ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/12 rup. 8-9
  • Ivyago vy’ivyaduka bigiye kuvaho!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyago vy’ivyaduka bigiye kuvaho!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukwiye gukora iki?
  • Ivyago vy’ivyaduka—Kubera iki ari vyinshi cane?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyago vy’ivyaduka—Vyoba vyerekana ko imana ari ruburakigongwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyago vy’ivyaduka vyoba ari ibihano vy’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/12 rup. 8-9

Ivyago vy’ivyaduka bigiye kuvaho!

HAMWE hogira uwukubwira ati: “Vuba nta vyago vy’ivyaduka bizoba bikiriho,” wovyakira gute? Hari aho woca umubwira uti: “Namba uriko urarota! Ivyago n’umuntu biramana.” Canke na ho hari aho wokwiyumvira uti: ‘Ariko arijajurira sha!’

Naho womengo ivyago vy’ivyaduka bizokwamaho, turi n’imvo yumvikana yo kwizigira vy’ukuri yuko bizovaho. Ariko abantu si bo bazobikuraho. Abantu ntibashoboye gutahura ata gahaze ukuntu ivyo mu bidukikije bigenda be n’igituma bigenda gutyo, nkanswe kubicungera canke kubihindura. Wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera, uwari azwi cane ko afise ubukerebutsi kandi yihweza utuntu n’utundi yitonze, yanditse ati: “Abantu [ntib]ashobora kwubura igikorwa cakozwe munsi y’izuba; naho abantu bakora bagatama cane barondera, ntibubura. Kandi naho bovuga ko ari inkerebutsi bihagije kugira ngo bamenye, ntiboshobora kwubura.”​​—⁠Umusiguzi 8:​17.

Nimba abantu badashoboye gucungera ivyago vy’ivyaduka, ni nde none abishoboye? Bibiliya yerekana yuko Umuremyi wacu ari we azotuma ivyago bivaho. Ni we yashizeho ibidukikije ng’aha kw’isi, nk’akarorero inzinguzingu y’amazi. (Umusiguzi 1:​7) Vyongeye Imana nta ho ihuriye n’abantu kuko yoyo ifise ububasha butagira aho bugarukira. Umuhanuzi Yeremiya yavyemeje mu kuvuga ati: “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova! Ehe ni wewe wakoze amajuru n’isi ukoresheje ububasha bwawe buhambaye n’ukuboko kwawe kuramvuye. Ico kintu cose si ic’agatangaza birenze urugero kuri wewe.” (Yeremiya 32:​17) Kubera ko Imana ari yo yaremeye isi n’ibidukikije vyose, bica vyumvikana ko izi ukuntu yobigenza kugira abantu babeho mu mahoro n’umutekano.​​—⁠Zaburi 37:​11; 115:​16.

None Imana izobigenza gute kugira ngo ihindure ibikenewe? Ibuka ko ikiganiro kigira kabiri muri uru rukurikirane cavuze yuko ibintu vyinshi biteye ubwoba biba kw’isi muri iki gihe bigize “ikimenyetso” kiranga “insozero y’ivy’isi.” Yezu yavuze ati: “Mukabona ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye yuko ubwami bw’Imana buri hafi.” (Matayo 24:​3; Luka 21:​31) Ubwami bw’Imana, buno bukaba ari intwaro yo mw’ijuru yashinzwe n’Imana, buzogira amahinduka akomeye kw’isi, mbere bucungere ibintu biba mu bidukikije. Naho Yehova Imana afise ububasha bwo kuvyikorera, yashimye kuzeza ico gikorwa Umwana wiwe. Ku bijanye n’uwo Mwana wiwe, umuhanuzi Daniyeli yavuze ati: “Ahabwa ubutware n’iteka n’ubwami, kugira ngo ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose bimukorere.”​​—⁠Daniyeli 7:​14.

Uwo Mwana w’Imana, ari we Yezu Kristu, yarahawe ububasha bukwiye bwo guhindura ibikenewe vyose kugira ngo isi icike ahantu hahimbaye. Igihe Yezu yari kw’isi, ubu hakaba haciye imyaka ibihumbi bibiri, yarerekanye ku rugero rutoyi ubushobozi afise bwo gucungera ibiba mu bidukikije. Igihe kimwe, ari kumwe n’abigishwa biwe mu bwato mu Kiyaga ca Galilaya, “[haradutse] ikirura c’umuyaga gikaze, imipfunda na yo iguma yisuka mu bwato, ku buryo ubwato buhakwa kwuzura amazi.” Abigishwa biwe barataye umutwe. Kubera ko batinya ko bahava bahasiga ubuzima, baciye bitura Yezu. None Yezu yakoze iki? Yaciye gusa “akankamira nya muyaga, abwira ikiyaga ati: ‘Hora! Tekereza!’ Nya muyaga uca uraturura, haratekana cane.” Abigishwa biwe barumiwe baca babaza bati: “None uyo ni nde, ko mbere n’umuyaga n’ikiyaga bimugamburukira?”​​—⁠Mariko 4:​37-​41.

Ubu Yezu yaradugijwe mw’ijuru kandi yarahawe ububasha n’ubukuru burengeye ubwo yari afise akiri kw’isi. Bwa Mwami w’Ubwami bw’Imana, arafise ibanga ryo guhindura ibikenewe vyose kugira abantu babe kw’isi batekaniwe, kandi arafise ubushobozi bwo kubigira.

Ariko rero, nk’uko twabibonye, ingorane nyinshi be n’ivyago vy’ivyaduka vyinshi biva ku bantu; ivyo abantu b’abikunzi kandi b’abanyamwina bakora ni vyo usanga bibitera canke bikavyunyura. None Ubwami bw’Imana buzokorera iki abashishikara iyo ngendo ntibashake guhindura? Bibiliya ivuga yuko Umukama Yezu azoza “avuye mw’ijuru ari kumwe n’abamarayika biwe b’ububasha mu muriro uyingana, niyihora abatazi Imana be n’abatagamburukira inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu.” Egome, “[azo]honya abahonya isi.”​​—⁠2 Abatesalonika 1:7, 8; Ivyahishuwe 11:​18.

Inyuma y’ivyo, uwo “Mwami w’abami” Yezu Kristu azokoresha ububasha bwose kugira acungere inguvu zo mu bidukikije. (Ivyahishuwe 19:​16) Azokwitaho ivy’uko abatwarwa b’Ubwami bw’Imana batazosubira gushikirwa n’ivyago na bimwe. Azokoresha ububasha bwiwe kugira ngo atume ibidukikije bikora neza ku buryo ikirere n’ibiringo vy’umwaka bigirira akamaro abantu. Ivyo bizotuma haranguka ivyo Yehova Imana yasezeraniye abasavyi biwe kuva kera na rindi ati: “Nanje ata gukeka nzobacuncuburira imvura ku gihe cayo, kandi igihugu kizotanga koko umwimbu waco, n’igiti co mw’itongo gitange icamwa caco.” (Abalewi 26:​4) Abantu bazoshobora kwubaka amazu ata gutinya ko ashobora gusamburwa n’icago c’icaduka kinaka. Kukaba nkako, Bibiliya ivuga iti: “Bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo.”​​—⁠Yesaya 65:​21.

Ukwiye gukora iki?

Cokimwe n’abandi benshi, nta gukeka ko wohimbarwa no kuba mw’isi itazoba ikirangwamwo ivyago vy’ivyaduka bitema bigatongora. Ukwiye gukora iki none ngo uzokwibere muri iyo si? Kubera ko “abatazi Imana be n’abatagamburukira inkuru nziza” batazokwemererwa kuba mw’isi yimirije izoba itagiramwo ivyago vy’ivyaduka, biratomoye yuko umuntu ategerezwa kwiga ivyerekeye Imana ubu akongera agashigikira intunganyo yashizeho yo gutegeka isi. Imana idusaba kuyimenya no kugamburukira inkuru nziza y’Ubwami, ubwo yashinze biciye ku Mwana wayo.

Uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kubigira ni mu kwiga Bibiliya tuvyitondeye. Iravuga ibisabwa kugira umuntu azobe aho hantu hatekanye hazoba hatwarwa n’Ubwami bw’Imana. Ubona gute usavye Ivyabona vya Yehova ngo bagufashe kwiga ivyo Bibiliya yigisha? Emwe, bariteguriye kubigufashamwo. Ico womenya udakeka ni uko ugize akigoro ko kumenya Imana no kugamburuka inkuru nziza, uzokwibonera iranguka ry’aya majambo dusanga mu Migani 1:​33 agira ati: “Nayo uwunyumviriza, azokwibera mu mutekano kandi ntahagarikwe umutima n’ugutinya amagorwa.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika