Noba ndiko nkora ibihagije?
1. Ni imyitwarariko iyihe umukirisu w’umwizigirwa yoshobora kugira?
1 Woba urigera wibaza ico kibazo? Ushobora kuba utakigira uruhara mu busuku nk’uko wigeze kuba ubigira bivuye ku kwiterera mu myaka, ku ngorane z’amagara canke ku mabanga yiyongereye yo mu muryango, ivyo bikaba bituma ucika intege. Umuvukanyikazi umwe afise abana batatu yanditse yuko rimwe na rimwe yumva yiyagirije kubera yuko umwanya afata wo kwitararika umuryango wiwe be n’inguvu bimusaba bituma adashobora gukora vyinshi mu busuku. None ni igiki kizodufasha kubona ibintu mu buryo buri ku burimbane?
2. Yehova atwitezeko iki?
2 Ico Yehova atwitezeko: Nta gukeka ko twese twipfuza gukora vyinshi mu busuku. Ariko akenshi usanga hariho itandukaniro rinini hagati y’ivyo twipfuza gukora be n’ivyo dushoboye vy’ukuri gukora. Kuba twipfuza gukora vyinshi vyerekana yuko tutari abantu bafata ibintu minenegwe. Turakwiye kwibuka yuko Yehova azi neza aho tugarukiriza be n’uko atadusaba gukora ivyo tudashoboye. (Zab. 103:13, 14) None atwitezeko iki? Yipfuza ko tumukorera tubigiranye umutima wacu wose, tukamukorera ivyo dushoboye vyose.—Kol. 3:23.
3. Dushobora gute kurimbura ibijanye n’utwigoro tugira mu busuku?
3 Ni igiki kizodufasha kumenya ivyo twebwe ubwacu dushoboye vy’ukuri? Turashobora gusaba Yehova ngo adufashe kubona ata kwihenda uko ivyacu vyifashe. (Zab. 26:2) Umugenzi mukirisu twizigiye ahumuye atuzi neza kandi adatinya kutubwira nimba hari ico dukeneye kuryohora, na we nyene arashobora kudufasha. (Imig. 27:9) Niwibuke kandi yuko ari vyiza kwama turimbura uko ivyacu bimeze kubera ko ukuntu ibintu vyifashe kuza kurahinduka.—Ef. 5:10.
4. Dukwiye kubona gute ivyibutswa bishingiye kuri Bibiliya bijanye n’ubusuku?
4 Ukuntu dukwiye kubona ivyibutswa turonka: Mw’isiganwa, akenshi abarorerezi barashigikira abirutsi. Baba bafise intumbero yo gufasha abo birutsi gushika kw’ihangiro ryabo, ntibaba bashaka kubaca intege. Muri ubwo buryo nyene, indemesho be n’ivyibutswa bishingiye kuri Bibiliya bitangwa ku makoraniro yacu be no mu bisohokayandikiro vyacu bidusaba ‘kwamamaza rya jambo tuvyihatira,’ tubihabwa ku bw’ineza yacu kandi ntibishaka kwerekana yuko utwigoro tugira hari ukuntu tudahagije. (2 Tim. 4:2) Turashobora guhera amazinda yuko nitwaguma tugerageza gukora ivyo dushoboye vyose, Yehova azokwibuka ‘urukundo rwacu n’ibikorwa vyacu’ yongere abishime.—Heb. 6:10.