Ikaseti Videwo Unis grâce à l’enseignement divin (Barafatanye mu Nda Bivuye ku Nyigisho Iva ku Mana): Ni Ikintu Cerekana Ubumwe Nyakuri Burangwa mu Bavukanyi
Hari Umucungezi w’umuzunguruko yagiye ku nyigisho ya Bibiliya imwe yarongorerwa umukenyezi atari bwatangure kwitaba amakoraniro y’ishengero. Yaramutumiye kuraba ya videwo Unis grâce à l’enseignement divin. Muri iyo ndwi nya mukenyezi yaritavye ikoraniro hanyuma avuga ko yahimbawe cane n’ukuba ari ho yari. Ni kuki kuraba iyo videwo kwaciye kuvamwo ibintu nk’ivyo? Ni uko nya mukenyezi yatangajwe cane n’ukuntu yerekana ubumwe bw’agaciro ntangere burangwa mu bavukanyi buriko burakora mw’isi yuzuyemwo ubukazi n’urwanko.—Yoh. 13:35.
Nurabe iyo videwo kugira ngo wibonere wongere wiyumvemwo amahoro n’urukundo Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi bariko barinovora. Hanyuma nuheze uzirikane kuri ibi bibazo:
(1) Ni kuki “Inyigisho iva ku Mana” wari umutwe-shimikiro ubereye w’amahwaniro y’intara yo mu 1993-1994?—Mika 4:2.
(2) Ukuri kwa Bibiliya kwoba gufise insobanuro iyihe ku miryango imwimwe? Kwoba gufise insobanuro iyihe ku muryango wawe?
(3) Ni kuki bihambaye kwigishwa na Yehova?—Zab. 143:10.
(4) Ni ingorane izihe bategerezwa gutsinda kugira bategure amahwaniro mpuzamakungu maninimanini?
(5) Muri Zaburi 133:1 no muri Matayo 5:3 wabonye hagaragaye gute ko ari ko biri ku mahwaniro ya gikirisu woba umaze kwitaba?
(6) Ni ikimenyamenya kiboneka ikihe kihari c’uko utwosho inyigisho iva ku Mana igira dufise ububasha?—Ivyah. 7:9.
(7) Ni igitigiri ikihe c’abantu benshi babatirijwe icarimwe bakaba Abakirisu b’ukuri kuruta abigeze kubatizwa ikindi gihe?
(8) Ni amajambo ayahe ya Mika, ya Petero n’aya Yezu ariko ararangukira ku Vyabona vya Yehova?
(9) Ni igiki kikwemeza ko umuryango w’abantu wunze ubumwe kandi uhimbawe atari indoto nsa?
(10) Iyo videwo uzoyereka bande kandi kubera iki?
Aho umuvukanyikazi umwe amariye kuraba iyo videwo, yaravuze neza muri make ati: “Iyi videwo izomfasha cane kugumiza ku muzirikanyi ko abavukanyi n’abavukanyikazi benshi b’Abakirisu bo mu mihingo yose yo kw’isi bariko barasukurira Yehova batadohoka muri uwu mwanya nyene. . . . Ese ukuntu ubumwe burangwa mu bavukanyi ari ubw’agaciro ntangere!”—Ef. 4:3.