ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/08 rup. 4
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 7/08 rup. 4

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’inderetsi 1 Ruh.

“Imwe mu nkuru zo muri Bibiliya zizwi cane ni iyerekeye Nowa na rya Segenya. Woba wibaza ko iryo Segenya ryabaye vy’ukuri? [Rindira yishure.] Birashimishije kubona Yezu yararivuze nk’ikintu cabaye koko. [Soma Luka 17:26, 27.] Iki kinyamakuru kiratanga imvo zikwiye gutuma twemera inkuru yerekeye iryo Segenya, kikerekana n’ivyigwa bihambaye itwigisha.”

Réveillez-vous! Ruh.

“Kurera umwana ntivyoroshe, na canecane igihe aba ageze mu buyabaga, maze akagira amahinduka akomeye. Wibaza ko ari hehe abavyeyi bokura impanuro zo kwizigirwa? [Rindira yishure, uce usoma Yesaya 48:17, 18.] Iki kinyamakuru kiratanga ivyiyumviro bimwebimwe bihuye n’igihe vyofasha abavyeyi gukorana ubukerebutsi n’ugutahura.”

Umunara w’Inderetsi 1 Ruh.

“Woba wibaza ko amadini yose yemerwa n’Imana? [Rindira yishure.] Birashimishije kubona ukuntu Imana yavyifashemwo igihe Isirayeli ya kera yaja mu vyo kugira imigenzo y’ivy’idini yagirwa n’amahanga yari ayikikuje. [Soma Ezekiyeli 6:6.] Iki kiganiro kirishura iki kibazo: ‘Hoba hari ico bitwaye dupfuye uko dusenze Imana?’” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 9.

Réveillez-vous! Ruh.

“Nta nkeka ko wokwemera yuko imyaka y’ubuyabaga ari imyaka ahanini igoye cane ku miyabaga cokimwe no ku bavyeyi babo. Woba wibaza ko gukurikiza iyi mpanuro vyotuma abavyeyi bongereza ubuhanga bwabo bwo kurera? [Soma Yakobo 1:19, uce urindira yishure.] Uzohimbarwa n’ivyiyumviro ngirakamaro bishingiye kuri Bibiliya biri muri iki kinyamakuru.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika