Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 28 Ndamukiza 2014.
Ni igiki cafashije Yozefu guhunga ngo ntasambane na muka Potifari? (Ita. 39:7-12) [3 Ntwar., w13 15/2 rup. 4 ing. 6; w07 15/10 rup. 23 ing. 16]
Yozefu abera gute akarorero keza abarenganywa n’abashikirwa n’ivyago? (Ita. 41:14, 39, 40) [10 Ntwar., w04 15/1 rup. 29 ing. 6; w04 1/6 rup. 20 ing. 4]
Yozefu yoba mu vy’ukuri yakoresha igikombe mu gusoma ibimenyetso bitara ibizoba? (Ita. 44:5) [17 Ntwar., w04 15/1 rup. 29 ing. 2]
Abo mu muryango wa Benyamini bahavuye bashitsa gute ubuhanuzi buvugwa mw’Itanguriro 49:27? [24 Ntwar., w12 1/1 rup. 29, uruzitiro]
Muri Kuvayo 3:7-10 hatwigisha iki ku vyerekeye Yehova? [31 Ntwar., w09 1/3 rup. 15 ing. 3-6]
Ni gute Yehova yakoze ahuza n’umuce umwe w’insobanuro y’izina ryiwe mu gihe ca Musa? (Kuv. 3:14, 15) [31 Ntwar., w13 15/3 rup. 25 ing. 5-6]
Nk’uko bivugwa muri Kuvayo 7:1, Musa yagizwe gute “Imana kuri Farawo”? [7 Ndam., w04 15/3 rup. 25 ing. 7]
Naho Abisirayeli biboneye ububasha Yehova afise bwo kurokora igihe yabarokora abakuye mu Misiri, ni agatima akahe bagaragaje mu nyuma kandi ni icigwa ikihe tuhigira? (Kuv. 14:30, 31) [14 Ndam., w12 15/3 rup. 26-27 ing. 8-10]
Ni kubera iki “amababa y’inkona” agereranya mu buryo bubereye ugukingirwa n’Imana? (Kuv. 19:4) [28 Ndam., cl rup. 67 ing. 3]
Bigenda gute ngo Yehova azane “igihano [ku mayaruka akurikira] ku bw’ikosa rya ba se”? (Kuv. 20:5) [28 Ndam., w04 15/3 rup. 27 ing. 1]