Nuteze Imbere ivy’Ubwami Ufise Agatima ko Kwiyima
1 Tuba mw’isi aho agatima ko kwiyima katakiriho. Benshi muri iki gihe bitaho buhoro ivyo gufasha abandi. Agatima k’ukwinezereza no kwishira imbere bisa n’uko ari ko kiganje. Paulo mu kudondora igihe cacu yavuze ati: “Abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera . . . [ari] intashima.” (2 Tim. 3:2) Abakirisu bategerezwa kunanira agatima k’isi katibanga Imana nimba bashaka kuguma batoneshejwe na yo. Ni kuki ivyo ari ukwo biri, kandi ni mu buryo ki dushobora kwiyima ku bw’uguteza imbere ivy’Ubwami?
2 Igituma Twokwiyima: Yehova ni we ibintu vyiza vyose bikomokako. (Yak. 1:17) Ivyo dufise vyose ni ivyiwe. Ukwumva ko hari umwenda dufitiye Imana bikwiye kudusunikira ku kwiyima tugatanga umwanya wacu, ubushobozi bwacu, ivyo dufise, ubuzima bwacu nyene, ku bw’umurimo wayo. (Gereranya na 1 Ab’i Korinto 4:7.) Mu mice yose, turumva ko dukeneye kumwibandako.—Ivyah. 4:11.
3 Yezu Kirisitu ni akarorero keza utoraba k’umuntu yiyima. Kuba yarashize ku ruhande ibimuhimbara ubwiwe kugira ngo akore ukugomba kw’Imana vyarahishuye icipfuzo gikomeye afise co guhimbara Se. Ugukurikirana ivy’Ubwami vyari vyaramutwaye bimwe bishitse. (Yoh. 5:30) Intumwa Paulo na we nyene yarabonye agaciro ko kwiyima, hanyuma ahimiriza abavukanyi b’i Roma ‘gushikanira Imana imibiri yabo kw’ibimazi bizima.’—Rom. 12:1.
4 Uburyo Umuntu Ashobora Kwiyima: Muri iki gihe, abasavyi b’Imana na bo nyene baragaragaza agatima ko kwiyima. Abavukanyi n’abavukanyikazi bacu benshi barasize amazu yabo be n’ivyo batunze kugira ngo bakore umurimo w’igihe cose. Abandi na bo, naho batari mu gikorwa c’igihe cose, baratanga batitangiriye itama umwanya wabo, amahera yabo be n’inguvu zabo kugira ngo bafashe kwubaka ibibanza bibereye vyo gusengeramwo. Egome, kubera abagabo, abagore be n’abana biyeguye bafasha muri ivyo bavyishakiye, vyatumye tudakenera cane gutumako abakozi bo hanze canke ngo dutumeko amasosiyete akomakomeye ngo aze kudufasha kwubaka Ingoro z’Ubwami canke z’Amateraniro. Ico gikorwa bakora bavyishakiye bakibona nk’intererano batanga kugira ngo bateze imbere ivy’Ubwami, nka kurya nyene babona umurimo wabo wo mu ndimiro. Baratahura ko bivuye ku gukoresha izo nyubakwa bizotuma bo hamwe n’abandi baronka imihezagiro yo mu buryo bw’impwemu ifise agaciro ntangere. Ni co gituma bakurikira iyi ngingo ngenderwako Yezu yatanze igira iti: “Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi.”—Mat. 10:8.
5 Bite ho ku bitwerekeye? Twoba dufise agatima ko kwiyima? Twoba turiko dukorera Yehova uko dushoboye kwose? Ntidushobora kureka ngo agatima k’isi kaganze ivyiyumviro vyacu. Twoba dushobora guhebera ukwiyigisha Bibiliya umwanya munini kuruta? Twoba kumbure dushobora gusahiriza abarwaye, abageze mu zabukuru canke abandi mu kubakorera ibikorwa vya gikirisu biranga ubuntu n’urukundo? Twoba dushobora gushira ku rutonde umwanya munini kuruta wo kumenyesha ababanyi bacu ivyerekeye inkuru nziza? Twoba dushobora kwagura ubusuku bwacu mu kuba abatsimvyi bafasha canke basanzwe? Kumbure ukwo kwisuzuma kuzogaragaza aho dushobora kuryohora.—Heb. 13:15, 16.
6 Uko twegereza umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu, birakenewe kuruta ikindi gihe ico ari co cose ko twongerereza ishaka ryo kwiyima kugira ngo dukorere Imana mu buryo yemera. Shetani arazi yuko igihe asigaje kirushiriza kuba kigufi. Nta kintu ashaka kiruta ugutuma abasavyi ba Yehova bakurikirana ingendo y’ubwikunzi yo muri iyi si. Ese twonanira imigabo nk’iyo ya Shetani maze tugatsimbataza agatima umwanditsi wa Zaburi yari afise igihe yavuga ati: “Nzogushikanira ikimazi kivuye imbere mu mutima: Uhoraho, nzoshima izina ryawe kukw ari ryiza.”—Zab. 54:6.