Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 19 Mukakaro
INDWI ITANGURA KU WA 19 MUKAKARO
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 23 ing. 22, 23 be n’uruzitiro
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 12-14
No. 1: 1 Abami 12:12-20
No. 2: Ni igiki gishobora kudufasha kubona abavukanyi bacu nk’uko Yehova ababona?
No. 3: Mariya yari nyina wa Yezu, ntiyari “nyina w’Imana” (td 33A)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Uburyo bwo kwagura ubusuku bwawe—Igice ca 2. Insiguro ishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 112, ingingo ya 3 gushika ku rupapuro rwa 114, ingingo ya 1. Nubaze ibibazo umutsimvyi umwe canke babiri ku bijanye n’ingene bashoboye kugira ivyo bahinduye mu rutonde rwabo kugira ngo bashobore kuba abatsimvyi.
Imin. 10: Uko wokwitegurira umwaka wishure ukurikira. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abumviriza bavuge zimwezimwe mu ngorane abakirisu bakiri bato bahura na zo kw’ishure. Nusigure ingene abavyeyi bashobora gukoresha ca gitabu Index, vya bitabu Urwaruka ruribaza, be n’ibindi bikoresho vya gitewokarasi mu kiringo c’Ugusenga kwo mu muryango kugira ngo bategure abana babo bazoshobore kunanira ibibosha nabi no gusigura ivyo bemera. (1 Pet. 3:15) Nuhitemwo iciyumviro kimwe canke bibiri, maze wigane amwamwe mu makuru ngirakamaro ari mu bisohokayandikiro vyacu. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu bashoboye gushinga intahe igihe bari bakiri kw’ishure.
Imin. 10: “Noba ndiko nkora ibihagije?” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.