Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 12 Kigarama
INDWI ITANGURA KU WA 12 KIGARAMA
Ururirimbo rwa 43 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 14 ing. 1-5, n’uruzitiro ruri ku rup. 112 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 6-10 (Imin. 10)
No. 1: Yesaya 6:1-13 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Inguvu y’ubuzima iri mu bantu no mu bikoko yitwa impwemu (td 15B) (Imin. 5)
No. 3: Urukundo ntirwigera runanirwa—11 Kor. 13:8; 1 Yoh. 4:8 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu 2012. Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’ishure. Nuce irya n’ino ivyiyumviro vyo mu rutonde rwo mu 2012 bikeneye gushimikwako ng’aho iwanyu. Niwibutse ibijanye n’uruhara rw’umuhanuzi w’inyongera. Nuremeshe bose kugira ubwira mu kwitwararika ibiganiro bashingwa, mu kugira uruhara mu kiganiro c’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya no mu gushira mu ngiro inama zitangwa ku ndwi ku ndwi zivuye mu gitabu Ishure ry’Ubusuku.
Imin. 15: “Mu vyo kwamamaza, nta karuhuko kigera kabaho.” Ibibazo n’inyishu. Igihe murimbura ingingo ya 2, nubaze ibibazo muri make umwamamaji avyifatamwo neza mu kwamamaza akaryo kizanye. Musabe asigure ukuntu yitegura imbere y’igihe, yigane n’icabonywe ciza.
Ururirimbo rwa 135 n’isengesho