Mu vyo kwamamaza, nta karuhuko kigera kabaho
1. Tumenyeshwa n’iki ko abamamaji bo mu kinjana ca mbere batigera babona ko bari mu karuhuko mu vyo kwamamaza?
1 Abamamaji b’inkuru nziza b’abanyamwete bo mu kinjana ca mbere bavuga inkuru nziza “badatezura” ahantu hose abantu baba bari. (Ivyak. 5:42) Biragoye rero kwiyumvira ko igihe baba bariko baramamaza inzu ku nzu, barengana abo bahura ku nzira batababwiye inkuru nziza. Eka mbere ntibareka kwamamaza akaryo kizanye igihe baba bariko barasuma mw’isoko bamaze kurangiza umurimo wo mu ndimiro. Nka kumwe kwa Yezu, ntibigera babona ko bari mu karuhuko mu vyo kwamamaza.—Mrk. 6:31-34.
2. Kugendera izina ryacu birimwo n’iki?
2 Twame twiteguye: Izina ryacu ry’Ivyabona vya Yehova ntiridondora gusa ivyo dukora, ariko kandi riradondora abo turi. (Yes. 43:10-12) Rero, twama twiteguriye kuburanira icizigiro cacu, n’igihe tutaba turiko turamamaza inzu ku nzu. (1 Pet. 3:15) Woba ugerageza kubona imbere y’igihe ibihe woshobora kwamamaza akaryo kizanye maze ugaca wiyumvira ico wovuga? Woba wama witwaza ibitabu, ibinyamakuru, canke udupapuro tw’inkuru nziza woha aboshimishwa? (Imig. 21:5) Woba wamamaza gusa inzu ku nzu, canke urabwira inkuru nziza n’abantu baba bari mu bindi bibanza igihe bishoboka?
3. Kubera iki imvugo ngo “ubundi buryo” atari yo mvugo nziza cane ibereye gukoreshwa mu kudondora ukwamamaza kw’ibarabara, mu maparikingi y’imiduga, mu bibanza vyo kwisamarizamwo, mu bibanza bigirirwamwo ubudandaji, n’ibindi?
3 Si “ubundi buryo” bwo kwamamaza: Vyahora bishika tugakoresha imvugo ngo “ubundi buryo” mu kuvuga ibijanye no kwamamaza kw’ibarabara, mu maparikingi y’imiduga, mu bibanza vyo kwisamarizamwo, mu bibanza bigirirwamwo ubudandaji, n’ibindi. Ariko rero, iyo mvugo ngo “ubundi buryo” yohava isa n’iyerekana ko kugira utwigoro nk’utwo bidahuye n’uburyo dusanzwe twamamaza, canke ko ari ikintu umuntu ashobora gukora canke ntakore. Intumwa Paulo yavuze ko yamamaje inkuru nziza “ku mugaragaro” n’inzu ku nzu. (Ivyak. 20:20) Rero, imvugo ngo kwamamaza “ku mugaragaro” irabereye kuruta imvugo ngo “ubundi buryo” bwo kwamamaza. Ni ivy’ukuri yuko kwamamaza inzu ku nzu buguma ari bwo buryo nyamukuru kandi ngirakamaro kuruta ubundi bwose bwo gushikira abantu tubashiriye ubutumwa bw’Ubwami. Ariko rero, abamamaji b’inkuru nziza bo mu kinjana ca mbere bibanda cane ku bantu aho kwibanda cane ku mazu. Ntibagisha akaryo na kamwe kaba kabonetse ko kuvuga ivyerekeye ukuri, haba ku mugaragaro, akaryo kizanye, canke inzu ku nzu. Nimuze natwe twibande ku bantu kugira turangure ubusuku bwacu bimwe bishitse.—2 Tim. 4:5.