Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
IBIMENYESHEJWE: Igikorwa Dukorera Ubwami kizoshinga urutonde Ikoraniro ry’Umurimo ry’indwi yose yo mu kiringo c’amezi aberamwo ihwaniro. Amashengero yoshobora kugira ivyo ahinduye uko bizoba bikenewe kugira ngo bifashe kuzokwitaba Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Abigisha b’Ijambo ry’Imana.” Nimukoreshe iminuta 15 kw’Ikoraniro ry’Umurimo rya nyuma imbere yo kwitaba ihwaniro kugira ngo musubiremwo impanuro zatanzwe mu nyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Rusama 2001 zoba zibereye iwanyu. Mu kwezi kwa Gitugutu, Ikoraniro ry’Umurimo ryose rizotunganywa kugira ngo hihwezwe ivyiyumviro bikurubikuru vyo kw’ihwaniro. Mu kwitegurira ico kiganiro, twese turashobora kugira ivyo twandika kw’ihwaniro, dushizemwo n’urutonde rw’ivyiyumviro twipfuza gushira mu ngiro mu buzima bwacu hamwe no mu busuku bwo mu ndimiro. Rero turashobora kwitegurira gusigura ukuntu twashize mu ngiro izo nama kuva twitavye ihwaniro. Tuzokwubakwa no kwumva umwe wese avuga ingene twungukiye ku nyigisho nziza twaharonkeye.
Indwi Itangura ku wa 9 Mukakaro
Ururirimbo rwa 4 (43)
Imin. 8: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Nusuzume ibimenyeshejwe biri aho haruguru ku vyerekeye ibihindurwa biraba Ikoraniro ry’Umurimo hamwe n’ibitegekanywa ku bw’Ikoraniro ry’Umurimo muri Gitugutu, igihe hazoba ukwihweza ivyiyumviro bikurubikuru vyo kw’ihwaniro ry’intara.
Imin. 17: Raporo y’Umurimo y’ukwezi kwa Ntwarante. Insiguro hamwe n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo bishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Nushimike kuri raporo y’igikorwa co mu ndimiro yo mu kwezi kwa Ntwarante y’igihugu hamwe n’iy’ukwezi kwa Ndamukiza y’ishengero ryanyu. Nubaze ibibazo abamamaji batandukanye bongereje akigoro mu busuku muri ukwo kwezi kwa Ndamukiza. Nubasabe bavuge umunezero bagize mu kugira uruhara bimwe bishitse, hamwe n’ico bariko baragira kugira ngo bagume bafise vyinshi bakora mu busuku.—Raba inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co mu kwezi kwa Ntwarante 2001, ingingo ya 28-30.
Imin. 20: “Woba Ushobora Gukorera Aho Bikenewe Kuruta Ahandi?”a Nushiremwo ivyabonywe biremesha abamamaji b’iwanyu babonye mu cibare ca kure canke gikorwamwo gake.—Raba igitabu Notre Ministère urupapuro rw’112-113.
Urururimbo rwa 25 (204) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 16 Mukakaro
Ururirimbo rwa 16 (143)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 15: Rwaruka, Nimuharure Ico Akazi Muzokora Gasaba. Sebibondo n’umuhungu wiwe w’umuyabaga canke umukobwa wiwe baregera umukurambere azi utuntu n’utundi mu vy’akazi ko mw’isi. Bamaze kuzirikana ku gihimba c’Ikoraniro ry’Umurimo haciye indwi zibiri gishikirijwe ku vyerekeye guhitamwo akazi bokora, uwo akiri muto ariko ariyumvira ata gufyina ivyerekeye kwinjira mu gikorwa c’ubutsimvyi busanzwe, agakekeranya ku vyerekeye ukuntu yokwironsa ivyo akeneye mu vy’umubiri. Umukurambere arashimika ku vy’uko hakenewe ukubona ibintu ku burimbanye. (Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1999, urupapuro rwa 18, ingingo ya 13) Ni ibiranga ubukerebutsi ko umuntu arondera kwiga ibintu binaka kugira ngo azoshobore kwitunga. Benshi baragize neza mu kwiga gusa ubuhanga busanzwe busaba umwanya n’amahera bigereranye. (Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 1996, urupapuro rwa 20, igitabu Les jeunes s’interrogent, urupapuro rw’178) Bose baraganirira hamwe ibiri muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ntwarante 1996, urupapuro rw’9-11 hamwe n’inama ngirakimazi ku bijanye no kuronka canke kwironsa akazi ko mw’isi kabereye.
Imin. 20: “Uburyo bw’Ukugira Abantu Abayoboke Dukoresheje Igitabu Ubumenyi.” Inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1996. Nukoreshe amajambo makeyi y’intangamarara ashingiye ku ngingo ya 1-2. Nimuce mwihweza ingingo ya 3-11 hakoreshejwe ibibazo n’inyishu. Nusigure yuko igice gisigaye c’iyo nyongera kizokwihwezwa ku Makoraniro y’Umurimo yo muri Myandagaro na Nyakanga. Nuremeshe bose kubika neza iyo nyongera.
Urururimbo rwa 6 (45) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 23 Mukakaro
Ururirimbo rwa 22 (130)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa Gitewokarasi. Nucishemwo kandi ivy’ukuntu twokoresha agatabu Une bonne nouvelle pour toutes les nations aho bishoboka.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: “Nuteze Imbere ivy’Ubwami Ufise Agatima ko Kwiyima.” Nukoreshe intangamarara y’iminuta itatu ishingiye ku ngingo ya mbere. Nushimike ku vy’uko bikenewe ko dutandukana n’iyaruka rya kino gihe rikora ryikorera. Uko urunkwekwe rw’ibintu rwa kino gihe rutera rwunyuka, ni ko birushiriza gukenerwa ko twitandukanya na rwo. Ivyo bisaba ukwiyima. Nimwihweze ingingo ya 2 gushika ku ya 5 abumviriza babigiramwo uruhara. Nusozere n’insiguro ikabura y’iminuta itatu ushizemwo ivyiyumviro wakuye mu ngingo ya 6.
Urururimbo rw’8 (53) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 30 Mukakaro
Ururirimbo rwa 29 (222)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo z’umurimo wo mu ndimiro z’ukwezi kwa Mukakaro.
Imin. 20: Rwaruka—Nimugire Ubukerebutsi mu Gutegekanya Amashure Mwokurikirana. Umukurambere araganira n’abavyeyi bamwebamwe hamwe n’abana babo b’imiyabaga ku vyerekeye kwiyongeza amashure. Umukurambere araja imbere mu vyo kuganira ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1999, urupapuro rwa 22-24, ingingo ya 11-13, ashimike ku mvo zotuma ubusuku bw’igihe cose buba mu bintu vya mbere boshira imbere mu rutonde rwabo. (Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1996, urupapuro rwa 28-29, ingingo ya 13-15) Maze uwo mugwi niwihweze impanuro iri muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ntwarante 1998, urupapuro rwa 20-21 mu Gifaransa, ishimika ku vy’uko bikenewe kugira ubukerebutsi mu gupima ivyiza hamwe n’intambamyi biva ku kwiyongeza amashure be no kukugarukiriza ku bikenewe kugira ngo umuntu yironse ibimutunga igihe abandanya ubusuku abigiranye umwete. Bose baremera yuko bakwiye kuyoborwa n’inkeburo Yezu yatanze yo gushira inyungu z’Ubwami mu kibanza ca mbere.—Mat. 6:33.
Imin. 15: “Bavyeyi, Ntimufate Minenegwe Akosho Televiziyo Igira ku Bana Banyu.”b
Ururirimbo rwa 19 (164) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 6 Myandagaro
Ururirimbo rwa 17 (187)
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Nusabe abumviriji bigane ivyabonywe mu gushinga intahe akaryo kizanye igihe bafashe urugendo, bari mu karuhuko, canke mu gihe bagendera incuti zitari Ivyabona.
Imin. 10: “Porogarama Nshasha y’Iteraniro ry’Umuzunguruko.” Insiguro. Numenyeshe igenekerezo iteraniro ry’umuzunguruko rikurikira rizoberako nimba rizwi. Bose bakwiye kugira akigoro kadasanzwe ko gutumira abatohoji ba Bibiliya. Nuremeshe abamamaji batarabatizwa kuzirikana bitonze ivyerekeye ukugereranya ukwiyegurira Yehova kwabo mu kubatizwa kw’iteraniro rizokurikira nibatabigira kw’ihwaniro ry’intara ryimirije. Nuhimirize bose kwitaba ibiringo vyaryo vyose ku musi ku musi.
Imin. 20: “Ntugonanwe!”c Nimba umwanya ubigukundiye, niwigane ivyabonywe bivuye mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2000, urupapuro rwa 17.
Urururimbo rwa 3 (32) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.