Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 12 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 12 GITUGUTU
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 4-6
No. 1: Gusubira mu vyagezwe 4:15-28
No. 2: Niwibuke Yehova be n’Umwana wiwe (lr ikig. 37)
No. 3: Ni ryari bishobora kuvugwa yuko bike ari vyo vyiza kuruta? (Imig. 15:16)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Insiguro ishingiye ku makuru ari mu gitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 98, ingingo ya 1, gushika ku rupapuro rwa 99, ingingo ya 1. Nusabe abamamaji bagire ico bavuze muri make ku munezero bironkeye bivuye ku kwigisha umuntu ukuri.
Imin. 10: Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Gitugutu. Nimugire imyerekano ibiri. Muri umwe hakwiye kuvyurwa ikibazo coshobora kwishurwa igihe musubiye kugendera uwo muntu. Inyuma y’umwerekano umwumwe, mwoshobora kugirana ikiganiro kigufi n’abumviriza, mugashira ahabona ico mwahigiye.
Imin. 10: “Woba witeguriye gushinga intahe akaryo kizanye?” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.