ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/01 rup. 1
  • Ntugonanwe!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntugonanwe!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • ‘Barazana inkuru nziza z’ivyiza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ukuntu twovyifatamwo neza mu ngorane zidushikira mu busuku bw’inzu ku nzu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yehova yoba vy’ukuri akwitwararika?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • “Inzu ku nzu”
    Turirimbire Yehova
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 7/01 rup. 1

Ntugonanwe!

1 Igihe twiteguriye kuja kwamamaza inzu ku nzu, ingorane nini duhura na yo ishobora kuba iri kuri twebwe. Kwiyumvamwo ko tutabishoboye vyotuma tugonanwa kuja kubwira ukuri “abantu b’uburyo bwose.” (1 Tim. 2:4, NW) Ariko ntidukwiye kugonanwa kwamamaza inkuru nziza. Kubera iki?

2 Ni Ubutumwa bwa Yehova: Yehova yaramenyesheje ijambo ryiwe biciye kuri Bibiliya. Igihe dushira abandi ubwo butumwa, tuba turiko turashikiriza ivyiyumviro vyiwe, si ivyacu. (Rom. 10:13-15) Igihe abantu bateye akagere ubutumwa bw’Ubwami, baba mu vy’ukuri bariko batera akagere Yehova. Yamara, ntiducika intege. Turizigiye yuko ubwo butumwa buzogira ico bukoze ku mitima y’abipfuza ko ibintu vyo muri iyi si bihinduka kandi bazi ko bakeneye ivy’impwemu.—Ezk. 9:4; Mat. 5:3, 6.

3 Yehova Arakwegēra Abantu: Umuntu yanse kutwumviriza mu gihe caheze ubu arashobora kutwakira kubera ukuntu ivyiwe vyifashe kwahindutse kandi umutima wiwe ukaba wariyoroheje. Yehova ico gihe arashobora kugaragariza ubuntu bwiwe uwo muntu kandi ‘akamukwegēra.’ (Yoh. 6:44, 65) Igihe ivyo bishitse, dushaka ko tuba twiteguriye gukoreshwa na Yehova kandi tukorohera ubuyobozi bw’abamarayika mu kurondera mwene abo bantu.—Ivyah. 14:6.

4 Imana Iraduha Impwemu Yayo: Impwemu yera iradushoboza kuvuga “[tu]tabobotereza kubg’[“ubukuru bwa Yehova,” NW].” (Ivyak. 14:1-3) Twibutse yuko dufise ikidufata mu mugongo gikomeye mu busuku bwacu, ntituzogonanwa kubwira ukuri ababanyi, abo dukorana ku kazi, abo twigana, incuti, abize canke abatunzi.

5 Yezu Yaratwigishije Ingene Twobigenza: Yezu yakoresha ibibazo bituma umuntu azirikana, ibigereranirizo vy’ibintu bishika mu buzima be n’ukuzirikana ku Vyanditswe. Yarasigura ukuri kuvuye mu mutima mu buryo bworoshe, bukwegera. Ubwo buracari uburyo bwiza kuruta no muri iki gihe. (1 Kor. 4:17) Uko ibintu biba vyifashe igihe twamamaza kurashobora guhinduka, ariko ubutumwa bw’Ubwami bukomeye buguma ari bwa bundi.

6 Twaratewe agateka ko gukoreshwa na Yehova kugira ngo dufashe abantu mu buryo budasanzwe kandi bw’ingirakamaro. Nimuze rero ntitugonanwe! Ese twoba abatinyutsi maze tukareka Yehova ngo “[a]twugururire urugi rwo kuvuga” kugira ngo dushobore kubwira abandi inkuru nziza.—Kol. 4:2-4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika