IKIGABANE CA 11
“Inzira ziwe zose ziragororotse”
1, 2. (a) Ni akarenganyo k’agahomerabunwa akahe kagiye karashikira Yozefu? (b) Yehova yakosoye gute ako karenganyo?
KARI akarenganyo k’agahomerabunwa. Nya musore w’akaranga nta caha yari yakoze, yamara yagiye abona bamuta mw’ibohero, bamubeshera ngo yashatse gufata umugore ku nguvu. Ariko ubwo ntibwari bwo bwa mbere arenganywa. Imyaka nk’ingahe imbere y’aho, igihe yari afise imyaka 17, uwo musore Yozefu yarahemukiwe n’abo bavukana baramugurisha, kandi habuze gato ngo bamwice. Ico gihe yari yagurishijwe aba umuja mu kindi gihugu. Ari muri ico gihugu, yaranse kwemera kuryamana n’umugore wa shebuja. Uwo mugore yaciye adendekeranya ibirego vy’ikinyoma, ari na vyo vyatumye Yozefu ashirwa mw’ibohero. Ikibabaje ni uko ata muntu n’umwe yahaserutse ngo aburanire Yozefu.
2 Ariko rero, Imana yo «[ikunda] ubugororotsi n’ubutungane» yariko iravyitegereza. (Zaburi 33:5) Yehova yaragize ico akoze kugira ngo akosore ako karenganyo, arayobora ibintu ku buryo amaherezo Yozefu yarekuwe. Si ivyo gusa, Yozefu, wa mugabo yari yatawe mw’ibohero, mu nyuma yarashinzwe amabanga ahambaye, aterwa n’iteka ridasanzwe. (Itanguriro 40:15; 41:41-43; Zaburi 105:17, 18) Amaherezo Yozefu yarakuweko iceyi yari yasizwe, maze amabanga ahambaye yari yashinzwe arayakoresha mu guteza imbere umugambi w’Imana.—Itanguriro 45:5-8.
Yozefu yarapfunzwe ku karenganyo
3. Ni kubera iki bidatangaje kuba twese dushaka gufatwa nk’uko bikwiriye?
3 Mbega none iyi nkuru ntidukora ku mutima? Ni nde muri twebwe atarabona akarenganyo canke atararenganywa? Emwe, twese dushaka gufatwa nk’uko bikwiriye, ata kurenganywa. Ivyo ntibitangaje, kubera yuko Yehova yaduhaye kamere zigaragaza uko we ubwiwe ameze, kandi ubutungane bukaba ari imwe muri kamere ziwe nyamukuru. (Itanguriro 1:27) Kugira ngo tumenye Yehova neza, turakeneye gutahura ingene abona ubutungane. Gutyo turashobora gukunda cane inzira ziwe z’akaroruhore, kandi bigatuma turushiriza kumwiyegereza.
Ubutungane ni iki?
4. Dufatiye ku kuntu umuntu abona ibintu, akenshi ubutungane butahurwa gute?
4 Dufatiye ku kuntu umuntu abona ibintu, ubutungane kenshi butahurwa gusa yuko ari ugukurikiza neza amategeko. Igitabu kimwe (Right and Reason—Ethics in Theory and Practice) kivuga yuko «ubutungane bufitaniye isano n’itegeko, ivyo umuntu ategerezwa, ivyo umuntu afitiye uburenganzira be n’ivyo abwirizwa kurangura, kandi bugaca urubanza ata nkunzi kandi bukurikije ivyo umuntu akwiriye.» Ariko rero, ubutungane bwa Yehova burimwo n’ibindi uretse gusa gupfa gukurikiza amategeko kugira umuntu ashitse ivyo ategerezwa gukora.
5, 6. (a) Amajambo yo mu ndimi z’intango yahinduwe ngo «ubutungane» asobanura iki? (b) Ivy’uko Imana itunganye bisobanura iki?
5 Ubwaguke n’ubwimbike bw’ubutungane bwa Yehova bishobora gutahurwa neza mu kurimbura amajambo yo mu ndimi z’intango yakoreshejwe muri Bibiliya. Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, hakoreshwa amajambo atatu y’ishimikiro. Ijambo rikunze guhindurwa «ubutungane» rishobora kandi guhindurwa ngo «ibigororotse.» (Itanguriro 18:25) Amajambo abiri yandi akunze guhindurwa ngo «ubugororotsi.» Mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, ijambo ryahinduwe ngo «ubugororotsi» risigurwa ko ari «ukuba ikintu ari co canke gitunganye.» Rero, ubugororotsi n’ubutungane birafitaniye isano cane.—Amosi 5:24.
6 Ni co gituma igihe Bibiliya ivuga yuko Imana itunganye, iba iriko itubwira ko Imana ikora ibigororotse kandi bikwiriye, be n’uko ivyo ibigira ata guhindagura, itagira nkunzi. (Abaroma 2:11) Mu vy’ukuri nta wokwiyumvira ko Imana yokora ukundi. Umwizigirwa Elihu yavuze ati: «Kirazira ko Imana y’ukuri ikora ivy’ububisha, ko Mushoboravyose yokora ikibi!» (Yobu 34:10) Kukaba nkako, ntibishoboka yuko Yehova akora ivy’ububisha. Kubera iki? Kubera impamvu zibiri zihambaye.
7, 8. (a) Ni kubera iki Yehova adashobora gukora ivy’ububisha? (b) Ni igiki gituma Yehova aba uwugororotse canke intungane mu vyo akora?
7 Ubwa mbere, Yehova ni mweranda. Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 3, Yehova aratyoroye kandi aragororotse bimwe bitagira agatosi. Kubera ico rero, ntashobora gukora ivy’ububisha canke ibitabereye. Rimbura ico ivyo bisigura. Ubweranda bwa Dawe wa twese wo mw’ijuru buraduha imvo zikomeye zo kwizigira yuko atazokwigera afata nabi abana biwe. Yezu yari afise mwene ukwo kwizigira. Mw’ijoro rya nyuma ry’ubuzima bwiwe bwo kw’isi, yasenze ati: «Dawe mweranda, nubarinde [abigishwa] kubera izina ryawe.» (Yohani 17:11) Mu Vyanditswe, iyo mvugo «Data mweranda» ikoreshwa kuri Yehova wenyene. Ivyo birabereye kubera ko ata muvyeyi w’umuntu ashobora kugereranywa na Yehova mu bweranda. Yezu yari yizeye bimwe bishitse yuko abigishwa biwe botekaniwe mu maboko ya Se, uno akaba atyoroye rwose kandi akaba ari kure y’icitwa ikibi.—Matayo 23:9.
8 Ubugira kabiri, urukundo ruzira ubwikunzi ni kimwe mu bigize kamere y’Imana. Mwene urwo rukundo rutuma aba uwugororotse, canke intungane mu kuntu afata abandi. Mugabo akarenganyo mu mice yako myinshi, ushizemwo n’ukuvangura amoko, ukurobanura abantu, be n’ukugira nkunzi, usanga kenshi kava ku mwina be no ku bwikunzi, ivyo na vyo bikaba bihushanye n’urukundo. Ku vyerekeye Imana y’urukundo, Bibiliya idusubiriza umutima mu nda iti: «Yehova a[ra]gororotse; akunda ibikorwa vy’ubugororotsi.» (Zaburi 11:7) Yehova avuga ku bimwerekeye ati: «Jewe Yehova nkunda ubutungane.» (Yesaya 61:8) Mbega none ntibiduhumuriza kumenya yuko Imana yacu ihimbarwa no gukora ibigororotse, canke ibitunganye?—Yeremiya 9:24.
Imbabazi be n’ubutungane butagira akanenge bwa Yehova
9-11. (a) Ni isano irihe riri hagati y’ubutungane bwa Yehova be n’imbabazi ziwe? (b) Ubutungane bwa Yehova hamwe n’imbabazi ziwe bigaragarira gute mu kuntu afata abantu b’abacumuzi?
9 Cokimwe n’izindi kamere nziza zose Yehova afise, aragaragaza ubutungane mu buryo butagira akanenge. Mu gushemagiza Yehova, Musa yanditse ati: «Ico Gitandara, igikorwa ciwe ntikigira akanenge, kuko inzira ziwe zose zigororotse. Ni Imana idahemuka, itigera irenganya, iragororotse kandi iratunganye.» (Gusubira mu vyagezwe 32:3, 4) Uburyo bwose Yehova agaragazamwo ubutungane ntibugira agahaze: ntiyigera na rimwe arekerana ibintu canke ngo ahambare kurenza urugero.
10 Hariho isano rya hafi hagati y’ubutungane bwa Yehova be n’imbabazi ziwe. Zaburi 116:5 igira iti: «Yehova ni umunyempuhwe kandi aragororotse [«aratunganye», The New American Bible]. Imana yacu yuzuye imbabazi.» Egome, Yehova aragororotse kandi ni n’umunyembabazi. Izo kamere zibiri zirajana. Ukuba agaragaza imbabazi ntikugabanya ubutungane bwiwe, nk’aho umengo ubutungane bwiwe bwohava buca buba ubukaze kurenza urugero. Ahubwo riho, akenshi izo kamere zibiri azigaragariza rimwe, washaka mu gikorwa kimwe. Rimbura akarorero.
11 Abantu bose barazwe icaha, ivyo bigatuma bashikirwa n’igihano c’icaha, ari co rupfu. (Abaroma 5:12) Mugabo Yehova ntahimbarwa n’uko abanyavyaha bapfa. Ni «Imana yiteguriye kubabarira, y’impuhwe n’imbabazi.» (Nehemiya 9:17) Mugabo naho bimeze gutyo, kubera ko ari mweranda, ntashobora kurenza uruho rw’amazi ku bubisha. None yoshobora gute kugirira imbabazi abantu barazwe icaha? Inyishu tuyisanga mu kuri kurushirije kuba ukw’agaciro kwo mw’Ijambo ry’Imana: Intunganyo Yehova yashizeho y’incungu kugira ngo abantu baronke ubukiriro. Mu kigabane ca 14 c’iki gitabu turiga vyinshi vyerekeye iyo ntunganyo yuzuye urukundo. Iratunganye kandi irimwo ikigongwe bimwe bigera kure. Biciye kuri yo, Yehova arashobora kugaragariza imbabazi zuzuye ikibabarwe abacumuzi bigaya, akongera akazigama ingingo ngenderwako z’ubutungane butagira agahaze.—Abaroma 3:21-26.
Ubutungane bwa Yehova burakora ku mutima
12, 13. (a) Ni kubera iki ubutungane bwa Yehova butuma tumwiyegereza? (b) Ni ivyiyumviro ibihe Dawidi yashitseko ku vyerekeye ubutungane bwa Yehova, kandi ivyo bishobora gute kuduhumuriza?
12 Ubutungane bwa Yehova, si kamere itarimwo igishika yotuma tumwigira kure, mugabo ni kamere ikwegera, ituma tumwiyegereza. Bibiliya iravuga bimwe bitomoye ukuntu ubutungane canke ubugororotsi bwa Yehova ari kamere yuzuye imbabazi. Nimuze turimbure uburyo bumwebumwe bukora ku mutima Yehova agaragazamwo ubutungane bwiwe.
13 Ubutungane butagira akanenge bwa Yehova buratuma agaragaza ubwizigirwa be n’ukudahemuka ku basavyi biwe. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yariboneye uwo muce w’ubutungane bwa Yehova. Afatiye ku vyamushikiye ubwiwe be no ku kwiga inzira z’Imana, Dawidi yoba yashitse ku vyiyumviro ibihe? Yarikuguye ati: «Yehova akunda ubutungane, kandi ntazokwigera aheba abantu b’intahemuka. Azokwama abarinda.» (Zaburi 37:28) Ivyo biradusubiriza umutima mu nda. Imana yacu ntizokwigera na gato iheba abatayihemukira. Kubera ko itunganye, turashobora guhera amazinda ko izokwama iri hafi yacu kandi ko izokwama itwitwararikana urukundo.—Imigani 2:7, 8.
14. Ukuba Yehova ababaye ba ntahonikora kugaragarira gute mu mategeko yahaye Abisirayeli?
14 Ubutungane bw’Imana ntibwirengagiza ivyo abagowe bakeneye. Amategeko Yehova yahaye Abisirayeli arerekana ko ababaye ba ntahonikora. Nk’akarorero, ayo mategeko yarimwo intunganyo zidasanzwe zatuma impfuvyi n’abapfakazi bitabwaho. (Gusubira mu vyagezwe 24:17-21) Kubera ko Yehova yari azi ingene ubuzima bwari kugora mwene iyo miryango, we ubwiwe yabaye Umucamanza akora nk’umuvyeyi n’uwubakingira, «atunganiriza impfuvyi n’abapfakazi.»a (Gusubira mu vyagezwe 10:18; Zaburi 68:5) Yehova yaburiye Abisirayeli yuko nka hamwe bogirira nabi abagore n’abana batagira gitabara, atobuze kwumviriza ugutakamba kwa mwene abo bantu. Yavuze ati: «Nzorungura n’ishavu.» (Kuvayo 22:22-24) Naho uburake atari imwe muri kamere nyamukuru za Yehova, aragira ishavu rigororotse bivuye ku bintu vy’akarenganyo bigirwa nkana, na canecane igihe abarenganywa baba ari ba nyarucari canke abatagira gitabara.—Zaburi 103:6.
15, 16. Ni ikimenyamenya ikihe cibonekeje vy’ukuri c’uko Yehova atagira nkunzi?
15 Yehova kandi aradukura amazinda yuko “atagira nkunzi kandi ko atarya igiturire.” (Gusubira mu vyagezwe 10:17) Yehova ntameze nk’abantu benshi bafise ububasha canke akosho ku bandi, kandi ntatwarwa n’ubutunzi canke agashusho ko ku mubiri. We ntiyoshwa n’ivyo guhengamira ku ruhande runaka canke ukugira nkunzi. Rimbura ikimenyamenya kimwe cibonekeje vy’ukuri c’uko Yehova atagira nkunzi. Akaryo abantu bahabwa ko gucika abasavyi biwe nyakuri, bakaba biteze kuzoronka ubuzima budahera, ntigahabwa gusa abantu b’inkehwa batoranijwe. Ahubwo riho, «yemera umuntu wese [amutinya] agakora ibigororotse, naho yoba ava mw’ihanga irihe.» (Ivyakozwe 10:34, 35) Yehova aha ico cizigiro ciza igitangaza abantu bose ataravye ikibanza bafise mu kibano, ibara ry’urukoba, canke igihugu bavamwo. None ubwo si ubutungane nyakuri bugaragazwa ku rugero rwo hejuru?
16 Hariho uwundi muce w’ubutungane bwa Yehova butagira agahaze ukwiriye ko twitwararika kandi tukubaha: na wo ukaba ari uburyo afata abarenga ku ngingo ngenderwako ziwe zigororotse.
Ntiyigera areka guhana uwagirwa n’icaha
17. Sigura igituma ibintu vy’akarenganyo bigirwa muri iyi si bidatitura ubutungane bwa Yehova.
17 Hari aho bamwebamwe bokwibaza bati: “None ko Yehova atarenza uruho rw’amazi ku bubisha, kubera iki hari ingorane nyinshi n’akarenganyo kw’isi?” Mwene ivyo bintu biba vy’akarenganyo ntibititura na gato ubutungane bwa Yehova. Ibintu vyinshi vy’akarenganyo biba muri iyi si mbi ni inkurikizi y’icaha abantu barazwe na Adamu. Mw’isi usanga huzuye akarenganyo kubera ko abantu badatunganye bihitiyemwo inzira zabo ziranga igicumuro. Ariko ivyo nta gihe kinini bisigaje.—Gusubira mu vyagezwe 32:5.
18, 19. Ni igiki cerekana ko Yehova atazokwama areka abarenga ku mabwirizwa yiwe agororotse n’ibigirankana?
18 Naho Yehova agirira imbabazi nyinshi abamwiyegereza babikuye ku mutima, ntazokwama areka ibintu bituma izina ryiwe risigwa iceyi. (Zaburi 74:10, 22, 23) Imana y’ubutungane nta wuyihenda; ntizoreka ngo abacumura n’ibigirankana ntibashikirwe n’urubanza rubi ruhwanye n’ingendo yabo. Yehova ni “Imana y’imbabazi n’impuhwe, iteba gushavura kandi yuzuye urukundo n’ukuri. Mugabo ntiyigera areka guhana uwagirwa n’icaha.” (Kuvayo 34:6, 7) Mu buryo buhuye n’ayo majambo, rimwe na rimwe Yehova yarabona ko bikenewe gushitsa urubanza ku barenga ku mabwirizwa yiwe agororotse n’ibigirankana.
19 Nk’akarorero, rimbura ivyo Imana yagiriye Isirayeli ya kera. Mbere n’igihe baba mu gihugu c’isezerano, Abisirayeli barahemutse incuro nyinshi. Naho ibikorwa vyabo vyononekaye vyatumye Yehova “ababara”, ntiyaciye ubwo nyene abaheba. (Zaburi 78:38-41) Ahubwo riho, abigiranye imbabazi yarabahaye uturyo kugira ngo bahindure ingeso zabo. Yabinginze ati: «Simpimbarwa n’uko umubisha apfa, ahubwo mpimbarwa n’uko ahindura ingeso ziwe, akabandanya kubaho. Nimuhindukire, nimuhindukire muhebe ingeso zanyu mbi. Ni kuki none mwokwirirwa murapfa ga yemwe Bisirayeli?» (Ezekiyeli 33:11) Kubera ko Yehova abona yuko ubuzima ari ubw’agaciro, akatari gake yararungitse abahanuzi biwe kugira ngo Abisirayeli bashobore guheba ingeso zabo mbi. Ariko, muri rusangi, abo bantu b’umutima ukomantaye baranse kwumviriza ngo baheze bigaye. Amaherezo, ku bw’izina ryiwe ryeranda be no ku bw’ibintu vyose iryo zina risobanura, Yehova yarabatanze mu maboko y’abansi babo.—Nehemiya 9:26-30.
20. (a) Ivyo Imana yagiriye Isirayeli bitwigisha iki kuri yo? (b) Ni kubera iki bibereye kuba intambwe igereranya ubutungane bwa Yehova?
20 Ukuntu Yehova yafashe Isirayeli biratwigisha vyinshi ku bimwerekeye. Biratwigisha yuko amaso yiwe abona hose, abona ububisha bugirwa, be n’uko ababazwa cane n’ivyo abona. (Imigani 15:3) Turasubirizwa umutima mu nda kandi no kumenya yuko arondera kugira ikigongwe igihe hari ishingiro ryo kukigira. Vyongeye, biratwigisha yuko yihangana kandi ko aha abantu akaryo ko guhindura ingeso zabo. Kubera yuko Yehova yihangana, abantu benshi baca biyumvira bihenda ngo ntazokwigera ahana abanyakibi. Ariko ivyo si ko biri namba, kubera ko ivyo Imana yagiriye Isirayeli bitwigisha kandi yuko ukwihangana kw’Imana gufise aho kugarukira. Yehova arumira ku bugororotsi. We ntameze nk’abantu usanga basha coba bakareka gukurikiza ubutungane. Ntiyigera na rimwe abura umutima rugabo wo kuburanira ibigororotse. Ni co gituma Bibiliya ikoresha intambwe y’umutima rugabo nk’ikigereranyo c’ubutungane bwa Yehova.b (Ezekiyeli 1:10; Ivyahishuwe 4:7) Twoshobora rero guhera amazinda yuko Yehova azoshitsa umuhango yatanze wo gukura akarenganyo kuri iyi si. Emwe, uburyo aca urubanza burashobora kuvugwa mu ncamake muri ubu buryo: ugushikama ku ngingo aho bikenewe, ikigongwe aho bishoboka hose.—2 Petero 3:9.
Niwiyegereze ya Mana y’ubutungane
21. Iyo tuzirikanye ku kuntu Yehova agaragaza ubutungane, dukwiye kumwiyumvira mu buhe buryo, kandi kubera iki?
21 Iyo tuzirikanye ku kuntu Yehova akoresha ubutungane, ntidukwiye kumwiyumvira ko ameze nk’umucamanza atanyinyuka, akaze, arajwe ishinga gusa no gukubita abanyakibi intahe mu gahanga. Ahubwo nyabuna, dukwiye kumwiyumvira nk’Umuvyeyi yuzuye urukundo mugabo ashikama ku ngingo, uwama nantaryo afata abana biwe mu buryo bwiza kuruta bushoboka. Kubera yuko Yehova ari Umuvyeyi atunganye canke agororotse, arashikama ku bigororotse muri ico gihe nyene akagaragariza imbabazi zuzuye ikibabarwe abana biwe bo kw’isi, abakenera ko abafasha akongera akabababarira.—Zaburi 103:10, 13.
22. Arongowe n’ubutungane bwiwe, Yehova yatumye bishoboka ko tugira cizigiro ikihe, kandi ni kubera iki atugirira ibintu muri ubwo buryo?
22 Ese ukuntu dushobora gukenguruka kuba ubutungane bw’Imana atari ubwo gukubita abanyakibi intahe mu gahanga gusa! Yehova ayobowe n’ubutungane bwiwe, yaratumye bishoboka ko tugira icizigiro ciza igitangaza, c’ubuzima butunganye kandi bwamaho mw’isi izoba irimwo ubugororotsi. (2 Petero 3:13) Imana yacu itugirira ibintu muri ubwo buryo kubera yuko ubutungane bwayo burondera gukiza aho guca rubi. Vy’ukuri, kurushiriza gutahura neza ubutungane bwa Yehova biratuma tumwiyegereza! Mu bigabane bikurikira, turihweza twitonze ingene Yehova agaragaza iyo kamere y’agatangaza.
a Imvugo «impfuvyi» yerekana ko Yehova yitwararika impfuvyi zose, baba abahungu canke abakobwa. Mu mategeko ya Musa, Yehova yarashizemwo inkuru yerekeye ingingo y’ubutungane yemeza ko abakobwa b’impfuvyi ba Zelofehadi baronka intoranwa. Iyo ngingo Yehova yaciye ayigira nk’itegeko, gutyo iba irashigikiye uburenganzira abakobwa b’impfuvyi bafise.—Guharura 27:1-8.
b Biri n’ico bivuze kuba Yehova yigereranya n’intambwe mu gushitsa urubanza kuri Isirayeli yahemutse.—Yeremiya 25:38; Hoseya 5:14.