubwo kubera itegeko ry’ukwizera. 28 Kuko tubona ko umuntu yitwa umugororotsi bivuye ku kwizera, bitavuye ku bikorwa bisabwa n’amategeko+. 29 Canke Imana yoba ari Imana y’Abayuda gusa+? Mbega si Imana y’abanyamahanga na bo+? Egome, ni iy’abanyamahanga na bo nyene+. 30 Ko Imana ari imwe+, abagenyerewe izobita abagororotsi+ bivuye ku kwizera, n’abatagenyerewe ibite abagororotsi+ biciye ku kwizera kwabo. 31 None twoba dukuraho amategeko biciye ku kwizera kwacu? Habe namba! Ahubwo riho turayashigikira+.

4 Ko bimeze gutyo, Aburahamu sogokuruza wacu ku mubiri twovuga ko yaronse iki? 2 Nk’akarorero, iyo Aburahamu aja kwitwa umugororotsi bivuye ku bikorwa, yari kugira imvo yo kwirata, ariko ntiyari kwirata imbere y’Imana. 3 None icanditswe kivuga iki? Kivuga giti: «Aburahamu yizeye Yehova*, abonwa ko ari umugororotsi*+.» 4 Impembo y’umukozi ntibonwa ko ari ubuntu agiriwe, ahubwo ibonwa ko ari ikintu abwirizwa guhabwa*. 5 Ariko umuntu adakora mugabo akizera umwe yita umugororotsi umuntu atubaha Imana, ukwizera kwiwe kubonwa nk’ubugororotsi+. 6 Na Dawidi aravuga agahimbare k’umuntu Imana ibona ko ari umugororotsi bitavuye ku bikorwa, akagira ati: 7 «Hahiriwe abo Imana yahariye ubugarariji bwabo, igapfuka* ibicumuro vyabo. 8 Hahiriwe umuntu Yehova* atazogenda aharuyeko igicumuro yakoze+.»

9 None abagenyerewe ni bo gusa baronka ako gahimbare, canke n’abatagenyerewe barakaronka+? Kuko twavuze duti: «Ukwizera kwa Aburahamu kwatumye abonwa ko ari umugororotsi+.» 10 None ibintu vyari vyifashe gute igihe ukwizera kwiwe kwatuma abonwa ko ari umugororotsi? Yari yaragenyerewe canke ntiyari bwagenyerwe? Ntiyari bwagenyerwe. 11 Kandi yararonse ikimenyetso+, ni ukuvuga ukugenyerwa, nk’ikidodo* cerekana ko ari umugororotsi bivuye ku kwizera yari afise igihe atari bwagenyerwe. Ivyo vyabaye kugira abe se w’abari n’ukwizera bose+ batagenyerewe, ngo babonwe ko ari abagororotsi. 12 Kwari ukugira ngo kandi abe se w’uruvyaro rwagenyerewe, atari gusa ku bumira ku kugenyerwa, mugabo no ku babaho bisunga ukwizera data Aburahamu+ yari afise ataragenyerwa.

13 Kuko Aburahamu n’uruvyaro* rwiwe baronse wa muhango w’uko yobaye samuragwa w’isi+, ariko ntibawuronse biciye ku mategeko, ahubwo vyaciye ku bugororotsi bushingiye ku kwizera+. 14 Iyaba abumira ku mategeko ari bo baba ba samuragwa, ukwizera kwoca kuba impfagusa, n’umuhango ukaba ukuweho. 15 Mu vy’ukuri, kurenga ku mategeko bizana ishavu ry’Imana+, mugabo ahatagira amategeko nta gicumuro kihaba+.

16 Ni co gituma uwo muhango tuwuronka biciye ku kwizera, ngo kibe ikintu dukesha ubuntu buhebuje*+. Muri ubwo buryo, abakomoka kuri Aburahamu* bose+ barashobora kubona iranguka ry’uwo muhango, atari gusa abumira ku mategeko ahubwo n’abumira ku kwizera kwa Aburahamu, data wacu twese+. 17 (Nakare vyanditswe ngo: «Nkugize se w’amahanga menshi+.») Ivyo vyabereye imbere y’Imana, imwe Aburahamu yizera, imwe ituma abapfuye baba bazima, ibitariho ikabivuga nk’aho vyoba biriho*. 18 Naho atari agifise imvo yo kugira icizigiro, yarishimikije icizigiro arizera ko yobaye se w’amahanga menshi nk’uko vyari vyaravuzwe ngo: «Ukwo ni ko uruvyaro* rwawe ruzongana+.» 19 Ico gihe yarabona ko umubiri wiwe wasa n’uwapfuye (kuko yari yegereje imyaka 100+), kandi yari azi ko Sara yari ingumba*+, mugabo ntiyagoyagoye mu kwizera. 20 Ariko kubera umuhango Imana yamuhaye, ntiyahungabanye ngo abure ukwizera, ahubwo ukwizera kwiwe kwatumye akomera, aninahaza Imana. 21 Yari yarajijutse rwose ko ivyo Imana yasezeranye yari ishoboye no kubishitsa+. 22 Ivyo vyatumye «abonwa ko ari umugororotsi+.»

23 Ariko ayo majambo ngo «abonwa ko ari», si we gusa yandikiwe+, 24 ahubwo yandikiwe na twebwe. Natwe tuzobonwa ko turi abagororotsi kuko twizera umwe yazura Yezu Umukama wacu mu bapfuye+. 25 Yaratanzwe ngo yicwe kubera amakosa yacu+ hanyuma arazurwa, kugira twitwe abagororotsi+.

5 Ko rero tumaze kwitwa abagororotsi bivuye ku kwizera+, tunezererwe amahoro dufitaniye n’Imana* biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu+. 2 Biciye kuri we kandi twarashoboye gushikira ubuntu buhebuje* tubikesheje ukwizera, ari na bwo turimwo ubu+. Nitunezerwe* rero twishimikije icizigiro co kuronka ubuninahazwa bw’Imana. 3 Si ivyo gusa, tunezerwe* n’igihe turi mu makuba+, kuko tuzi yuko amakuba azana ukwihangana+, 4 ukwihangana kukazana ugushimwa+, ugushimwa na kwo kukazana icizigiro+. 5 Kandi icizigiro ntigitetereza+, kuko urukundo rw’Imana rwasutswe mu mitima yacu biciye ku mpwemu nyeranda twahawe+.

6 Kuko mu vy’ukuri igihe twari tukigoyagoya+ ari ho Kristu yapfiriye abatubaha Imana, apfa ku gihe cashinzwe. 7 Mu bisanzwe, ntivyoroshe ko umuntu apfira umugororotsi, ariko umuntu mwiza kumbure hari uwokwemera kumupfira. 8 Mugabo Imana yaratweretse urukundo rwayo, kuko Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi+. 9 Ko rero tumaze kwitwa abagororotsi biciye ku maraso yiwe+, tuzorushiriza gukizwa uburake biciye kuri we+. 10 Kuko nimba twasubijwe hamwe n’Imana biciye ku rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi+, hari akantu ubu tumaze gusubizwa hamwe na yo! Wumva none tutazorushiriza gukizwa n’ubuzima bwiwe? 11 Si ivyo gusa, ariko kandi turanezererwa Imana biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu. Biciye kuri we, ubu twarasubije hamwe n’Imana+.

12 Igicumuro rero carinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe, urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro+. Ni co gituma urupfu rwakwiye ku bantu bose, kuko bose bari baracumuye+. 13 Kuko igicumuro cariho mw’isi imbere y’uko amategeko abaho, mugabo nta wagirizwa igicumuro igihe ata mategeko ariho+. 14 Yamara rero, urupfu rwaraganje* kuva kuri Adamu gushika kuri Musa, ruganza n’abatari barakoze igicumuro gisa n’ica Adamu, umwe asa na wa wundi yabwirizwa kuza+.

15 Mugabo ingabire y’Imana ntimeze nk’ico gicumuro. Abantu benshi barapfuye biciye ku gicumuro c’umuntu umwe, mugabo abantu benshi+ barungukiye cane ku buntu* buhebuje bw’Imana no ku ngabire yayo ya gusa dukesha ubuntu buhebuje bwa wa muntu umwe+ Yezu Kristu. 16 N’ikindi kandi, ivy’iyo ngabire ya gusa biratandukanye n’ingene ibintu vyagenze kubera wa muntu umwe yacumura+. Kuko igicumuro kimwe catumye abantu batsindwa n’urubanza+, mugabo ingabire Imana yatanze hamaze gukorwa ibicumuro vyinshi yatumye abantu bitwa abagororotsi+. 17 Nimba igicumuro c’umuntu umwe catumye urupfu ruganza* biciye kuri we+, hari akantu abaronka ubuntu buhebuje n’ingabire ya gusa y’ubugororotsi+! Bazoganza+ ari bazima biciye ku muntu umwe nyene, ari we Yezu Kristu+.

18 Nuko rero, nk’uko nyene igicumuro kimwe catumye abantu b’uburyo bwose batsindwa n’urubanza+, ni na ko igikorwa kimwe c’ubugororotsi gituma abantu b’uburyo bwose+ bitwa abagororotsi bakaronka ubuzima+. 19 Nk’uko nyene benshi babaye abacumuzi bivuye ku kugambarara kw’umuntu umwe+, ni na ko benshi bazoba abagororotsi bivuye ku kugamburuka kw’umuntu umwe nyene+. 20 Amategeko rero yaraje kugira ngo ibicumuro bigwire+. Mugabo aho bimariye kugwira, ubuntu buhebuje bwararushirije kugwira. 21 Mu ntumbero iyihe? Kugira ngo nk’uko igicumuro caganje* hamwe n’urupfu+, n’ubuntu buhebuje buganze biciye ku bugororotsi bushikana ku buzima budahera, buboneka biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu+.

6 Tuvuge iki none? Tugume ducumura kugira ngo ubuntu buhebuje* bugwire? 2 Habe namba! Ko tutakigabwa n’igicumuro*+, twoguma tukibamwo gute+? 3 Canke ntimuzi yuko twese ababatijwe muri Kristu Yezu+ twabatijwe mu rupfu rwiwe+? 4 Twahambanywe na we rero biciye kw’ibatisimu twaronse mu rupfu rwiwe+. Ivyo vyabaye kugira ngo nk’uko Kristu yazuwe mu bapfuye biciye ku buninahazwa bwa Se, na twebwe tugire ubuzima bushasha+. 5 Ko twunze ubumwe na we biciye ku rupfu rumeze nk’urwo yapfuye+, nta nkeka rero yuko tuzokwunga ubumwe na we kandi biciye kw’izuka risa n’iryiwe+. 6 Turazi ko kamere* yacu ya kera yamanikanywe na we ku giti+, kugira ngo umubiri wacu ucumura ntube ugifise inkomezi+, ntitugume turi abashumba b’igicumuro+. 7 Kuko umuntu apfuye aba akuweko* ibicumuro vyiwe.

8 Vyongeye, ko twapfanye na Kristu, turemera kandi yuko tuzobana na we. 9 Turazi ko Kristu atagipfa+ kubera ko ubu yazuwe mu bapfuye+. Urupfu nta bubasha rukimufiseko. 10 Kuko urupfu yapfuye, yarupfuye kugira akureho igicumuro rimwe rizima+. Mugabo ubuzima abayeho, abubayeho kugira akore ivyo Imana igomba. 11 Na mwebwe nyene, nimubone ko mwapfuye ku bijanye no gukora igicumuro, mugabo ko muri bazima kugira mukore ivyo Imana igomba biciye kuri Kristu Yezu+.

12 Ntimureke rero ngo igicumuro kibandanye kuganza* mu mibiri yanyu ipfa+, ngo mugamburukire ivyipfuzo vyayo. 13 Vyongeye, imibiri* yanyu ntimubandanye kuyiha igicumuro ngo ikoreshwe ibitagororotse*. Ahubwo mwihe Imana nk’abantu bazima bavuye mu bapfuye, imibiri* yanyu na yo muyihe Imana kugira ikoreshwe ibigororotse*+. 14 Igicumuro ntigikwiye kubaganza, kuko mutagengwa n’amategeko+, ahubwo mugengwa n’ubuntu buhebuje+.

15 Tuvuge iki none? Ducumure ngo ni uko tutagengwa n’amategeko ahubwo tugengwa n’ubuntu buhebuje+? Habe namba! 16 Ntimuzi yuko iyo mwihaye umuntu mukamugamburukira nk’abashumba, muba mubaye abashumba biwe kubera mumugamburukira+? Muba abashumba b’igicumuro+ bikabashikana ku rupfu+, canke mukaba abashumba bagamburukira Imana bikabashikana ku bugororotsi. 17 Ariko Imana ishimwe kubera ko naho mwahoze muri abashumba b’igicumuro, mwahavuye mugamburuka bivuye ku mutima iyo nyigisho* mwahawe. 18 Egome, kubera ko mwakuwe mu gicumuro+, mwaciye muba abashumba b’ubugororotsi+. 19 Ndiko nkoresha imvugo isanzwe y’abantu, kubera ubugoyagoye bw’umubiri wanyu. Imibiri* yanyu mwarayitanze ngo ishumbire ubuhumane n’ubugarariji, bituma mukora ivy’ubugarariji. Ubu rero nimuyitange kugira ishumbire ubugororotsi, bitume mukora ibintu vyeranda+. 20 Kuko igihe mwari abashumba b’igicumuro, mutaganzwa n’ubugororotsi.

21 None ico gihe mwama ivyamwa nyabaki? Ni ibintu ubu bibatera isoni, kuko amaherezo yavyo ari urupfu+. 22 Ariko ubu, kubera ko mwakuwe mu gicumuro mukaba abashumba b’Imana, muriko murama ivyamwa bijanye n’ubweranda+, kandi ivyo bishikana ku buzima budahera+. 23 Kuko impembo y’igicumuro ari urupfu+, ariko ingabire Imana itanga ni ubuzima budahera+ biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu+.

7 Bavukanyi, ntimuzi yuko amategeko aganza umuntu igihe nya muntu akiriho? (Ndiko mbwira abazi amategeko.) 2 Nk’akarorero, umugore yubatse, amategeko amubohera ku mugabo wiwe igihe umugabo wiwe akiriho. Ariko iyo umugabo wiwe apfuye, aba abohowe itegeko ry’umugabo wiwe+. 3 Hamwe rero yotwarwa n’uwundi mugabo kandi uwiwe akiriho, yokwitwa ko arenze ibigo+. Ariko umugabo wiwe apfuye, ntaba akigengwa n’itegeko ryiwe. Rero atwawe n’uwundi mugabo ntaba arenze ibigo+.

4 Na mwebwe rero bavukanyi, biciye ku mubiri wa Kristu, mwarakuweko* amategeko. Ivyo vyabaye kugira mwegukire uwundi muntu+, umwe yazurwa mu bapfuye+ ngo duheze twame ivyamwa bininahaza Imana+. 5 Kuko igihe twabaho duhuza n’umubiri, ivyipfuzo bihengamiye ku gicumuro vyarakora mu mibiri* yacu kugira twame ivyamwa bishikana ku rupfu+. Ivyo vyipfuzo vyagiye ahabona kubera amategeko. 6 Mugabo ubu twarakuweko amategeko+, kubera yuko atakituboshe*. Ivyo vyabaye kugira tube abashumba mu buryo bushasha biciye ku mpwemu+, aho kuba abashumba mu buryo bwa kera biciye ku mategeko yanditse+.

7 None rero tuvuge iki? Mbega amategeko ni igicumuro? Habe namba! Mu vy’ukuri, simba naramenye igicumuro iyo hataba amategeko+. Nk’akarorero, simba naramenye ukwipfuza ivy’abandi* ico ari co iyo amategeko atavuga ngo: «Ntukipfuze ivy’abandi+.» 8 Mugabo kubera ko igicumuro cahawe akaryo n’iryo bwirizwa, canzanyemwo ivyipfuzo* vy’ubwoko bwose, kuko igihe ata mategeko yariho igicumuro cari carapfuye+. 9 Nkako, amategeko ataraza nari muzima. Mugabo aho amategeko ashikiye, igicumuro carasubiye kuba kizima, nanje nca ndapfa+. 10 Ya mabwirizwa yari gushikana umuntu ku buzima+, nasanze ajana ku rupfu. 11 Kubera ko igicumuro cahawe akaryo n’amabwirizwa, carampendahenze kiranyica biciye kuri ayo mabwirizwa. 12 Rero amategeko ubwayo ni meranda. N’amabwirizwa ni meranda, aragororotse kandi ni meza+.

13 None ikintu ciza ni co catumye mpfa? Habe namba! Ahubwo ni igicumuro. Ivyo vyabaye kugira ngo biciye ku kintu ciza, biboneke ko igicumuro ari co kinzanira urupfu+, ngo amabwirizwa yerekane ko igicumuro ari kibi cane+. 14 Turazi ko amategeko ari ay’impwemu*, mugabo jewe ndi uw’umubiri, kandi naragurishijwe ngo ngabwe n’igicumuro+. 15 Sintahura ivyo nkora. Kuko ivyo nshaka gukora atari vyo nkora, ahubwo ivyo nanka ni vyo nkora. 16 Ariko ko nkora ivyo ntashaka, vyerekana ko nemera yuko amategeko ari meza. 17 Mugabo uwubikora ntaba akiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe+. 18 Ndazi ko muri jewe, ni ukuvuga mu mubiri wanje, ata ciza na kimwe kibayo, kuko nipfuza gukora iciza mugabo sinshobore kugikora+. 19 Iciza nshaka gukora si co nkora, mugabo ikibi ntashaka gukora ni co nkora. 20 Ko nkora rero ico ntashaka gukora, uwugikora ntaba akiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe.

21 Ng’iki rero ikintu* mbona ku binyerekeye: iyo nshatse gukora ikibereye, ikibi kiba kiri muri jewe+. 22 Mu mutima wanje* ndahimbarwa vy’ukuri n’amategeko y’Imana+, 23 mugabo mu mubiri* wanje mbona irindi tegeko rirwanya itegeko riyobora ubwenge* bwanje+, rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro+ riri mu mubiri* wanje. 24 Ewe jewe ndagowe! Ni nde azonkiza umubiri unjana kuri urwo rupfu*? 25 Imana ishimwe biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu! Nuko rero, mu bwenge* bwanje ndi umushumba w’itegeko ry’Imana, mugabo mu mubiri wanje nkaba umushumba w’itegeko ry’igicumuro+.

8 Abunze ubumwe na Kristu Yezu rero ntibatsindwa n’urubanza, 2 kuko itegeko rya ya mpwemu itanga ubuzima mu bumwe na Kristu Yezu ryababohoye+, ribakurako itegeko ry’igicumuro n’iry’urupfu. 3 Ivyo amategeko atashoboye gukora+ kubera ubugoyagoye+ bw’umubiri wacu*, Imana yarabikoze mu kurungika Umwana wayo bwite+. Yaje afise umubiri usa n’uw’abantu bacumura+ kugira akureho igicumuro. Imana rero yatumye igicumuro gitsindwa mu mubiri, 4 kugira ngo twebwe abatagenda bisunga umubiri ahubwo bagenda bisunga impwemu+, dushitse ibintu bigororotse amategeko asaba+. 5 Ababaho bisunga umubiri baguma biyumvira ibintu vy’umubiri+, mugabo abisunga impwemu bakaguma biyumvira ivy’impwemu+. 6 Kuko kuguma twiyumvira ivy’umubiri bivamwo urupfu+, mugabo kuguma twiyumvira ivy’impwemu bivamwo ubuzima n’amahoro+. 7 Kuguma twiyumvira ivy’umubiri bituma twankana n’Imana+, kuko umubiri utayobokera amategeko y’Imana, eka mbere ntibinashoboka. 8 Rero abahuza n’umubiri ntibashobora gushimisha Imana.

9 Ariko mwebwe ntimuhuza n’umubiri, ahubwo muhuza n’impwemu+, nimba impwemu y’Imana iba muri mwebwe vy’ukuri. Mugabo nimba umuntu adafise impwemu ya Kristu, uyo ntaba ari uwa Kristu. 10 Mugabo nimba Kristu yunze ubumwe namwe+, impwemu ica ituma muba bazima kubera ubugororotsi, ariko umubiri wanyu uba wapfuye kubera igicumuro. 11 Nimba rero impwemu y’umwe yazura Yezu mu bapfuye iba muri mwebwe, uwazuye Kristu Yezu mu bapfuye+ azotuma kandi ya mibiri yanyu ipfa igira ubuzima+ biciye ku mpwemu yiwe iba muri mwebwe.

12 Nuko rero bavukanyi, turafise ico dusabwa gukora, mugabo ntidusabwa kugamburukira umubiri ngo tubeho tuwisunga+. 13 Nimba mubaho mwisunga umubiri, ntimuzogenda mudapfuye. Mugabo nimba ingeso z’umubiri muzica+ biciye ku mpwemu, muzobaho+. 14 Kuko abo bose bayoborwa n’impwemu y’Imana ari bo bana b’Imana vy’ukuri+. 15 Ntimwaronse impwemu ibagira abashumba igatuma mwongera kugira ubwoba, ahubwo mwaronse impwemu ituma tugirwa abana b’Imana. Biciye kuri iyo mpwemu, turasemerera duti: «Abba*! Data+!» 16 Impwemu ubwayo iratomorera neza impwemu yacu*+ yuko turi abana b’Imana+. 17 Nimba rero turi abana, turi na ba samuragwa. Turi ba samuragwa b’Imana koko, mugabo tukaba abaraganwa+ na Kristu, dukire gusa kubabarana na we+ kugira ngo kandi tuninahazwe hamwe na we+.

18 Kuko mbona yuko imibabaro yo muri iki gihe ata co ivuze ndayigereranije n’ubuninahazwa bugiye guhishurwa muri twebwe+. 19 Ivyaremwe birashashaye ko Imana ihishura abana bayo+. 20 Nkako, ivyaremwe vyabwirijwe kugira ubuzima ata co buvamwo+. Si vyo vyabishatse, ahubwo vyavuye ku watumye bigira ubwo buzima. Yabigize yishimikije icizigiro 21 c’uko ivyaremwe na vyo nyene bizokurwa mu buja bw’ukubora, bikagira umwidegemvyo+ w’agatangaza* w’abana b’Imana. 22 Kuko tuzi yuko ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe gushika n’ubu. 23 Si ivyo gusa, ahubwo na twebwe dufise ivyeze ubwa mbere*, ni ukuvuga impwemu, emwe na twebwe turaniha mu mutima+ mu gihe tukirindiranye igishika kugirwa abana b’Imana+, tukabohorwa imibiri yacu biciye ku ncungu. 24 Igihe twakizwa twararonse ico cizigiro. Mugabo iyo umuntu abonye ico yari yizigiye, ntikiba kikiri icizigiro. None iyo umuntu abona ikintu yobandanya kucizigira gute? 25 Mugabo iyo twizigiye+ ivyo tutabona+, tuguma tubirindiranye igishika twihanganye+.

26 N’impwemu na yo irahaseruka ngo idufashe igihe tugoyagoya+. Ingorane ihari ni uko bishika ntitumenye ico twosaba Imana iyo tubikeneye, mugabo impwemu ubwayo iratakamba ku bwacu igihe turiko turaniha twabuze ico tuvuga. 27 Ariko umwe asuzuma imitima+ arazi ico impwemu ishaka kuvuga, kuko itakamba ihuza n’ivyo Imana igomba ku bw’aberanda.

28 Turazi yuko Imana ituma ibikorwa vyayo vyose bisenyera ku mugozi umwe ku neza y’abayikunda, bahamagawe hisunzwe umugambi wayo+. 29 Kuko abo yitwararitse ubwa mbere yabagenye kandi imbere y’igihe ngo bamere nk’Umwana wayo*+, kugira abe imfura+ mu bavukanyi biwe+ benshi. 30 Vyongeye, abo yagenye imbere y’igihe+ ni na bo yahamagaye+, abo yahamagaye ni na bo yise abagororotsi+, kandi abo yise abagororotsi ni na bo yaninahaje+.

31 None tuvuge iki kuri ivyo? Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya+? 32 Ahantu itatwimye n’Umwana wayo bwite mugabo ikamutanga ku bwacu twese+, izobuzwa n’iki kuduha n’ibindi bintu vyose n’umutima ukunze? 33 Ni nde azokwagiriza abatowe n’Imana+? Imana ni yo ibita abagororotsi+. 34 Ni nde azotuma batsindwa n’urubanza? Nta n’umwe. Kristu Yezu yarabapfiriye, mbere aranazurwa. Ubu ari iburyo bw’Imana+ kandi ni we atakamba ku bwacu+.

35 Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristu+? Mbega ni ibigeragezo, amaganya, uruhamo, inzara, kugenda gusa, akaga canke inkota+? 36 Nk’uko vyanditswe, «twirirwa turicwa kubera wewe. Abansi bacu batubona nk’intama zo gukererwa+.» 37 Ahubwo riho, muri ivyo vyose turatahukana intsinzi+ bimwe bishitse biciye ku wadukunze. 38 Kuko najijutse yuko rwaba urupfu, canke ubuzima, canke abamarayika, canke intwaro, canke ibiriho ubu, canke ibizoza, canke ububasha+, 39 canke uburebure bw’amahagarara, canke ubwimbike, canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu.

9 Ndiko mvuga ukuri muri Kristu, sindiko ndabesha. Ijwi ryanje ryo mu mutima rirashinga intahe rihuje n’impwemu nyeranda, 2 yuko mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udahera mu mutima. 3 Ese iyaba jewe ubwanje notandukanywa na Kristu nkaba nk’ikivume kugira mfashe abavukanyi banje, incuti z’umubiri, 4 ari bo Bisirayeli. Baratowe ngo bagirwe abana b’Imana+, bahabwa ubuninahazwa, amasezerano+, amategeko+, igikorwa ceranda+ n’imihango+. 5 Bakomotse kuri ba sogokuruza+, ari na bo Kristu yakomotseko mu buryo bw’umubiri+. Imana iri hejuru ya vyose ishemezwe ibihe vyose! Amen.

6 Ariko si nk’aho ijambo ry’Imana ryananiwe. Kuko abakomoka kuri Isirayeli bose atari bo Bisirayeli vy’ukuri+. 7 Eka mbere bose si abana ba Aburahamu ngo ni uko bamukomokako*+. Ahubwo Imana yamubwiye iti: «Uruvyaro* nagusezeraniye ruzoboneka biciye kuri Izahaki+.» 8 Ni ukuvuga ko abana b’umubiri atari bo bana b’Imana vy’ukuri+, ahubwo abana b’umuhango+ ni bo baharurwa nk’uruvyaro*. 9 Kuko ijambo ry’umuhango ryavuga riti: «Nzoza nk’iki gihe, kandi Sara azoba afise umwana w’umuhungu+.» 10 Ariko si ico gihe gusa. N’igihe Rebeka yasama inda y’amahasa kuri wa mugabo Izahaki sogokuruza wacu, ni ko vyagenze+. 11 Nkako, igihe batari bwavuke, ata ciza canke ikibi na kimwe bari bwakore, Imana yarerekanye ko umugambi wayo wo gutora abantu wogumye uranguka bivuye kuri yo ibahamagara, bitavuye ku bikorwa vy’umuntu. 12 Yabwiye Rebeka iti: «Mukuru azoshumbira mutoyi+.» 13 Kuko vyanditswe ngo: «Nakunze Yakobo, mugabo Esawu ndamwanka+.»

14 Tuvuge iki none? Mbega Imana irarenganya? Habe namba+! 15 Kuko ibwira Musa iti: «Nzogirira imbabazi uwo nshaka kuzigirira, kandi nzogirira impuhwe uwo nshaka kuzigirira+.» 16 Rero ntibiva ku vyo umuntu yipfuza canke ku kigoro agira*, ahubwo biva ku Mana yo igira imbabazi+. 17 Kuko icanditswe kibwira Farawo giti: «Mugabo iki ni co catumye mba ndakuretse: ni ukugira nerekane ububasha bwanje biciye kuri wewe no kugira izina ryanje ryamamare kw’isi yose+.» 18 Rero uwo ishaka iramugirira imbabazi, mugabo uwo ishaka ikamureka agacika intabarirwa+.

19 Wombwira rero uti: «Kubera iki ibandanya gutora amahinyu? None hari uworwanya ivyo igomba?» 20 Ewe muntu, mbega uri nde ngo wishure nabi Imana+? Mbega icabumbwe cobwira uwakibumvye ngo: «Kubera iki wambumvye gutya+?» 21 Ngw’iki? Mbega umubumvyi ntafise uburenganzira bwo gufata ibumba+ rimwe akarikoramwo igikoresho gikoreshwa ibiteye iteka, n’ikindi gikoreshwa ibiteye isoni? 22 Nimba rero Imana yashatse kwerekana uburake bwayo no kumenyekanisha ububasha bwayo, ikirengagiza ibigiranye ukwihangana kwinshi ibikoresho vyo kurakirwa bibereye gutikizwa, bitwaye iki? 23 Kandi nimba yabigize kugira imenyekanishe ubuninahazwa bwayo bwinshi ku bikoresho vyo kubabarirwa+ yateguye imbere y’igihe ngo bironke ubuninahazwa, 24 ni ukuvuga twebwe yahamagaye, atari mu Bayuda gusa ariko no mu mahanga+, bitwaye iki? 25 Ni na vyo kandi ivuga muri Hoseya iti: «Abatari abantu banje+ nzobita “abantu banje”, n’umugore atakundwa ndamwite “umukundwa+.” 26 Kandi aho nahora ndababwirira ngo: “Ntimuri abantu banje”, ni ho nzobitira “abana b’Imana nzima+.”»

27 Vyongeye, Yesaya arasemerera ku vyerekeye Abisirayeli ati: «Naho igitigiri c’Abisirayeli congana n’umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira yabo gusa ni yo azokizwa+. 28 Kuko Yehova* azogira ico abaza abantu kw’isi. Azosozera igikorwa ciwe kandi azogitebutsa+.» 29 Kandi nk’uko Yesaya yari yarabivuze, «iyo Yehova* Nyeningabo atadusigariza uruvyaro*, twari kuba nka Sodomu, tugasigara tumeze nka Gomora+.»

30 Tuvuge iki none? Abanyamahanga naho badakurikirana ubugororotsi, barashikiriye ubugororotsi+, bumwe buva ku kwizera+. 31 Mugabo Abisirayeli, naho bagerageza gukurikiza amategeko y’ubugororotsi, ntibashoboye kuyubahiriza. 32 Kubera iki? Kubera bagerageje kuyakurikiza bishimikije ibikorwa aho kwishimikiza ukwizera. Batsitaye kuri rya «buye ritsitaza+.» 33 Nakare vyanditswe ngo: «Ehe ndiko nshinga i Siyoni ibuye+ ritsitaza n’igitandara kigwisha, mugabo uwushingira ukwizera kwiwe kuri ryo ntazoteterwa+.»

10 Bavukanyi, mu vy’ukuri ico umutima wanje wipfuza be n’ico ntakambira Imana ku bwabo, ni uko bokizwa+. 2 Ndabashingira intahe yuko bafise umwete wo gukorera Imana+, ariko uwo mwete ntushingiye ku bumenyi butagira amakosa. 3 Kubera yuko batazi ubugororotsi bw’Imana+, ntibigeze babukurikiza+, ahubwo barondeye kwishingira ubugororotsi bwabo bwite+. 4 Kuko Kristu ari we herezo ry’amategeko+, kugira ngo umuntu wese yizera yitwe umugororotsi+.

5 Ku bijanye n’ubugororotsi buva ku mategeko, Musa yanditse ati: «Umuntu yubahiriza ivyo bintu azobeshwaho na vyo+.» 6 Ariko ku bijanye n’ubugororotsi buva ku kwizera, handitswe ngo: «Ntuvuge mu mutima wawe ngo+: “Ni nde azoduga mw’ijuru+?”, ni ukuvuga kugira amanukane Kristu, 7 canke ngo: “Ni nde azomanuka mu kuzimu*+?”, ni ukuvuga kugira adugane Kristu amukuye mu bapfuye.» 8 None icanditswe kivuga iki? Kigira giti: «Ayo majambo ari hafi yanyu, mu kanwa kanyu no mu mitima yanyu+», ni ukuvuga «amajambo» y’ukwizera turiko turamamaza. 9 Niwavuga ku mugaragaro n’akanwa kawe yuko Yezu ari Umukama+, kandi ukizera mu mutima wawe yuko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa. 10 Kuko umutima ari wo umuntu yizeresha kugira ashikire ubugororotsi, mugabo akanwa ni ko akoresha mu kuvuga ku mugaragaro ukwizera kwiwe+, kugira aronke ubukiriro.

11 Nakare icanditswe kivuga giti: «Nta n’umwe ashingira ukwizera kwiwe kuri we azoteterwa+.» 12 Nta tandukaniro ririho hagati y’Umuyuda n’Umugiriki*+. Hari Umukama umwe kuri bose, ahezagira cane* abamwambaza bose. 13 Kuko «umuntu wese yambaza izina rya Yehova* azokizwa+.» 14 Ariko none bazomwambaza gute batamwizera? Kandi bazomwizera gute batumvise ivyiwe? Kandi bazovyumva gute ata wuvyamamaza? 15 Kandi bazovyamamaza gute batatumwe+? Kuko vyanditswe ngo: «Ewe kuntu biteye igomwe ibirenge vy’abamenyesha inkuru nziza y’ivyiza+!»

16 Yamara rero, si bose bagamburutse inkuru nziza. Kuko Yesaya avuga ati: «Yehova*, ni nde yizeye ivyo yatwumvanye*+?» 17 Ukwizera rero kuva ku co umuntu yumvise+. Kandi ico umuntu yumva kijanye n’ijambo ryerekeye Kristu. 18 Ariko ndabaza nti: Mbega ntibumvise? Mu vy’ukuri, «intahe yavyo yarakwiragiye kw’isi yose. Ubutumwa bwavyo bwarashitse ku mpera y’isi+.» 19 Ariko ndabaza kandi nti: Mbega Abisirayeli ntibabimenye+? Ubwa mbere Musa avuga ati: «Nzobatera inzigo nkoresheje ihanga ata co rimaze. Nzobatera ishavu rikaze nkoresheje ihanga ry’imburabwenge+.» 20 Mugabo Yesaya aratinyuka cane, akavuga ati: «Abantu batariko barandondera, barandonse+. Abantu batariko barabaza ivyanje, baramenye+.» 21 Mugabo ku bijanye na Isirayeli avuga ati: «Nirirwa nsanziye amaboko abantu b’ibigaba kandi b’intabarirwa+.»

11 Ndabaza rero nti: Mbega Imana yarataye abantu bayo+? Habe namba! Kuko na jewe ndi Umwisirayeli wo mu ruvyaro* rwa Aburahamu, nkaba mva mu muryango wa Benyamini. 2 Imana ntiyataye abantu bayo, bamwe yatora* ubwa mbere+. Burya ntimuzi ico icanditswe kivuga ku bijanye na Eliya, igihe yatakambira Imana arega Isirayeli? 3 Avuga ati: «Ewe Yehova*, barishe abahanuzi bawe, basambura n’ibicaniro vyawe. Ni jewe jenyene nsigaye, none bariko barondera kunyica+.» 4 Yamara ijambo ry’Imana rimubwira ngw’iki? «Narisigarije abantu 7.000 batapfukamiye Bayali+.» 5 No muri iki gihe nyene, hariho amasigarira+ y’abantu bayo batowe bivuye ku buntu buhebuje*. 6 Nimba rero biva ku buntu buhebuje+, ntibiba bikivuye ku bikorwa+. Ahandiho ubwo buntu ntibwoba bukiri ubuntu.

7 Tuvuge iki none? Ikintu nyene Isirayeli ironderana umwete ntiyakironse, mugabo abatowe barakironse+. Abandi barakomantaje imitima+, 8 nk’uko vyanditswe ngo: «Imana yabahaye impwemu y’itiro ryinshi+, ibaha amaso atabona n’amatwi atumva, gushika n’uyu musi+.» 9 Vyongeye, Dawidi avuga ati: «Imeza yabo nibabere umushibuka n’umutego n’igitsitaza n’igihano. 10 Amaso yabo nahume ntibasubire kubona, utume imigongo yabo iguma ihetamye+.»

11 Ndabaza rero nti: Mbega baratsitaye baragwa ku buryo baherayo? Habe namba! Ahubwo ugutirimuka kwabo kwatumye abanyamahanga bakizwa, kugira ngo Abisirayeli bagire ishari+. 12 Nimba rero ugutirimuka kwabo kwazaniye isi imihezagiro*, ukugabanuka kwabo na kwo kukazanira imihezagiro abanyamahanga+, hari akantu igitigiri cabo nicuzura!

13 Ubu na ho ngira mbwire mwebwe abanyamahanga. Kubera yuko ndi intumwa ku mahanga+, ndaha agaciro* igikorwa nashinzwe+, 14 kugira ndabe ko notera ishari abo mw’ihanga ryanje*, ngakiza bamwe muri bo. 15 Nimba ugutabwa kwabo+ gutuma isi isubiza hamwe n’Imana, none ukwemerwa kwabo ntikuzotuma bagirwa bazima bakava mu bapfuye? 16 Vyongeye, nimba igice c’igikandu kigenewe kuba ishikanwa ry’ivyeze ubwa mbere ari ceranda, n’igikandu cose rero kiba ari ceranda. Kandi nimba umuzi ari mweranda, n’amashami rero ni ukwo.

17 Ariko nimba amwe mu mashami y’umwelayo* yarahanyuwe maze wewe ukomekwa ku mashami asigaye kandi uri umwelayo w’umunyeshamba, hanyuma mwese mukagaburirwa n’umuzi w’uyo mwelayo, 18 ntiwirate kuri ayo mashami. Ariko niwaramuka uyiraseko+, wibuke ko atari wewe ufashe umuzi, ahubwo ko umuzi ari wo ugufashe. 19 Wovuga rero uti: «Amashami yarahanyuwe kugira nomekweko+.» 20 Ni vyo. Barahanyuwe kubera ukutizera kwabo+, ariko wewe uhagaze kubera ukwizera+. Reka kwishira hejuru, ahubwo tinya. 21 Nimba Imana itagiriye ikigongwe amashami kama, na wewe nta co izokugirira. 22 Zirikana rero ubuntu bw’Imana+ n’ukuntu ikara. Irakarira abaguye+, ariko wewe ikakugirira ubuntu, ukire gusa kuguma mu buntu bwayo. Ahandiho na wewe uzocacurwa. 23 Na bo nyene nibaheba ukutizera kwabo, bazokwomekwa ku giti+, kuko Imana ishobora kubasubizako. 24 Ko wewe waciwe ku giti c’umwelayo co mw’ishamba hanyuma ukomekwa ku giti c’umwelayo co mu murima kandi atari ko bisanzwe bigirwa, wumva none bitazorushiriza kworoha ko amashami kama yomekwa ku giti c’umwelayo cayo bwite?

25 Bavukanyi, sinshaka ko muyoberwa iri banga ryeranda+, kugira ntimuhave mwigira abanyabwenge: bamwe mu Bisirayeli barakomantaje umutima, gushika igitigiri cuzuye c’abanyamahanga gikwiye. 26 Muri ubwo buryo Isirayeli yose+ izokizwa. Kuko vyanditswe ngo: «Umurokozi* azoza avuye i Siyoni+, atume abakomoka kuri Yakobo baheba ibikorwa vy’ukutubaha Imana. 27 Iryo ni ryo sezerano nzogirana na bo+, ninakuraho ibicumuro vyabo+.» 28 Ego ni ko, ni abansi b’Imana ku bijanye n’inkuru nziza, kandi mwaravyungukiyeko. Mugabo ko batowe n’Imana, irabakunda cane kubera ba sogokuruza babo+. 29 Kuko Imana itazokwicuza ku ngabire zayo no ku muhamagaro wayo. 30 Mwarigeze kuba mugambararira Imana+, ariko ubu mwaragiriwe imbabazi+ kubera ukugambarara kwabo+. 31 Na bo nyene ubu baragambaraye, bituma namwe mugirirwa imbabazi, kugira ngo na bo nyene bagirirwe imbabazi. 32 Kuko Imana bose yabagize imbohe z’ukugambarara+, kugira ngo bose ibagirire imbabazi+.

33 Ewe kuntu Imana itanga cane*! Ewe kuntu ubukerebutsi bwayo n’ubumenyi bwayo vyimbitse! Ese ukuntu imanza zayo zisiga ubwenge n’ukuntu inzira zayo zirengeye ugutahura! 34 Nkako, «ni nde yamenye ivyiyumviro* vya Yehova*, canke ni nde yabaye umuhanuzwajambo wiwe+?» 35 Canke «ni nde yabanje kumuha ikintu, ngo bibe ngombwa ko akimwishura+?» 36 Erega vyose vyavuye kuri we, bibaho biciye kuri we kandi ku bwiwe. Naninahazwe ibihe vyose! Amen.

12 Ndabinginze rero bavukanyi, kubera impuhwe z’Imana, mutange imibiri yanyu+ nk’ikimazi kizima, ceranda+ kandi cemerwa n’Imana. Muyikorere igikorwa ceranda mukoresheje ububasha bwo kwiyumvira+. 2 Nimureke kwoshwa n’iyi si*, ahubwo muhinduke mu guhindura uburyo mwiyumvira+, kugira mumenye neza+ ivyo Imana igomba, ni ukuvuga ibintu vyiza, vyemewe kandi bitagira akanenge.

3 Biciye ku buntu buhebuje* nagiriwe, mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ibimwerekeye kuruta uko bikwiriye+. Ahubwo yiyumvire mu buryo bubereye, bivanye n’urugero rw’ukwizera Imana yamuhaye*+. 4 Kurya nyene umubiri wacu ufise ibihimba vyinshi naho ari umwe+, mugabo vyose ntibikore igikorwa kimwe, 5 ni ko na twebwe naho turi benshi, turi umubiri umwe mu bumwe na Kristu, mugabo umwe wese akaba igihimba cegukira mugenziwe+. 6 Twese dufise ingabirano zitandukanye bivanye n’ubuntu buhebuje twagiriwe+. Nimba dufise ingabirano yo kuvuga ubuhanuzi, tubuvuge twisunze urugero rw’ukwizera twahawe. 7 Nimba dufise ingabirano yo gukorera abandi, tubandanye kubakorera. Nimba ari uwigisha, nabandanye kwigisha+. 8 Nimba ari uwuremesha*, nabandanye kuremesha*+, uwutanga* abikore atitangiriye itama+, uwuhagarikira* abandi abikorane umwete+, uwugira imbabazi na we abigire anezerewe+.

9 Urukundo rwanyu ntirubemwo ubwiyorobetsi+. Ikibi nimucanke urunuka+, mwumire ku ciza. 10 Mukundane nk’abavukana, mugiranire ikibabarwe. Mube aba mbere mu gutera iteka* bagenzi banyu+. 11 Mube abanyamwete, ntimunebwe*+. Mururumbe impwemu+. Mukorere Yehova* nk’abashumba+. 12 Nimunezerwe kubera icizigiro. Mwihangane mu makuba+. Mushishikare gusenga+. 13 Musangire n’abavukanyi* bivanye n’ivyo bakeneye+. Mwame mugaragaza ubwakiranyi+. 14 Mugume muhezagira ababahama+. Nimuhezagire, ntimuvume+. 15 Munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira. 16 Nimubone abandi nk’uko mwibona. Ntimwiyumvire ibintu bihanitse*, ahubwo muyoborwe n’ibintu biciye bugufi+. Ntimwigire abanyabwenge+.

17 Ntihagire uwo mwishura ikibi ku kindi+. Mukore ivyo bose babona ko ari vyiza. 18 Nimba bishoboka, nimukore ivyo mushoboye ku giti canyu kugira mubane amahoro n’abantu bose+. 19 Ntimwihore bakundwa, ahubwo mureke uburake bw’Imana bukore+, kuko vyanditswe ngo: «“Uguhōra ni ukwanje. Ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko”, ni ko Yehova* avuze+.» 20 Ariko «nimba umwansi wawe ashonje, mugaburire. Nimba anyotewe, muhe ico anywa, kuko niwabigira uzoba umurunze amakara yaka ku mutwe*+.» 21 Ntureke ngo ikibi kigutsinde, ahubwo ugume utsinda ikibi mu gukora iciza+.

13 Umuntu wese nagamburukire* abakuru batuganza*+, kuko ubukuru bwose buriho buva ku Mana+. Abakuru bahari bashizwe n’Imana mu bibanza vyabo bitandukanye*+. 2 Ni co gituma umuntu wese arwanya ubukuru aba arwanije indinganizo y’Imana. Abarwanya iyo ndinganizo bazoba bikwegeye igihano*. 3 Kuko abaganza ari abo gutinywa, ariko ntibatinywa n’abakora iciza, ahubwo batinywa n’abakora ikibi+. Ushaka none kudatinya abakuru? Guma ukora iciza+, na bo bazoguhayagiza. 4 Ni abakozi* b’Imana bakora ku neza yawe. Mugabo nimba ukora ikibi, tinya kuko badatwarira inkota ubusa. Ni abakozi b’Imana bajejwe guhana inkozi z’ikibi*.

5 Murafise rero imvo zumvikana zo kugamburuka*, atari kubera ico gihano* gusa, mugabo kandi kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima+. 6 Ni na co gituma muriha amakori, kuko ari abakozi b’Imana bakorera abantu, bama bakora ico gikorwa. 7 Muhe bose ivyabo: uwusaba ikori mumuhe ikori+, uwusaba ikibuguro* mumuhe ikibuguro, uwusaba gutinywa mumutinye+, uwusaba iteka mumuhe iryo teka+.

8 Ntihagire umuntu n’umwe mugirira ideni, kiretse iryo gukundana+, kuko uwukunda mugenziwe aba ashikije amategeko+. 9 Kuko aya mategeko ngo «ntukarenge ibigo+, ntukice+, ntukibe+, ntukipfuze ivy’abandi*+», hamwe n’ayandi mabwirizwa yose, bipoperanirijwe muri aya majambo agira ati: «Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.» 10 Uwufise urukundo ntagirira nabi mugenziwe+. Uwukundana rero aba yubahirije amategeko+.

11 Ivyo mubikore kubera muzi ikiringo tugezemwo, yuko isaha yo kwikangura mukava mw’itiro imaze kugera+. Ubukiriro bwacu ubu buri hafi kuruta igihe twacika abemera. 12 Ijoro rigeze kure, bugira buce. Duhebe rero ibikorwa vy’umwiza+ maze twambare ibirwanisho vy’umuco+. 13 Twigenze mu buryo bubereye+, nko ku murango. Twirinde kwidagadura birenze, kuborerwa, gusambana, inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*+, kuryana no kugira ishari+. 14 Ahubwo mwambare Umukama Yezu Kristu+, kandi ntimutegekanye guhaza ivyipfuzo vy’umubiri+.

14 Muhe ikaze umuntu agoyagoya mu kwizera+, ariko ntimucire urubanza abafise ivyiyumviro bitandukanye n’ivyanyu*. 2 Umwe usanga afise ukwizera kumwemerera kurya vyose, ariko uwundi agoyagoya ugasanga arya imboga* gusa. 3 Uwurya ntagaye uwutarya, kandi uwutarya ntacire urubanza uwurya+, kuko Imana yamuhaye ikaze. 4 Uri nde ngo ucire urubanza umusuku w’abandi+? Shebuja wiwe ni we afata ingingo yo kumushima canke kumugaya*+, kandi Yehova* amufashije arashobora gushimwa*.

5 Umuntu umwe abona ko hari umusi uruta iyindi+, uwundi na we akabona ko imisi yose ingana+. Umwe wese najijuke ku vyo yemera. 6 Uwubahiriza umusi kanaka awubahiriza kugira atere iteka Yehova*. Uwurya na we nyene arya kugira atere iteka Yehova*, kuko akengurukira Imana+. N’uwutarya areka kurya kugira atere iteka Yehova*, kandi na we nyene arakengurukira Imana+. 7 Mu bisanzwe, nta n’umwe muri twebwe abaho ku bwiwe gusa+, kandi nta n’umwe apfa ku bwiwe gusa. 8 Kuko nimba tubaho, tubaho kugira dutere iteka Yehova*+, kandi nimba dupfa, dupfa kugira dutere iteka Yehova*. Twaba tubaho rero canke dupfa, turi aba Yehova*+. 9 Ico ni co catumye Kristu apfa akongera kuba muzima, kugira abe Umukama w’abazima n’abapfuye+.

10 Kubera iki none ucira urubanza umuvukanyi wawe+? Canke kubera iki ugaya umuvukanyi wawe? Erega twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana+. 11 Kuko vyanditswe ngo: «Yehova* avuze ati: “Ndirahiye jewe Imana nzima+, amavi yose azompfukamira kandi ururimi rwose ruzokwemanga Imana ku mugaragaro+.”» 12 Umwe wese muri twebwe rero azokwibarizwa n’Imana ivyo yakoze+.

13 Ntitube rero tugicira abandi urubanza+, ahubwo riho twiyemeze kudashira imbere y’umuvukanyi igitsitaza canke intambamyi+. 14 Ndazi kandi narajijutse biciye ku Mukama Yezu yuko ata kintu na kimwe gihumanye+. Iyo gusa umuntu yiyumviye ko ikintu gihumanye, kuri we kiba gihumanye. 15 Nimba umuvukanyi wawe ababajwe n’ivyo ufungura, ntuba ukigendera mu rukundo+. Ntuhonye* uwo Kristu yapfiriye kubera ibifungurwa+. 16 Ntimureke rero ngo iciza mukora kivugwe nabi. 17 Kuko Ubwami bw’Imana budasobanura kurya no kunywa+, ahubwo busobanura ubugororotsi, amahoro n’umunezero biciye ku mpwemu nyeranda. 18 Uwo wese akorera Kristu nk’umushumba muri ubwo buryo, aremerwa n’Imana kandi agashimwa n’abantu.

19 Dukurikirane rero ibiremesha amahoro+ n’ivyubaka abandi+. 20 Reka gusambura igikorwa c’Imana kubera ibifungurwa gusa+. Ego ni ko nta gihumanye, ariko ni bibi gufungura ivyotuma uwundi atsitara+. 21 Wopfuma ureka kurya inyama canke kunywa umuvinyu canke gukora ikintu na kimwe, nimba gitsitaza umuvukanyi wawe+. 22 Ukwizera ufise nikugume hagati yawe n’Imana. Hahiriwe umuntu atikwegera urubanza bivuye ku vyo ashima. 23 Ariko nimba akekeranya, aba amaze gutsindwa n’urubanza iyo afunguye, kuko atarya yisunze ukwizera. Nkako, ikintu cose kitisunze ukwizera kiba ari igicumuro.

15 Mugabo twebwe abakomeye, tubwirizwa kwikorera ubugoyagoye bw’abadakomeye+, ntidukore ibidushimisha ubwacu+. 2 Umwe wese muri twebwe nashimishe mugenziwe ku neza y’uwo mugenziwe, kugira amwubake+. 3 Na Kristu ntiyishimishije ubwiwe+, nk’uko nyene vyanditswe ngo: «Ibitutsi vy’abagutuka bigwa kuri jewe+.» 4 Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe+, ngo tugire icizigiro+ biciye ku kwihangana kwacu+ no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe. 5 Ya Mana rero itanga ukwihangana n’uruhoza, mwese ibahe wa mutima nyene Kristu Yezu yari afise, 6 kugira ngo Imana, Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, muyininahaze muhuje inama+, n’ijwi rimwe*.

7 Nimuhane ikaze*+ rero, nk’uko na Kristu yabahaye ikaze+, kugira Imana ininahazwe. 8 Ico nobabwira co, ni uko Kristu yacitse umusuku w’abagenyerewe+ kugira yerekane ko Imana ari inyakuri, aheze yemeze ivyo Imana yasezeraniye ba sekuruza babo+ 9 no kugira amahanga aninahaze Imana kubera imbabazi zayo+. Nk’uko nyene vyanditswe ngo: «Ni co gituma wewe nzokwemanga ku mugaragaro mu mahanga, kandi nzoririmbira amashemezo izina ryawe+.» 10 Havuga kandi ngo: «Nezerwa mwa mahanga hamwe n’abantu biwe+.» 11 Irongera kandi iti: «Shemeza Yehova*, mwa mahanga mwese! Imigwi yose y’abantu nimushemeze+!» 12 Na Yesaya avuga ati: «Hazoba umuzi wa Yese+ uzohaguruka ngo uganze amahanga+. Ni we amahanga azokwizigira+.» 13 Ya Mana itanga icizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro kubera muyizigira, kugira mwuzure* icizigiro biciye ku bubasha bw’impwemu nyeranda+.

14 Nanje ubwanje narajijutse ku biberekeye bavukanyi, yuko na mwebwe mwiteguriye gukora ivyiza*, ko mwuzuye ubumenyi bwose be n’uko mushobora guhanurana*. 15 Ariko ndabandikiye ibintu bimwebimwe ntarya umunwa, kugira nongere kubibutsa, kubera ubuntu buhebuje* Imana yangiriye 16 kugira mbe umukozi* wa Kristu Yezu mu mahanga+. Nkora igikorwa ceranda c’inkuru nziza y’Imana+, kugira ayo mahanga abe ishikanwa ryemerwa, ryejejwe n’impwemu nyeranda.

17 Ndafise rero imvo yo kwigina muri Kristu Yezu kubera nkora igikorwa c’Imana. 18 Kuko ntokwubahuka kuvuga ikintu na kimwe kiretse ivyo Kristu yakoze biciye kuri jewe, kugira amahanga agamburuke biciye ku vyo mvuga no ku vyo nkora, 19 biciye no ku bubasha bw’ibimenyetso n’ibitangaza+ n’ububasha bw’impwemu nyeranda. Narashoboye rero kwamamaza inkuru nziza yerekeye Kristu bimwe bishitse*, kuva i Yeruzalemu kuzunguruka gushika muri Iliriya+. 20 Gutyo rero, nihaye intumbero yo kutamenyesha inkuru nziza aho izina rya Kristu ryari rimaze kumenyekanishwa, kugira sinsange ndiko nubakira ku mushinge w’uwundi muntu. 21 Nk’uko nyene vyanditswe ngo: «Abatabwiwe ibimwerekeye bazobibona, n’abatumvise ibimwerekeye bazobitahura+.»

22 Ni na co gituma kenshi vyanse ko nza iwanyu. 23 Ariko ubu nta cibare ngifise kitarakorwa muri izi ntara, kandi maze imyaka myinshi* nipfuza cane kuza iwanyu. 24 Ninaja rero muri Esupanye, nizigiye kuzobabona tukamarana umwanya maze mukamperekezayo gatoyi. 25 Ariko ndi mu kuja i Yeruzalemu gukorera aberanda+. 26 Kuko ab’i Masedwane n’i Akaya bahimbawe no gusangira ivyabo n’abandi mu gutanga imfashanyo y’aberanda b’i Yeruzalemu bari mu bukene+. 27 Ego ni ko barahimbawe no kubigira, ariko vy’ukuri bari babafitiye ideni. Ko abo bantu bo mu mahanga baronse ku bintu vy’impwemu vy’ab’i Yeruzalemu, na bo nyene babwirizwa kubahako ivy’umubiri+. 28 Ninarangiza ivy’iyo ntererano* rero nkamara kuyishikiriza neza, nzoca nja muri Esupanye nciye iwanyu. 29 Vyongeye, ndazi ko ninaza iwanyu nzoza mfise ingero yuzuye y’umuhezagiro uvuye kuri Kristu.

30 Ndabasavye rero bavukanyi, biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu no ku rukundo ruva ku mpwemu, ngo mufadikanye nanje gusenga cane Imana ku bwanje+. 31 Munsengere kugira inkize+ abantu b’i Yudaya batemera, no kugira ngo aberanda b’i Yeruzalemu bazoshime igikorwa ngiye kubakorera+, 32 kugira ngo Imana ibigomvye nzoze iwanyu mfise umunezero, numve nduhuriwe cokimwe namwe. 33 Ya Mana itanga amahoro ibane namwe mwese+. Amen.

16 Nshimye kubamenyesha ivyerekeye* mushiki wacu Foyibe, umusuku wo mw’ishengero ry’i Kenkireya+. 2 Nimumuhe ikaze mu Mukama mu buryo bubereye aberanda, mumuronse ivyo yokenera vyose+, kuko na we nyene yarwaniye benshi, na jewe ndimwo.

3 Mundamukirize Prisika* na Akwila+, abakozi bagenzanje muri Kristu Yezu. 4 Baremeye guhakwa gucibwa amazosi ku bwanje+. Kandi si jewe gusa ndabakengurukira, n’amashengero yose yo mu mahanga arabakengurukira. 5 Muramutse n’ishengero risengera* mu nzu yabo+. Muramutse umuvukanyi nkunda cane Epeneto. Ari mu batanguye kwizera Kristu muri Aziya. 6 Muramutse Mariya, umwe yabira akuya cane ku bwanyu. 7 Muramutse Andoroniko na Yuniya, incuti zanje+ n’imbohe bagenzanje, abagabo bazwi neza n’intumwa kandi bamaze igihe kirekire kundusha bunze ubumwe na Kristu.

8 Mundamukirize Ampuliyato, umuvukanyi nkunda cane yizera Umukama. 9 Muramutse Urubano, umukozi mugenzi wacu muri Kristu, na Sitaku, umuvukanyi nkunda cane. 10 Muramutse Apele, umusuku ashimwa na Kristu. Muramutse abo mu rugo rwa Arisitobulo. 11 Muramutse incuti yanje Herodiyoni. Muramutse abo mu rugo rwa Narasisi bizera Umukama. 12 Muramutse Tirifena na Tirifoza, abagore bakora cane mu Mukama. Muramutse mushiki wacu nkunda cane Perusi, kuko yabize akuya cane mu Mukama. 13 Muramutse Rufo umusuku adasanzwe* w’Umukama, be na nyina wiwe akaba na mawe. 14 Muramutse Asunkirito, Filegoni, Heremesi, Patiroba, Heruma, n’abavukanyi bari kumwe na bo. 15 Muramutse Filologo na Yuliya, Nereya na mushikiwe, na Olimpa n’aberanda bose bari kumwe na bo. 16 Muramukanye mu kugumbirana n’igishika*. Amashengero yose ya Kristu arabaramutsa.

17 Ndabahimiriza rero bavukanyi, ngo mugumize ijisho ku bazana amacakubiri n’ibitsitaza, bikaba ari ibintu biteye kubiri n’inyigisho mwize, kandi mubirinde+. 18 Kuko abantu mwene abo atari abashumba b’Umukama wacu Kristu, ahubwo ni abashumba b’ivyipfuzo vyabo*. Bakoresha akarimi gasosa n’amajambo yo gusigana inkore ku maso, kugira baryosharyoshe imitima y’abantu ata co bicura. 19 Ubugamburutsi bwanyu bwaramenyekanye hose, ni co gituma mumpimbara cane. Ariko nshaka ko muba inkerebutsi mu gukora iciza, ariko mukaba intungane mu kwirinda ikibi+. 20 Ya Mana itanga amahoro, vuba izofyonyorera Shetani+ munsi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu buhebuje* bw’Umukama wacu Yezu bubane namwe!

21 Umukozi mugenzanje Timoteyo arabaramutsa, n’incuti zanje+ Lusiyo, Yasoni na Sosipatero.

22 Na jewe Teritiyo nanditse iri kete, ndabaramukije mu Mukama.

23 Gayo+ arabaramutsa. Ni we ampaye indaro, kandi n’ishengero ryose rigirira amakoraniro iwe. Erasito umunyabigega* w’igisagara arabaramutsa, na mwenewabo Kwaruto. 24* ——

25 Imana irashobora kubakomeza biciye ku nkuru nziza menyesha no ku vyo namamaza vyerekeye Yezu Kristu. Iyo nkuru nziza yahishuwe biciye kuri rya banga ryeranda+ ryamaze igihe kirekire cane rihishijwe. 26 Mugabo ubu ryarashizwe ahabona* ryongera riramenyekana mu mahanga yose, biciye ku buhanuzi bwo mu Vyanditswe. Ya Mana yamaho yategetse ko rimenyekanishwa kugira abantu baremeshwe kugamburuka bivuye ku kwizera. 27 Imana, imwe yonyene ifise ubukerebutsi+, ininahazwe ibihe vyose biciye kuri Yezu Kristu! Amen.

Mu kigiriki havuga ngo «mu rubuto.»

Mu kigiriki havuga ngo «twararonse.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki havuga ngo «n’impwemu yanje.»

Canke «abatari Abagiriki.» Mu kigiriki havuga ngo «abadebagura.»

Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.

Canke «kamere zitaboneka z’Imana.»

Mu kigiriki havuga ngo «itabora.»

Mu kigiriki havuga ngo «abora.»

Canke «baha icubahiro.»

Canke «bararetse ivyo kuryamana n’umugore nk’uko bisanzwe bigirwa.»

Canke «impembo.»

Canke «banse kumenya Imana mu buryo butagira amakosa, ngo bayakire.»

Canke «ubwongoshwe.»

Canke «bararementanya ibibi.»

Canke «witsindishije.»

Canke «ukwirengagiza.»

Biboneka ko uwo Mugiriki asobanura abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.

Mu kigiriki havuga ngo «mu vyiyumviro vyabo bararegwa canke bakaregurwa.»

Canke «wigishwa ku munwa.»

Canke «rirarogotwako.»

Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).

Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.

Canke «ugutahura kwimbitse.»

Mu kigiriki havuga ngo «kuri imbere y’amaso yabo.»

Canke «nta gifise umubiri na kimwe.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «ry’ugusubiza hamwe», «ry’impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).

Canke «ukwirengangiza.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «abiharurwako nk’ubugororotsi.»

Canke «ko ari ideni.»

Canke «ikababarira.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «nk’icemeza.»

Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki havuga ngo «urubuto rwiwe.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «igatuma ibitariho bibaho.»

Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»

Mu kigiriki havuga ngo «ko inda ya Sara yapfuye.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «dufitaniye amahoro n’Imana.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «turanezerwa.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «turanezerwa.»

Canke «rwaraganje nk’umwami.»

Canke «baronse umusesekara w’ubuntu.»

Canke «ruganza nk’umwami.»

Canke «caganje nk’umwami.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki havuga ngo «twapfuye ku bijanye n’igicumuro.»

Mu kigiriki havuga ngo «umuntu.»

Canke «arekuriwe», «ababariwe.»

Canke «kuganza nk’umwami.»

Mu kigiriki havuga ngo «ibihimba vy’umubiri.»

Mu kigiriki havuga ngo «nk’ibirwanisho vy’ukutagororoka.»

Mu kigiriki havuga ngo «ibihimba vy’umubiri.»

Mu kigiriki havuga ngo «nk’ibirwanisho vy’ukugororoka.»

Canke «ubwo buryo bwo kwigishwa.»

Mu kigiriki havuga ngo «ibihimba vy’umubiri.»

Mu kigiriki havuga ngo «mwarapfuye ku vyerekeye.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu bihimba.»

Mu kigiriki havuga ngo «twapfuye ku bijanye n’icahora kituboshe.»

Canke «umwina.»

Canke «umwina.»

Canke «ava ku Mana.»

Mu kigiriki havuga ngo «itegeko.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu muntu w’imbere.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu bihimba.»

Canke «umuzirikanyi.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu bihimba.»

Ni ukuvuga urupfu ruterwa n’igicumuro twarazwe.

Canke «mu muzirikanyi.»

Mu kigiriki havuga ngo «kubera itegeko ryari goyigoyi bivuye ku mubiri.»

Ni ijambo ry’igiheburayo canke igiharameya risobanura ngo «ewe dawe!»

Mu kigiriki havuga ngo «irashinga intahe hamwe n’impwemu yacu.»

Canke «w’ubuninihazwa.»

Canke «umushuzo.»

Canke «bagire ishusho nk’iy’Umwana wayo.»

Canke «ari uruvyaro rwiwe.» Mu kigiriki havuga ngo «ari urubuto rwa Aburahamu.»

Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»

Mu kigiriki havuga ngo «nk’urubuto.»

Mu kigiriki havuga ngo «ntibiva ku wipfuza canke ku wiruka.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»

Canke «mu nyenga.» Raba Insiguro y’amajambo (Inyenga).

Raba akajambo k’epfo mu Rm 1:16.

Canke «atungisha.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «ivyo twashikirije.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu rubuto.»

Canke «yamenye.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki havuga ngo «ubutunzi.»

Canke «ndaninahaza.»

Mu kigiriki havuga ngo «umubiri wanje.»

Ico giti cama imyelayo (olive).

Canke «umukiza.»

Mu kigiriki havuga ngo «ewe kuntu ubutunzi bw’Imana bwimbitse!»

Canke «umuzirikanyi.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «gushushanywa n’ivy’iki gihe», «kuja mw’iforoma y’iyi si.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «yamugereye.»

Canke «uwuhimiriza.»

Canke «guhimiriza.»

Canke «uwugabura.»

Canke «uwuja imbere.»

Canke «mwibwirize gutera iteka.»

Canke «ntimunebwe ku bikorwa vyanyu.»

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «n’aberanda.»

Canke «ntimwishiremwo ivyiyumviro bihanitse.»

Raba Inyongera ya A5.

Ni ukuvuga gutuma uwo muntu yoroha nk’aho woba ushongesheje ishavu ryiwe.

Canke «nayobokere.»

Canke «bo hejuru.»

Canke «bigereranye.» Ni ukuvuga ko bigenda birarutana, mugabo bikaba biri munsi y’Imana.

Mu kigiriki havuga ngo «urubanza.»

Canke «abasuku.»

Mu kigiriki havuga ngo «umuhōzi ashitsa uburake ku nkozi z’ikibi.»

Canke «kuyoboka.»

Mu kigiriki havuga ngo «ubwo burake.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «ntukagire umwina.»

Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntimucire urubanza ivyo umuntu yibaza imbere muri we.»

Canke «ibisoromano.»

Mu kigiriki havuga ngo «y’uko ahagarara canke atemba.»

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «azohagarara, kuko Yehova ashobora kumuhagarika.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «ntutikize.»

Mu kigiriki havuga ngo «n’akanwa kamwe.»

Canke «nimwemerane.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «musesekare.»

Canke «yuko muri abantu bameze neza cane.»

Canke «kwigishanya.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «umukozi akorera abantu.»

Canke «binogangije.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «mikeyi.»

Mu kigiriki havuga ngo «ico camwa.»

Canke «nshimye kurata imbere yanyu.»

Yitwa kandi Prisila.

Canke «rikoranira.»

Mu kigiriki havuga ngo «yatowe.»

Mu kigiriki havuga ngo «muramukanishe ugusomana kweranda.»

Canke «inda zabo.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «umukozi mukuru.»

Raba Inyongera ya A3.

Canke «ryarahishuwe.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika