13-19 NDAMUKIZA 2026
URURIRIMBO RWA 52 Ukwiyegura kw’umukirisu
Ico ibatisimu isobanura be n’igituma ihambaye
«Muhindure abantu . . . abigishwa, mubabatize.»—MAT. 28:19.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ico ibatisimu isobanura, igituma ihambaye be n’ingene igirwa.
1. Ni igiki cerekana ko ibatisimu ari imwe mu nyigisho zihambaye zo muri Bibiliya?
IGIHE hari abashasha babatijwe, turanezerwa cane. Wari uzi ko uwo munezero watanguye mu kinjana ca mbere igihe ishengero rya gikirisu ryashingwa? Ico gihe, haratanzwe insiguro yasigura igituma ibatisimu ihambaye, kandi abatari bake barabatijwe. (Ivyak. 2:38, 40, 41) Intumwa Pawulo yavuze ko inyigisho y’ivy’amabatisimu, iri mu bigize «inyigisho z’intango zerekeye Kristu.» (Heb. 6:1, 2) Naho ibatisimu iri mu nyigisho z’intango, turakeneye kuyitahura neza. Uti kubera iki?
2. Kubera iki dukeneye gutahura neza ibatisimu?
2 Kurya nyene iyo umushinge ukomeye bituma n’inzu ikomera, gutahura neza ibatisimu birashobora gutuma ukwizera kwacu gukomera. Twese turakeneye gutahura neza iyo nyigisho, twaba twimirije kubatizwa canke tumaze imyaka myinshi tubatijwe. Muri iki kiganiro, turaza guca irya n’ino ibi bibazo bikurikira: Ibatisimu isobanura iki? Mbega hoho ikwiye kugirwa gute? Vyongeye, kubera iki tubatizwa mw’izina rya Data, n’iry’Umwana, n’iry’impwemu nyeranda?
ICO IBATISIMU ISOBANURA
3. Ibatisimu yerekana iki?
3 Iyo ubatijwe, uba werekanye ku mugaragaro ko wemera ukuri kwerekeye Yehova Imana be na Yezu Kristu. Uba werekanye kandi ko wigaye ivyaha vyawe, be n’uko wagize ivyo uhinduye mu buzima kugira ngo ukorere Yehova. Vyongeye, uba werekanye ko wemera yuko Imana idukiza biciye kuri Yezu, be n’uko wasezeraniye Imana mw’isengesho ko wipfuza gukora ivyo igomba wifatanije n’ishirahamwe ryayo. Iyo wiyeguriye Imana gutyo kandi ukabatizwa, uba utanguye kugendera mu nzira izogushikana mu buzima budahera.
4. Kwibizwa no kwibururwa mu mazi, bisobanura iki? (Raba n’ifoto.)
4 Igihe ubatijwe, uribizwa mu mazi ukongera ukibururwa,a bikaba nk’aho upfuye ukongera ukazuka. (Gereranya n’Abakolosayi 2:12.) Ibatisimu yerekana ko wagize amahinduka akomeye mu buzima bwawe. Uti gute? Iyo wibijwe mu mazi, uba werekanye ko uvavanuye n’ukuntu wari usanzwe ubayeho. Igihe wiburutse mu mazi na ho, uba utanguye ubuzima bushasha bushingiye ku gukora ivyo Imana igomba.
Iyo ubatijwe uba werekanye ko uvavanuye n’ingene wari usanzwe ubayeho maze ugatangura ubuzima bushasha bushingiye ku gukora ivyo Imana igomba (Raba ingingo ya 4)
5. Ibintu umuntu akora yitegurira kubatizwa, kubera iki twobigereranya n’igikorwa co kwubaka ubwato Nowa yakoze? (1 Petero 3:18-21)
5 Soma 1 Petero 3:18-21. Ivyo umuntu akora ariko aritegurira kubatizwa, twobigeraranya n’igikorwa Nowa yakoze co kwubaka ubwato. Igihe umuntu ari ho agitangura kwiga ivyerekeye Yehova, hari aho yoshobora kubona ko ivyo asabwa gukora kugira ngo azobatizwe ari amananiza, akabona mbere ko vyoba bigoye nka ca gikorwa amahero Nowa yashingwa co kwubaka ubwato. Vyoba bikenewe none ko agira ako kigoro ko kubikora? Ego cane. Na Nowa vyasavye ko agira akigoro. Imana yaramubwiye ingene yokwubatse ubwo bwato, ariko kugira ngo nya bwato bushobore gukiza ubuzima, Nowa yategerezwa gukurikiza neza ivyo Imana yari yamubwiye. Kubera ko Nowa yizera Imana, yaragamburutse arubaka ubwo bwato kandi Imana yaramufashije biragenda neza. Cokimwe na Nowa, na wewe urashobora gukora ‘ivyo Imana yategetse vyose.’—Ita. 6:22.
6. Ni mu buryo ki ibatisimu idukiza?
6 Ku murongo wa 21, intumwa Petero yavuze ko ibatisimu iriko ‘iradukiza.’ Ariko ntiwumve, kwibizwa mu mazi ubwavyo ntibica bituma umuntu arokoka canke ngo bikureho ibicumuro vyiwe. Amaraso ya Yezu ni yo yonyene atwoza ibicumuro vyacu. (1 Yoh. 1:7) Naho ari ukwo, kubatizwa ni kimwe mu bintu bihambaye Yehova adusaba, kandi gutera iyo ntambwe ni uburyo bwo «gusaba Imana ijwi ryo mu mutima ryiza.» Imana na yo ica iguha ico uba wayisavye. Ni muri ubwo buryo rero ibatisimu iriko ‘iradukiza,’ ni ukuvuga ko ituma bishoboka ko tuzobaho ibihe bidahera.
INGENE IVY’IBATISIMU BIGENDA
7. Ibatisimu ikwiye kugirwa gute?
7 Uretse ko Bibiliya ivuga ko umuntu mu kubatizwa akwiye kwibizwa mu mazi, nta vyinshi ivuga ku bijanye n’ibatisimu. Naho ari ukwo, iradufasha kumenya ibintu bibereye mu gihe c’ibatisimu. Nk’akarorero, ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirerekana ukuntu abagiye kubatizwa bakwiye kwambara be n’inyifato ababa bahari bogaragaza. (1 Kor. 14:40; 1 Tim. 2:9) Muri iki gihe, usanga kenshi umukurambere ari we abatiza. Kandi turakwiye kwirinda gushemagiza uwuba yatewe ako gateka. (1 Kor. 1:14, 15) Ibatisimu iguma yemerwa naho yoba yakurikiranywe n’abantu benshi canke bakeyi.—Ivyak. 8:36.
8. Abagiye kubatizwa babazwa ibibazo ibihe, kandi kubera iki? (Ivyakozwe 2:38-42) (Raba n’ifoto.)
8 Bibiliya yerekana ko dukwiye ‘kuvuga ku mugaragaro ukwizera kwacu, kugira ngo turonke ubukiriro.’ (Rom. 10:9, 10) Birabereye rero ko ivyo tubigira canecane igihe tugira tubatizwe, iyo akaba ari intambwe ihambaye izotuma turonka ubukiriro. Ni co gituma ababa bagira babatizwe bama babazwa ibi bibazo bibiri. Ica mbere: «Woba warigaye ivyaha vyawe, uriyegurira Yehova, wongera uremera uburyo yatunganije bwo kuturokora biciye kuri Yezu Kristu?» Ico kibazo gishimika ku vyo umuntu yakoze kugira ngo yitegurire ibatisimu, kandi kikaba gifitaniye isano n’ivyo Petero yahimirije abantu gukora kuri Pentekoti. Ica kabiri: «Woba utahura yuko ukubatizwa kwawe gutuma uba Icabona ca Yehova yifadikanije n’ishirahamwe ryiwe?» Ico kibazo na co gishimika ku vyo umuntu azokora, ni ukuvuga ko azobaho ahuza n’ukwiyegura kwiwe, mu gukurikiza ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe rya Yehova, be n’uko azobandanya amukorera yifatanije n’abandi basavyi ba Yehova. Ivyo nyene ni vyo abakirisu bo mu kinjana ca mbere bakoze inyuma yo kubatizwa. (Soma Ivyakozwe 2:38-42.) Abishura ngo egome kuri ivyo bibazo vyompi, baba bakwije ibisabwa vyo kubatizwa.
Ku musi w’ibatisimu, ‘uravuga ku mugaragaro ukwizera kwawe kugira uronke ubukiriro’ (Raba ingingo ya 8)d
9. Ni ibiki umwe wese akwiye gukora kugira ngo ashimwe n’Imana?
9 Imbere y’uko wiga ukuri ushobora kuba wari ubayeho wigenza neza ku rugero kanaka, kandi ukaba utigeze ukora igicumuro na kimwe gikomeye. Canke na ho ushobora kuba warezwe n’abavyeyi b’Ivyabona bagufashije gukunda Yehova. None vyoba bigikenewe ko wigaya kandi ukabatizwa kugira ushimwe n’Imana? Ego cane. Ivyo twoba twarakuriyemwo vyose, dutegerezwa kwibuka ko twese twarazwe igicumuro kidutandukanya n’Imana. (Zab. 51:5) Ariko uko tugenda turamenya Yehova, duca duhitamwo gukora ivyo ashaka, aho gushira imbere ivyo dushaka. Tumaze gutera iyo ntambwe, duca twigaya ibibi twahora dukora, maze tugahingukira tugatangura kubaho dukora ibihimbara Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Aho rero turashobora guca tubatizwa.—Ivyak. 3:19.
10. Wokora iki nimba wari umaze kubatizwa mu rindi dini?
10 Nimba wari umaze kubatizwa mu rindi dini, urakwiye kwongera kubatizwa kugira ube Icabona ca Yehova. Uti kubera iki? Kubera ko ico gihe utatahura neza ukuri kwerekeye Yehova Imana be na Yezu. Mbere naho woba wari wariyeguriye Imana mw’isengesho, iyo ndagano wagize ntiyari ishingiye ku bumenyi butagira amakosa bujanye n’ivyo Imana igomba. Igihe intumwa Pawulo yahura n’abagabo b’i Efeso bari barabatijwe ariko badatahura neza inyigisho zerekeye Kristu, yaciye atunganya ivy’uko bongera kubatizwa.b (Ivyak. 19:1-5) No muri iki gihe, ibatisimu yemerwa gusa igihe ishingiye ku bumenyi butagira amakosa bujanye n’ivyo Imana igomba.
«MW’IZINA RYA DATA, N’IRY’UMWANA N’IRY’IMPWEMU NYERANDA»
11. Kubatizwa «mw’izina rya Data, n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda» bisobanura iki? (Matayo 28:18-20)
11 Yezu yategetse ko abigishwa bashasha babatizwa «mw’izina rya Data, n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda.» (Soma Matayo 28:18-20.) None yashaka kuvuga iki? Muri Bibiliya, ijambo «izina» ryerekeza ku kuntu umuntu azwi. Rirashobora no kwerekeza ku kibanza canke ku bubasha nyene iryo zina afise. Igihe rero dukoze ikintu «mw’izina rya» naka canke ry’ikintu kanaka, tuba twerekanye ko twemera ububasha nyene iryo zina afise. (Gereranya na Matayo 10:41.) Reka turabe ingene twokwerekana ko twemera ububasha Yehova na Yezu bafise, be n’uruhara rw’impwemu nyeranda y’Imana.
12. Kubatizwa mw’izina rya Data bisobanura iki? (Ivyahishuwe 4:11) (Raba n’amafoto.)
12 Mw’izina rya Data. Kubatizwa mw’izina rya Data bisobanura ko twemera tudakeka ko Yehova ari we Muvyeyi wacu wo mw’ijuru yaduhaye ubuzima, kandi ko ari we Mana Mushoboravyose yaremye ibintu vyose. (Soma Ivyahishuwe 4:11.) Turemera kandi ko ari we yumva amasengesho yacu, tugakoresha Izina ryiwe ry’uruharo igihe tumusenga n’igihe tubwira abandi ibimwerekeye. (Zab. 65:2) Ariko hariho ikindi dutegerezwa kuba twemera tudakeka kugira tubatizwe mw’izina rya Data. Abantu Petero yariko arigisha kuri Pentekoti, bari basanzwe bazi Yehova, ariko bategerezwa kwemera badakeka ko adukiza biciye gusa kuri Yezu Kristu.—Rom. 5:8.
N’inyuma y’ibatisimu, nubandanye kwemera ikibanza n’ububasha Yehova na Yezu bafise, be n’uruhara rw’impwemu nyeranda (Raba ingingo ya 12)
13. Kubatizwa mw’izina ry’Umwana bisobanura iki? (Raba n’ifoto
13 Mw’izina ry’Umwana. Kubatizwa mw’izina ry’Umwana bisobanura ko twemera yuko Yezu ari Umwana w’ikinege w’Imana. Bisobanura kandi ko twemera yuko Yezu ari «inzira», ni ukuvuga ko ari we wenyene atuma bishoboka ko tugiranira ubucuti bwiza na Yehova. (Yoh. 14:6) Turemera kandi ko Yezu ari umurokozi wacu, kubera ko yadupfiriye kugira turonke ubuzima. Ni co gituma twipfuza kuguma twigana akarorero kiwe imisi yose y’ubuzima bwacu, atari gusa ku musi w’ibatisimu. (1 Yoh. 2:6) Cokimwe na Yezu rero, turamamaza n’umwete kandi ntitureka ngo hagire ikintu na kimwe kitubuza gukora ico gikorwa. (Luka 4:43) Turemera mbere guhamwa duhorwa gukorera Yehova tudahemuka. (2 Tim. 3:12) Vyongeye, kubera ko twubaha Yezu nka we «mutwe w’ishengero», turagamburukira abo yagenye ngo batuje imbere bongere bitwararike abayoboke biwe.—Ef. 4:8, 11, 12; 5:23.
N’inyuma y’ibatisimu, nubandanye kwemera ikibanza n’ububasha Yezu afise (Raba ingingo ya 13)
14. (a) Kubatizwa mw’izina ry’impwemu nyeranda bisobanura iki? (Raba n’ifoto.) (b) Ni ayandi mabatisimu ayahe abarobanuwe baronka? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Amabatisimu abarobanuwe baronka.»)
14 Mw’izina ry’impwemu nyeranda. Kubatizwa mw’izina ry’impwemu nyeranda bisobanura ko twemera ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’impwemu nyeranda, ko atari umuntu canke kimwe mu bigize ubutatu, ahubwo ko ari inguvu Imana ikoresha. Turemera ko Yehova yakoresheje impwemu nyeranda mu kuyobora abahanuzi be n’abanditse Bibiliya. Ni co gituma twama dusoma Bibiliya kandi tugakurikiza ivyo yigisha. (2 Pet. 1:20, 21) Vyongeye, turirinda gukora ibicumuro bikomeye kuko vyoshobora gutuma yaba twebwe canke abagize ishengero tutaronka impwemu nyeranda.—Ef. 4:30.
N’inyuma y’ibatisimu, nubandanye kwemera uruhara rw’impwemu nyeranda (Raba ingingo ya 14)
15. Dukwiye kwiyemeza iki?
15 Nimba umaze kubatizwa, nugume wiyibutsa igituma ibatisimu ihambayec no kubaho wisunga indagano wagize igihe wiyegura ukabatizwa. Bite hoho nimba utarabatizwa? Hoba hariho ikintu kiriko kirakubuza kubatizwa? Ikiganiro gikurikira kizogufasha kubona ivyo wokora kugira ngo ushikire iyo ntambwe.
URURIRIMBO RWA 161 Gukora ivyo ugomba ni vyo bimpimbara
a Ijambo ry’ikigiriki ba’pti-sma irihindurwa ngo «ibatisimu», risobanura «kwibiza» canke «kudwibika.» Kubatiza rero bisobanura kwibiza umuntu mu mazi, si ukumumijagirako utuzi nk’uko amadini amwamwe abigira.
b Abo bagabo b’i Efeso bari babatijwe «ibatisimu ya Yohani.» (Ivyak. 19:3) Yohani Umubatizi yahimiriza Abayuda kwigaya ibicumuro bakoze mu kurenga ku mategeko ya Musa, agaheza akabatiza ababa bigaye. (Mrk. 1:4, 5) Igihe amategeko ya Musa yakurwaho, ibatisimu ya Yohani ntiyari icemerwa. Kuva ico gihe, Imana yemera «ibatisimu imwe», ituma turonka ubukiriro.—Ef. 4:5.
c Raba kuri jw.org no kuri JW Library® ikiganiro kivuga ngo «Ibatisimu ni iki?» mu gice kivuga ngo «Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya.»
d INSOBANURO Y’IFOTO: Kw’iteraniro, abagiye kubatizwa barahagurutse kugira bavuge ku mugaragaro ukwizera kwabo.