Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 28 Ndamukiza
INDWI ITANGURA KU WA 28 NDAMUKIZA
Ururirimbo rwa 35 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 6 ing. 9-15 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 19-22 (Imin. 10)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (Imin. 20)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere. Insiguro. Nuvuge intunganyo mwagize aho iwanyu ku bw’ubusuku bwo mu ndimiro bwo ku wa gatandatu wa mbere wa Rusama, kandi uremeshe bose kubugiramwo uruhara. Nimugire umwerekano mugufi mukoresheje uburyo bwo gutanguza ibiyago buri ku rupapuro rwa 8.
Imin. 15: “Udupapuro tw’inkuru nziza dushasha dutunganijwe mu buryo bushimishije!” Ibibazo n’inyishu. Nimushiremwo umwerekano ugizwe n’imice ibiri, umuce wa mbere werekane ingene twoshikiriza inzu ku nzu kamwe muri twa dupapuro tw’inkuru nziza dushasha, umuce wa kabiri na wo werekane ingene twobandanya ikiyago igihe dusubiye kugendera umuntu yashimishijwe.
Imin. 10: “Ividewo nshasha ifasha gutanguza inyigisho za Bibiliya.” Insiguro. Niwereke abumviriza iyo videwo canke ubumvishe amajwi yayo. Nusabe abumviriza baterere ivyiyumviro ku bijanye n’ubundi buryo bwo gukoresha iyo videwo. Aho amavidewo ataboneka, nimugire umwerekano w’ukuntu twotanguza tukongera tukayobora inyigisho ya Bibiliya dukoresheje agatabu Inkuru nziza iva ku Mana canke akandi gatabu mufise mw’ishengero gakoreshwa mu gutanguza inyigisho za Bibiliya.
Ururirimbo rwa 75 n’isengesho