Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Nzero
“Abantu bamwebamwe baremera ko Bibiliya ari igitabu co kwizigirwa c’ubuhanuzi. Abandi na bo babona ko irimwo ibintu bitumvikana vyavuzwe imbere y’igihe bishobora gusobanurwa mu buryo bwinshi. Weho uvyibazako iki?” Rindira yishure. Ca umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero, maze musuzumire hamwe ibiri munsi y’agatwe ka mbere ko ku on rupapuro rwa 16 musome n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize nya binyamakuru hanyuma muvugane ingene wosubira kumugendera kugira muyage ku kibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Munyonyo
“Abantu bamwebamwe bibaza ko ukuntu Bibiliya ibona ivy’igitsina kwataye igihe kandi ko ituzitira bitari ngombwa. Abandi na bo barashigikira ukuntu Bibiliya ibona ibintu. Weho bite? [Rindira yishure.] Raba ivyo iki canditswe kivuga ku bijanye n’aho ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zikomoka. [Soma 2 Timoteyo 3:16.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene Bibiliya yishura ibibazo cumi bikunze kubazwa ku bijanye n’ivy’igitsina. Kirasigura n’ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zitugirira akamaro.”
Be maso! Gitugutu–Kigarama
“Kugira ngo abavyeyi bafashe abana babo b’imiyabaga gucika abantu bakuze kandi bitwararika ibintu, bakwiye kubafasha gutsimbataza kamere zitari zimwe, nk’iyi ivugwa mu Baheburayo 5:14. [Hasome uce urindira agire ico avuze.] Iki kiganiro kirerekana igituma ivyo bigora abavyeyi bamwebamwe be n’ico bokora kugira babishikeko.” Numwereke ikiganiro gihera ku rupapuro rwa 24.