Uko wovyifatamwo hateye ivyago vy’ivyaduka
Uravye ukuntu ivyago vy’ivyaduka bitera vyiyongera kandi bikagenda birushiriza gutema bitongora, umuntu yovyifatamwo gute? Reka turabe ibintu bimwebimwe vy’ingirakamaro wokora.
Nubibise.
Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha, mugabo abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakabwirizwa kwibonerako.” (Imigani 22:3) Iyo ni impanuro nziza ishobora gukora mu gihe c’ivyago. Haramutse hatanzwe imburi y’uko umusozi ugiye gucira ibirunga, y’uko hashobora kuba umwuzure canke y’uko hari igihuhusi canke ikivumbuzi kiriko kiregereza, ingendo iranga ubukerebutsi ni uko ababa muri utwo turere bahava bakaja ahatagira inkomanzi. Amagara aruta inzu canke ivyo umuntu atunze.
Kuri bamwebamwe, hari aho vyoshoboka ko bahitamwo kutaba mu turere turimwo akaga kanini. Raporo imwe ivuga iti: “Uturere tumwetumwe usanga tugeramiwe cane n’ivyago kuruta utundi. Agace gatoyi cane k’isi ni ko karimwo ingeramizi nyinshi kuruta ahandi kandi vyinshi mu vyago bikomakomeye vyo muri kazoza bizoba muri utwo turere.” Nk’akarorero, ivyo birashobora kuzoshika mu turere twegereye ikiyaga ariko tukaba turi hasi cane canke mu turere twegereye ahantu isi yase imigaga. Nimba ushobora kwirinda kuba muri utwo turere turimwo akaga kanini canke ukaba ushobora kwimukira ahatagira inkomanzi, uzoba wikingiye cane ivyago.
Nutegekanye ico wokora.
Naho wokora ibishoboka vyose ngo wirinde ivyago, hari aho wosanga bigushikiye utari uvyiteze. Nimba wariteguye imbere y’igihe, bizorushiriza kukworohera kumenya ukuntu uri buvyifatemwo. Ivyo na vyo nyene birahuye na ya mpanuro twabona mu Migani 22:3. Woba ufise utuntu twa nkenerwa twama dutekeye mwoca mugenda mutwaye haramutse hateye icago? Igitabu kimwe cigisha ukuntu umuntu yovyifatamwo ku bijanye n’ivyago (1-2-3 of Disaster Education) cerekana ko mu vyo utekera woshiramwo ibi: Imiti yo kwifashisha, amazi meza yo kunywa, imfungurwa zitononekara ningoga be n’impapuro zihambaye. Vyoba vyiza kandi urabiye hamwe n’umuryango wawe ivyago vyoshobora gutera ivyo ari vyo be n’icokorwa kuri kimwekimwe cose.
Nugume wiyegereje Imana.
Ivyo birashobora kugufasha uko ibintu vyoba vyifashe kwose. Bibiliya yita Imana “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose.” Uwundi murongo uvuga yuko ari Imana “ihoza abakubititse.”—2 Abakorinto 1:3, 4; 7:6.
Ni vyo, Imana irazi neza ibishikira abayizera. Ni Imana y’urukundo; iraturemesha ikongera ikadukomeza mu buryo butandukanye. (1 Yohani 4:8) Gusenga Imana tutayisaba ngo ikore ibitangaro, ahubwo tuyisaba impwemu nyeranda yayo y’ububasha, birashobora kudufasha uko ibintu vyoba vyifashe kwose. Impwemu nyeranda irashobora kwibutsa abari mu vyago imirongo yo muri Bibiliya ishobora kubahoza no kubaremesha. Mu vy’ukuri, abasavyi b’intahemuka b’Imana barashobora kwumva bamerewe nka kumwe kwa Dawidi, wa mwami wa Isirayeli ya kera, uwavuze ati: “Naho nogendera mu mubande w’igitutu kizitanye, nta kintu kibi na kimwe ntinya, kuko uri kumwe nanje; inkoni yawe n’ikibando cawe ni vyo bimpoza.” —Zaburi 23:4.
Abakirisu barafashanya.
Mu kinjana ca mbere, umuhanuzi w’umukirisu yitwa Agabo yarerekanye yuko “ikigoyi gikomeye cari kigiye gutera kw’isi yose; kandi nkako carabaye mu gihe ca Kolode.” Ico kigoyi carasinzikaje benshi mu bigishwa ba Yezu baba i Yudaya. None abigishwa bo mu yindi mihingo bakoze iki aho bumviye ko abakirisu bagenzi babo bari mu marushwa? Inkuru ivuga iti: “Abo mu bigishwa, umwe wese nk’uko ashoboye, biyemeza kurungika imfashanyo yo gutabara abavukanyi baba i Yudaya.” (Ivyakozwe 11:28, 29) Baragaragaje urukundo baratanga ivyo kubafasha.
Muri iki gihe, iyo hateye ivyago, abasavyi b’Imana bagira nk’ukwo nyene. Ivyabona vya Yehova barazwi neza ko bafashanya. Nk’akarorero, igihe haba nyamugigima muri Shili ku wa 27 Ruhuhuma 2010, Ivyabona vya Yehova baciye bihutira gutabara abari bashikiwe n’ivyago. Karla, inzu yiwe ikaba yari yatwaye na vya bisebuzi vyitwa tsunami, yigana ati: “Narahojejwe nongera ndaremeshwa no kubona bukeye [Ivyabona vya Yehova bagenzanje] bashika bavuye mu tundi turere kugira badutabare. Emwe, Yehova yaraduhojeje biciye ku mutima mwiza w’abo bitanze! Naciye mbona ko nkundwa kandi nkingiwe.” Sekuru wiwe, akaba atari Icabona ca Yehova, yarihweje ingene abashikiwe n’ivyago bariko baratabarwa aca avuga ati: “Ibi nta ho bihuriye n’ivyo maze imyaka mbona mw’idini ryacu.” Yarakozwe cane ku mutima n’ivyo yabonye aca asaba Ivyabona vya Yehova ko bokwigana na we Bibiliya.
Kuba wifatanya n’abakunda Imana birashobora kugufasha cane mu bihe vy’ivyago. Ariko none, hoba hazogera igihe aho kw’isi ivyago bizosigara ari umugani? Reka turabe ico Bibiliya ibivugako.