Porogarama y’Umusi w’iteraniro ridasanzwe ryimirije
Porogarama y’Umusi w’iteraniro ridasanzwe ryo mu mwaka w’umurimo wa 2009 ifise umutwe shimikiro uvuga ngo “Ugume uri maso ku busuku . . . , ngo ubushitse,” ikaba ishingiye ku Bakolosayi 4:17. Twebwe abakirisu, turafatana uburemere ako kamo. Intumbero yacu ni iyo gushitsa ubusuku bwacu tudahemuka nk’uko nyene na Yezu yabigira. (Yoh. 17:4) Intumwa Paulo na we nyene yaraduhaye akarorero keza cane muri ivyo. Yari yiyemeje kurangiza urugendo rwiwe mu bijanye n’ubusuku.—Ibik. 20:24.
Insiguro y’umucungezi w’umuzunguruko izokwerekana ukuntu abamamaji batandukanye bariko baratsinda intambamyi mu busuku bwabo. Hanyuma, insiguro ifise umutwe uvuga ngo “Niwitwararike ivyo wateragiye,” izoca ishira ahabona ukuntu dushobora vy’ukuri gufasha abantu “bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.” (Ibik. 13:48) Umushikirizansiguro w’umushitsi ubwa mbere azoca irya n’ino umurongo ku wundi 2 Abakorinto 6:1-10 mu nsiguro igira iti: “Ukuntu twishimagiza nk’abasuku.” Ku muhingamo na ho, azoshikiriza insiguro ifise umutwe uvuga ngo “Nufatane uburemere ubusuku bwawe.” Nta gukeka ko uzoremeshwa n’insiguro ivuga ngo “Abato n’abakuze banezererwa ubusuku” be n’iyivuga ngo “Abakiri bato bashitsa ubusuku bwabo.” Abipfuza kugaragaza ukwiyegura kwabo biciye ku kubatizwa mu mazi muri rimwe mu materaniro yimirije mu muzunguruko, boshobora kubimenyesha umucungezi muhagarikizi vuba bishoboka. Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi ni umuce uhambaye ugize amateraniro n’amahwaniro yacu yose. Uraza wibangikanije ikinyamakuru cawe kizoba cigwa mu ndwi iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe rizoberako.
Mu kuguma turi maso turaba ko dushitsa ubusuku bwacu, turihatira kuraba neza yuko ibindi bikorwa bitanyoha ivyo Yehova yadushinze. Indemesho zo mu Vyanditswe zitangwa biciye kuri iyi porogarama y’Umusi w’iteraniro ridasanzwe, zikwiye kudufasha twese kumenya ico dukeneye gukora kugira ngo tugume twitwararika ibintu bihambaye no kugira ngo dufate umwanya wo gusuzuma ubusuku turangura, turi n’intumbero yo kuburangura bimwe bishitse.