Porogarama y’Umusi w’iteraniro ridasanzwe ryo mu 2010
1. (a) Ni imitwe-shimikiro ishingiye ku Vyanditswe iyihe yarimbuwe ku materaniro adasanzwe yo mu myaka iheze? (b) Hoba hari ivyiyumviro nyamukuru binaka wakuye mu materaniro adasanzwe y’umusi umwe yarangiye vyoba vyaragufashije mu busuku urangura?
1 “Mwiyemeze neza ibintu bihambaye kuruta ivyo ari vyo,” “Duhagarare dushikamye tugize ubusho bumwe,” “Nitubandanye gushingira intahe ukuri,” be na “Turi ibumba, Yehova na we ni umubumvyi wacu.” (Flp. 1:9, 10, 27; Yoh. 18:37; Yes. 64:8) Iyo ni mike gusa mu mitwe-shimikiro myinshi twaciye irya n’ino ku materaniro adasanzwe y’umusi umwe twagize mu myaka iheze. Woba ushashaye kuzokwitaba iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe ryo mu mwaka w’umurimo wa 2010? Rizoca irya n’ino umutwe-shimikiro ugira uti: “Igihe gisigaye ni kigufi,” wakuwe mu 1 Abakorinto 7:29.
2. Mwokora iki kugira ngo murindirane igishika iryo teraniro?
2 Mukimara kumenyeshwa mw’ishengero igenekerezo iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe rizoberako, nuce utangura kuririndirana igishika. Abavyeyi bamwebamwe barafasha abana babo kurindirana igishika iryo teraniro mu gushira ku kirangamisi c’umuryango igenekerezo rizoberako, bakagira urutonde rw’ibikenewe, maze bagaca baharura imisi isigaye. Mu kiringo c’Umugoroba uhariwe ugusenga kwo mu muryango, mwoshobora kwihweza ivyo mwiyandikiye igihe mwari ku materaniro adasanzwe y’umusi umwe aheruka. Murashobora kandi gutegura imitima yanyu ku bw’ico kintu cimirije mu kwihweza igitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, urupapuro rwa 13-16, kugira ngo bibafashe mwe n’umuryango wanyu “[kwitwararika] ukuntu mwumviriza.”—Luka 8:18.
3. Dushobora gute kwungukira bimwe vyuzuye ku bizoshikirizwa?
3 Nushire mu ngiro ivyo wiga: Hari amajambo akunze kuvugwa inyuma y’iteraniro, na yo akaba agira iti: “Ese ukuntu iri teraniro ryari riryoshe!” Ivyo ni ko vyama biri, kubera yuko iyo ari imwe mu ntunganyo nyinshi ngirakamaro ziva kuri Yehova. (Imig. 10:22) Kugira ngo ivyo wumvise bigire ico bivamwo, utegerezwa kubizirikanako kandi ukabizigama. (Luka 8:15) Nimufate akanya igihe muri mu nzira muriko murataha inyuma y’iteraniro, muganire ibijanye na nya porogarama uko mugize umuryango canke mwe n’abo muri kumwe mu muduga. Nimuganire ku bijanye n’amahangiro umwumwe afise be n’ivyiyumviro bizobafasha mu busuku murangura. Nimwabigenza gutyo, bizogira ico biterereye kugira ngo ivyo muzoba mwarumvise muvyungukireko no mu gihe hazoba haciye imisi myinshi muvuye kuri iryo teraniro.—Yak. 1:25.
4. Ni kubera iki iri teraniro rizotubera iridasanzwe?
4 Twama nantaryo dukorwa ku mutima iyo turonse ingabirano ngirakamaro ije neza na neza tuyikeneye. Wumva none tutarindiranye igishika ivyo Yehova atubikiye kw’iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe twimirije? Turashobora kwizigira tudakeka ko tuzovyungukirako mu buryo bwose. Turashobora kwitega ko Data wa twese wo mw’ijuru Yehova, azoturonsa ingabirano dukeneye nyene mu kuturemesha no mu kutumenyereza kugira ngo turangure ca gikorwa yadushinga gukora.—2 Tim. 4:2; Yak. 1:17.