UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Gutungana mu vyo twiyumvira
Ntitwerekana gusa ugutungana mu vyo tuvuga no mu vyo dukora, ariko kandi turakwerekana no mu vyo twiyumvira. (Zb 19:14) Ku bw’ivyo, Bibiliya iduhimiriza kwiyumvira ibintu vy’ukuri, ibihimbaye, ibigororotse, ibitanduye, ivyo gukundwa, ibivugwa neza, ibijanye n’ingeso nziza, n’ibibereye gushimagizwa. (Fp 4:8) Ego ni ko, ntidushobora kwama tubuza ivyiyumviro bibi kwinjira mu muzirikanyi wacu. Ariko, kwigumya birashobora kudufasha kwikuramwo ivyiyumviro bibi tukabisubiriza ivyiyumviro vyiza. Kugumana ugutungana mu vyo twiyumvira biradufasha kugumana ugutungana mu vyo dukora.—Mr 7:21-23.
Kuri kimwekimwe cose mu vyanditswe bikurikira, niwandike ibintu dukwiye kwirinda kwiyumvira: