ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w26 Ruhuhuma rup. 20-25
  • Woba witeguriye ibigeragezo vyogushikira inyuma y’ibatisimu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba witeguriye ibigeragezo vyogushikira inyuma y’ibatisimu?
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGIHE UWO MUSANGIYE UKWIZERA AKUBABAJE
  • IGIHE UTANGUYE GUKUMBURA IVYO WAHEVYE
  • IGIHE ABANDI BAHEVYE YEHOVA
  • Yehova ‘arakiza abavunitse umutima’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Niwifate ruto wemere ko hari ivyo utazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Niwibuke ko Yehova ari «Imana nzima»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Kwiyegereza abavukanyi bacu bitubera vyiza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
w26 Ruhuhuma rup. 20-25

27 NDAMUKIZA–3 RUSAMA 2026

URURIRIMBO RWA 99 Abavukanyi ibihumbi n’ibihumbi

Woba witeguriye ibigeragezo vyogushikira inyuma y’ibatisimu?

«Ese noguma ngendera mu nzira zawe.»—ZAB. 17:5.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ukuntu abaheruka kubatizwa bokwitegurira ibigeragezo bishobora kubashikira inyuma y’ibatisimu.

1-2. Ni ibiki vyodufasha kwitegurira ibigeragezo vyoshobora kudushikira inyuma yo kubatizwa? Tanga akarorero.

MURI iyi si ya Shetani, twama twiteze gushikirwa n’ingorane. Ni co gituma Yezu yabwije ukuri abigishwa biwe ati: «Ibitsitaza vyovyo bitegerezwa kuza.» (Mat. 18:7) Ivyo rero biratwereka ko dukwiye kwama twiteguriye gushikirwa n’ibigeragezo, bimwe muri vyo bikaba bishobora kuva ku bo dusangiye ukwemera.

2 Reka tubitangire akarorero. Twebwe abasavyi ba Yehova, twama twibutswa kuguma twiteguriye ivyago vy’ivyaduka. None tuvyitegurira gute? Ubwa mbere, tubanza kurondera kumenya ivyago bishobora gutera mu karere tubamwo. Ico kintu kirahambaye na canecane igihe tuba turi bashasha muri ako karere. Ubukurikira, tumaze kumenya ubwoko bw’icago gishobora gutera muri ako karere, duca dutegekanya ivyo twokora kugira ngo ico cago ntikiduhitane. (Imig. 21:5) Muri ubwo buryo nyene, turakwiye kuba turiyumvira ibigeragezo vyodushikira tumaze kubatizwa, tugaca dutegekanya n’ingene twovyifatamwo hamwe vyodushikira. Ivyo bizotuma dushobora kuvyihanganira, kandi ntibihungabanye ubucuti dufitaniye na Yehova. (Zab. 17:5) Muri iki kiganiro, tugiye guca irya n’ino ibigeragezo bitatu bishobora kudushikira, turabe n’ingene twokwitegurira kimwekimwe cose muri vyo.a

IGIHE UWO MUSANGIYE UKWIZERA AKUBABAJE

3. Ni ingorane iyihe yoshobora gushika mw’ishengero?

3 Woba wibuka ingene wumvise umerewe igihe witaba ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere maze ukibonera ingene bakundana? Nta nkeka ko waciye ujijuka ko wari wubuye ukuri. (Yoh. 13:35; Kol 3:12) Ukwo nyene ni ko vyagendeye mushiki wacu umwe yitwa Blancab. Ariko rero amaze kubatizwa, hari ikintu atari yiteze camushikiye. Avuga ati: «Hari umudada umwe yamfashe nabi cane. Vyongeye, narumva ukuntu yakunda gutora amahinyu abandi bo mw’ishengero. Ico kintu nta co nari niteze kuko nari narize ko Ivyabona vya Yehova bihatira kuremesha amahoro no kugaragaza urukundo.» Mu vy’ukuri, ico womenya ni uko abo musangiye ukwemera bihatira kuguma baryohora kamere zabo. Naho ari ukwo, baracari abanyagasembwa. (Ef. 4:​23, 24; 1 Yoh. 1:8) Ku bw’ivyo rero, vyoshobora gushika umwe muri bo akavuga canke agakora ikintu kikubabaza. (Yak. 3:8) Ikibabaje, ni uko hariho abahevye gukorera Yehova ngo kubera ko hari umuvukanyi canke mushiki wacu yabababaje.

4. Ni ibiki vyodufasha kuvyifatamwo neza nka hamwe hogira umuvukanyi atubabaza? (Abanyefeso 4:32)

4 Wokora iki kugira ngo witegurire kuzovyifatamwo neza nihagira umuvukanyi akubabaza? Niwimenyereze gushira mu ngiro impanuro dusanga mu Banyefeso 4:32. (Soma.) Niwihatira kuguma ugaragaza impuhwe n’ikibabarwe, bizokurinda kugiranira ingorane n’abandi bidakenewe. Ikindi na co, niwihatire kubabarira abandi ata gahigihigi igihe cose bagucumuyeko. Ni igiki none cogufasha kubigira? Ni ukwibuka ko wama usaba Yehova kenshi ngo akubabarire kandi ko yama akubabarira ata gahigihigi. (Mat. 6:12) Niwazirikana ku kuntu Yehova yama akubabarira abikuye ku mutima, bizoca bikworohera nawe kubabarira abandi.

5. Ni ingingo ngenderwako iyihe yo muri Bibiliya yodufasha igihe hagize uwutubabaza? (Imigani 19:11) (Raba n’amafoto.)

5 Soma Imigani 19:11. Bibiliya ivuga ko igihe hagize uwutubabaza, ugutahurac gushobora guhwamika ishavu ryacu. Iyo ngingo ngenderwako yarafashije mushiki wacu umwe yitwa Rima, akaba amaze imyaka mikeyi abatijwe. Avuga ati: «Igihe abavukanyi canke abadada bakoze ibintu bimbabaza, nca nzirikana ibivugwa mu Migani 19:11. Ndagerageza kwiyumvira uko ivyabo vyifashe canke ivyo baciyemwo muri kahise, kugira menye icoba catumye bavuga canke bakora ikintu kimbabaza. Ndagerageza kandi gukorana na bo mu ndimiro. Ivyo rero biramfasha kubamenya neza.» Iyo mpanuro na twebwe irashobora kudufasha. Nitwagerageza kumenya neza abavukanyi na bashiki bacu, bizotworohera kubababarira nivyashika bakatubabaza.

Amafoto: 1. Umuvukanyi ashavujwe n’ukuntu uwundi muvukanyi amuvugishije igihe bariko barakora ibikorwa vyo kubungabunga Ingoro y’Ubwami. 2. Mu nyuma wa muvukanyi yari yashavuye arahimbawe no kwamamaza ku nzu n’inzu ari kumwe n’umwe yamushavuza.

Igihe ufitaniye ingorane n’umuvukanyi nugerageze gukorana na we mu ndimiro (Raba ingingo ya 5)


6. Ni igiki codufasha kugiranira ubucuti bwiza n’abagize ishengero?

6 Ni igiki wokora kugira ngo ugiranire ubucuti bwiza n’abagize ishengero? Uko wihatira kumenya abavukanyi bawe, nugerageze kwibanda kuri kamere zabo nziza. (Gereranya n’ Imigani 10:12; Rom. 12:10; Flp. 2:​2, 3) Raba ingene ico kintu cafashije umuvukanyi umwe aherutse kubatizwa yitwa Mark. Kubera ko yari asigaye amarana umwanya munini n’abagize ishengero, vyaroroha ko abona amakosa yabo. None ni igiki camufashije kudatsitazwa n’ayo makosa? Avuga ati: «Nahavuye nsanga amakosa y’abavukanyi banje ari mato cane ndayagereranije n’ibibi bikorwa n’abantu bo muri ino si. Naciye mbona rero ko ntakwiye kugumiza umutima ku makosa y’abavukanyi banje, ahubwo ko nkwiye kwibanda kuri kamere zabo nziza.» Na wewe niwabigenza gutyo, uzogiranira ubucuti bwiza n’abagize ishengero.

IGIHE UTANGUYE GUKUMBURA IVYO WAHEVYE

7. Ni igiki coshobora gutuma umuntu atangura gukumbura ivyo yahevye?

7 Igihe wamenya ukuri, nta nkeka ko wiruhukije kubona uvuye muri ino si mbi ya Shetani. Woshobora kwibaza uti: «Hari uwokwigera akumbura gusubirayo?» Ariko rero igihe uriko urashikirwa n’ingorane zikomeye, hari aho wotangura gukumbura canke kwipfuza cane ibintu bimwebimwe wahevye aho utanguriye gukorera Yehova. (Gereranya no Guharura 11:​4-6.) Nk’akarorero, hari bamwebamwe bahevye akazi gasobanutse mugabo kabatwara umwanya munini. Abandi bashobora kuba barahebwe n’abagenzi babo somambike igihe batangura kwiga Bibiliya. Abandi na bo bashobora kuba barahevye ingeso kanaka yabaryohera mugabo Yehova akaba ayanka. Ibaze rero ukuntu vyoba bibabaje nka hamwe umukirisu yoreka ikintu yahora akora kera kikamubuza gukorera Yehova. Ni igiki none wokora kugira ngo ntiwigere usubira ku vyo wahevye naho woshikirwa n’ingorane zikomeye?

8. Akarorero ka Aburahamu na Sara katwigisha iki?

8 Bibiliya irimwo uburorero bw’abasavyi b’Imana b’intahemuka bari gushobora gukumbura ivyo bahevye. Nk’akarorero, Aburahamu na Sara baragamburukiye Yehova barava mu gisagara ciza ca Uri baja kuba mu mahema. (Heb. 11:​8, 9) Bishobora kuba vyarashika bakibuka ubuzima bwiza bw’i Uri. Ariko «iyo baguma bibuka» iyo bavuye canke bakaguma biyumvira ubwo buzima, nta nkeka ko bari guhava bipfuza cane gusubirayo. Aho kubigenza gutyo, bagumije umutima ku mihezagiro yo muri kazoza.—Heb. 11:​15, 16.

9. Intumwa Pawulo yabona gute ibintu yari yarahevye? (Abafilipi 3:​7, 8, 13)

9 Intumwa Pawulo yarahevye ibintu bimwebimwe kugira ngo akorere Yehova. Nk’akarorero, imbere y’uko aba umukirisu, yari yarigishijwe n’umwigisha w’ivy’amategeko yubahwa cane yitwa Gamaliyeli. (Ivyak. 22:3) Pawulo yari afise amahirwe yo kuba umuntu akomeye cane mw’idini ry’Abayuda. (Gal. 1:​13, 14) Ariko rero igihe yamenya inkuru nziza yerekeye Kristu, yaciye aheba ivyo bintu vyose. None amaze kuba umukirisu, ubuzima bwoba bwaciye bworoha? Uwokubesha! Yarakubitwa, agapfungwa kandi akankwa n’abo mw’ihanga ryiwe. (2 Kor. 11:​23-26) Iyo aza kugumiza umutima gusa kuri ivyo bigeragezo maze akagereranya ubuzima yari asigaye afise n’ubwo yari afise imbere y’uko aba umukirisu, yari guhava yiyumvira ko kera ari ho yari abayeho neza. Ariko aho kubigenza gutyo, yagumije umutima kw’iteka ridasanzwe yari asigaye afise ryo kuba umuyoboke wa Kristu Yezu no ku vyiza yokwironkeye muri kazoza. Emwe, Pawulo yaremera adakeka ko iyo mihezagiro yaruta kure n’iyo ivyo yahevye vyose.—Soma Abafilipi 3:​7, 8, 13.

10. Ni ibiki ukwiye kwama uzirikanako? (Mariko 10:​29, 30) (Raba n’amafoto.)

10 Icigwa ni ikihe? Nivyashika ugatangura kwiyumvira ivyo wahevye kugira ngo ube umusavyi wa Yehova, uribuka no kwiyumvira igituma wabihevye. (Umus. 7:10) Gereranya ivyo wahevye n’imihezagiro umaze kwironkera kubera ko wamenye ukuri. Nk’akarorero, usigaye ufitaniye ubucuti somambike na Segaba w’ibiriho vyose. (Imig. 3:32) Ukikujwe n’umuryango w’abavukanyi ugukunda. (Soma Mariko 10:​29, 30.) Vyongeye, urafise icizigiro ciza ca kazoza. (Yes. 65:​21-23) Niwaza urazirikana ku mihezagiro wifitiye kubera ko uri umusavyi wa Yehova, birashoboka cane ko utazokumbura ivyo wahevye.

Aho kuguma wiyumvira ivyo wahevye, nuhimbarirwe igikorwa co kwamamaza Yehova yakujeje (Raba ingingo ya 10)e


11. Wigira iki ku vyashikiye Rosemary?

11 Mushiki wacu umwe yitwa Rosemary yabatijwe afise nk’imyaka 50. Raba ivyo yakoze kugira ngo yirinde gukumbura ivyo ahevye. Avuga ati: «Mu ntango narakumbura Noweli kubera ko cama ari ikiringo kidutera umunezero mu muryango. Narakunda guha amakado abo mu muryango. Nararyoherwa mbonye abana bari iruhande y’igiti ca Noweli n’ingene baryoherwa bariko barugurura amakado yabo.» None ni igiki camufashije? Avuga ati: «Nararondeye ivyo nsubiriza Noweli. Nk’akarorero, buri mwaka ndatora umusi kanaka ngatumira abo mu muryango, nkabaha amakado nkongera nkababwira igituma ndabakunda.» Hari iyindi ngorane Rosemary yagize. Yongerako ati: «Maze kuba Icabona ca Yehova, abagenzi barampevye. Vyarashika nkabakumbura kandi nkagira irungu.»d None ni igiki camufashije? Yaratanguye kuza arakorana mu ndimiro n’abadada batandukanye. Avuga ati: «Ivyo vyatumye ndonka abandi bagenzi bashasha nikundira kandi b’agaciro.» None Rosemary womwigirako iki? Vyoshika ugakumbura ikintu cahora kikuryohera imbere y’uko umenya ukuri. Ariko rero woshobora kugisubiriza ikindi kintu ngirakamaro kandi coguhimbara kuruta. (Flp. 4:​8, 9) Vyongeye, niwibuke ko Yehova yama akuronsa ibirengeye ivyo uba wahevye.

IGIHE ABANDI BAHEVYE YEHOVA

12. Ni ikintu kibabaje ikihe gishobora gushika mw’ishengero?

12 Igihe waba Icabona ca Yehova, ushobora kuba warahimbawe cane kuba uvuye mw’isi yononekaye maze ukaza mu muryango ugizwe n’abantu bakunda Imana kandi bihatira gukora ibigororotse. (Yes. 65:14) Naho ari uko, vyoshobora gushika hakagira uwukora igicumuro gikomeye mw’ishengero. Vyoshika mbere hakagira n’abakurwa mw’ishengero. (1 Kor. 5:13) Raba ingene ikintu nk’ico cahungabanije mushiki wacu umwe yitwa Samar. Avuga ati: «Maze igihe gito mbatijwe, hari umukurambere yakoze igicumuro gikomeye maze aca arakurwa mw’ishengero. Vyarantsitaje kubera ko ntigera niyumvira ko umukurambere yoshobora gucumura kuri Yehova no kw’ishengero.» Ego ni ko turizigira ko abavukanyi bacu bakunda Yehova kandi ko batipfuza kumuhemukira. (1 Kor. 13:​4, 7) Ariko rero ikibabaje, buri mwaka hama hariho abakurwa mw’ishengero. Igihe rero bishikiye incuti yacu, umugenzi, canke umuntu twahora twubaha, biratubabaza cane.

13. Ni igiki codufasha kwikomeza kugira ngo hagize incuti canke umugenzi aheba Yehova ntibize bidutsitaze?

13 Ni igiki cogufasha kuba uritegura kugira ngo nihagira incuti canke umugenzi aheba Yehova ntibize bigutsitaze? Ni ukubandanya ukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova. (Yak. 4:8) Ntureke ngo ubucuti ufitaniye n’Imana bushingire ku kwizera kw’uwundi muntu. Nk’akarorero, naho akenshi usanga twigira hamwe Bibiliya uko tugize umuryango canke uko tugize ishengero, umwe wese muri twebwe arakwiye no kugira akamenyero ko gusenga no gusoma Bibiliya ku giti ciwe.—Zab. 1:2; 62:8.

14. Akarorero k’intumwa Petero katwigisha iki? (Yohani 6:​66-68)

14 Turashobora kandi gukura icigwa ku kuntu intumwa Petero yavyifashemwo igihe abigishwa ba Yezu benshi baheba kumukurikira. Ico gihe na Petero ashobora kuba atatahuye ivyo Yezu yashaka kuvuga. Naho ari ukwo, raba inyishu Petero yatanze dusanga muri Yohani 6:​66-68. (Soma.) Aho kwigana ivyo abandi bigishwa bari bakoze, Petero yagumije umutima ku majambo y’ukuri Yezu yari yamwigishije. Ivyo vyatumye Petero aguma ashikamye. No muri iki gihe, ivyo abandi bakora ntivyigera bihindura ukuri kw’agaciro twamenye biciye kw’ishirahamwe rya Yehova. Nugume rero wumiye kuri ukwo kuri. Umwe Samar twavuga agira ati: «Ndagerageza kwama nibuka ko ikibi gikozwe n’umuntu umwe kidakwiye kwitirirwa ishengero ryose canke ishirahamwe ryacu. Na Yehova ntigikwiye kumwitirirwa.»

15. Ivyashikiye mushiki wacu yitwa Emily bitwigisha iki?

15 Rimbura akarorero ka mushiki wacu yitwa Emily. Haciye indwi imwe gusa abatijwe, mama wiwe yarataye umuryango mu nyuma na ho arakurwa mw’ishengero. Emily avuga ati: «Sinigeze niyumvira ko mama yokoze ikintu nk’ico. Mu buzima bwanje, ni co cambereye ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose, kandi ndamukumbura cane.» None ni igiki cafashije Emily? Agira ati: «Urwo rugamba sindarurwana jenyene. Papa yagumye amba hafi cokimwe n’abandi bo mw’ishengero iwacu, abahavuye bambera nk’umuryango. Umwe wese mu basavyi ba Yehova usanga yifitiye ingorane. Ni co gituma bihambaye ko tuguma twiyegerezanya tukongera tukaremeshanya.» (1 Pet. 5:9) Ntukigere urindira ko ubanza gushikirwa n’ikigeragezo ngo abe ari ho ubona kwiyegereza abavukanyi bawe. Nugume urondera kubiyegereza kuva ubu kuko bizotuma uronka abakuba hafi niwashikirwa n’ingorane ikomeye.

16. Ni igiki dukwiye kwibuka? (Raba n’ifoto.)

16 Niwibuke kandi ko Yehova atoza indero abo akunda. (Heb. 12:6) Yipfuza ko abakuwe mw’ishengero bose bamugarukako. (2 Pet. 3:9) Nivyashika rero hakagira incuti canke umugenzi akurwa mw’ishengero, urakwiye guhera amazinda ko abakurambere bazokora uko bashoboye kwose kugira ngo bamufashe kugaruka kuri Yehova.—2 Tim. 2:​24, 25.

Abakurambere babiri bagendeye umugabo umwe yakuwe mw’ishengero. Umukurambere umwe afise Bibiliya izinguruye, uwundi na we ariko yereka uwo mugabo icigwa co muri ka gatabu «Nugaruke kuri Yehova.»

Bishitse hakagira incuti canke umugenzi akurwa mw’ishengero, niwibuke ko abakurambere bipfuza kumufasha kugaruka kuri Yehova (Raba ingingo ya 16)f


17. Ni igiki twokwizigira tudakeka?

17 Muri iki kiganiro, twarimbuye ibigeragezo bikeyi gusa bishobora kugushikira inyuma y’ibatisimu. Naho bimwebimwe muri vyo bishobora kuba bikomeye cane, ntibikwiye gutuma utekerwa n’ubwoba. Hariho ibintu bitari bike wokora kugira ngo ube uritegura. Vyongeye, ntiwigere wibagira ko Yehova Imana azokwama ari hafi yawe kugira ngo agufashe. Nta nkeka ko umaze kwibonera ingene agufasha, kandi yipfuza kugufasha gushika ibihe bidahera. (1 Pet. 5:10) Azokwama akuronsa inkomezi ukeneye kugira ngo wihanganire ingorane iyo ari yo yose yogushikira. Niwaguma wemera ko Yehova agufasha, nta kigeragezo na kimwe kizokwigera kigutandukanya na we.—Zab. 119:165; Rom. 8:​38, 39.

TWOKWITEGURIRA GUTE IBI BIGERAGEZO BIKURIKIRA?

  • Igihe uwo dusangiye ukwemera atubabaje

  • Igihe dutanguye gukumbura ivyo twahevye

  • Igihe hari uwukuwe mw’ishengero

URURIRIMBO RWA 154 Urukundo rutananirwa

a Naho iki kiganiro kigenewe abaheruka kubatizwa, ibivugwamwo birashobora kudufasha twese.

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

c Umuntu afise ugutahura aragerageza kubona kure aho kuraba gusa ibiboneka inyuma. Igihe hari umuntu amubwiye nabi canke amukoreye ikintu kitabereye, aca arondera kumenya icoba catumye uwo muntu avyifatamwo gutyo aho guca atwarwa n’ishavu.

d Abagize ishengero bose barafise ibanga ryo gufasha abariko bariga Bibiliya be n’abaherutse kubatizwa kugira bumve bisanze mw’ishengero. Iryo banga ntiriraba gusa abayobora izo nyigisho za Bibiliya. Raba ikiganiro kivuga ngo «Ingene ishengero ryofasha abiga Bibiliya gutera imbere bakabatizwa», mu Munara w’Inderetsi wo muri Ntwarante 2021, ingingo ya 15 na 16.

e INSOBANURO Y’AMAFOTO: Mushiki wacu umwe ari mu ndimiro, arabonye abakinyi bariko barakina agaca yibuka ingene na we yahoze ari umukinyi akomeye. Mu nyuma uwo mushiki wacu ariko arabwira inkuru nziza umugore umwe, kumbure akaba ari uwo bahoze bakinana.

f INSOBANURO Y’IFOTO: Abakurambere babiri bagendeye umugabo umwe yakuwe mw’ishengero, bakaba bariko bamuremesha kugaruka kuri Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika