Woba witeguriye amazimano y’ivy’impwemu?
1. Ni imyiteguro nyabaki igirwa ku bw’amazimano?
1 Amazimano asaba kwitegura cane. Hategerezwa kuboneka ibifungurwa, bigategurwa ku buryo biryoha, hanyuma bikazimanwa. Ivyo gutanga izo mfungurwa birakenera gutunganywa. Vyongeye ahantu ivyo bifungurwa biza gufungurirwa hategerezwa gutegurwa. Abashitsi na bo nyene bategerezwa kwitegura, na canecane nimba bafata urugendo rurerure kugira bashike aho hantu. Naho hasabwa ibikorwa vyinshi, gusangirira hamwe n’abagenzi be n’umuryango imfungurwa ziryoshe kandi ngirakamaro, birahimbaye ntiworaba. Ubu bwa vuba, Ivyabona vya Yehova kw’isi yose bazohurira hamwe mu migwi mininiminini na mitomito kugira ngo basangirire hamwe imfungurwa z’ivy’impwemu bamaze igihe kitari gito barindiranye igishika, ni ukuvuga Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo ‘Mugume muri maso!’ Harakozwe vyinshi mu gutegura iyo porogarama no mu gutunganya ibindi bintu. Twese twaratumiwe. Kugira ngo tuzobe ari ho turi kandi tuhungukire bimwe bishitse, na twebwe nyene turakeneye kwitegura, umwe wese ku giti ciwe.—Imig. 21:5.
2. Kugira ngo tuzobe ari ho turi mu biringo vyose vy’amazimano yacu y’ivy’impwemu bisaba iki?
2 Nuyungukireko bimwe bishitse: Woba umaze gusozera imyiteguro yawe ku buryo ushobora kuzoba ari ho uri mu biringo vyose vy’ayo mazimano yo mu vy’impwemu? Nimba bikenewe, nuyage n’umukoresha wawe umumenyeshe yuko uzokwitaba ibiringo vyose vy’ihwaniro ushizemwo n’umusi waryo wa mbere. Woba warahejeje gutunganya ibijanye n’ukwiyunguruza be n’uburaro? Abakurambere barakwiye kuraba neza ko abageze mu zabukuru n’abafise amagara make be n’abandi boshobora kuba bakeneye gufashwa, boba baritwararitswe.—Yer. 23:4; Gal. 6:10.
3. Ni kubera iki tudakwiye kwitaba ihwaniro mpuzamakungu tutatumiwemwo?
3 Mu mihingo imwimwe hazogirwa amahwaniro mpuzamakungu. Uraguma wibuka yuko hariho amashengero manaka be n’abantu bava mu bindi bihugu batumiwe kuri ayo mahwaniro. Mu kugira izo ntunganyo, ibiro vy’ishami vyaraharuye vyitonze ukuntu abotumirwa boba bangana bafatiye ku gitigiri c’ivyicaro be n’ivyumba vyo mu mahoteri bishobora kuboneka. Abantu boshobora kuba umurengera mu gihe abamamaji bokwitaba ihwaniro mpuzamakungu batatumiwemwo.
4. Ni ivyibutswa ibihe bizodufasha kwitegurira gutangura porogarama ya buri musi?
4 Buri musi, niwitegurire gushika kw’ihwaniro hakiri kare bihagije kugira ngo urondere aho wicara imbere y’uko porogarama itangura. Nufate iminuta mikeyi imbere y’uko ikiringo gitangura ube uratereza akajisho kuri ka gapapuro ka porogarama. Ivyo bizogufasha gutegura umutima wawe ku bw’ibizoshikirizwa. (Ezr. 7:10) Igihe umuhagarikizi w’ikiringo avuze yuko umuziki w’intango ugiye gutangura, nube urawumviriza gutyo ube uritegurira guca ugira uruhara mu ruririmbo be n’isengesho bitangura.
5. Umuryango wacu woshobora gute kwungukira bimwe bishitse kuri porogarama y’ihwaniro?
5 Mu gihe abagize umuryango bicaye hamwe mu kiringo c’ihwaniro, abavyeyi bazoshobora kubona ko abana babo bariko barakurikira neza porogarama. (Gus. 31:12) Bose baremeshwa gukurikira muri Bibiliya zabo igihe ivyanditswe bisomwa. Kugira utwo wiyandikiye vyoshobora kugufasha gutega yompi uvyitondeye. Mu nyuma, utwo wanditse tuzogufasha kwibuka ivyiyumviro nyamukuru vyari mu nsiguro. Niwirinde kuvuga bidakenewe mu kiringo c’ihwaniro canke kuva mu kibanza cawe. Nimba ufise telefone ngendanwa, ntureke ngo igusamaze canke ngo isamaze abandi mu kiringo ca porogarama. Inyuma y’ikiringo kimwekimwe c’umusi, ni kubera iki utoyaga n’abandi ivyagushimishije muri porogarama?
6. Ni umuce uwuhe w’amahwaniro yacu uhimbaye cane, kandi twowungukirako gute mu buryo bushitse?
6 Kw’ihwaniro ry’intara, tuba dufise akaryo ko kwinovora ubucuti budasanzwe dufitaniye n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu, ubutaboneka mu bantu bo mw’isi. (Zab. 133:1-3; Mrk. 10:29, 30) Ubona gute wishingiye umugambi wo kuza uridondora ku bicaye hafi yawe be no kuyaga na bo mu kiringo c’akaruhuko ko kwivuna umusase? Ico ni kimwe mu vyiza vyo kuza utekeye udufungurwa twa sasita maze ukaguma mu kibanza kiberamwo ihwaniro aho gusohoka hanze uja kuri resitora. Niwiyemeze kutagisha akaryo nk’ako ko guhanahana indemesho.—Rom. 1:11, 12.
7. Ni imyiteguro iyihe dukwiye kugira ku bijanye n’impuzu tuzokwambara?
7 Inyambaro: Birashimishije kubona Yehova yarategetse Abisirayeli gukora imibari y’ubuyonga ku mpuzu zabo, n’akagozi k’ubururu hejuru y’umubari w’ubuyonga. (Guh. 15:37-41, gereranya na NW.) Ico cari ikintu kiboneka cabibutsa yuko ari abantu bashizwe ku ruhande kugira basenge Yehova. Muri iki gihe, ukuntu twambara mu buryo buranga urupfasoni igihe turi kw’ihwaniro biradutandukanya n’isi. Birashinga intahe ikomeye ku batwihweza mbere n’igihe twoba turi muri resitora gufungura porogarama y’umusi iheze. Ku bw’ivyo, niwiyumvire witonze imbere y’igihe impuzu uzokwambara.
8. Twoshobora gute kubwira abandi inkuru nziza igihe turi mu gisagara cabereyemwo ihwaniro?
8 Nushinge intahe: Igihe tubanje kuvyiyumvira gatoyi, twoshobora kubwira abantu inkuru nziza turi mu gisagara cabereyemwo ihwaniro. Umuvukanyi umwe yagiye kuri resitora ari kumwe n’umukenyezi wiwe porogarama y’umusi iheze, yapfuye gutunga urutoke ku gakarata k’ihwaniro yari yambaye, aca abaza uwutanga ibifungurwa ati: “Woba wabonye abantu benshi bambaye bene utu dukarata?” Uwo nyene kubaha ibifungurwa yavuze yuko yari yababonye mugabo kandi ko yagumye yibaza igituma bose bari bafise bene utwo dukarata. Ivyo vyatumye ikiyago gitangura, hanyuma uwo muvukanyi aramutumira kw’ihwaniro.
9. Dushobora gute kwerekana ko dukengurukira Nyene kudutumira ari we Yehova?
9 Naho abavukanyi bacu ari bo bazoshikiriza insiguro, ibiganiro vyo kubaza ibibazo, be n’imyerekano vyose bizoshikirizwa kw’ihwaniro, Data wa twese wo mw’ijuru Yehova, ni we Mutanzi munyarukundo w’ayo mazimano y’ivy’impwemu turonka uko umwaka utashe. (Yes. 65:13, 14) Tugaragaza ko dukengurukira Nyene kudutumira mu kuba ari ho turi muri iyo misi yose maze tukinovora umuce uwo ari wo wose w’imfungurwa z’ivy’impwemu ziba ziriko zirashikirizwa. Woba warahejeje kwitegura kugira uze ubigire?
[Uruzitiro ku rup. 6]
Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro ry’intara
◼ Ibihe porogarama izoberako: Ku wa gatanu no ku w’iyinga, porogarama izotangura isaha 2:30 zo mu gitondo, ku musi wa gatandatu na ho izotangura isaha 4:30 zo mu gitondo. Igihe umuziki w’Ubwami wugurura utanguye, twese dukwiye gufata ivyicaro kugira ngo porogarama itangure mu buryo buteye iteka. Ku wa gatanu porogarama izorangira isaha 10:05 zo ku muhingamo, ku wa gatandatu irangire isaha 11:25 zo ku mugoroba, ku w’iyinga na ho izorangira isaha 9:10 zo ku muhingamo. Ku bijanye n’amahwaniro mpuzamakungu, porogarama yo ku musi wa kane izotangura isaha 7:20 zo ku muhingamo irangire isaha 10:55 zo ku mugoroba.
◼ Ugufatira abandi ibibanza: Ukwiye gufatira ibibanza abantu mwazananye mu muduga gusa canke abo mubana mu nzu.
◼ Imfungurwa za sasita: Turabinginze muzoze mwitekereye impamba, aho kuva mu kibanza c’ihwaniro mugiye kurondera ibifungurwa mu karuhuko ka sasita. Ntivyemewe kuzana inzoga ahabera ihwaniro.
◼ Intererano: Turashobora kwerekana ko dukenguruka intunganyo zagizwe ku bw’ihwaniro mu gutanga intererano zivuye ku mutima ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, haba ku Ngoro y’Ubwami iwacu canke kw’ihwaniro. Ishengero rimwerimwe ryose ryoshobora kugira umwiyemezo w’intererano rishobora gutanga. Intererano zitangwa kw’ihwaniro na zo nyene zizokoreshwa mu vyo gutunganya iryo hwaniro. Amasheki yoba atanzwe bwa ntererano kw’ihwaniro akwiye kuba yanditseko yuko ayo mahera ahabwa ishirahamwe.
◼ Ugufata amajwi n’amasanamu: Ivyuma bifata amajwi n’amasanamu vy’ubwoko ubwo ari bwo bwose ntibikwiye gucomekwa ku vyuma biduza amajwi canke ku muyagankuba vy’aho hantu, kandi vyoshobora gukoreshwa gusa mu buryo budatuma abandi basamara.
◼ Amasanganya hamwe no gutabarwa vyihutirwa: Mu gihe mu kibanza c’ihwaniro habaye ibintu bisaba gutabarwa vyihutirwa, turagusavye uce ubimenyesha uwakira abantu akwegereye na we azoce ubwo nyene abimenyesha Urwego rujejwe gutabara abarwaye, kugira ngo abantu bajejwe ico gikorwa babimenyereye bari ng’aho bashobore kuraba nimba bikomeye canke bidakomeye maze bagire ico bafashije. Abari muri urwo Rwego bazoraba ingene bobigenza kugira uwo muntu atabarwe vyihutirwa.
◼ Abafise ingorane yo kwumva neza: Nimusabe mwicare hafi y’umushikirizansiguro.
◼ Amavuta amota: Amahwaniro amwamwe abera ahantu hugaye. Ku bw’ivyo rero, vyoba biranga ubuntu dukoresheje mu buryo buri ku rugero amavuta amota cane be n’amaparufe bishobora kumerera nabi abafise ingorane zijanye no guhema canke izindi ngorane nk’izo.—1 Kor. 10:24.
◼ Udupapuro two kwuzuza hasabwa gukurikirana umuntu yashimishijwe: Agapapuro ko kwuzuza kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) gakwiye gukoreshwa mu gutanga amakuru yerekeye umuntu uwo ari we wese ashimishijwe igihe dushinze intahe akaryo kizanye mu gihe c’ihwaniro. Abamamaji bakwiye kugenda kw’ihwaniro bitwaje ako gapapuro kamwe canke tubiri. Udupapuro twujujwe woshobora kuduha abo mu Rwego rujejwe ibitabu canke ukaduha umunyamabanga w’ishengero ryanyu umaze gutaha.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma 2005, urupapuro rwa 6.
◼ Telefone ngendanwa: Umuntu akwiye kuyiregera ku buryo idasamaza abandi.
◼ Uburaro: Hazoboneka amasomero yo kuraramwo. Akenshi bizokenerwa ko umwe wese yizanira ibisaswa hamwe n’ibikoresho vyo guteka. Turabasavye mutashe, muzosige aho hantu hasukuye. Ivyo bizoshingira intahe ikomeye izina rya Yehova be n’abasavyi biwe.