Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu kwezi kwa Kigarama: Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Nimba muri urwo rugo hariho abana, nimushikirize igitabu Igira Kuri wa Mwigisha Ahambaye canke Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Nzero: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimwihatire gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe mugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Nimba abanyamuhana baramaze kuronka ico gitabu bakaba kandi batemeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, abamamaji boshobora gushikiriza ikinyamakuru ico ari co cose ca kera canke agatabu ako ari ko kose karimwo ibintu bishimisha uwo muntu. Ruhuhuma: Abamamaji boshobora gushikiriza kimwe muri ibi bikurikira: Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, La Bible : Parole de Dieu ou des hommes ?, hamwe na Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous ?
◼ Icibutso co mu 2013 kizoba ku wa kabiri igenekerezo rya 26 Ntwarante.