Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 5 Rusama
INDWI ITANGURA KU WA 5 RUSAMA
Ururirimbo rwa 33 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya:
cl ikig. 6 ing. 16-21, n’uruzitiro ruri ku rup. 65 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 23-26 (Imin. 10)
No. 1: Kuvayo 25:1-22 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ni ryari umuntu aba yarenze akarimbi?—yp2 rup. 42-47 (Imin. 5)
No. 3: Ni igiki dukwiye kurimbura igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza?—lv rup. 66 ing. 12–rup. 69 ing. 15 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Gushikiriza ibinyamakuru muri Rusama. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimuhere ku kugira umwerekano w’ingene ivyo binyamakuru vyoshikirizwa, mukoresheje ubwo buryo bubiri bwo kubishikiriza buri kuri uru rupapuro. Nimuce muca irya n’ino ubwo buryo bwo kubishikiriza bwose kuva mu ntango gushika ku mpera. Nusozere uremesha bose kumenya ibiri muri ivyo binyamakuru no kugira uruhara mu kubishikiriza babigiranye umwete.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Twakoze gute? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abamamaji bavuge ingene bungukiye ku kiganiro “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gufasha uwo mwajanye.” Nusabe abumviriza bigane ivyabonywe bishimishije.
Ururirimbo rwa 103 n’isengesho