4-10 RUSAMA 2026
URURIRIMBO RWA 53 Kwitegurira kuja mu ndimiro
Nuryohore ‘ubuhanga bwawe bwo kwigisha’ mu ndimiro
«Wamamaze rya jambo . . . ubigirane ukwihangana kwose n’ubuhanga bwo kwigisha.»—2 TIM. 4:2.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ibintu bitatu twokora kugira turyohore ukuntu twigisha abandi Ijambo ry’Imana mu ndimiro.
1. Ni ubuhanga ubuhe dukeneye kuryohora kandi kubera iki? (2 Timoteyo 4:2) (Raba n’ifoto.)
YEZU yabwiye abigishwa biwe ati: «Muhindure abantu abigishwa . . . , mubigishe kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.» (Mat. 28:19, 20) Ivyo bisobanura ko Yezu yategetse abakirisu bose kwigisha abandi Ijambo ry’Imana. Ni ivy’ukuri ko Yehova ari we akwegera abafise «agatima kabereye,» kandi ko abamarayika batwerekeza ku bantu mwene abo. (Ivyak. 13:48; Yoh. 6:44; Ivyah. 14:6) Naho ari ukwo, turakeneye kumenya ukuntu twokwigisha abandi ivyerekeye Yehova. Zirikana ku karorero ka Pawulo na Barunaba. Bibiliya yerekana ko igihe bariko baramamaza mw’isinagogi muri Ikoniyo, ‘bavuze ijambo ry’Imana ku buryo Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera.’ (Ivyak. 14:1) Nta gukeka ko Pawulo na Barunaba bari bararyohoye ‘ubuhanga bwabo bwo kwigisha.’ (Soma 2 Timoteyo 4:2.) Abakirisu bose rero barakwiye kuryohora ubuhanga bwabo bwo kwigisha.
Akarorero ka Yezu be n’ak’abigishwa biwe, nka Pawulo na Barunaba, buradufasha kubona ingene tworyohora ‘ubuhanga bwacu bwo kwigisha’ (Raba ingingo ya 1)
2. Ni ibiki bishobora gutuma abakirisu bamwebamwe babona ko batoshobora kuryohora ubuhanga bwabo bwo kwigisha?
2 Hari ababona ko batoshobora kuryohora ubuhanga bwabo bwo kwigisha kubera ko bize amashure make canke kubera ko batoroherwa no gusigurira ibintu abandi. Hari abagabo bamwebamwe bavugwa muri Bibiliya na bo nyene babona ko batoshobora kuvugira Yehova. (Kuv. 4:10; Yer. 1:6) Abandi na bo barashobora kubona ko badashoboye kwigisha neza kubera ko bataroranirwa cokimwe n’abandi. Ni ivy’ukuri ko atari bose bakira neza inkuru nziza tubabwira, kandi uko bayakira kwose ntibiva gusa ku kuba turi abigisha beza. Nk’uko twabivuze, Yehova n’abamarayika ni bo badufasha kuronka ababereye. Ariko rero, twipfuza gukora uko dushoboye kwose kugira twamamaze inkuru nziza mu buryo bukora ku mutima. Kugira tubishikeko, iki kiganiro kiraza kudufasha kubona ibintu bitatu twokora kugira turyohore ubuhanga bwacu bwo kwigisha.
NIWITWARARIKE ABO UBWIRA INKURU NZIZA
3. Ni igiki catuma Yezu akora ku mutima abo yabwira inkuru nziza?
3 Bibiliya ivuga ko Yezu «yari azi ikiri mu muntu.» (Yoh. 2:25) Ivyo vyerekana ko yatahura ivyo abantu biyumvira be n’igituma bavyiyumvira. Yezu yarakora ku mutima abo yabwira inkuru nziza kubera ko yari azi neza ivyo bari bakeneye. Yarashobora kubona ko abo bantu batafungurirwa neza mu vy’impwemu kandi ko bacinyizwa n’amategeko n’imigenzo vyashinzwe n’abakuru b’idini b’ico gihe. (Mat. 9:36; 23:4) Ni co gituma muri ya nsiguro yo ku musozi Yezu yabigishije ibintu vyatumye bumva baruhuriwe. Benshi mu bamwumviriza bararyohewe kubera ko yabigishije ibintu bihuye n’uko ivyabo vyaba vyifashe.
4. Twokwereka gute abo twigisha Bibiliya ko tubitwararika? (Raba n’amafoto.)
4 Turashobora kwereka abo tuganiriza ko tubitwararika mu kugerageza gutahura ibibaraje ishinga. Umuntu wese tubwira inkuru nziza arashikirwa n’ingorane ziva ku kuba turi mw’isi ya Shetani yononekaye. Kwibuka ico kintu birashobora kudufasha kugaragariza impuhwe abo mu karere twamamazamwo. Nk’akarorero, hoba hari ikintu uherutse kwumva cabaye mu karere iwanyu kigatuma abantu bahagarika umutima? Abavyeyi boba bahagarika umutima bibutse ibishobora gushikira abana babo kw’ishure? Vyoba bigoye kuronka akazi mu karere iwanyu? Gerageza kwiyumvira ingene abantu babayeho mu buzima bubi muri ibi bihe «bihe bitoroshe», ata n’icizigiro ca kazoza bafise.—2 Tim. 3:1; Yes. 65:13, 14.
Ugerageje gutahura ivyo abo wigisha baciyemwo, uca ubona ingene wobitwararika (Raba ingingo ya 4)
5. Yezu yari atandukaniye he n’Abafarizayo? (Matayo 11:28-30)
5 Yezu yaritwararika abo yabwira inkuru nziza kandi na bo baravyibonera mu kuntu yabafata. Ese ukuntu yari atandukanye n’Abafarizayo, abasuzugura abantu batobato kandi bakabona ko ata co bamaze! (Mat. 23:13; Yoh. 7:49) Yezu wewe yaragaragariza abantu umutima mwiza n’icubahiro. ‘Yaritonda kandi akicisha bugufi.’ Ivyo rero vyatumye aba umwigisha mwiza. (Soma Matayo 11:28-30.) Na twebwe turakwiye kugaragariza umutima mwiza n’icubahiro abo tubwira inkuru nziza.
6. Twogaragariza gute umutima mwiza n’icubahiro abaterekwa ubutumwa tubabwira canke ababurwanya?
6 Hari abaterekwa ubutumwa tubabwira canke mbere bakaburwanya. None twovyifatamwo gute? Uretse kwihanganira abaturwanya, hari ikindi kintu Yezu yavuze ko dukwiye gukora. Yavuze ko ‘dukwiye kugirira neza abatwanka’, ‘guhezagira abatuvuma’, mbere ‘tugasengera abadutuka.’ (Luka 6:27, 28) Ivyo bizotworohera gukora nitwibuka ko hari imvo yoba ituma batatwumviriza. Ni ivy’ukuri ko bamwebamwe barwanya igikorwa cacu co kwamamaza. Ariko rero, hari n’abashobora kutatwumviriza kubera ko baba bateshejwe umutwe n’ingorane zo mu muryango canke ibindi bintu. Vyoshobora no kuva ku kuba twabagendeye ku mwanya utaborohereza. Uko vyoba vyifashe kwose, turakwiye gukurikiza impanuro ivuga yuko ‘amajambo tuvuga akwiye kwamana igikundiro, arunze umunyu, kugira ngo tumenye ukuntu dukwiye kwishura umuntu wese.’ (Kol. 4:6) Nitwumvira impuhwe abo tubwira inkuru nziza kandi tukagerageza gutahura ibibaraje ishinga, bizotuma tutabashavurira kandi tubigishe mu buryo bwiza.
NUSHINGIRE IVYO WIGISHA KW’IJAMBO RY’IMANA
7. Yezu yerekanye gute ko ivyo yigisha yabishingira kw’Ijambo ry’Imana? (Yohani 7:14-16)
7 Yezu yashingira inyigisho ziwe kw’Ijambo ry’Imana aho kuzishingira ku vyiyumviro vyiwe. Yigisha abantu Ijambo ry’Imana mu buryo butuma baritahura bitagoranye kandi bakaguma bibuka ivyo yaba yabigishije. Bibiliya ivuga ko Yezu yigisha «nk’umuntu afise ububasha, atari nka ba banditsi.» Abantu ‘baratangazwa cane’ n’ingene yigisha. (Mrk. 1:22) Ico gihe abanditsi mu kwigisha abantu, bisunga ivyaba vyaravuzwe n’abandi abakuru b’amadini bubahwa cane. Ariko Yezu we yigisha abantu ivyo yakura mw’Ijambo ry’Imana. Kubera ko yari Umwana w’Imana yaje ava mw’ijuru, yari gushobora kwiganira abantu ibintu vyinshi cane yari azi kugira ngo abatangaze maze na bo bamwemere. Ariko aho kubigenza gutyo, yigisha abantu gukora ivyo Imana igomba yishimikije Ijambo ry’Imana. (Soma Yohani 7:14-16.) Vy’ukuri, Yezu yarasigiye akarorero keza cane abigishwa biwe.
8. Intumwa Petero yiganye gute akarorero ka Yezu?
8 Abigishwa ba Yezu na bo nyene bashingira ivyo bigisha kw’Ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, ivyo turabibonera ku nsiguro intumwa Petero yashikirije kuri Pentekoti yo mu 33. Petero nta mashure akomakomeye yari yarize. Naho ari kwo, yarakoze ku mutima abantu igihe yabasigurira ivyanditswe vyerekana ingene Yezu yashikije ubuhanuzi bwari bwaravuzwe. (Ivyak. 2:14-37) None havuyemwo iki? Bibiliya ivuga iti: «Abakiranye akamwemwe ivyo yavuze barabatizwa, kuri uwo musi hiyongerako nk’abantu 3.000.»—Ivyak. 2:41.
9. Kubera iki dukwiye gukoresha Ijambo ry’Imana igihe twigisha abantu?
9 Ijambo ry’Imana ni ryo ryonyene rifise ububasha bwo gukora ku mutima abatwumviriza kuruta ikindi kintu cose. (Heb. 4:12) Ni co gituma dukwiye gukoresha Bibiliya igihe twigisha abantu. Twipfuza ‘kwamamaza rya jambo’ atari ivyiyumviro vyacu. (2 Tim. 4:2) Mu Migani 2:6 havuga hati: «Yehova [ni] we atanga ubukerebutsi, kandi mu kanwa kiwe havayo ubumenyi n’ugutahura.» Iyo rero dukoresheje Bibiliya mu kwigisha abantu ni nk’aho tuba turetse Yehova akaba ari we yivugira. (Mal. 2:7) Twipfuza ko abantu bamenya yuko Bibiliya ari yo irimwo impanuro nziza kuruta ivyiyumviro vyose vy’abantu. Kanatsinda, Bibiliya yahumetswe n’Imana kandi irimwo ivyo dukeneye kumenya vyose kugira duhimbare Umuremyi wacu twongere tubeho duhimbawe mu buzima.—2 Tim. 3:16, 17.
10. Twofasha gute uwo twigisha Bibiliya kubona ko ivyo ariko ariga biva mw’Ijambo ry’Imana?
10 Igihe witegurira kwigisha umuntu Bibiliya, nugerageze kwiyumvira ingene womufasha kubona ko ivyo yiga biva mw’Ijambo ry’Imana. Naho dukoresha amafoto n’amavidewo mu kwigisha, urakwiye gufasha uwo wigisha kubona ko ahanini ariko yiga Bibiliya. Igihe rero muriko muriga, nimusomere hamwe ivyanditswe nyamukuru vyatanzwe wongere umufashe kubizirikanako. Igihe na ho ukoresheje amafoto n’amavidewo, niwiyemeze ko uwo wigisha atahura icigwa kirimwo gishingiye kuri Bibiliya. Ivyo ntibisobanura ko ukwiye kuvuga menshi canke ngo usome ivyanditswe vyose biri muri ico cigwa. Ahubwo nyabuna, igihe muhejeje gusoma icanditswe numuhe akanya ko kukizirikanako kugira atahure icigwa kirimwo, kumbure mbere nimba bikenewe musubiremwo gusoma ico canditswe. Ubigenjeje gutyo, uzoba uriko urigisha umuntu Bibiliya aho kumwigisha igitabu canke ifoto canke ividewo.—1 Kor. 2:13.
11-12. (a) Twokwerekana gute ko twihanganira abo twigisha Bibiliya? (Ivyakozwe 17:1-4) (Raba n’ifoto.) (b) Ni igiki abantu bamwebamwe batazi ku bijanye na Bibiliya, kandi twobafasha gute?
11 Igihe uwo wigisha Bibiliya bitamworoheye kwemera canke gutahura iciyumviro kanaka, uribuka kuguma ‘wamamaza rya jambo ubigiranye ukwihangana kwose.’ Abantu bose ntibatahura ku rugero rumwe. Hari abo bisaba umwanya munini kugira batahure inyigisho zimwezimwe twebwe tubona ko zisanzwe. Nk’akarorero, igihe Pawulo yariko abwira inkuru nziza Abayuda b’i Tesalonika, vyamusavye ko abafasha kuzirikana ku Vyanditswe incuro n’izindi, kugira ngo n’imiburiburi bamwe muri bo batahure ivyo yariko arigisha.—Soma Ivyakozwe 17:1-4.
12 Ubundi buryo twokwerekana ko twihangana ni ukubaza utubazo abo twigisha maze tukarindira bakishura, kandi tukirinda kuvuga menshi. Nugerageze kubumviriza witonze maze urondere gutahura iciyumviro baseruye. Nuce ubasomera ivyanditswe bibafasha gutahura ukuntu Imana ibona ico ciyumviro. Urakwiye kandi kwibuka iki kintu: Abantu bamwebamwe usanga batarabona Bibiliya, mbere batazi n’ibivugwamwo. Ubona gute none uyiberetse? Ikindi na co, woshobora gukoresha intangamarara ya Bibiliya y’isi nshasha ahavuga ngo «Numenye ibiri mw’Ijambo ry’Imana» kugira ngo ubereke ivyiyumviro bihambaye biri muri Bibiliya. Urashobora guca ubafasha kubona ingene Bibiliya yobagirira akamaro mu kubasomera icanditswe kimwe canke bibiri biri mu kibazo ca 15, kivuga ingene Bibiliya yobafasha kuronka agahimbare. Muri make, niwereka abo wigisha ko Ijambo ry’Imana rifise ububasha, ivyo ubigisha bizorushiriza kubagirira akamaro.
Umwigisha mwiza arumviriza, ntaguma avuga menshi (Raba ingingo ya 11-12)
NIWEREKEZE IVYIYUMVIRO VYABO KURI YEHOVA
13. Dukwiye kwerekeza ivyiyumviro vy’abo twigisha kuri nde? Tanga akarorero.
13 Intumbero yacu n’iyo gufasha abo twigisha kumenya Yehova no kugiranira ubucuti bwiza na we. (Yak. 4:8) Igikorwa cacu twokigereranya n’ic’umuntu ariko aramurikira uwundi mu mwiza kugira amufashe kubona ikintu kanaka. Muri ico gihe ntiyimurika, ahubwo amurika ico kintu. Natwe rero turiko turigisha umuntu dukwiye kwerekeza ivyiyumviro vyiwe kuri Yehova aho kuvyerekeza kuri twebwe ubwacu.
14. Twofasha gute uwo twigisha Bibiliya kuguma yiyumvira Yehova?
14 Igihe wigisha umuntu Bibiliya, numufashe kugira icipfuzo co guhimbara Yehova. (Imig. 27:11) Uribuka ko utaba uriko umwigisha gukurikiza inyifato kanaka yemerwa, nk’aho umengo ariko yitegurira kwinjira mu muhari kanaka. Ahubwo nyabuna wipfuza ko agira ivyo ahinduye kugira ahimbare Yehova. Nk’akarorero, nimba hari ingeso mbi itariko iramworohera guheba, numubaze utubazo nk’utu: «Kubera iki Yehova yanka iyo ngeso? Kubera iki agusaba guheba ikintu wikundira? Kubona agusaba guheba iyo ngeso vyerekana gute ko agukunda?» Uko urushiriza kumufasha kuguma yiyumvira Yehova, ni ko na we azorushiriza kubona ko Yehova ari Umuvyeyi mwiza igitangaza. Ivyo bizotuma uwo muntu yipfuza guhimbara Yehova.
NUGUME URYOHORA UBUHANGA BWAWE BWO KWIGISHA
15. Ni ibiki vyogufasha kurushiriza kuryohora ingene wigisha?
15 Urakwiye gusenga Yehova umusaba ngo agufashe kuzirikana ku vyo woryohora kugira ngo urushirize kwigisha neza. (1 Yoh. 5:14) Umaze gutura iryo sengesho, urakwiye kuza urakurikira amakoraniro witonze kugira ngo wungukire ku kumenyerezwa Yehova aturonsa biciye kuri yo. Ikindi na co, urashobora gusaba abamamaji bazi kwigisha neza ngo baguherekeze ku nyigisho zawe. Nuce ubabaza ivyo woryohora. Uribuka kandi ko utanganya ubumenyi n’uwo wigisha. Igihe rero utegura ivyo muzokwiga, nugerageze kumwiyumvira. Muriko muriga na ho, nugerageze kumufasha kubona ko ivyo ariko ariga ari inkuru nziza koko. Ivyo birashobora gutuma arushiriza kwiyegereza Yehova no guhimbarwa vy’ukuri.—Zab. 1:1-3.
16. Kuguma turyohora ubuhanga bwacu bwo kwigisha bizotumarira iki?
16 Kwigisha abandi ivyerekeye Yehova ni kimwe mu bintu bituma tugira umunezero mwinshi cane. Mw’isi nshasha hoho, uwo munezero uzokwiyongera kubera ko tuzoba dufise abantu benshi tuzokwigisha. Ku bw’ivyo rero, nimuze tubandanye kwitwararika abo twigisha, dushingire ivyo tubigisha kw’Ijambo ry’Imana, twongere twerekeze ivyiyumviro vyabo kuri Yehova. Ivyo bizodufasha kuryohora ubuhanga bwacu bwo kwigisha.
URURIRIMBO RWA 65 Tera uja imbere!