UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Muzigame ubumwe kuko ari ubw’agaciro
IGITUMA BIHAMBAYE: Buca Yezu yicwa, yarasenze asaba ko abigishwa biwe ‘boba umwe.’ (Yoh 17:23) Kugira tugume twunze ubumwe, dutegerezwa kugaragaza urukundo kuko “[ruta]za ruraharura ikibi rukorewe.”—1Kr 13:5.
UKO TWOBIGIRA:
Niwigane Yehova mu kurondera iciza mu bandi
Nubabarire abandi ata gahigihigi
Mumaze gutunganya ikibazo, ntusubire kukivyura.—Img 17:9
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ‘NIMUGIRIRANIRE URUKUNDO HAGATI YANYU’: NTUZE URAHARURA IKIBI UKOREWE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Mu gice ca mbere c’iyi videwo, Helene yerekanye gute ko ‘yaza araharura ikibi yakorewe’?
Mu gice ca kabiri, Helene yarwanije gute ivyiyumviro bibi maze atangura kubona ibintu mu buryo bwiza?
Helene yahavuye agira ico aterereye gute ku bumwe bw’ishengero?
Igihe tuza turaharura ikibi twakorewe, ni nde canecane tuba turiko turababaza?