Twigane ubutungane bwa Yehova
1 “Uhoraho akunda [“ubutungane”, NW]” (Zab. 37:28). Ku bw’ivyo, naho yashinze ko iyi si itagororotse itegerezwa gusangangurwa, yararinganije ko habanza gutangwa imburi (Mrk. 13:10). Ivyo biraha abantu akaryo ko kwigaya no kurokoka (2 Pet. 3:9). Twoba twihatira kwigana ubutungane bwa Yehova? Ubukene be n’ugucumukura umuryango w’abantu urimwo, vyoba bituma dusangira n’abandi icizigiro c’Ubwami (Imig. 3:27)? Ugukunda ubutungane bizodusunikira kugira umwete mu kwamamaza.
2 Twamamaze tutagize nkunzi: Tubwiye abantu bose umugambi w’Imana tutagize nkunzi, tuba ‘dukurikije ubutungane’ (Mika 6:8, NW). Dutegerezwa kunanira impengamiro abantu b’abanyagasembwa bafise yo gucira abandi urubanza bisunze ukuntu baboneka inyuma (Yak. 2:1-4, 9). Yehova “[a]gomba kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri” (1 Tim. 2:4). Ijambo ry’Imana ry’ukuri rirashobora gutuma haba amahinduka akomeye mu buzima bw’abantu (Heb. 4:12). Kumenya ivyo birashobora gutuma twegera abantu dufise ukwizigira, harimwo mbere n’abashobora kuba barizivye amatwi muri kahise.
3 Hari ukuntu umuvukanyikazi umwe akora ku mangazini yari yatewe ubwoba n’ingene umukiriya yama aza kuhagura ibintu aboneka. Naho vyari ukwo, igihe uwo muvukanyikazi yaronka akaryo kabereye, yaragerageje gushinga intahe kuri uyo mugabo ku bijanye n’Iparadizo Imana yasezeranye. Yamwishuye adacisha ku ruhande ko atemera ibitito be n’uko ari umuntu akurikiza ivyiwe adakurikiza ibigirwa mu kibano (abo bita aba hippie), kandi ko afata ibiyayuramutwe. Ariko uwo muvukanyikazi ntiyaciye atana n’akabando. Umusi umwe, uwo mukiriya yarabajije ico yoba yiyumvira ku mishatsi yiwe [y’uwo mukiriya] miremire. Nya muvukanyikazi abigiranye ubugenge yaramusiguriye ico Bibiliya ibivugako (1 Kor. 11:14). Erega yaratangaye kubona bukeye yasanze wa mugabo yimosheje wa mushatsi, asigaranye mukeya! Uwo mugabo yaciye asaba ko bamugirira inyigisho ya Bibiliya, umuvukanyi umwe aca arahimbarwa no kuyimurongorera, none uwo mugabo yarateye imbere arashika ku kwiyegura no ku kubatizwa. Cokimwe n’uwo mugabo, benshi mu bariko barasukurira Yehova muri iki gihe barakenguruka utwigoro tudatezura ababazaniye ubutumwa bw’Ubwami bagize ata kugira nkunzi.
4 Yehova agiye gukuraho ukugabitanya kw’isi iyo iva ikagera (2 Pet. 3:10, 13). Mu gihe gitoya gisigaye, ese twokwigana ubutungane bwa Yehova mu guha akaryo abantu bose kugira baze barokoke isangangurwa ry’isi ya Shetani itagororotse!—1 Yoh. 2:17.