ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/8 rup. 22-26
  • Yehova—Soko ry’Ubutungane n’Ubugororotsi Nyakuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova—Soko ry’Ubutungane n’Ubugororotsi Nyakuri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubutungane bwa Yehova Bureza Umutima
  • Ugutomora Ubutungane Ico Ari Co
  • Ubutungane bw’Imana Burahushanye n’Ubutungane Bugoramitswe
  • Ubugororotsi Bushobora Kugirirwa Umuntu Wese
  • Igana Yehova—Ukoreshe Ubutungane n’Ubugororotsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • “Inzira ziwe zose ziragororotse”
    Niwiyegereze Yehova
  • Yezu “ashiraho ubutungane mw’isi”
    Niwiyegereze Yehova
  • “Kurikiza ubutungane” mu kugendana n’Imana
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/8 rup. 22-26

Yehova—Soko ry’Ubutungane n’Ubugororotsi Nyakuri

“Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo [“akarenganyo,” NW].”—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 32:4.

1. Ni kubera iki ugukenera ubutungane ari ikintu gisanzwe kiturimwo?

NK’UKO nyene umuntu wese asanzwe akanera gukundwa, ni ko twese dushaka kugirirwa ibintu mu butungane. Nk’uko umukuru mu vy’intwaro wo muri Leta ya Amerika, Thomas Jefferson yanditse, “[ubutungane] ni ikintu kiri mu muntu kandi c’indemanwa, . . . kikaba kiri mu bitugize nka kurya kw’inyiyumvo, ukubona, canke ukwumva.” Ivyo ntibitangaje, kuko Yehova yaturemye mw’ishusho yiwe bwite. (Itanguriro 1:26) Si ivy’imbeshere, yadushizemwo kamere zigaragaza uko we ateye, muri izo hakaba harimwo ubutungane. Ni co gituma dusanganywe ugukenera ubutungane, kandi ni co gituma twumva dushaka kuba mw’isi y’ubutungane n’ubugororotsi nyakuri.

2. Ubutungane buhambaye kuri Yehova ku rugero rungana iki, kandi ni kuki dukeneye gutegera ico ubutungane bw’Imana busobanura?

2 Ku biraba Yehova, Bibiliya iradukura amadidane iti: “Inzira ziwe zose ziragororotse.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:4) Ariko mw’isi iruhijwe n’akarenganyo, ntivyoroshe gutegera ico ubutungane bw’Imana busobanura. Ariko rero mu gitabu c’Ijambo ry’Imana, turashobora kuhatahurira ukuntu Imana ikoresha ubutungane, kandi turashobora mbere kurushiriza gutahura inzira z’igitangaza z’Imana. (Abaroma 11:33) Gutahura ubutungane mu buryo Bibiliya ibuvuga ni ngirakamaro kubera ko iciyumviro dufise c’ubutungane gishobora guhengamikwa n’ivyiyumviro vy’abantu. Ku bw’abantu, ubutungane bushobora gufatwa gusa nk’ugukoresha amategeko mu buryo butagira nkunzi. Canke nk’uko umufilozofe Francis Bacon yanditse, “ubutungane ni uguha umuntu wese ivyo akwiriye.” Ariko rero ubutungane bwa Yehova ntiburimwo ivyo gusa.

Ubutungane bwa Yehova Bureza Umutima

3. Ni igiki tumenya iyo turimbuye amajambo y’indimi z’intango yakoreshejwe muri Bibiliya avuga ivy’ubutungane n’ubugororotsi?

3 Urugero rw’ubutungane bw’Imana umuntu ashobora kurushirizaho kurutahura arimbuye ukuntu amajambo y’indimi z’intango yakoreshwa muri Bibiliya.a Birakwegera ubwenge kubona mu Vyanditswe ata tandukaniro rikomeye riri hagati y’ubutungane n’ubugororotsi. Kukaba nkako, amajambo y’Igiheburayo rimwe na rimwe arakoreshwa injanirane nk’uko tubibonera muri Amosi 5:24, aho Yehova ahimiriza igisata ciwe ati: “Imanza ziroranye [“ubutungane,” NW], reka zisendanishe nk’amazi, n’ukugororoka gusendanishe nk’uruzi rudahōka.” Vyongeye, incuro zitari nke ‘ubutungane n’ubugororotsi’ biboneka biri hamwe kugira ngo habe ugushimika.—Zaburi 33:5; Yesaya 33:5; Yeremiya 33:15; Ezekiyeli 18:21; 45:9.

4. Gukoresha ubutungane bisobanura iki, kandi urupimo ntabanduka rw’ubutungane ni uruhe?

4 Ni insobanuro iyihe iri muri ayo majambo y’Igiheburayo n’ay’Ikigiriki? Gukoresha ubutungane mu buryo Ivyanditswe bibivuga, bisobanura gukora ibigororotse, bitagiramwo nkunzi. Kubera ko Yehova ari we ashinga amategeko n’ingingo bigenga inyifato runtu, canke ibigororotse n’ibiringaniye, uburyo Yehova agira ibintu ni rwo rupimo ntabanduka rw’ivy’ubutungane. Igitabu Theological Wordbook of the Old Testament gisigura yuko ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwemwo ubutungane (tseʹdheq) “ryerekeza ku rupimo rugenga inyifato runtu, kandi rero mw’Isezerano rya Kera urwo rupimo rukaba ari kamere y’Imana n’ukugomba kwayo.” Gutyo rero, uburyo Imana ikurikiza ingingo zayo, na canecane uburyo igirira ibintu abantu b’abanyagasembwa, burerekana ubutungane n’ubugororotsi nyakuri ico ari co.

5. Ni kamere izihe zijana n’ubutungane bw’Imana?

5 Ivyanditswe birerekana bitomoye yuko ubutungane bw’Imana bweza umutima aho kuba ubukaze canke ubutagondeka. Dawidi yaririmvye ati: “Yehova ni umukunzi w’ubutungane, kandi ntazota intahemuka ziwe.” (Zaburi 37:28, NW) Ubutungane bw’Imana butuma igaragariza ubwizerwe n’imbabazi abasavyi bayo. Ubutungane bw’Imana buratuma yita ku vyo dukeneye kandi bigatuma itubabarira kubera ukuba turi abanyagasembwa. (Zaburi 103:14) Ivyo ntibisobanura yuko Imana yirengagiza ubukozi bw’ikibi, kuko gukora ityo kwoba ari ukuremesha akarenganyo. (1 Samweli 3:12, 13; Umusiguzi 8:11) Yehova yasiguriye Musa yuko ari ‘munyakigongwe na mugwaneza, ateba gushavura kandi agwije ubuntu mvarukundo n’ukuri.’ Naho Imana ifise umutima wo kurekura ikosa n’ikigabitanyo, ntizobura guhana ababikwiriye.—Kuvayo 34:6, 7.

6. Yehova agirira ibintu gute abana biwe bo kw’isi?

6 Igihe tuzirikana ku kuntu Yehova akoresha ubutungane, ntidukwiye kumwiyumvira nk’umucamanza atagira impuhwe, yitwararika gusa ugukatira urubanza inkozi z’ikibi. Ahubwo riho, dukwiye kumwiyumvira nk’umuvyeyi w’umunyarukundo ariko ashikama, uwama nantaryo agirira ibintu abana biwe mu buryo bwiza bushoboka. Umuhanuzi Yesaya yavuze ati: “[Ewe Yehova, NW] uri Data wa twese.” (Yesaya 64:8) Kubera ko Yehova ari Umuvyeyi w’umunyabutungane n’umunyabugororotsi, ugushikama ku bigororotse aragushiramwo uburimbane akoresheje imbabazi agirira abana biwe bo kw’isi, abakeneye gufashwa canke kugirirwa ikigongwe kubera ibintu bigoye baba barimwo canke intege nke bagira z’umubiri.—Zaburi 103:6, 10, 13.

Ugutomora Ubutungane Ico Ari Co

7. (a) Ni igiki twigira mu buhanuzi bwa Yesaya ku vyerekeye ubutungane bw’Imana? (b) Ni uruhara uruhe Yezu yari afise mu kwigisha amahanga ivyerekeye ubutungane?

7 Ukuntu ubutungane bwa Yehova burangwa imbabazi buteye kwaragaragajwe igihe Mesiya yaza. Yezu yarigishije ubutungane bw’Imana, yongera abaho ahuza na bwo, nk’uko vyari vyaravuzwe n’umuhanuzi Yesaya. Mu buryo butomoye rero, ubutungane bw’Imana burimwo n’ukugirira ibiranga ikibabarwe abantu bavunitse umutima. Gutyo, ntibavunika umutima ubutakivayo. Yezu “umushumba” wa Yehova, yaje kw’isi ‘gutomorera amahanga’ uwo muce w’ubutungane bw’Imana. Ivyo yarabikoze, canecane mu kuduha akarorero kazima k’ico ubutungane bw’Imana busobanura. Kubera ko Yezu ari ‘ishami ritunganye’ ryashamitse ku Mwami Dawidi, yari ashashaye ‘kurondera ubutungane kandi yarabangukira gukora ivy’ubugororotsi.’—Yesaya 16:5; 42:1-4; Matayo 12:18-21; Yeremiya 33:14, 15.

8. Ni kuki ubutungane n’ubugororotsi nyakuri vyari bitazwi mu kinjana ca mbere?

8 Ukwo gutomora ukuntu ubutungane bwa Yehova buteye kwari gukenewe canecane mu kinjana ca mbere G.C. Abakurambere b’Abayuda n’indongozi z’idini—abanyabwenge b’Ivyanditswe, Abafarisayo n’abandi—bavuze ivy’ubutungane n’ubugororotsi mu buryo bugoramye bongera babutangira akarorero katari ko. Ingaruka vyagize, abantu batobato basanze bidashoboka kubaho bisunga ibisabwa vyashizweho n’abanyabwenge b’Ivyanditswe hamwe n’Abafarisayo, kumbure baca biyumvira yuko ubugororotsi bw’Imana ata woshobora kubushikira. (Matayo 23:4; Luka 11:46) Yezu yarerekanye yuko ivyo atari ko vyari bimeze. Yatoranije abigishwa biwe abakuye muri abo bantu batobato, hanyuma abigisha ingingo zigororotse z’Imana.—Matayo 9:36; 11:28-30.

9, 10. (a) Abanyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarisayo barondeye kugaragaza gute ubugororotsi bwabo? (b) Yezu yahishuye gute yuko imigenzo y’abanyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarisayo ari ivy’imfagusa, kandi ivyo yabihishuye kuki?

9 Abafarisayo bo bironderera uburyo bwo kugaragaza “ukugororoka” kwabo mu gusenga canke mu gutanga intererano aho abantu bababona. (Matayo 6:1-6) Baranagerageje kugaragaza ukugororoka kwabo mu kwumira ku mategeko n’inyigisho bidaharurwa—vyinshi muri ivyo bikaba vyari ivyo bo ubwabo bishiriyeho. Utwigoro mwene utwo twatumye “[ba]reka ubutungane n’urukundo rw’Imana.” (Luka 11:42, Ubwuzure Bushasha) Inyuma bashobora kuba baboneka nk’abagororotse, ariko imbere bari ‘buzuye ubugarariji,’ canke ubukozi bw’ibibi. (Matayo 23:28) Tubivuze mu buryo bworoshe, nta kintu kinini bari bazi ku bugororotsi bw’Imana.

10 Ku bw’ico, Yezu yaraburiye abayoboke biwe ati: “Ukugororoka kwanyu ni kutaruta ukw’abanyabgenge b’ivyanditswe n’ukw’Abafarisayo, [ntimu]zoruha mwinjira mu bgami bgo mw’ijuru.” (Matayo 5:20) Itandukaniro rikomeye ryari hagati y’ubutungane bw’Imana bwagaragajwe na Yezu n’ukwibona ubugororotsi kw’intagondozwa kw’abanyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarisayo, ryatumye hakunda kuba ukutumvikana hagati yabo.

Ubutungane bw’Imana Burahushanye n’Ubutungane Bugoramitswe

11. (a) Ni kuki Abafarisayo babajije Yezu ivyerekeye ugukiza kw’Isabato? (b) Inyishu Yezu yatanze yahishuye iki?

11 Igihe Yezu yari mu gikenurwa ciwe i Galilaya mu mpeshi yo mu 31 G.C., yabonye mw’isinagogi umuntu yari yaranyunyutse ukuboko. Kubera ko hari kw’Isabato, Abafarisayo babajije Yezu bati: “Mbega birēmerwa gukiza kw isabato?” Aho kubabazwa vy’ukuri n’ubucumukure uwo muntu yigorewe yarimwo, bipfuza kuronka icitwazo co kunegura Yezu, nk’uko ikibazo babajije kivyerekana. Ntibitangaje rero kubona Yezu yarababajwe n’imitima yabo ikomantaye! Maze yaciye abasubiza ikindi kibazo gisa na co ata guca hirya, ati: “Mbeg’ivyemerwa n’ugukora ivyiza kw isabato canke n’ugukora ibibi?” Bagumye banumye, maze Yezu yiyishurira ikibazo ciwe mu kubabaza ko batotabara intama yaguye mu kinogo kw’Isabato.b Yezu yakoresheje ivyiyumviro ntahinyuzwa ati: “Mbega non’umuntu ntaruta intama cane?” Yasozereye ati: “None rero birēmerwa [canke ni vyiza] gukora ivyiza kw’isabato.” Ubutungane bw’Imana ntibukwiye kwigera buzitirwa n’imigenzo y’abantu. Yezu amaze gutomora ico ciyumviro, yaciye akiza kwa kuboko kwa wa mugabo.—Matayo 12:9-13; Mariko 3:1-5.

12, 13. (a) Mu buryo bunyuranye n’abanyabwenge b’Ivyanditswe be n’Abafarisayo, Yezu yerekanye gute ko yitwararika gufasha abanyavyaha? (b) Ubutungane bw’Imana be n’ukwibona ubugororotsi bitandukaniye ku ki?

12 Niba Abafarisayo bitwararika buhoro abafise ubumuga bw’umubiri, abigorewe mu vy’impwemu bobo ntituvuge. Ukuntu babona ukutariko ubugororotsi kwatumye biyobagiza kandi bagasuzugura abatozakori n’abanyavyaha. (Yohana 7:49) Yamara rero abenshi mwene abo baritavye inyigisho ya Yezu, kandi bategerezwa kuba barategereye icipfuzo yari afise co gufasha abantu aho kubacira urubanza. (Matayo 21:31; Luka 15:1) Ariko rero Abafarisayo barasuzuguye utwigoro Yezu yagira two gukiza abantu bari barwaye mu vy’impwemu. Bidodomvye bamwagiriza ngo “Uyo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.” (Luka 15:2) Mu kwishura ico kirego cabo, Yezu yongeye gukoresha ikigereranirizo kijanye n’ubworozi. Nk’uko nyene umwungere anezerwa igihe atoye intama yazimiye, ni ko abamarayika mw’ijuru banezerwa igihe umunyavyaha yihanye. (Luka 15:3-7) Yezu ubwiwe yaranezerewe igihe yashobora gufasha Zakayo akihana ingendo yiwe y’ivyaha yari yarahozemwo. Yezu yavuze ati: “Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.”—Luka 19:8-10.

13 Izo mpaka birumvikana yuko zihishura itandukaniro ryari hagati y’ubutungane bw’Imana—bwo burondera kuvura no gukiza—n’ivy’ukwibona ubugororotsi birondera gushira hejuru abari ku rushi, bigacira urubanza abenshi. Imigenzo y’imiziririzo itagira ico imaze kandi yashizweho n’abantu yari yatumye abanyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarisayo bagira ubwishime kandi bakibona ko bahambaye, mugabo Yezu yarashize ahabona atihenze yuko bari “[ba]retse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye [“ubutungane,” NW], n’imbabazi n’ukwizera.” (Matayo 23:23) Nitwigane Yezu mu gukoresha ubutungane nyakuri mu vyo dukora vyose, kandi tube maso ngo ntitugwe mu mutego w’ukwibona ubugororotsi.

14. Kimwe mu bitangaro Yezu yakoze kigereranya gute yuko ubutungane bw’Imana butirengagiza uko ivy’umuntu vyifashe?

14 Naho Yezu yihojeje amategeko Abafarisayo bari barishingiye, yarubahirije vy’ukuri Ivyagezwe vya Musa. (Matayo 5:17, 18) Mu kugenza atyo, ntiyaretse ngo ugukurikiza ivyo Vyagezewe urudome ku rundi guhonyange ingingo zari muri vyo. Igihe umugore yari amaze imyaka 12 arwaye ubutinyanka bw’urudaca yakora ku vyambarwa vyiwe hanyuma agakira, Yezu yamubwiye ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.” (Luka 8:43-48) Ayo majambo ya Yezu agaragaza impuhwe yaremeje yuko ubutungane bw’Imana butari bwirengagije uko ivy’uwo mugore vyari vyifashe. Naho yari uwuhumanye mu bantu, akaba ku bwa ngingo yari arenze Ivyagezwe vya Musa mu kuja hagati y’isinzi ry’abantu, ukwizera kwiwe yari akwiriye kuguhemberwa.—Abalewi 15:25-27; gereranya n’Abaroma 9:30-33.

Ubugororotsi Bushobora Kugirirwa Umuntu Wese

15, 16. (a) Ikigereranirizo Yezu yatanze c’Umusamariya w’imbabazi kitwigisha iki ku vyerekeye ubutungane? (b) Ni kuki dukwiye kwirinda kuba “umugororotsi arengeje urugero”?

15 Turetse ivy’uko Yezu yashimitse ku mbabazi ziri mu butungane bw’Imana, yarigishije kandi abigishwa biwe yuko ubutungane bw’Imana bukwiye kugirirwa abantu bose. Yehova yashaka ko uwo mushumba wiwe ‘ashikana ubutungane ku mahanga.’ (Yesaya 42:1) Ico ni co ciyumviro cari muri kimwe mu bigereranirizo Yezu yatanze birusha ibindi kuba rurangiranwa, kimwe c’Umusamariya w’imbabazi. Ico kigereranirizo cari ico kwishura ikibazo cari kivyuwe n’umugabo yari umuhanga mu Vyagezwe, akaba yashaka “kwiyerekana nk’ūgororotse.” Yabajije ati: “Mbega mugenzanje ni nde?,” kumbure akaba yashaka kugarukiriza imbabazi ziwe ku bantu b’Abayuda. Umusamariya avugwa muri ico kigereranirizo Yezu yatanze yarerekanye ubugororotsi bw’Imana, kubera ko yemeye gukoresha umwanya wiwe n’amahera yiwe mu gufasha umuntu w’akavamahanga. Yezu yasozereye ikigereranirizo ciwe ahanura uwari amubajije ico kibazo ati: “Nawe genda ugire urtyo.” (Luka 10:25-37) Mu gihe natwe dukoreye iciza abantu bose ata kuraba ibara ryabo ry’urukoba canke ubwoko bakomokamwo, tuzoba turiko turigana ubutungane bw’Imana.—Ivyakozwe 10:34, 35.

16 Akarorero k’abanyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarisayo na ko karatwibutsa yuko niba dushaka gukoresha ubutungane bw’Imana, tudakwiye kuba “umugororotsi arengeje urugero.” (Umusiguzi 7:16) Kurondera kwigaragaza ku bandi ko turi abagororotsi, canke kubona amategeko yashinzwe n’abantu nk’ayahambaye bimwe birenze urugero, ntibizotuma dushimwa n’Imana.—Matayo 6:1.

17. Ni kuki bihambaye cane ko tugaragaza ubutungane bw’Imana?

17 Imvo imwe yatumye Yezu atomorera amahanga ukugene ubutungane bw’Imana buteye, kwari ukugira ngo abigishwa biwe bose bashobore kwiga kugaragaza iyo kamere. Ni kuki ivyo bihambaye cane? Ivyanditswe biraduhimiriza ‘kwigana Imana,’ kandi inzira z’Imana zose ni ubutungane. (Abanyefeso 5:1) No muri Mika 6:8 (NW) nyene harasigura yuko kimwe mu vyo Yehova asaba ari uko ‘twokoresha ubutungane’ uko tugendana n’Imana yacu. Si aho honyene, muri Zefaniya 2:2, 3 haratwibutsa yuko niba dushaka guhishwa mu gihe c’umusi w’uburake bwa Yehova, dutegerezwa ‘kurondera ubugororotsi’ imbere y’uko uwo musi ushika.

18. Ni ibibazo ibihe vyishurwa mu kiganiro gikurikira?

18 Iyi misi y’iherezo turimwo igoye rero ni “[i]gihe co kwemererwamwo,” igihe co gukoresha ubutungane. (2 Ab’i Korinto 6:2) Turashobora kwemera tudakeka yuko, nka kumwe kwa Yobu, mu gihe ‘twambara ukugororoka’ ‘ubutungane na bwo bukatubera nk’umutamana,’ Yehova azoduhezagira. (Yobu 29:14) None ukwizera ubutungane bwa Yehova kuzodufasha gute guhanga amaso kazoza dufise umwizero? Vyongeye, uko turindira “isi nsha” itunganye, ubutungane bw’Imana budukingira gute mu vy’impwemu? (2 Petero 3:13) Ikiganiro gikurikira kirishura ivyo bibazo.

[Utujambo tw’epfo]

a Mu Vyanditswe vy’Igiheburayo hakora amajambo nyamukuru atatu. Rimwe muri ayo (mish·patʹ) kenshi rihindurwa ngo “ubutungane.” Yandi abiri (tseʹdheq hamwe na tsedha·qahʹ rijanye na ryo) kenshi ahindurwa ngo “ubugororotsi.” Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “ubugororotsi” (di·kai·o·syʹne) risigurwa ngo “ukuba kigororotse canke gitunganye.”

b Akarorero Yezu yatanze yari yagacaguye neza kubera ko amategeko yo ku munwa yatanzwe n’Abayuda yabarekurira mu buryo butomoye gutabara igikoko kiri mu marushwa kw’Isabato. No ku bindi bihe bitari bike harabaye impaka kuri ico kibazo nyene, barondera kumenya ko vyoba vyemewe gukiza kw’Isabato canke ko bitemewe.—Luka 13:10-17; 14:1-6; Yohana 9:13-16.

Woshobora Gusigura?

◻ Ubutungane bw’Imana busobanura iki?

◻ Yezu yigishije gute amahanga ubutungane?

◻ Ni kuki ubugororotsi bw’Abafarisayo bwari bwaragoramitswe?

◻ Ni kuki dukeneye gukoresha ubutungane?

[Ifoto ku rup. 24]

Yezu yaratomoye urugero rw’ubutungane bw’Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika