ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w21 Ruhuhuma rup. 25
  • Vyose vyavuye ku kumwenyura!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Vyose vyavuye ku kumwenyura!
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Ivyo bijanye
  • Ivyiza biriko birava ku gukoresha ka kantu k’amapine kw’isi yose
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Muzigame ubumwe kuko ari ubw’agaciro
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Imana irabatera iteka ikabaha n’icubahiro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Kumwenyura ni ingabire wohako n’abandi
    Be maso!—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
w21 Ruhuhuma rup. 25

Vyose vyavuye ku kumwenyura!

Helen ariko aramwenyura ahagaze iruhande ya ka kantu k’amapine. Abigeme babiri baciye iruhande yiwe.

IGIHE kimwe, abigeme babiri bariko baraca mu gisagara gikorerwamwo ivy’ubudandaji citwa Baguio muri Filipine. Barabonye ka kantu k’amapine dushirako ibitabu, ariko ntibaja kuraba. Mushiki wacu yitwa Helen yari ahagaze iruhande yako, yaciye abamwenyurira abigiranye umutima mwiza. Naho abo bigeme bagumye bigira, barakozwe ku mutima n’ukuntu Helen yabamwenyuriye n’igishika cinshi.

Mu nyuma, abo bigeme babiri bariko barataha bari muri bisi, barabonye icapa kinini canditseko jw.org kiri ku Ngoro y’Ubwami. Baciye bibuka ko gisa n’ico bari babonye kuri ka kantu k’amapine. Baciye bururuka baja kuraba urutonde rw’amakoraniro y’amashengero atandukanye, rwari ku muryango w’irembo ry’iyo Ngoro y’Ubwami.

Ba bigeme babiri bariko baramwenyura babonye Helen ku Ngoro y’Ubwami.

Abo bigeme baritavye rimwe mu makoraniro yakurikiye. Ndagupfinze uwo babonye igihe binjira mu Ngoro y’Ubwami! Yari Helen! Baciye bibuka ko ari umwe yabamwenyurira. Helen yavuze ati: “Igihe nabona baza bantumbereye, umutima warasimvye. Niyumviriye ko kumbure hari ikintu kibi nari nakoze.” Ariko abo bigeme baciye basigurira Helen ingene vyari vyagenze.

Bararyohewe n’iryo koraniro be n’ukuntu babakiriye. Bumvise bisanze. Igihe babona abandi bariko baragira isuku ikoraniro riheze, barabajije nimba na bo bofasha. Naho umwe muri bo yahavuye aja mu kindi gihugu, uwo wundi yaratanguye kwitaba amakoraniro no kwiga Bibiliya. Vyose vyavuye ku kumwenyura!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika