4-10 Kigarama
ZEFANIYA 1–HAGAYI 2
Ururirimbo rwa 27 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Rondera Yehova umusi w’ishavu ryiwe utarashika”: (Imin. 10)
[Erekana akavidewo kavuga Incamake y’igitabu ca Zefaniya.]
Zf 2:2, 3—Rondera Yehova, rondera ubugororotsi, rondera ubutekereji (w01 1/3 9 ing. 5-7)
[Erekana akavidewo kavuga Incamake y’igitabu ca Hagayi.]
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Zf 1:8—Ni ingabisho iyihe dusanga muri uyu murongo? (w07 15/11 11 ing. 3)
Hg 2:9—Ni mu buryo ki ubuninahazwa bw’urusengero rwa Zerubabeli bwaruta ubw’urusengero rwa Salomo? (w07 1/12 9 ing. 2)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Hg 2:1-14
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Tegura uburyo bwo gutanguza ibiyago muri uku kwezi: (Imin. 15) Guhana ijambo ku gice kivuga ngo “Ingene twotanguza ibiyago.” Kuri buri buryo, nimwerekane akavidewo bijanye muce muganira ku vyiyumviro nyamukuru. Remesha abamamaji guha abantu benshi bashoboka Be maso! No. 6 2017. Ariko rero, kubera ko twipfuza kuvugana n’abantu imbonankubone, ntituzosiga iyo Be maso! aho tutazoba twasanze abantu.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ibikenewe iwanyu: (Imin. 5)
Ururimi rutyoroye rutuma haba ubumwe n’amahoro (Zf 3:9): (Imin. 10) Ikiganiro co guhana ijambo gishingiye ku Munara wo ku wa 15 Myandagaro 2012, rup. 12 ing. 4. Erekana akavidewo kavuga ngo Abari bahoze ari abansi bacitse abagenzi.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) kr ikig. 22 ing. 8-16
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 22 n’isengesho