Ikete rivuye mw’izinga rya Grenade
Umusi twaja ku nkengera y’ibahari
NKA hamwe vyoshika ugaterwa agateka ko kuja gukorera umurimo w’ubumisiyonari mu mahanga, wokwumva akamwemwe kagusya, ukumva ubishashaye. Nka kurya kw’akana kakanuye amaso gashashaye kumenya vyinshi, uribaza ibijanye n’abantu baho, ukuntu aho hantu hameze be n’ivyo uzokwibonera muri uwo murimo.
Igihe twe n’umukenyezi wanje twarungikwa gukorera mw’izinga rya Grenade, irifise inkengera iteye igomwe iri n’ibibanza nka 45 bitunganijwe, twagumye twibaza ukuntu ivyo bibanza vyo ku nkengera y’ibahari vyobaye bimeze. Vuba, twari tugiye kumara umusi uhimbaye muri kimwe muri ivyo bibanza, ariko umunezero wacu ntiwari uhagaze ku kuja kwirabira akazuba n’ibahari, ahubwo wari uhagaze canecane ku bantu.
Kugira ngo uve aho tuba muri Grenade ushike ku kibanza co ku nkengera y’ibahari citwa Grand Anse Beach, bisaba akanya gatoyi uriko ugenda n’imodoka, ariko ntiworaba ingene ari urugendo ruhimbaye! Ibarabara rigenda rirakata amakorosi menshi, bigatuma tuza turibonera ibintu bimwebimwe biteye igomwe rwose utokwiyumvira. Ku mpinga z’imisozi haratotahaye bimwe bibereye ijisho. Ahantu nka hose, uko dukase ikorosi dusanganirwa n’imisozi, ishamba rya manyenye, amasumo be n’ibahari y’akaroruhore. Ntibitangaje kubona ingenzi zo mu mihingo yose y’isi ziza kuharatira ijisho! Ivyo umuntu abona usanga biteye igomwe cane ku buryo umushoferi ategerezwa kuba maso kugira ntasange vyamusamaje. Amabarabara yaho arimwo amakorosi menshi kandi arashika aho yaga cane ku buryo umuntu yibaza ukuntu bigenda kugira imiduga ibiri ibisikanye idasekanye.
Twarashitse ku kibanza cari kuberamwo ihwaniro citwa Grenada Trade Center, giherereye iruhande y’ibarabara ryaca hambavu ya ca kibanza co ku nkengera y’ibahari citwa Grand Anse Beach. Bidatevye, umugwi w’Ivyabona vya Yehova hafi 600, barakoraniye hamwe ku musi uteye umunezero wabahaye akaryo ko kwifatanya n’abandi no kwigishwa ibijanye na Bibiliya. Uwo musi wari uhambaye na canecane kuri Lesley na Daphne, bakaba ari abubakanye bari bageze mu myaka 70 y’amavuka. Lesley yari agiye kubatizwa. Daphne yari amaze igihe kirekire arindiranye igishika uwo musi, kubera ko we yari yarabatijwe aba Icabona ca Yehova mu 1958.
Mu Vyabona vya Yehova, ibatisimu ifise insobanuro ikomeye, ikaba igirwa mu kwibiza umuntu wese mu mazi. Ni intambwe umuntu atera igihe amaze kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri kwo muri Bibiliya, akaba kandi ariko arabushira mu ngiro mu buzima bwiwe. Ni ikintu kigirwa ku mugaragaro aho umuntu yerekana icese ko yiyeguriye Yehova Imana.
Nari nasabwe gusigurira abari ng’aho ico Ivyanditswe bivuga ku bijanye n’ibatisimu. Mu mpera y’iyo nsiguro, Lesley yarahagurutse ari kumwe n’abandi babiri na bo nyene bari bagiye kubatizwa. Yari yambaye agashati kera kagoroye neza be n’ikaruvati, yamwenyuye bimwe utoraba. Narabajije nti: “Woba warigaye ivyaha vyawe utako uriyegurira Yehova kugira ngo ukore ivyo agomba?” Wumvirije ukuntu bishuye bivuye ku mutima bati: “Egome!”, warumva ko ata buryarya babivuganye kandi ko biyeguriye Imana.
Kubera ko nari nsanzwe nzi kahise ka Lesley, narakozwe ku mutima bimwe bidasanzwe. Yari amaze imyaka mirongo agonanwa kwiga Bibiliya. Mu nyuma, we n’umukenyezi wiwe baragiye gutembera mu rindi zinga. Igihe bari muri iryo zinga, bafashe ingingo y’uko umwe wese yoja gusenga mw’idini ryiwe. Lesley yabariye Daphne ati: “Uraja gusenga iwanyu, nanje nje gusenga iwacu.”
Lesley yarajanye Daphne amusiga ku Ngoro y’Ubwami aca agenda ku rusengero rw’abangilikani rwari mu micungararo yaho. Lesley asohotse imisa, yaciye asubira ku Ngoro y’Ubwami guhitana umukenyezi wiwe. Aho ku Ngoro, Lesley yarakikujwe n’abantu b’umutima mwiza kandi bakundana, bamuha ikaze n’igishika naho batari bwigere bamubona. Ivyo vyaramukoze ku mutima. Ku rusengero iwabo, nta n’umwe yari yamuvugishije n’ijambo na rimwe. Lesley yabariye Daphne ati: “Sinzopfa nsubiye guhonyozayo ikirenge. Nta muntu n’umwe yanyitwararitse, na patiri ari patiri. Nta n’umwe yampaye mwaramutse. Uko ninjiye ni ko nasohotse.” Igihe Lesley yasohoka urwo rusengero, yasohotse asohotse.
Inyuma y’aho, Lesley yaciye atangura kwiga Ijambo ry’Imana ata gufyina. Ubu na ho yagomba abatizwe. Abari bagiye kubatizwa baciye bagenda kuri ya nkengera y’ibahari, natwe tubaja inyuma. Kubera ko hari hafi cane y’ibahari, ntivyabaye ngombwa ko hatunganywa ahantu ho kubatiriza nk’uko bigirwa kuri menshi mu mahwaniro y’Ivyabona vya Yehova. Twaciye gusa tujabuka ibarabara.
Ca kibanza co ku nkengera y’ibahari citwa Grand Anse Beach ni ikibanza ciza igitangaza c’umusenyi wera gifise uburebure bw’ibilometero nka bitatu, kikagira amazi amara umwaka wose asusurutse, asa n’ubururu. Ingenzi warabona ko zitangaye igihe zatubona dushika kuri iyo nkengera, abagabo bambaye amashati n’amakaruvati, abagore na bo bambaye amakanzu n’amajipo. Lesley yari yamaze kwihindura yambaye agapira n’ibutura. Ibaze ukuntu Daphne yumvise amerewe kubona umunega wiwe abatizwa haciye imyaka nka 50 wewe yarabatijwe! Uravye ukuntu mu maso ha Daphne hari hakeye kubera ukumwenyura, wobesheye izuba ryo kuri uwo mutaga! Mbere n’ingenzi zarifatanije natwe muri uwo munezero. Zaragiyemwo mu gukoma amashi uko umwumwe wese yaba ahejeje kubatizwa.
Uravye ijuru risa n’ubururu, umusenyi wera be n’imikuba ituruye vyo kuri iyo nkengera y’ibahari vyonyene, uca ubona ko ininahaza Umuremyi wayo. Iyo nkengera yaranarushirije kumuninahaza igihe bamwe batatu bari bahejeje kubatizwa bava mu mazi. Kubabona ntiworaba ukuntu vyaratunezereje cane. Uwo musi wari uwudasanzwe koko. Kuri Lesley na Daphne hoho, uwo musi twaja kuri iyo nkengera y’ibahari wari mwiza kuruta iyindi yose kuva babaho.