Woba wari ubizi?
Muri za ntumwa 12 za Yezu, hoba hari uwari afise ico apfana na we?
▪ Ivyanditswe ntibitanga inyishu idomako kuri ico kibazo. Ariko rero, ibimenyamenya bidashoka bitomora be n’inkuru mpererekanwa bisa n’ivyerekana yuko bamwebamwe muri izo ntumwa 12 za Yezu bari bafise ico bapfana na we.
Abanditsi b’Injili baravuga amazina y’abagore bariko baritegereza igihe Yezu yagira acikane ku giti co kubabarizwako. Muri Yohani 19:25 haravuga bane muri bo, hati: “Nyina wiwe [Mariya] be na mwene wabo na nyina; Mariya muka Kilopa, na Mariya Magadalena.” Tugereranije uwo murongo n’ivyo Matayo na Mariko bavuga mu kudondora ingene vyari vyifashe ico gihe Yezu yagira apfe, twoshobora gushika ku ciyumviro c’uko uwo mwene wabo na nyina wa Yezu yari Salome. Uwo Salome na we, bisa n’uko yari nyina wa bene Zebedayo. (Matayo 27:55, 56; Mariko 15:40) Abo bahungu biwe, abavugwa mu bindi vyanditswe ko ari Yakobo na Yohani, boca rero bitwa bene nyinabo na Yezu. Abo bahungu babiri bavukana b’abarovyi, Yezu yarabahamagaye ngo babe abigishwa biwe.—Matayo 4:21, 22.
Inkuru mpererekanwa itari muri Bibiliya iravuga yuko Kilopa, ari we Alufayo umugabo w’umwe muri ba bagore bavugwa muri Yohani 19:25, yoba yari mwene wabo na Yozefu, se murezi wa Yezu. Nimba ivyo iyo nkuru mpererekanwa ivuga ari vyo, Yakobo mwene Alufayo, umwe muri za ntumwa 12, yoba rero yari mwene sewabo na Yezu.—Matayo 10:3.
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 15]
Yezu na Yohani Umubatizi bapfana iki?
▪ Bamwebamwe biyumvira yuko Bibiliya idomako ico Yezu na Yohani bapfana. Biyumvira gutyo bafatiye ku kuntu muri Luka 1:36 hahindurwa ukutari kwo. Nk’akarorero, mu kudondora ico Elizabeti nyina wa Yohani yapfana na Mariya nyina wa Yezu, Bibiliya imwe y’icongereza (King James Version) ikoresha muri uwo murongo ijambo ryoshobora gusobanura yuko bari abavyara canke ko umwe yari mwene sewabo w’uwundi kibure mwene nyinabo, canke na ho rigasobanura ko bari incuti z’ibisanira.
Ariko mu vy’ukuri, ijambo ryakoreshejwe muri uwo murongo mu gisomwa c’ikigiriki co mu ntango ntiridomako muri ubwo buryo. Ryerekana gusa ko abo bagore babiri bari bafise ico bapfana, ntiryerekana ko umwe ategerezwa kuba yari muvyara w’uwundi canke mwene sewabo canke mwene nyinabo. Nk’uko inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (The Interpreter’s Dictionary of the Bible) ibivuga, “iryo jambo rifise insobanuro yagutse cane ku buryo ridafasha umuntu kumenya neza na neza ico bapfana.” None iciyumviro c’uko Yezu na Yohani bari bafitaniye ubucuti buzwi neza na neza cavuye he? Inkoranyabumenyi imwe y’abagatolika (The Catholic Encyclopedia) yishura iti: “Amakuru yose dufise ku vyerekeye . . . abo Mariya akomokako . . . tuyakura mu bitabu bitemewe ko biri mu bigize Bibiliya.”
Ku bw’ivyo, Yezu na Yohani bari n’imiburiburi incuti z’ibisanira, naho atari ngombwa ngo babe bari bafitaniye ubucuti bwa hafi.