ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/5 rup. 30
  • Ivyago vy’ivyaduka vyoba ari ibihano vy’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyago vy’ivyaduka vyoba ari ibihano vy’Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyago vy’ivyaduka—Kubera iki ari vyinshi cane?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Imana yoba ikoresha ivyago vy’ivyaduka mu guhana abantu muri iki gihe?
    Be maso!—2012
  • Coba ari igihano c’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/5 rup. 30

Ivyabajijwe n’abasomyi bacu

Ivyago vy’ivyaduka vyoba ari ibihano vy’Imana?

Imana ntikoresha ivyago vy’iduka kugira ngo ihane abantu ata co bazira. Nta vyo yigeze igira kandi nta vyo izokwigera igira. Uti kubera iki? Bibiliya ivuga muri 1 Yohani 4:8 ko ari kubera yuko “Imana ari urukundo.”

Ibintu vyose Imana ikora ibitumwa n’urukundo. Urukundo ntirutuma umuntu agirira nabi abantu ata co bazira, kanatsinda Bibiliya ivuga ko “urukundo [ruda]korera ikibi umugenzi.” (Abaroma 13:10) Muri Yobu 34:12, Bibiliya ivuga iti: “N’ivy’ukuri, Imana nta ho yokora icaha.”

Ego ni ko Bibiliya yaravuze imbere y’igihe yuko muri kino gihe cacu hobaye ivyago, nka “vya nyamugigima bikomakomeye.” (Luka 21:11) Ariko rero, Yehova si we yobazwa ingorane ivyo vyago bitera, nka kurya nyene umuntu amenyesha imbere y’igihe ibijanye n’ingene ikirere cifashe, atari we yobazwa ingaruka zatewe n’igihuhusi aba yavuze ko kiza kuba. Nimba Imana atari yo itera ugucumukura gushikira abantu bivuye ku vyago vy’ivyaduka, ni igiki none gituma ivyo vyago biba?

Bibiliya ihishura ko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubi,” ari we Shetani wa Mubesheranyi. (1 Yohani 5:19) Kuva igihe Shetani yagarariza Imana mu ntango zo kubaho kw’abantu gushika no muri kino gihe cacu, yamye ari umwicanyi. (Yohani 8:44) Shetani abona ko ubuzima bw’abantu ata co bumaze. Kubera yuko imigambi yiwe ari iy’ubwikunzi, ntibitangaje rero kubona yarashinze kw’isi yose uburyo bwo kubaho bushingiye ku bwikunzi. Uburyo bwo kubaho bw’isi ya kino gihe burarekerana ivy’ukurya imitsi abandi, gushika mbere ku rugero rw’uko abantu benshi badashoboye kwirwanako usanga baba ahantu hateye akaga, mu bibanza bishobora gushikirwa cane n’ivyago vy’ivyaduka canke ivyago bikwegwa n’abantu. (Abanyefeso 2:2; 1 Yohani 2:16) Ku bw’ivyo rero, abantu b’abanyamwina ni bo bategerezwa kubazwa bimwebimwe mu vyago bishikira abantu. (Umusiguzi 8:9) Uti gute?

Mu vyago bishika, usanga vyinshi hari ukuntu abantu babigiramwo uruhara. Rimbura nk’akarorero amakuba yashikiye abantu baba mu gisagara citwa Nouvelle-Orléans co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika catewe n’igihuhusi, canke amazu yasambutse kubera yuko yasenyukiweko n’imisozi yo muri Venezuwela iri ku nkengera y’ikiyaga. Muri ubwo burorero be no mu bundi, ibintu bisanzwe biba mu bidukikije, nk’umuyaga be n’imvura, vyayogeje ibintu kubera yuko abantu batazi bihagije ibijanye n’ibidukikije, bapfuye uko bubatse amazu, batatunganije ibintu neza, batumviye imburi bahawe be no kubera amakosa y’abakuru bo mu vy’intwaro.

Rimbura icago kimwe cashitse mu bihe vya Bibiliya. Mu gihe ca Yezu, hari umunara wasenyutse giturumbuka maze uhitana abantu 18. (Luka 13:4) Ico cago coshobora kuba cabaye bivuye ku kwihenda kw’abantu, canke bivuye ku “bihe be n’ibiba bitari vyitezwe,” kibure naho kikaba cavuye kuri izo mpamvu zompi. Ariko nta mazinda ko kitaturutse ku gihano Imana yoba yari itanze.​—Umusiguzi 9:11, NW.

None hoba hari ivyago na bimwe birigera biba bitewe n’Imana? Egome. Ariko mu buryo butandukanye n’ivyago vy’ivyaduka canke ivyago bikwegwa n’abantu, ivyo vyago vyovyo vyari bifise intumbero kandi vyabaye gake cane. Uburorero bubiri bw’ivyo, ni wa Mwuzure waba kw’isi yose mu gihe ca sekuruza w’imiryango Nowa be na rya sangangurwa rya vya bisagara vya Sodomu na Gomora ryaba mu gihe ca Loti. (Itanguriro 6:7-9, 13; 18:20-32; 19:24) Muri izo manza z’Imana, yarasanganguye abantu babi badashobora gukosorwa, yamara izigama abantu yabona ko ari abagororotsi mu nyonga zayo.

Ego cane, Yehova Imana arafise ubushobozi, icipfuzo be n’ububasha vyo kurangiza ugucumukura kwose be no gutabara abantu akabakiza amakuba aterwa n’ivyago vy’ivyaduka. Ku bijanye n’Umwami yagenywe n’Imana, ari we Yezu Kristu, muri Zaburi 72:12 havuze imbere y’igihe hati: “Azokiza umukene ah’azotakambira, n’umugorwa atagira gitabara.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika