ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb23 Munyonyo rup. 13
  • Ico noterera kugira tugume tuvugwa neza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico noterera kugira tugume tuvugwa neza
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo bijanye
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Gusoma Bibiliya buri musi no kurondera ubukerebutsi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Kurikirana iterambere ryawe
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ivyotuma uronkera umunezero mwinshi mu gikorwa co kwamamaza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
mwb23 Munyonyo rup. 13

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ico noterera kugira tugume tuvugwa neza

Abantu barabona ingene Ivyabona vya Yehova bigenza. (1Kr 4:9) Twokwibaza duti: “Ivyo mvuga n’ivyo nkora vyoba bituma Yehova aninahazwa?” (1Pt 2:12) Nta gukeka ko tutipfuza gukora ikintu na kimwe cokwonona izina ryiza Ivyabona vya Yehova bamaze imyaka myinshi bihesha.​—Ums 10:1.

Mu bihe bikurikira, niwandike ukuntu umukirisu akwiye kuvyifatamwo be n’ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya yofasha:

  • Umuntu atari Icabona arakubwiye nabi n’ishavu ryinshi

  • Impuzu zawe, imodoka canke inzu biracafuye

  • Hashinzwe itegeko risa n’irirenganya canke risa n’irigoye gukurikiza

Udufoto: Amafoto yakuwe mw’ividewo «Barafatana uburemere ivyo gutanga amakuru y’ukuri.» 1. Umuvukanyi ariko aragira ubushakashatsi mu gitabu. 2. Umuvukanyi na mushiki wacu bariko basuzuma amakuru ajanye n’ivyo bariko bagirira ubushakashatsi. 3. Ibipapuro birimwo amakuru batohoje biri iruhande y’agatabu «Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie.» 4. Umugore ariko araraba ku rubuga jw.org muri terefone yiwe.

Abashakashatsi bo mu Rwego nshingwayandika baterera gute mu gutuma tuvugwa neza?

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO BARAFATANA UBUREMERE IVYO GUTANGA AMAKURU Y’UKURI, MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:

Ni igiki kigutangaza ku bijanye n’utwigoro ishirahamwe rigira kugira ritange amakuru y’ukuri?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika