6-12 NDAMUKIZA 2026
URURIRIMBO RWA 82 ‘Mureke umuco wanyu wake’
Ingene twofasha incuti zacu tudasangiye ukwemera
«Ntiduhebe . . . gukora ivyiza.»—GAL. 6:9.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ivyodufasha kugiranira ubucuti bwiza n’incuti zacu tudasangiye ukwemera be n’ingene twobafasha kumenya ukuri igihe cose bishoboka.
1-2. Igihe watangura kwiga ukuri, ni ibiki bishobora kuba vyarahungabanije ubucuti ufitaniye n’incuti zawe mudasangiye ukwemera?
YEZU yabwiye umugabo umwe yipfuza kumukurikira ati: «Subira iwanyu mu ncuti zawe, ubabwire ibintu vyose Yehova yagukoreye.» (Mrk. 5:19) Ayo majambo Yezu yavuze arerekana ko yatahura ko abantu bama bafise inyota yo gusangira agakuru keza n’incuti zabo.
2 Woba wibuka ingene wumvise umerewe igihe watangura kwiga Bibiliya? Ushobora kuba waranezerejwe cane n’ivyo wize ku buryo wumvise ko utovyigumizamwo. Ariko rero igihe wabibwira incuti zawe, zishobora kuba zitavyakiriye neza. Canke na ho ushobora kuba wabibabwiye mu buryo bubababaza. None nimba ibintu vyifashe gutyo, wokora iki kugira ngo ugume ufitaniye ubucuti bwiza na bo utarinze kurenga ku ngingo ngenderwako za Yehova?
3. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?
3 Muri iki kiganiro, turaza kubona: (1) ingene kwumvira impuhwe incuti tudasangiye ukwemera bishobora gutuma tuguma tubitwararika naho boba baterekwa ukuri, (2) ingene dukwiye kwirengagiza ibintu bibi batubwira canke badukorera, (3) ingene ukwihangana kwacu be n’ukudatakaza icizere bishobora kubafasha kumenya ukuri, (4) be n’ingene twobereka ko tubakunda.
NUBUMVIRE IMPUHWE
4. Yezu yafashe gute abantu baterekwa ubutumwa yababwira?
4 Yezu ntiyihutiye guheba abantu baterekwa ubutumwa yababwira. Ubwiwe yigereranije n’umukozi wo mu murima w’imizabibu yakoze uko ashoboye kwose kugira ngo yitwararike igiti c’umusukoni ngo gihebe came. (Luka 13:6-9) Igihe Yezu yatanga ico kigereranyo, yari amaze imyaka irenga itatu agerageza gufasha Abayuda bagenziwe kumwizera. Kubera iki none yagumye agerageza kubafasha? Impuhwe yari afitiye abantu ni zo zatumye abihanganira.
5. Ni igiki catumye Yezu yumvira impuhwe Abayuda bagenziwe?
5 Icatumye Yezu yumvira impuhwe Abayuda bagenziwe, ni uko indongozi z’idini zari zarananiwe kubafasha kwizera Imana. Yezu yabonye ko abo Bayuda bari «bameze nk’intama zitagira umwungere.» (Mrk. 6:34) Mbere hasigaye igihe gitoyi ngo apfe, yaraririye Yeruzalemu kubera ko yari azi yuko abenshi mu bantu baho bopfuye kubera ukubura ukwizera. (Luka 19:41-44) Natwe nitwumvira impuhwe incuti zacu nk’ukwo kwa Yezu, bizotuma tubafasha.
6. Kubera iki twokwihanganira incuti zacu tudasangiye ukwemera? (Abagalatiya 6:9)
6 Soma Abagalatiya 6:9. Mbere naho incuti zacu zoba zitarashima kwiga ukuri, turakwiye kubihanganira kandi tukaguma ‘tubakorera ivyiza.’ Turazi ko bifata igihe kugira ngo umuntu ahindure ivyiyumviro bitari vyo vyamushinzemwo imizi, maze atangure kwiga ukuri. Niwibuke ko muri kahise na wewe wari mu bantu ‘batagira icizigiro, kandi batagira Imana mw’isi.’ (Ef. 2:12) Vyasavye ko hagira uwugufasha. Hamwe rero nawe wokwihanganira incuti zawe, hari aho wozifasha kumenya ukuri.
NIWIRENGAGIZE IBINTU BIBI BAKUBWIRA CANKE BAGUKORERA
7. Ni ibiki bishobora kuba vyaratumye benewabo na Yezu batamwizera?
7 Benewabo na Yezu bashobora kuba barumvise ibitangaro yakoreye i Galilaya. (Luka 4:14, 22-24) Naho ari ukwo, mu ntango ntibamwizeye. (Yoh. 7:5) Kubera iki? Bibiliya nta vyo ivuga. Ariko rero, iravuga n’imiburiburi ibintu bibiri vyatumye Abayuda badakurikira Yezu. Bamwebamwe baratinya kwitwa ibicibwa mu kibano. (Yoh. 9:18-22) Abandi na bo bari bazi Yezu kuva akiri muto, ku buryo vyabagoye kwemera ko yaje aserukira Imana. (Mrk. 6:1-4) Birashoboka ko na benewabo na Yezu bari basigaye babona ibintu gutyo nyene. None ibintu nk’ivyo vyoba vyoshikira n’incuti zacu?
8. Ni igiki coshobora gutuma incuti zacu zivuga canke zikora ibintu bitubabaza?
8 Gerageza kwiyumvira igituma bavuga canke bakora ibintu bikubabaza. Benewabo na Yezu bashobora kuba bari mu bavuze ko ‘yari yasaze.’ (Mrk. 3:21) Ni igiki gishobora kuba caratumye biyumvira gutyo? Iyo nkuru yerekana ko Yezu yari yafatiriwe cane no kwigisha abantu, ku buryo abura umwanya wo gufungura. (Mrk. 3:20) Birashoboka ko ico kintu caciye gituma izo ncuti ziwe zibona ko aheba akarenza urugero mu gukorera Imana. Incuti zacu na zo nyene zoshobora kwiyumvira ko dukavya mu gukorera Imana. Nimba ukwo ari ko babibona, turakwiye kwitwararika kuvuga no gukora ibintu bituma babona ko ivyo biyumvira atari vyo.
9. Ni igiki coshobora gutuma incuti zacu zihindura ukuntu zitubona? (1 Petero 3:1, 2) (Raba n’amafoto.)
9 Nureke inyifato yawe abe ari yo yivugira. Amajambo n’ibikorwa biranga umutima mwiza, birashobora gutuma incuti zacu zihindura ukuntu zitwiyumvira. (Soma 1 Petero 3:1, 2.) Umugabo atari Icabona yoshobora gushavura canke akumva ko atitwararitswe igihe abonye ko umugore wiwe agiye kw’ikoraniro canke mu ndimiro. Kugira ngo uwo mushiki wacu yirinde ko ivyo biba, yoshobora guhindura urutonde rwiwe rw’ibikorwa vy’impwemu kugira ngo aze aramarana umwanya munini n’umugabo wiwe. Nk’akarorero, yoshobora kuza araja kwamamaza igihe umugabo wiwe afatiriwe canke igihe atari muhira. Iyo mushiki wacu akoze ibitegereka akemera kugira ivyo ahinduye, birashobora gutuma umugabo wiwe ahindura ukuntu abona Ivyabona.
Amajambo meza be n’ibikorwa biranga umutima mwiza, birashobora gutuma uwo mwubakanye atari Icabona ahindura ukuntu abona Ivyabona (Raba ingingo ya 9)f
10. Twokwigana gute Yezu igihe abandi batuvuze uko tutari?
10 Niwirinde kugira ico uvuze igihe cose bakuvuze uko utari. Igihe Yezu bamubeshera ko yari umukunzi w’inda kandi ko yatwawe n’umuvinyu, ntiyaciye arondera kwisigura. Ahubwo yabasavye kuraba ivyo akora, kugira ngo bibafashe kumenya ukuri aho kuri. (Mat. 11:19) Vyongeye, yarerekanye biciye ku karorero kiwe yuko yari umuntu aryohererwa ubuzima. (Gereranya na Yohani 2:2, 6-10.) Na wewe rero, ntukwiye guca ugira ico uvuze igihe cose incuti zawe zikuvuze uko utari. Ahubwo nyabuna, biciye ku vyo ukora nubereke yuko uri umuntu atarenza urugero kandi ahimbarirwa ubuzima maze ubwabo bibonere ukuri aho kuri. Ivyo vyoshobora gutuma babona ko ivyo abantu batuvugako ari ibinyoma.
NUGUME WIHANGANA KANDI NTUTAKAZE ICIZERE
11. Yezu yafashe gute benewabo batamwizera?
11 Inkuru zo mu Njili, zerekana ko Yezu yagumye yihanganira benewabo. Nk’akarorero, biboneka ko na bo nyene bari i Kana igihe Yezu yakora igitangaro ciwe ca mbere. (Yoh. 2:11, 12) Nk’uko twamaze kubivuga, benewabo na Yezu ntibamwizera. Naho ari ukwo, Yezu ntiyaciye abakurako amaboko. Bibiliya ivuga ko haciye nk’imyaka itatu inyuma y’ico gitangaro yakoreye i Kana, Yezu yaganirije benewabo abigiranye umutima mwiza.—Yoh. 7:5-8.
12. Ni igiki codufasha kuguma twizigiye ko bamwe mu ncuti zacu boshobora guhinduka?
12 Kubona tumaze gutahura neza imbabazi za Yehova, biratuma tudatakaza icizere. Amadini y’ikinyoma niyakurwaho, incuti zacu zoshobora kuzoca zibuka ko twari twarazibwiye ko ico kintu cobaye.a (Ivyah. 17:16) Hari naho mbere bofata ingingo yo kwifatanya natwe, bamaze kubona ya makuba akomeye atanguye. Ariko rero mu kurindira, bishitse bakagira ingorane ubu, turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tubafashe. Tuberetse ko tubakunda vy’ukuri kandi ko tubitwararika, hari aho vyotuma bipfuza kwiga ukuri.
NUBEREKE KO UBAKUNDA
13. Naho dufise vyinshi dukora mu gikorwa c’Umukama, ni igiki dukwiye kubako maso?
13 Naho dufise vyinshi dukora mu gikorwa c’Umukama, turakwiye kwirinda gutuma incuti zacu ziyumvira ko tutabafitiye umwanya, canke ko tutakibakunda. (Mat. 7:12) None twokwerekana gute ko tubitwararika? Raba ibintu bimwebimwe twokora.
14-15. Kimwe mu vyo twokora kugira twereke incuti zacu ko tuzikunda, ni igiki? Tanga akarorero.
14 Nuze urabayagisha kandi ubereke ko ubakunda. Turereka incuti zacu ko tuzikunda mu kuza turaziha amakuru atwerekeye. Nk’akarorero, twoshobora kubarungikira akamesaje, hamwe n’amafoto twafashe turi mu karuhuko, turi ku rugendo, canke turiko turaryoherwa n’abagenzi. Kubaha agakado gasanzwe canke kubandikira agakete karemesha, na vyo nyene birashobora gukomeza ubucuti dufitaniye na bo. Iyo twibwirije tugakora ivyo bintu, tuba tuberetse ko tubakunda.
15 Raba akarorero ka mushiki wacu umwe yitwa Anna, wo muri Arumeniya. Abo mu muryango wabo barakunda guhurira hamwe canecane mu bihe vyo guhimbaza imisi mikuru y’ivuka canke iyindi misi mikuru idashingiye kuri Bibiliya. Igihe Anna yamenya ukuri, abo mu muryango wiwe barahagaritse umutima, kuko biyumvira ko ivyo yari asigaye yemera vyotumye aca ahagarika kwifatanya na bo. Barahagaritse umutima kandi ku ngingo yafashe yo kuba Icabona kuko babona ko vyokwononye kazoza kiwe. None Anna akora iki kugira ngo abahumurize? Avuga ati: «Iyo ngiye kuramutsa abo mu muryango, ndababwira uko merewe be n’ibikorwa mba mazemwo imisi. Vyongeye, ndabatumira aho mba, nkabereka n’abagenzi banje. Ivyo vyatumye abo mu muryango wanje benshi bamenyana n’abagenzi banje, kandi bakisanzura bari kumwe na bo.» Abandanya ati: «Benshi mu bo mu muryango wanje bavuze ko babona yuko mpimbawe, kandi ubu ntibagihagarika umutima ku binyerekeye.»
16. Yezu yerekanye gute ko yitwararika mwenewabo Yakobo? (Raba n’akajambo k’epfo.)
16 Nubereke ko ubitwararika. Yezu amaze kuzuka, yarerekanye ko yitwararika mwenewabo Yakobo mu kumwiyereka ku giti ciwe. (1 Kor. 15:7) Iyumvire ingene Yakobo yanezerewe cane abonye ko Yezu atigeze amuheba. Uwo mubonano ushobora kuba ari wo watumye Yakobo ajijuka ko Yezu yari Mesiya. Inyuma y’uwo mubonano, Yakobo ashobora kuba yaciye aja gufasha abandi bo mu muryango iwabo gutahura ko Yezu yari we Mesiya.b—Ivyak. 1:14.
17. Twoshira mu ngiro gute impanuro dusanga mu Baroma 12:15? (Raba n’ifoto.)
17 Soma Abaroma 12:15. Iyo tweretse incuti zacu ko tuzitwararika, haba mu bihe vyiza canke bibi, birashobora gutuma bahindura ingene batubona.c Nk’akarorero, twoshobora kubakeza igihe bibarutse umwana kandi tukabarungikira agakado kugira ngo tubereke ko tunezeranywe na bo. Igihe na ho uwo mu muryango abuze uwiwe, twoshobora kuja kumwirura, kumufasha mu tuntu tumwetumwe akeneye, canke tukamurungikira agakete ko kumuhoza. Turakwiye kwama twitwararika kwama tubayagisha, canecane igihe baba bari mu ngorane zikomeye.
Niwerekana ko witwararika incuti zawe, canecane igihe babikeneye cane, birashobora gutuma bahindura ukuntu bakubona canke ukuntu babona ivyo wemera (Raba ingingo ya 17)g
18. Twokwigana gute intumwa ya Yezu yitwa Andereya?
18 Nubafashe kumenyana n’abo musangiye ukwemera. Igihe Andereya yamenya ko Yezu ari we Mesiya, yaciye aja kurondera mwenewabo Petero kugira ngo amuhuze na Yezu. (Yoh. 1:40-42) None natwe twomwigana gute? Nk’akarorero, rimwe na rimwe twotumira incuti zacu ngo tujane kw’ikoraniro canke ngo dusangirire hamwe ibifungurwa n’abavukanyi bacu. Tubahuje n’abo dusangiye ukwemera, bazokwibonera ko Ivyabona ari abantu basanzwe kandi bimereye neza.
19. Twofata gute incuti zacu n’igihe nyene zoba zidatahura neza bimwebimwe mu vyo twemera? (1 Petero 3:15)
19 Soma 1 Petero 3:15. Abo mu muryango wacu, boshobora kudatahura neza igituma tudakora ibintu kanaka. Ariko rero, ntibazokwigera bibagira ingene tubafatana umutima mwiza be n’ukuntu tububaha. Naho tutifatanya na bo mu misi mikuru no mu migenzo bidashingiye kuri Bibiliya, bazohimbarwa nitwagira akigoro ko kwifatanya na bo mu bindi bihe. Nk’akarorero, twoshobora kuja kubaramutsa, gusangirira hamwe ibifungurwa, canke kubaha udukado mu bindi biringo.
NTURAMBIRWE NO GUFASHA INCUTI ZAWE
20. Kubera iki akarorero ka Yakobo katuremesha?
20 Naho Yakobo ataronse akaryo ko kujana na Yezu mu gikorwa c’Imana, mu nyuma yahavuye aba umwigishwa wiwe. (Gal. 1:18, 19; 2:9) Naho yabaye umwigishwa wa Yezu atevye, biboneka ko yagumije ku mutima inyigisho za Yezu. Nk’akarorero, ikete Yakobo yanditse ahumekewe n’Imana, ririmwo ivyigwa bisa n’ivyo Yezu yatanze muri ya nsiguro yo ku musozi.d
21. Kubera iki tudakwiye kurambirwa mu gufasha incuti zacu tudasangiye ukwemera?
21 Naho twogira akigoro kangana gute kugira ngo twitwararike incuti zacu tudasangiye ukwemera, zoshobora kutazokwemera kwiga ukuri canke ntizikenguruke ivyo tuzikorera. Kubera iki none tutoca turambirwa no kubafasha? Kubera yuko igihe cose tuzoba tubitwararitse, tuzoba twiganye ya Mana yacu y’imbabazi Yehova be n’Umwana wiwe Yezu. (Luka 6:33, 36) Uko hazoca igihe, ukuntu tubafatana urukundo birashobora kuzotuma bahindura uko batubona. Boshobora no kuzokwibuka ivyo twababwiye ku vyerekeye Yehova. Nitutarambirwa no kubafasha, twoshobora kuzohimbarwa no kwibonera bamwe muri bo bifatanya natwe mu gusenga Yehova.
URURIRIMBO RWA 60 Boshobora kurokoka
a Raba ikiganiro kivuga ngo «Ni ibiki tuzi ku bijanye n’imanza Yehova yimirije guca?» mu Munara w’Inderetsi wo muri Rusama 2024, rup.11, ing. 11-13.
b N’imiburiburi, babiri muri benewabo na Yezu ari bo Yakobo na Yuda, bahavuye baba abakirisu inyuma y’aho Yezu azukiye.
c Raba uruzitiro ruvuga ngo «Woba wokwitaba ubugeni bwabo canke amaziko yabo?»
e Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ukuntu wovyifatamwo mu biringo nk’ivyo, raba «Ibibazo vy’abasomyi» mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2002 be n’uwo ku wa 15 Munyonyo 2007.
f INSOBANURO Y’AMAFOTO: Mushiki wacu umwe abanje gutegurira umugabo wiwe ibifungurwa, imbere y’uko aja kwamamaza.
g INSOBANURO Y’IFOTO: Uwo mushiki wacu nyene arafashe akanya ko kuja kuramutsa inabukwe atari Icabona.