ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb12 rup. 6-43
  • Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze
  • Igitabu c’umwaka 2012 c’Ivyabona vya Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INTUNGANYO NSHASHA Y’UBUTSIMVYI BWO GUFASHA
  • AMASHURE YIGISHA INZIRA ZA YEHOVA
  • IKINYAMUGIGIMA GIKOMEYE MU BUYAPANI
  • BIBILIYA Y’ISI NSHASHA MU NDIMI 106!
  • UDUKURU TWO HIRYA NO HINO KW’ISI
  • KWEGURIRA IMANA IBIRO VY’AMASHAMI BIRAYININAHAZA
  • RAPORO Y’IVY’IMANZA
  • Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze
    Igitabu c’umwaka 2013 c’Ivyabona vya Yehova
  • Raporo y’ivy’imanza
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
Igitabu c’umwaka 2012 c’Ivyabona vya Yehova
yb12 rup. 6-43

Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze

COKIMWE no mu yindi myaka, Ivyabona vya Yehova bararoraniwe mu murimo mweranda baranguye muri uwu mwaka uheze, naho muri iyi si hari ibintu biteye umubabaro. Bivuye ku mihezagiro y’Imana, ukuri kwerekeye inkuru nziza ‘kuriko kurama ivyamwa kandi kukagwira mw’isi yose.’ (Kol. 1:5, 6) Turizigiye tudakeka ko niwasoma raporo y’uwu mwaka uzosanga iremesha kandi ikomeza ukwizera.

INTUNGANYO NSHASHA Y’UBUTSIMVYI BWO GUFASHA

Twaragize akanyamuneza kenshi igihe hamenyeshwa ko abatsimvyi bafasha bashobora gukora mu kwezi kwa Ndamukiza amasaha ava kuri 30 gushika kuri amwe 50 asabwa. Abatari bake batahora bagira uruhara muri uwo muce w’umurimo baragize umunezero mwinshi wo kutagisha ako karyo. Abamamaji ibihumbi barakoze ubutsimvyi bwo gufasha ari ryo rya mbere, kandi n’abandi benshi bari barigeze gukora uwo murimo barahimbawe no gusubira kuwukora. Vyongeye, abamamaji benshi batashoboye gukora ubutsimvyi bwo gufasha barihase barongereza umwanya bamara mu gikorwa co kwamamaza. None ivyo vyavuyemwo iki?

Raporo zavuye ku biro vy’amashami menshi zerekana ko habaye iyongerekana rinini cane ugereranije no mu bindi bihe. Kw’isi yose, abamamaji 2.657.377 ni bo bakoze ubutsimvyi bwo gufasha, bakaba biyongereyeko nk’incuro zitanu ugereranije no mu mwaka wahera! Mu Banyabeteli 20.290 bagize umuryango wa Beteli wo kw’isi yose, ibice 80 kw’ijana vyabo, ni ukuvuga abavukanyi na bashiki bacu 16.292, ni bo bagize uruhara muri ako gateka k’umurimo. Ntibiteye umunezero none kumenya ko muri Ndamukiza abasavyi ba Yehova bakoze vyinshi mu gikorwa co kwamamaza kuruta uko bari barabigize mu yandi mezi yose!

Haciye gusa umwaka hateye ya nyamugigima bivugwa ko yahitanye abantu bagera ku 300.000 muri Hayiti, raporo yaho yerekana ko muri Ndamukiza habonetse ibitigiri bitari bwigere bishikwako mu gikorwa co kwamamaza. Mu bamamaji baho 17.009, abamamaji 6.185 barakoze ubutsimvyi bwo gufasha. Isekeza ridasanzwe ryo gushikiriza ka gatabu kavuga ngo Iyo Uwo Wakunda Apfuye, akari gaherutse gusohorwa mu gikrewole co muri Hayiti, ryaratumye abantu bari bagandaye bahumurizwa ryongera riratuma bagira icizigiro.

Abavukanyi na bashiki bacu bo muri Nijeriya barashikiwe n’ingorane idasanzwe muri Ndamukiza. Ku misi ine yari yategekanijwe kuberako amatora (itatu muri iyo ikaba yari imisi ya gatandatu), leta yaho yarategetse ko ata muntu n’umwe yogira ahandi acarukiye kuva isaha imwe zo mu gatondo gushika isaha cumi n’imwe zo ku mugoroba, kiretse gusa agiye gutora. Ariko rero, ivyo ntivyatumye agatima k’ubutsimvyi k’abo bavukanyi bacu kagabanuka. Ishengero rimwe ryanditse riti: “Tubandikiye dufise umunezero mwinshi kandi imitima yacu ibogabogamwo ugukenguruka kubera ikiringo gihimbaye cane twagize muri uku kwezi.” Mu rindi shengero ririmwo abavukanyi na bashiki bacu babatijwe 127, abamamaji 92 ni bo basavye gukora ubutsimvyi bwo gufasha, ushizemwo abakurambere bose be n’abakozi b’ishengero bose. Mu Banyabeteli 688 baho, 555 ni bo basavye gukora ubutsimvyi bwo gufasha.

Barakoze ubutsimvyi naho bari bafise ingorane. Mushiki wacu yitwa Jeannette, uno akaba aba mu Burundi mu karere kagizwe n’imisozi, yamye yipfuza gukora ubutsimvyi, ariko akaba arwaye indwara y’umutima idakira ituma adashobora kugira urugendo rurerure canke kuduga imisozi. Jeannette yaranezerewe cane igihe yumva ko amasaha abatsimvyi bafasha basabwa yagabanijwe muri Ndamukiza. Kugira ngo abakurambere bamufashe gushitsa ico cipfuzo ciwe, baratunganije ivy’uko ahabwa icibare hafi y’aho aba. Vyongeye, abatsimvyi be n’abandi bamamaji barazana abo bigana Bibiliya aho kwa Jeannette kugira ngo babigishirizeho. Mu mpera z’ukwo kwezi, Jeannette yarahimbawe no kuba yari amaze gutanguza inyigisho za Bibiliya zine. Avuga ati: “Noshima gusubira gukora ubutsimvyi, kandi ndizigiye ko Yehova azobimfashamwo.”

Mw’izinga rya Grenade, hari mushiki wacu akiri muto atumva yakoze ubutsimvyi naho afise n’ubundi bumuga butuma adashobora gutambuka neza. Yavuze ati: “Ntivyanyorohera na gato kugira urugendo rurerure ngiye gutegera imodoka kugira ngo nje mu murimo wo ndimiro.” Bisubiye, uwo mushiki wacu nta kazi yari afise, akaba yarasenze Yehova n’ubwira amusaba ko yomufasha. Mu guhuza n’ayo masengesho yiwe, yararondera udufaranga two kwifashisha mu kudandaza utuntu yajisha be n’utudede yakora. Mu nyuma yavuze ati: “Naragize uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza kandi ndashigikirwa nongera ndaremeshwa n’abavukanyi. Ivyo vyaratumye mpimbarwa vy’ukuri!”

Toshi ni mushiki wacu w’imyaka 101 wo mu Buyapani, akaba yarasavye n’umunezero mwinshi gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ndamukiza. Kubera ko adashobora kuva mu kigo abungabungirwamwo, yamamaza biciye ku makete kandi arabwira inkuru nziza abakora muri ico kigo baza mu cumba abamwo. Toshi asigura ati: “Kubera ko ntumva neza, mu kuvuga nkoresha ijwi ryumvikana cane. Ivyo bituma n’abandi bantu baba bari mu micungararo na bo nyene bashobora kunyumva.”

Felix ni umuvukanyi yamugaye amaguru n’amaboko wo mu gihugu ca Kosta Rika yafashe ingingo yo gukora ubutsimvyi bwo gufasha. None yari kubukora gute? Bama bamushirira hanze y’inzu yiwe imeza iriko ibisohokayandikiro kugira ngo ashobore kubwira inkuru nziza abahita. Mu mpera z’ukwezi, Felix yari arushe ku mubiri, ariko akomeye mu vy’impwemu kandi ahimbawe cane no kuba yarashoboye gutanguza inyigisho za Bibiliya zine.

Abamamaji bakiri bato benshi na bo nyene barahimbawe no kugira uruhara muri ico gikorwa kidasanzwe muri Ndamukiza. Nk’akarorero, muri Espanye hari agakobwa k’imyaka 11 kitwa Sandra na gasaza kako k’imyaka 7 kitwa Alejandro twipfuje gukora vyinshi kuruta mu gikorwa co kwamamaza. Sandra na Alejandro babitumwe n’umwete w’abagize ishengero ryabo be n’akarorero k’abavyeyi babo barangwa umunezero, baripfuje gukora nk’abatsimvyi bafasha. None bari kubishobora gute, kandi batari bwanabatizwe? Abo bana bompi barishingiye urutonde rwotumye bamara umwanya munini mu murimo wo mu ndimiro cokimwe n’abavyeyi babo, bongera baza baritegurira ubusuku mu kugira udukino tujanye no gutanguza ibiyago muri wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango. Abavyeyi babo biyumvira yuko uko hogiye harahera imisi ari ko abo bana bogiye bararuha. Yamara abo bamamaji bakiri bato ntibigeze bata hasi. Ku wa 30 Ndamukiza, bose mu bagize uwo muryango bari bamaze gushitsa amasaha 30 umwe wese yari yishingiye uretse ka Alejandro kari kagisigaje amasaha atatu. Kuri uwo musi wa nyuma karajanye na se mu ndimiro kugira ngo gakwize amasaha kari kiyemeje. Ese ukuntu uwo muryango wunze ubumwe wahimbawe cane no kuba waragize vyinshi ukora muri ukwo kwezi!

Mushiki wacu yitwa Jean wo muri Espanye yigana ati: “Nama nsenga buri musi nsaba ko twe n’umunega wanje Philip twoshobora gushitsa amasaha 30.” Yamara Philip, uwari yarasukuye ari umucungezi w’intara gushika atakibishoboye kubera indwara y’imitsi y’ubwonko (iyo bita anévrisme célébral), ntiyashobora kuva ku gitanda yari arwariyeko mu bitaro, akaba atashobora no kuvuga. Mu kuvuga yakoresha amaso gusa; ayakomaguje rimwe yaba avuze ngo “Ego,” ayakomaguje kabiri na ho yaba avuze ngo “oya.”

Jean abandanya ati: “Igihe namubwira ivyo gukora ubutsimvyi bwo gufasha, yaciye anyereka ko na we nyene yipfuza kubukora.” None ivyo yari kubishobora gute?

Mu mezi y’imbere y’aho, Jean na Philip barabwira inkuru nziza abarwayi, ababa baje gusuhuza abo mu miryango yabo be n’abakora kuri ivyo bitaro. Jean avuga ati: “Muri Ndamukiza twategekanije kwamamaza mu cumba yari arwariyemwo aho nyene mu bitaro, ivyo tukabigira isaha imwe ku musi igihe Philip yaba yavyutse kandi akagira uruhara mu kiyago akoresheje bwa buryo bwo gukomaguza amaso.”

Ariko rero muri Ntwarante, Philip yarimuriwe mu cumba ca wenyene. Naho vyagenze ukwo, we na Jean barashoboye kuguma bakurikiza rwa rutonde bishingiye, bakaganiriza abakora muri ivyo bitaro mu kiringo c’iminuta itari mike mu bihe bitandukanye vy’umusi. Umwe mu baforomakazi bemeye kwakira igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? yararavye Philip mu maso maze asezerana kuzogaruka bukeye kugira ngo asome ivyanditswe. Igihe uwo muforomakazi yagaruka, Jean yaramusavye gusoma Yohani 17:3 no gusigura ico canditswe. Uko babandanya kuganira bakoresheje ubwo buryo, Philip na we yari kuza arerekana niba ivyo uwo muforomakazi asiguye ari vyo canke atari vyo, ivyo akabigira mu gukomaguza amaso. N’igihe nyene uwo muforomakazi ataba ariko arakora mu cumba Philip yari arwariyemwo, yaraza kugira ngo amumenyeshe ko yariko arasaba Yehova yuko yomufasha kumwiyegereza.

Abasavyi ba Yehova babona ko kuba barakoze vyinshi muri ukwo kwezi vyagaragaje ko bakunda bagenzi babo, ko bakenguruka incungu ya Yezu Kristu be n’uko biyeguriye Se wabo wo mw’ijuru. Barindiranye umushasharo ukwezi kwa Ntwarante 2012, aho bazosubira kuronka akaryo ko gukora amasaha ari hagati ya 30 n’amwe 50 asabwa ku kwezi ku batsimvyi bafasha.

AMASHURE YIGISHA INZIRA ZA YEHOVA

Ishirahamwe rya Yehova ryarafashe nkama ubuhanuzi bwo muri Yesaya 2:3 buvuga buti: “Tuduge ku musozi wa Yehova, ku nzu y’Imana ya Yakobo; izotwigisha inzira zayo.” Nk’akarorero, igihe ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yariko irabica bigacika, umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge warabonye ko abantu bo mu mahanga yose bari bagikeneye kwigishwa na Yehova imbere y’uko iherezo ry’ivy’iyi si ya Shetani rishika. Ku bw’ivyo, haratunganijwe ivyo gutanguza rya Shure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi be na rya Shure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Inama Nyobozi iherutse kugira ibindi bintu ihinduye ku mashure atandukanye atanga ukumenyerezwa kudasanzwe.

Muri Gitugutu 2010, rya Shure rimenyereza abasuku ryarahinduwe izina maze ryitwa Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse. Abavukanyi batubatse b’abakurambere canke b’abakozi b’ishengero bazobandanya kwiyandikisha muri iryo shure rimara amezi abiri. Gushika ubu, abavukanyi 37.445 baramaze kwungukira kuri iryo shure hirya no hino kw’isi, benshi muri bo bakaba ari abatsimvyi, abacungezi b’ingenzi, abamisiyonari n’Abanyabeteli.

Muri Mukakaro 2011 haratangujwe ishure rishasha rimara amezi abiri ryitwa Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abakirisu bubakanye, rikaba ryatanguye kubera i Patterson muri New York. Abubakanye bavuga icongereza barashobora kwiyandikisha muri iryo shure niba bafise imyaka iri hagati ya 25 na 50, bafise amagara meza, bamaze n’imiburiburi imyaka ibiri bubakanye, kandi bakaba bamaze n’imiburiburi imyaka ibiri ikurikirana bari mu murimo w’igihe cose, vyongeye umugabo akaba ari umukurambere canke ari umukozi w’ishengero amaze imyaka ibiri ikurikirana muri iryo banga. Kuva mu 2012, ivyigwa vy’iryo Shure ry’ivya Bibiliya ry’abakirisu bubakanye bizoza biragirirwa ahasanzwe hagirirwa rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse.

Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abakirisu bubakanye rigenewe kumenyereza mu buryo budasanzwe abubakanye kugira ngo barushirize gukoreshwa bimwe bishitse na Yehova be n’ishirahamwe ryiwe. Benshi mu bazoba basohotse iryo shure bazokorera ahari inkenero kurusha ahandi mu gihugu cabo ari abatsimvyi basanzwe. Ariko rero, bakeyi muri bo bazogenwa kuba abatsimvyi badasanzwe b’igihe gito abandi mbere bamenyerezwe kuba abacungezi b’imizunguruko. Bake cane muri bo boshobora kuzorungikwa gukorera mu kindi gihugu niba bakwije ibisabwa kandi bakaba bavyipfuza.

Abasaba kuja muri iryo shure bakwiye kuba ari abantu bahumuye mu vy’impwemu bafise agatima ko kwitanga. Abigisha muri rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse ni bo nyene bazokwigisha muri iryo shure, ahanini bakaba bazokwiga bimwe. Hari ivyigwa bikeyi bizohabwa abavukanyi gusa mu gihe abakenyezi babo bazoba bagiye mu murimo wo mu ndimiro. Ayandi makuru y’ido n’ido be n’ibindi bisabwa abipfuza kuja muri iryo shure bizomenyeshwa mu manama azoza aragirwa ku mahwaniro y’intara.

Inama Nyobozi yaragize ivyo ihinduye kuri rya Shure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi. Guhera ku mugwi w’iryo shure ugira 132, uwatanguye ku wa 24 Gitugutu 2011, iryo shure rizokwitabwa gusa n’abubakanye basanzwe bari mu murimo udasanzwe w’igihe cose, nk’abamisiyonari bari mu ndimiro batari bwitabe iryo Shure rya Gileyadi, abatsimvyi badasanzwe, abacungezi b’ingenzi canke Abanyabeteli. Niba abo bubakanye bazi neza kuvuga no kwandika icongereza, Komite y’ishami yo mu gihugu cabo irashobora gusaba ko boryitaba.

Abazoba basohotse iryo shure rya Gileyadi bazoshingwa imirimo izoteza imbere umurimo wo mu ndimiro be n’ukuntu ishami ritunganijwe, aho hakaba ari nko kuba abamisiyonari bakorera mu ndimiro, abacungezi b’ingenzi canke Abanyabeteli. Abazoshingwa gukorera mu murimo wo mu ndimiro bazorungikwa mu turere tubamwo abantu benshi cane aho bazoshobora kuba kirumara cane mu gikorwa co kwamamaza no mu bikorwa vyo mw’ishengero. Abagize Komite z’amashami barashobora kubandanya basaba kurungikirwa abasohotse Ishure rya Gileyadi niba hari inkenero idasanzwe mu vyibare vyabo. Boshobora kandi gusaba ko abasuku bo mu murimo w’igihe cose udasanzwe bakwije ibisabwa bo mu cibare ishami rikoreramwo bitaba Ishure rya Gileyadi. Mu bihe bimwebimwe, abagize Komite z’amashami boshobora gusaba ko ababa barungitswe muri iryo shure bavuye muri ayo mashami bagaruka gukorera mu gihugu cabo.

Rya Shure ry’abagize komite y’ishami n’abakenyezi babo rizoza riragirwa kabiri mu mwaka mu congereza i Patterson. Mu biringo bimwebimwe, abagize Komite y’igihugu na bo nyene bazotumirwa muri iryo shure. Abagize Komite y’ishami bamaze kwitaba iryo shure bazotumirwa kuryitaba ubugira kabiri, bakazoba bari kumwe n’abazoba baryitavye ari bwo bwa mbere. Abakenyezi b’abagize Komite y’ishami bazokwitaba vyinshi mu vyigwa vyo muri iryo shure bari kumwe n’abanega babo. Ariko rero, ivyigwa bimwebimwe bijanye n’uburyo bwo kwungunganya ibintu bizokurikiranwa n’abo bavukanyi gusa, muri ico gihe abakenyezi babo bakazoba bariko barangura ibikorwa bazoba bashinzwe gukora kuri Beteli.

Si ivyo gusa, rya Shure ry’abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo na ryo nyene rizoza riragirirwa i Patterson kabiri mu mwaka. Amashure mwene ayo ubu agirirwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika usanga yitabwa n’abavukanyi bari bamaze kuyitaba; abo bavukanyi bangana n’igice c’ababa bagize ishure. Abakenyezi b’abacungezi b’ingenzi bazokurikirana ivyigwa nka vyose vyo muri iryo shure.

None abasavyi b’Imana ntibahimbarwa no kwungukira kuri ukwo kwigishwa na Yehova? Yezu ubwiwe yavuze ati: “Vyanditswe mu Bahanuzi ngo: ‘Kandi bose bazokwigishwa na Yehova.’” (Yoh. 6:45; Yes. 54:13) Turizigiye tudakeka ko ayo mahinduka azogira ikintu gihambaye agize kuri ca gikorwa cihutirwa co kubwira inkuru nziza ababa kw’isi bose imbere y’uko iherezo rishika.

IKINYAMUGIGIMA GIKOMEYE MU BUYAPANI

Hirya no hino kw’isi haravuzwe amakuru ajanye n’ivyago vy’ivyaduka vyabiciye bigacika, harimwo vya nyamugigima, ibisebuzi, ibivumbuzi, ibihuhusi, imyuzure, imiriro, be n’ibirunga. Naho tutoronka aho dukwiza amakuru yerekeye ivyago vy’ivyaduka biheruka kuba, ingene abavukanyi bacu bo mu Buyapani bavyifashemwo biratwereka ukuntu Ivyabona vya Yehova bashikiwe n’ivyo vyago bavyifashemwo babigiranye umutima rugabo.

Ku wa gatanu igenekerezo rya11 Ntwarante 2011, isaha umunani n’iminuta 46 zo ku muhingamo, mu Buyapani harateye ikinyamugigima gifise ubukomezi bw’ibipimo 9. Ibisebuzi vyatewe n’ico kinyamugigima vyarayogeje ibisagara vyinshi n’ibigwati vyinshi vyo ku nkengera y’Ibahari Pasifike. Abantu bashika 20.000 ni bo vyemejwe ko bahitanywe n’ico cago, muri abo hakaba harimwo n’abo babuze irengero ryabo. Mu turere twatewe n’ivyo bisebuzi, Ingoro z’Ubwami zine zarasambutse, izindi zine na zo zirononekara ku buryo zitashobora gukoreshwa. Inzu 235 z’abavukanyi na bashiki bacu zaratwawe canke zirasambagurika. Inzu zirenga igihumbi ni zo zari zikeneye gusanurwa.

Ico kinyamugigima n’ivyo bisebuzi vyarasambuye ahahingurirwa umuyagankuba uva mu vyuka birimwo ubumara ku buryo ubwo bumara bwaciye bushwara mu kirere. Leta yaciye itegeka ko abantu bose baba mu micungararo y’aho hantu bahava, kandi gushika mw’ijoro nta muntu n’umwe yari akirangwa mu bisagara vyinshi vy’aho hantu. Abavukanyi na bashiki bacu bo muri ako karere na bo nyene ntibasigaye inyuma, maze amashengero abiri aba arasanzaye.

Mu Vyabona vya Yehova 14.000 baba mu turere twasinzikaye cane, 12 ni bo bahasize ubuzima, 5 barakomereka bikomeye, 2 na bo ntawuramenya irengero ryabo. Benshi mu barokotse ico cago barabuze amazu yabo, ivyo bari batunze, abandi benshi na bo barabura ababo.

Uwitwa Kiyoko w’i Ofunato asigura ati: “Narashoboye kuja gutora mawe n’imodoka, uno akaba ari ikimuga. Tugitangura kugenda tugana mu kibanza co guhungiramwo, nagiye numva ibintu binuka. Naciye mva mu modoka maze nca mbona inzu yacu imizwe n’amazi menshi cane ameze nk’igihome. Ayo mazi yariko araza atugana! Narafashije mawe kuduga ku gikuta kinini cane gikingira ibarabara ry’indarayi. Imodoka yacu yatwawe turorera.”

Inyuma y’ico kinyamugigima, umuvukanyi umwe akiri muto yitwa Koichi yaragerageje kuja aho abavyeyi biwe baba, ahitwa Ishinomaki, nko ku bilometero 5 uvuye ku kiyaga. Yamara yegereje gushika, yasanze ako karere kose karengewe n’amazi. Avuga ati: “Sinashobora kubandanya ntafise ubwato.” Haheze indwi zitatu ico kinyamugigima kibaye, ni ho yabona ikiziga ca se wiwe mu buruhukiro, ikiziga ca nyina wiwe na co akibona haheze zindi ndwi zitatu.

Ico kinyamugigima gihejeje kuba, uwitwa Masaaki w’i Shichigahama yaciye aparika imodoka yiwe ku Ngoro y’Ubwami yari ku kilometero kimwe uvuye ku kiyaga. Masaaki yigana ivyo yibuka ati: “Nahasanze mushiki wacu umwe yari yahungishirijweho. Nibaza ko ibisebuzi bitotumye amazi ashika kure cane i musozi. Ariko ubwo nyene nagiye mbona ibizi vyirabura bishwaye aho hantu! Imodoka zacu zaciye zitangura gutwarwa. Naruguruye idirisha ry’iyo modoka, nca nsimbira hejuru kuri yo mpagararaho, ariko imodoka y’uwo mushiki wacu yagumye itwarwa gushika irazimangana! Narasenze Yehova ndamusaba ngo amufashe.”

“Kubera ko hariko haragwa shelegi, narajovye nca ntangura kujugumira. Nya shelegi yahavuye ireka kugwa, ariko hagumye hakanye cane. Izuba ntiryatevye kurenga buca burira. Hejuru hari inyenyeri nziza utoraba zaca ibibatsi. Nari mpagaze hejuru kuri ya modoka yanje, imeze nk’akazinga kari mu mazi akanye nk’ibarafu. Hari n’abandi bari bameze nkanje, bahagaze ku bigunguzi vy’umwavu canke hejuru ku mazu. Naribaza nimba bwokeye nkiri muzima. Mu kwiremesha, naciye mpitamwo kwiyibutsa insiguro y’icese hari haciye indwi zibiri ntanze. Kuzirikana kuri iyo nsiguro vyari bibereye cane muri ico kiringo kuko yavuga ngo ‘Ni hehe ushobora gukura imfashanyo mu bihe vy’ingorane?’ Mpejeje naciye ndirimba ururirimbo rumwe gusa nari nsanzwe nzi ku mutwe, ruvuga ngo ‘Dawe, Imana yanje, akaba n’Umugenzi wanje.’ Naguma ndarusubiramwo. Igihe nariko ndaririmba, narasubije amaso inyuma ndazirikana ku gikorwa nsukurira Yehova, amosozi aca aradengera mu maso.

“Nagiye numva umuntu ari mu nzu iri hakurya y’ibarabara asemerera ati: ‘Uracahema? Ndaje kugutabara!’” Uwo muntu yari yakoze ikintu gishobora kureremba ku mazi, akaba rero yariko aratabara abantu bari muri iyo micungararo. Masaaki afashijwe n’uwo muntu, yarashoboye kwinjira mu nzu y’umuntu aciye mw’idirisha ryo mw’igorofa ya kabiri. Ntiworaba ukuntu mu nyuma uwo muvukanyi yaryohewe aho yamenya ko n’umwe mushiki wacu yari mu yindi modoka yarokotse.

Kohei na Yuko bari biteganye umushasharo ubugeni bwabo bwari kubera ku Ngoro y’Ubwami y’i Rikuzentakata ku wa gatandatu igenekerezo rya 12 Ntwarante 2011. Ico kinyamugigima cateye ku wa gatanu, bahejeje kwandikisha umubano wabo muri leta. Kohei yarumvise igihe abantu bo muri ico gisagara baburirwa ku bijanye n’igisebuzi cagira gitere, maze aca ahungira ahantu hakirurutse. Yigana ivyo yibuka ati: “Igisagara cose cari carengewe n’amazi. Nta kindi kintu umuntu yabona atari amazu makeyi y’amagorofa maremare. Ico gihe, naguma niyumvira ibijanye n’urubanza rwacu rwari kuba bukeye, ariko sinatevye kubona ko hari habaye ikintu cihutirwa kuruta.”

Kohei na Yuko bamaze uwo musi wa gatandatu wose bariko barafasha abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero. Kohei yavuze ati: “Amashengero yo mu micungararo yaraturungikiye imfashanyo. Nararyohewe no kwumva umukenyezi wanje avuga ukuntu yahimbawe cane no kuba twarakoresheje umwanya wacu be n’inguvu zacu kugira dufashe abavukanyi bacu. Narakengurukiye Yehova kubona yarampaye umukenyezi ameze neza gutyo. Naho ico gisebuzi cahitanye inzu yacu nshasha, imodoka yacu be n’ivyo twari dutunze vyose, ndakenguruka cane kuba twaragaragarijwe urukundo rwa kivukanyi.”

Gufasha abavukanyi mu vy’umubiri, mu vy’impwemu no kubirura. Ishami ryo mu Buyapani ryaciye ryihutira gutunganya Amakomite atatu ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago kandi ryaguma rirungika abariserukira mu karere kari kashikiwe n’ico cago. Igihe umucungezi wa zone Geoffrey Jackson be na Izak Marais bo ku cicaro gikuru baza mu Buyapani muri Rusama, na bo nyene barabonanye n’abo bavukanyi na bashiki bacu bo mu turere twari twarasinzikaye cane. Haratunganijwe ivy’uko amashengero yashikiwe n’ico cago akurikirana ikoraniro ridasanzwe biciye ku buhinga bwa telefone, ku buryo abavukanyi nka 2.800 bari ku Ngoro z’Ubwami 21 bakurikiye iryo koraniro maze barakurwa amazinda ko bakundwa be n’uko bitwararikwa n’abavukanyi bo kw’isi yose.

Abagize ayo makomite yo gutabara be n’abandi bavukanyi bakora bavyishakiye barakoze baratama kugira ngo batange imfashanyo. Ibintu abavukanyi na bashiki bacu bari bikeneye cane vyari ibifungurwa, amazi be n’ivyo gucana. Abagize ayo makomite baratunganije kandi ivy’uko amashengero yari yashikiwe n’ico cago arungikirwa impuzu zitandukanye. Nya mpuzu zaramanitswe mu bibanza vyaberamwo amakoraniro hongera hashirwamwo ivyirore kugira ngo abavukanyi na bashiki bacu batore izibakwiye.

Ntiworaba ukuntu abavukanyi na bashiki bacu bari bashikiwe n’ico cago bakengurutse cane kuba Yehova yarabaronkeje ivyo bari bakeneye mu vy’umubiri akongera akabirura! Biciye ku makoraniro ya gikirisu, barakomezwa bimwe bidasanzwe. Mushiki wacu umwe wo mu karere kashikiwe n’ico cago yanditse ati: “Amakoraniro aratuma ngira amahoro yo mu mutima. Ni yo amfasha kuguma nkomeye mu vy’impwemu.”

Ubutumwa butanga icizigiro. Abavukanyi b’Abayapani baciye bihutira guhumuriza ababanyi babo bari bataye umutwe bakoresheje Ijambo ry’Imana. Hari abamamaji bo mu gisagara kitari cashikiwe n’ico cago bafashe ingingo yo kuja kwamamaza ku mabarabara bafise icapa kinini canditseko ngo “Kubera iki ico cago cateye? Bibiliya irishura ico kibazo.” Abantu benshi barashimishijwe, kandi ku musi umwe n’igice abo bavukanyi batanze ibitabu Ivyo Bibiliya yigisha 177.

Mu turere twashikiwe n’ico cago, Ivyabona babanje kuja kuremesha abo bigana Bibiliya be n’abari barashimishijwe, mu nyuma na ho baja kuremesha ababanyi. Akiko avuga ati: “Igihe nasomera umugore umwe muri Matayo 6:34, yaciye atangura gukorora amosozi. Vyaraboneka ko yari afise amaganya menshi. Igihe namusigurira ukuntu Bibiliya idufasha kugumana amahoro yo mu muzirikanyi, yaciye ubwo nyene avyemera yongera arankengurukira. Ivyo vyatumye ndushiriza gutahura ukuntu Ivyanditswe bifise ububasha bwo gukora abantu ku mitima.”

Umugabo umwe yavuze ati: “Hari amadini menshi, ariko ni mwebwe gusa mutugendera, mukaba munabigira no muri iki gihe kigoye cane.” Uwundi mugabo abigiranye urupfasoni yavuze ati: “Biratangaje kubona muri iki gihe kigoye mubandanya igikorwa canyu nk’uko mwahora.” Umukurambere umwe yavuze ati: “Abatari bake baratwakira neza. Bavuga bati: ‘Ni mwe mutanguye kutugendera ku mihana yacu kuva aho hatereye kirya cago. Turabasavye muzogaruke.’”

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA MU NDIMI 106!

Ku wa gatanu igenekerezo rya 15 Mukakaro 2011, wari umusi w’intibagirwa muri Letoniya no muri Lituwaniya kubera ko abasavyi b’Imana bo muri ivyo bihugu bari baramutse baronka ikintu c’intibagirwa muri kahise kabo. Mu nsiguro Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi yashikirije muri ivyo bihugu vyompi, yaratangaje ko hasohowe Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu mu kiletoniya no mu kilituwaniya, rumwe ruba rubaye ururimi rugira 99 urundi urugira 100 iyo Bibiliya isohowemwo. Mu myaka indwi iheze, Inama Nyobozi yarashize imbere ivyo guhindura Bibiliya mu zindi ndimi. Ico vyavuyemwo ni uko ubu indimi Bibiliya y’isi nshasha ibonekamwo ziyongereye incuro zibiri ugereranije n’izo yabonekamwo mu 2004, kandi abahinduzi bo hirya no hino kw’isi bariko barakora cane kugira ngo iyo Bibiliya iboneke no mu zindi ndimi nyinshi.

Nk’uko ushobora kuvyiyumvira, igihe iyo Bibiliya isohowe mu rurimi abavukanyi bonse, akamwemwe karabasya. Umuvukanyi umwe wo muri Centrafrique yavuze ati: “Kuba ufise Bibiliya ni kimwe, ariko kuyitahura mu rurimi wonse ni co kintu ciza kuruta ibindi bintu vyose vyo kw’isi. Bibiliya y’isi nshasha yo mu rurimi rw’igisango irakora ku mutima cane. Igihe ndiko ndasoma Injili, ndashobora kwiha ishusho y’abavugwa muri Bibiliya be n’ukuntu biyumva.” Mushiki wacu umwe akiri muto wo muri Etiyopiya yarerekanye muri make ukuntu benshi biyumva igihe yavuga ati: “Kuvuga ngo ‘Urakoze’ ntibihagije kugira ngo nserure ukuntu niyumva mu mutima. Nahora nsenga Yehova buri musi ndamusaba ngo aturonse Bibiliya y’isi nshasha mu rurimi rwacu. None ng’iyi ndayironse!”

UDUKURU TWO HIRYA NO HINO KW’ISI

Banumya umuntu w’inkazi mu Burusiya. Mushiki wacu ageze mu zabukuru yitwa Vera yari amaze imyaka myinshi afitaniye ingorane n’umwe mu babanyi biwe aterekwa Ivyabona vya Yehova. Uwo mugabo yaratera ubwoba uwo mushiki wacu akongera akamubwira amajambo ateye isoni, ivyo akaba yabigira uwo mushiki wacu ari kumwe n’abuzukuru biwe bakunda kuza kumuramutsa. Kubera ko Vera yagumiza ku muzirikanyi ibivugwa mu Baroma 12:18, yaguma yihoreye kandi ntiyigera aterana amajambo n’uwo mugabo. Muri Nzero 2011 hoho nya mubanyi yarongereje amakari. Kubera ko Vera yabona yuko ubuzima bwiwe bugeramiwe, yarituye umupolisi wo muri ako karere. Birashimishije kubona nya mupolisi yaciye aza i muhira iwe muri Ntwarante 2010 ari kumwe n’umutegetsi umwe w’ico gisagara. Bari baje kuraba nimba Vera be n’ibindi Vyabona bahurira mu nzu iwe ata bikorwa vy’intagondwa bakora. Yamara, ico gihe uwo mupolisi yariboneye ingorane nyezina Vera yari afitaniye n’uwo mubanyi. Yarakariye uwo mubanyi yongera amuca amande y’amahera y’amarusiya 3.000 (nk’amarundi arenga 130.000). Kuva ico gihe, Vera ntiyasubiye kugiranira ingorane n’uwo mubanyi. Kugira ngo Vera yerekane ugukenguruka, yarandikiye urwego rw’igipolisi ikete ryo kubashimira. Yaratangaye cane aho aronkeye inyishu ivuye ku mukuru w’igipolisi. Uwo mukuru yaramushimiye ku majambo meza yakoresheje igihe yariko avugana na wa mutegetsi w’igisagara yamufasha. Yanditse kandi ati: “Amajambo aranga igishika watubwiye, mu gihe usanga abantu benshi bobo batubwira nabi, arerekana ko wizigira igipolisi.” Vera avuga yuko uwo mupolisi wo muri ako karere yama aza iwe kugira yiyemeze neza ko ata ngorane ihari.

‘Umugabo yegeranya umwavu’ muri Tirkiya. Hari abantu babiri hari haciye igihe gitoyi batanguye kwiga Bibiliya bitavye ihwaniro ry’intara. Banditse bati: “Twarumiwe. Umuntu wese wabona ariko aramwenyura, afata kigenzi bagenziwe kandi afise urupfasoni. Mu gihe c’akaruhuko ka sasita, twaratembereye muri ico kibanza kandi twagumye twumva twisanze. Twagiye tubona umuvukanyi yatwigisha Bibiliya aje atugana. Yari afise ikintu kirimwo umwavu. Twaragerageje kumwinyegeza kubera ko twibaza ko yari ajejwe igikorwa co kwegeranya umwavu, tukaba rero tutashaka ko hari uwubona ko tuzinanyi n’uwo mugabo nciyaho yegeranya umwavu. Twaciye dukata maze tugerageza kumwinyegeza mw’isinzi ry’abantu. Twibajije duti: ‘Kubera iki twigishwa Bibiliya n’umuntu yegeranya umwavu aho kwigishwa n’uwutanga insiguro ku mukiruruko?’

“Ariko rero, uko twatera imbere mu nyigisho yacu, twahavuye tumenya ko wa ‘mugabo yegeranya umwavu’ yatwigisha yari uwo mu bagize Komite y’ishami, akaba yakorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Twarabandanije gutera imbere hanyuma turegurira Yehova ubuzima bwacu, turamenya yuko uwo muvukanyi wacu yicisha bugufi yariko yigenza nk’‘umuto.’ (Luka 9:48) Ese ukuntu dukenguruka cane ico cigwa gihambaye twigiye kw’ikoraniro rinini rya mbere twitavye!”

Ibinyoma muri Armeniya. Hari isekeza ryo kwambika ibara Ivyabona vya Yehova ryatanguye kugirwa n’ibimenyeshamakuru kubera hari umugabo akiri muto yishe abavyeyi biwe mu gisagara ca Sevan maze baca babesha ngo uwo mugabo yari Icabona ca Yehova. Ivyabona baciye ubwo nyene barungikira ibimenyeshamakuru amakuru abeshuza iyo nkuru. Ariko ukwo kwambikwa ibara kwarabandanije, haratangwa n’ikiganiro kidasanzwe kuri televiziyo cemeza yuko uwo mugabo yari Icabona ca Yehova. Harakoreshejwe amajambo yo kumaramaza Ivyabona vya Yehova no kubatyoza, kandi hari amajambo yaguma yerekanwa mu gihe c’ico kiganiro yavuga ngo “Abicanyi b’imburakigongwe kandi b’imburakimazi ba Yehova.” Ico kiganiro caranaremesha abariko bagikurikirana gukoresha inguvu mu gihe Ivyabona babagendeye. Ivyo vyatumye abantu banka Ivyabona vya Yehova muri ico gihugu biyongera cane. Abavukanyi baritwariye iyo televiziyo, basaba ko yobeshuza ayo makuru, igasaba ikigongwe ikongera igatanga indishi y’akababaro kubera yadusize iceyi. Gushika igihe iki Gitabu c’umwaka co mu 2012 carungikwa mw’icapuriro, iyo televiziyo ntiyari bwabeshuze ayo makuru, naho hariko haragirwa ibiganiro kugira ngo habe ugusubiza hamwe.

Abipfuza kuzoba abahinga mu vy’ubwubatsi muri Venezuwela. Buri gitondo, hari abana bama baca aho abavukanyi bariko barubaka Ingoro y’Ubwami mu gisagara ca San José de Guaribe bagiye kw’ishure ry’abana bataragera kuja mu wa mbere. Bama bahagarara gatoyi bakitegereza, bagatangazwa n’ivyaba biriko birakorwa. Umusi umwe bari mw’ishure, umwarimukazi wabo yarababajije ico bipfuza kuzokora nibakura. Nya mwarimukazi yaratangajwe no kuba benshi muri abo bana bishuye ko bipfuza kuzoba “abahinga mu vy’ubwubatsi nk’Ivyabona vya Yehova”! Kubera ko yumva ashaka kwibonera ivyo bintu, we hamwe n’uwundi bakorana barajanye abana bose bo muri iryo shure gutembera aho hantu abavukanyi bariko barubaka. Bahashitse, abubatsi barabatembereje muri ico kibanza. Abo bana bararyohewe cane, canecane kubera ko mu gihe c’ukwo gutemberezwa bambaye vya bikofero vyo kwikingira impanuka abubatsi bambara. Nya barimukazi barabajije ibibazo vyinshi, kandi harashinzwe intahe nziza.

Igitigiri c’ibinyamakuru bicapurirwa muri Kanada congerezwa. Kugira ngo intererano zikoreshwe neza kuruta, Inama Nyobozi yarasavye ishami ryo muri Kanada gucapurira ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! amashengero yose yo muri Bermudes, Guyana, Kanada, Leta Zunze Ubumwe za Amerika be n’ayo mu mazinga ya Karayibe nka yose. Ku bw’ivyo, mu ntango z’umwaka w’umurimo wa 2011, ishami ryo muri Kanada ryaratanguye gusohora ibinyamakuru biruta incuro 12 ivyo ryahora risohora. Ubu Kanada icapura ibinyamakuru mu ndimi 30, bikaba bihakwa kungana n’ica kane c’ibinyamakuru vyose bicapurwa kw’isi yose.

Hatunganywa ivy’uko umuntu wese avyipfuza agendera ishami ryo muri Finlande. Bahawe uruhusha n’Inama Nyobozi, muri Finlande haratunganijwe isekeza ridasanzwe ryari rishingiye ku Vyabona vya Yehova no ku butumwa bari bamaze imyaka ijana bashikiriza muri ico gihugu. Abavukanyi barashikirije n’umwete mwinshi ikinyamakuru Be maso! co muri Myandagaro 2010 kirimwo urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Qui sont les Témoins de Jéhovah?” (Ivyabona vya Yehova ni bande?). Ivyo vyaratumye baganira n’abantu benshi ku bijanye n’igikorwa turangura. Mu mpera za Myandagaro, abavukanyi baciye batunganya ivy’uko umuntu wese avyipfuza agendera ibiro vy’ishami. Abanyabeteli bose baragize uruhara mu gusigurira abantu igikorwa kiharangurirwa. Hari ivyo baza barabereka kugira babasigurire neza igikorwa cacu. Abanyabeteli bamwebamwe baranambaye impuzu za kera bongera barerekana ukuntu mu myaka ya 1940 na 1950 abavukanyi bambara ivyandiko, kimwe imbere ikindi mu mugongo kugira ngo batangaze insiguro z’icese zaba zimirije gushikirizwa. Inzego zitari nke zari zaratunganije utuntu two guha abo bantu bokwibukiyeko uwo musi. Abantu nka 1.500 ni bo bagendeye ibiro vy’ishami ico gihe. Mu nyuma, ibinyamakuru, iradiyo na televiziyo vyaravuze neza ibikorwa turangura.

Imidurumbanyo muri Côte d’Ivoire. Umwaka w’umurimo wa 2011 watanguye abavukanyi bo muri ico gihugu biteze ko hazoba iyongerekana, ivyo bikaba vyerekanwa n’uko abamamaji 8.656 bayobora inyigisho za Bibiliya 23.019. Yamara rero, mu mpera za Munyonyo 2010, ukutumvikana ku vyavuye mu matora kwaratumye haba akajagari n’imidurumbanyo mu banyagihugu. Intambara yaciye ikurikira yarashitse n’i Abidjan ku mugwa mukuru w’ivy’ubutunzi w’ico gihugu muri Ntwarante 2011, muri Ndamukiza na ho irunyuka, ituma abanyagihugu benshi bahunga barava muri ico gisagara eka mbere no muri ico gihugu. Muri abo banyagihugu harimwo benshi mu bavukanyi bacu, bakaba bahunze n’amaguru bata amazu yabo be n’ivyo bari batunze.

Muri ico kiringo kigoye, ukuba abavukanyi bagumye batagira aho bahengamiye akenshi vyarabakingira. Igihe kimwe, abasoda barinjiye mw’ishure rimwe ry’intango abigisha n’abahanuzi mu vy’indero bariko bagiriramwo inama nkarishabwenge. Bose baciye bategekwa kuryama hasi no gutanga ibintu vyose vy’agaciro bari bafise. Igihe umuvukanyi umwe yaha nya basoda isakoshi yiwe yo mu ndimiro yuzuyemwo ibisohokayandikiro, baciye babona ko ari Icabona ca Yehova. Baramusubije ya sakoshi yiwe, amahera yiwe na telefone yiwe, bamubwira bati: “Mwebwe nta kabi kanyu.”

KWEGURIRA IMANA IBIRO VY’AMASHAMI BIRAYININAHAZA

Ku wa 18 Kigarama 2006 ni ho haba iyagurwa ry’ishami ryo muri Shili, hakaba harubatswe inyubakwa yo gukoreramwo y’amagorofa abiri be n’inyubakwa y’uburaro y’amagorofa atatu, hongera haraba iyagurwa ry’inyubakwa yo kubikamwo ibintu. Ku wa 16 Gitugutu 2010, umuvukanyi David Splane wo mu Nama Nyobozi yarashikirije insiguro yo kwegurira Imana izo nyubakwa mu gisupanyoli, iyo porogarama ikaba yitabwe n’abantu 5.501.

Ku wa 19 Ruhuhuma 2011, abantu 210 ni bo bitavye porogarama yo kwegurira Imana ibiro vy’igihugu vyo muri Burkina Faso vyari vyaguwe. Insiguro yo kwegurira Imana izo nyubakwa yashikirijwe na John Kikot yari yaje ava ku cicaro gikuru. Ishami ryo muri Côte d’Ivoire ni ryo ryari rihagarikiye igikorwa co kwamamaza muri Burkina Faso gushika muri Rusama 2011, aho ibintu vyahindurwa ico gikorwa kigahagarikirwa n’ishami ryo muri Bénin. Inyifato nziza abavukanyi bariko barubaka bagaragaje yarashemeje cane izina rya Yehova. Umukoresha w’ishirahamwe rimwe rinini ry’ibikoresho vyo kwubaka yavuze ati: “Nta gukankama kwaharangwa. Ntitwari bwigere dukorera ahantu hari abantu baturuye kandi bahimbawe ukuraho.”

Harabaye akanyamuneza kenshi igihe inyubakwa nshasha z’ishami rya Hong Kong zegurirwa Imana ku wa 27 Myandagaro 2011. Ivyo biro bishasha biri kw’igorofa igira 19 mu nyubakwa y’amagorofa 37 irabana n’ikivuko ca Victoria. (Raba akamenyetso kw’ifoto iri aho munsi) Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi ni we yashikirije insiguro yo kwegurira Imana ivyo biro, ikaba yitabwe n’abantu 290 bari banezerewe cane, bakaba bari bicaye mu cumba c’uburiro, mu mabiro no muri depo. Ivyo biro bishasha birimwo Urwego rw’ubuhinduzi, Urwego rujejwe umurimo, icumba co gufatiramwo amajwi n’amasanamu, Urwego rujejwe kugura ibintu, Urwego rujejwe ibisohokayandikiro be n’urujejwe ivy’amakonte.

RAPORO Y’IVY’IMANZA

Wa muhanuzi w’umwizigirwa Yeremiya yari afise imvo yumvikana yo kwizigira yuko Imana Mushoboravyose itokwigeze imuheba. Yehova yavuze ati: “Bazokurwanya koko, mugabo ntibazokunesha. Kuko ndi kumwe nawe kugira ngo ngukize no kugira nkurokore.” (Yer. 15:20) Nk’uko raporo ikurikira ivyerekana, abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none na bo nyene Yehova yarabashigikiye yongera arabafata mu mugongo uko barangura igikorwa bashinzwe co kwamamaza n’igihe nyene baba bariko bararwanywa.—Mat. 24:9; 28:19, 20.

Armeniya Vahan Bayatyan, umwe mu Vyabona vya Yehova, yaraciriwe umunyororo w’imyaka ibiri n’igice kubera ko ijwi ryiwe ryo mu mutima ritamwemerera gukora ibikorwa vya gisirikare. Inyuma y’aho atsindiwe mu manza yaza araburana mu masentare yo muri Armeniya, urubanza rwiwe rwarumvirijwe na ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu. Ku wa 27 Gitugutu 2009, abacamanza indwi bo muri iyo Sentare y’Abanyaburaya barakubise intahe mu gahanga umuvukanyi Bayatyan, bambika izera igihugu ca Armeniya. Yamara rero, umucamanza atashigikiye urwo rubanza yavuze ko ingingo y’iyo sentare “iteye kubiri n’ico Amasezerano y’Abanyaburaya y’ubu avuga ku bijanye n’ikibazo c’ukwanka gukora igikorwa kinaka umuntu yishimikije ijwi ryiwe ryo mu mutima.” Kubera ko iyo Sentare y’Abanyaburaya yabonye ko ico ciyumviro gifise ishingiro, yaciye rero yemera ko urwo rubanza rwihwezwa n’Inama Nkuru y’iyo sentare, iyigizwe n’abacamanza 17.

Ku wa 7 Mukakaro 2011, mu bacamanza 17 bagize iyo nama, 16 bashitse ku ciyumviro c’uko igihugu ca Armeniya cari cahonyanze uburenganzira umuvukanyi Bayatyan afise bwo kwihitiramwo ivyo akora yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima. Iyo sentare yavuze yuko “ata mvo n’imwe ifise yo gukekeranya yuko uwo muntu yanse gukora ibikorwa vya gisirikare kubera ivyo yemera, ivyo na vyo bikaba ari vyo yamye ashigikira abikuye ku mutima kandi bikaba mu buryo ntaharirizwa vyari biteye kubiri n’ivyo bikorwa vya gisirikare yategerezwa gukora.” Turizigiye ko urwo rubanza rukomeye amaherezo ruzotuma abavukanyi 69 bapfungiwe muri Armeniya barekurwa, tutibagiye n’abandi bavukanyi bacu bahanganye n’ico kibazo nyene muri Azerbayijani no muri Tirkiya.a

Bilgariya Ku wa 17 Ndamukiza 2011, abantu barenga 100, harimwo abagore, abana n’abageze mu zabukuru, bariko barahimbaza mu mahoro ntangere Icibutso c’urupfu rwa Kristu mu Ngoro y’Ubwami y’i Burgas. Hanze harakoraniye umugwi w’abagabo nka 60 bashangashiwe hanyuma batangura gutera amabuye Ivyabona bari bahagaze kw’irembo ry’iyo ngoro. Nya bagabo baciye bagerageza kwitera muri iyo Ngoro y’Ubwami, ariko abavukanyi barababujije kwinjira. Abavukanyi baciye ubwo nyene batabaza igipolisi, ariko nya bapolisi baratevye kuza gutabara. Hari Ivyabona bakomerekeye muri ico gitero, kandi batanu muri bo babwirijwe gutwarwa kwa muganga na rusehabaniha. Naho habaye ico gitero, iryo shengero ryarabandanije guhimbaza Icibutso. Ico gitero cari gihushanye n’ukuntu Ivyabona vya Yehova bo muri Bilgariya basanzwe bafatanwa icubahiro kandi vyaratumye barushiriza kumenyekana neza. Inama Nyobozi yaratunganije ivy’uko amashami 13 amenyesha ivy’ico gitero ibiro biserukira ico gihugu mu bihugu ayo mashami akoreramwo. Kuva ico gihe Leta ya Bilgariya yaciye itera ivyatsi ico gitero, kandi umushikirizamanza wo muri ako karere yaritwariye abantu umunani mu bari bagavye ico gitero.

Koreya y’Epfo Ivyabona vya Yehova bo muri Koreya y’Epfo barenga 800 baracapfunzwe bahorwa ko banse gukora ibikorwa vya gisirikare bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima ryamenyerejwe hisunzwe ivyo bigishwa. Kuva mu 1950, Ivyabona vya Yehova barenga 16.000 baramaze gucirwa umunyororo w’imyaka irenga 31.000 kubera ko banka gukora ibikorwa vya gisirikare. Kubera iki none abakiri bato benshi ukuraho bagumye bumiye kuri iyo mpagararo?

Uwukiri muto wese yanka gukora ibikorwa vya gisirikare ni we yifatira iyo ngingo yishimikije ijwi ryiwe ryo mu mutima. Nk’akarorero, uwitwa Kim Ji-Gwan yireguye imbere ya sentare ati: “Narakozwe ku mutima cane n’uko Bibiliya yigisha ko ‘abantu batazokwongera kwiga kurwana’ be n’uko ‘dutegerezwa gukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda.’ Naramenye kandi ko urukundo rushingiye ku ngingo ngenderwako rushobora gutuma dukunda abansi bacu. Nishimikije ivyo vyanditswe be n’ibindi kandi nkaba ubwanje narajijutse ntakekeranya, narafashe ingingo yo kwanka gukora ibikorwa vya gisirikare.”—Yes. 2:4; Mat. 5:43, 44; 22:36-39.

N’ubu abavukanyi bakiri bato bo muri Koreya y’Epfo ntibemererwa gukora ibindi bikorwa mu gishingo c’ivyo vya gisirikare. Mu ntumbero yo kugerageza gutorera umuti ico kibazo, imanza cumi zarungururijwe muri Sentare yo muri Koreya ijejwe kwubahiriza ibwirizwa-shingiro. Ku wa 11 Munyonyo 2010, iyo sentare yarihweje ibirego vyashikirijwe, harimwo n’ic’ukuraba niba Koreya itahonyanze agateka k’Abanyakoreya mu kuba yaranse gushiraho ibindi bikorwa abanka gukora ibikorwa vya gisirikare bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima bokora.

Muri ico gihe nyene, ku wa 24 Ntwarante 2011, Komite ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yo muri rya Shirahamwe mpuzamakungu ONU yaremeje ko Koreya y’Epfo yahonyanze amasezerano mpuzamakungu agenga agateka ka zina muntu igihe yapfunga abantu 100 banse gukora ivyo batemererwa n’ijwi ryabo ryo mu mutima, abo na bo bakaba ari Ivyabona vya Yehova. (Abo bavukanyi 100 bituye Komite ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yo muri rya Shirahamwe mpuzamakungu ONU kubera ko bari bapfunzwe.) Vyongeye, ingingo ya Nama Nkuru ya Sentare y’Abanyaburaya yafashe yo kwambika izera umuvukanyi Bayatyan (raba raporo ivuga ivyo muri Armeniya iri ku rupapuro rwa 34-35) yarashikirijwe Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa-shingiro yo muri Koreya kugira ngo iyisunge mu gihe co gufata ingingo ku bijanye n’imanza cumi iyo sentare yari yashikirijwe. Ariko ivyo ntivyabujije ko ku wa 30 Myandagaro 2011, iyo Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa-shingiro ishigikira Itegeko risaba gukora ibikorwa vya gisirikare yongera irashigikira yuko abanka gukora ivyo bikorwa bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima babandanya gupfungwa, ivyo ikaba yabigize kubera ko itemeranije namba n’ingingo zafashwe na ya Komite ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yo muri rya Shirahamwe mpuzamakungu ONU. Babiri mu bacamanza icenda bagize iyo sentare, bafatiye ku vy’uko iryo Tegeko risaba gukora ibikorwa vya gisirikare riteye kubiri n’ivyo ibwirizwa-shingiro rivuga ku bijanye n’uburenganzira umuntu afise bwo kwihitiramwo ivyo akora yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima, baranse iyo ngingo maze basaba ko hobaho ibindi bikorwa bisubirira ivya gisirikare.

Tirkiya Abavukanyi bacu bo muri ico gihugu barahimbawe cane no kuba ku wa 31 Mukakaro 2007 baremewe n’amategeko. Naho hakiri ingorane ku bijanye n’ikibazo c’ukutagira aho duhengamiye be n’ikoreshwa ry’Ingoro z’Ubwami, iyindi mice y’igikorwa turangura ibandanya itera imbere muri ico gihugu. Ku wa 26 Ndamukiza 2011, Umushikiranganji w’indero wo muri ico gihugu yarasohoye ingingo ivuga yuko ‘Ivyabona vya Yehova bemerewe kudakurikirana ivyigwa bijanye n’idini bitangwa ku mashure.’ Uwo mushikiranganji yavuze ko “naho Ivyabona vya Yehova batemera inyigisho zimwezimwe ayandi madini y’abakirisu ahurizako, na bo nyene ni abakirisu.” Iyo ngingo ni agakuru keza ku bavukanyi na bashiki bacu bakiri bato hari haciye imyaka n’iyindi baza barayoberwa kw’ishure kubera ko batagira uruhara mu vyigwa bijanye n’idini.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika Muri Rusama 2011, Sentare y’iyungururizo yo muri Leta ya Kansas yarambitse izera mushiki wacu Mary D. Stinemetz mu rubanza yaburana n’urwego rumwe rw’ivy’ubuvuzi rwo muri iyo leta (Kansas Health Policy Authority). Iyo sentare yavuze yuko iyo leta yahonyanze uburenganzira mushiki wacu Stinemetz ahabwa n’ibwirizwa-shingiro ry’iyo leta be n’irya Leta Zunze Ubumwe kubera ko iyo leta yanse kumwemerera kuja kubagirwa hanze yayo hadakoreshejwe amaraso. Kubera ko uburyo bwo kubagwa hadakoreshejwe amaraso uwo mushiki wacu yipfuza butakoreshwa aho i Kansas, iyo sentare yaciye itegeka iyo leta kumwemerera kuja kubagirwa ahandi. Iyo si intsinzi kuri uwo mushiki wacu Stinemetz gusa, ariko ni intsinzi kandi ku bandi bamamaji bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bavuzwa na Leta.

Ku wa 10 Myandagaro 2011, Sentare Nkuru y’i Kansas yarashigikiye ingingo y’uko mushiki wacu Monica McGlory afise uburenganzira bwo kurera umuhungu wiwe. Se w’uwo mwana yari yarondeye ubwo burenganzira bwo kumurera avuga yuko uwo mushiki wacu McGlory adakwiye kurera uwo mwana wabo kubera ko ngo (1) yokwanse yuko uwo mwana aterwa amaraso, (2) kubera ko ngo yamujana mu busuku bw’inzu ku nzu, be n’uko ngo (3) yamwonkoye kuri se no ku bandi bantu mu kumwigisha ivyerekeye Harumagedoni.

Iyo Sentare Nkuru y’i Kansas yarashigikiye ingingo ngenderwako zo mw’ibwirizwa-shingiro zari zashizweho mu 1957, igihe yavumera iti: “Uburenganzira bwo kwihitiramwo idini, nk’uko bwemezwa n’ibwirizwa-shingiro ryacu, bukwiye kwubahirizwa ata guca ku ruhande, vyongeye kwigisha abana ivy’idini ntibikwiye kandi ntibitegerezwa gufatirwako mu kuraba uwohabwa canke uwutohabwa uburenganzira bwo kurera umwana.” Ku bijanye n’ikibazo co guterwa amaraso, iyo sentare yavuze iti: “Ntidushobora kugena uwufise [uburenganzira bwo kurera umwana] dufatiye kw’isanganya vyiyumvirwa ko umuntu yogira canke ku ndwara vyiyumvirwa ko yorwara maze bigasaba [ko aterwa amaraso], kandi ata wuzi ko bizonamushikira.”

Ubufaransa Ku wa 30  Ruheshi 2011, wari umusi uteye akanyamuneza kenshi kubera ko ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yari iramutse itangaza ingingo yambika izera ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu Bufaransa. Cabaye co kintu gihambaye cane gishitsweko mu rugamba rujanye n’ivy’amategeko twari tumaze imyaka 16 turwana kubera ikori ry’umurengera kandi ritumvikana ry’ibice 60 kw’ijana Leta y’Ubufaransa yari yaduciye ku ngabirano zihabwa ishami ryaho. Ivyabona ni ryo shirahamwe ry’ivy’idini ryonyene ryasabwe gutanga iryo kori. Amahera yose hamwe iyo leta yasaba Ivyabona vya Yehova kuriha yari imiliyoni 58 z’amafaranga y’Abanyaburaya (nk’amarundi arenga 105.270.000.000), akaba aruta kure n’iyo ubutunzi bwose iryo shirahamwe ry’aho mu Bufaransa rifise. Inyuma y’aho amasentare yose yo mu Bufaransa agiye aremeza ko iryo kori ritegerezwa kurihwa, muri Ruhuhuma 2005 urwo rubanza rwaciye rwungururizwa muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Ku wa 30 Ruheshi 2011, abacamanza indwi bari bashashe muri iyo sentare bose bavuze yuko mu gihe ivyo Ubufaransa busaba vyoramuka vyemejwe, Ivyabona vya Yehova bo muri ico gihugu batosubiye kurangura imirimo yabo ijanye n’ugusenga mu mwidegemvyo. Iyo sentare yaremeje ko Ivyabona vya Yehova na bo nyene bategerezwa gukingirwa n’Amasezerano y’Abanyaburaya agenga agateka ka zina muntu. Iyo ngingo ikomeye cane izofasha cane mu bijanye no guharanira umwidegemvyo w’ugusenga mu bindi bihugu bigengwa n’iyo sentare, nka Armeniya, Bilgariya, Jeworojiya n’Uburusiya. Ikindi kintu gishimishije ni uko Leta y’Ubufaransa yagiriwe n’icaha co guhonyanga ingingo iri mu Masezerano y’Abanyaburaya ijanye n’umwidegemvyo mu vy’ugusenga, ivyo bikaba ari bwo bwa mbere bibaye muri kahise k’Ubufaransa. Leta y’Ubufaransa ntiyunguruje urwo rubanza.

Uburusiya Ku wa 10 Ruheshi 2010, Ivyabona vya Yehova b’i Moscou baratahukanye intsinzi batari bwigere baronka mu rubanza baburana n’ico gihugu, rukaba rwaciwe na Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu. Naho Leta y’Uburusiya yungururije urwo rubanza mu Nama Nkuru y’iyo sentare, iyigizwe n’abacamanza 17, ku wa 13 Kigarama 2010, abagize iyo Nama Nkuru baranse kwakira urwo rubanza, bica bituma ingingo yafashwe ku wa 10 Ruheshi iba ntabanduka. Ingingo y’urwo rubanza yavuga yuko Leta y’Uburusiya “amategeko yayisaba . . . guhagarika ukwo guhonyanga agateka ka zina muntu kwabonywe n’iyo sentare no gukora uko ishoboye kwose kugira ngo itunganye ingorane zose zakwezwe n’ico kibazo.” Ariko rero gushika n’ubu, Uburusiya ntiburakurikiza iyo ngingo. Ahubwo riho bwararondeye ubundi buryo bwo gutoteza no kuburabuza Ivyabona ngo ntibarangure imirimo yabo ijanye no gusenga mu mwidegemvyo.

Nk’akarorero, mu gatondo ka kare ku wa 25 Myandagaro 2011, igipolisi carasatse ku nguvu imihana 19 y’abavukanyi bacu mu gisagara ca Taganrog maze kirafata ibisohokayandikiro vyacu, imashini za orodinateri be n’inyandiko z’amashengero. Iryo saka rishobora kuba ryari rifitaniye isano n’ingingo yari yasohowe na Sentare Nkuru ya Leta y’Uburusiya yasaba ko ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri ico gisagara ca Taganrog rihagarikwa be n’uko 34 mu bisohokayandikiro vyacu bitangazwa ko birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa. Leta y’Uburusiya yishimikije ingingo zagiye zirafatwa n’amasentare yo muri ico gihugu, yarashize 63 mu bisohokayandikiro vyacu ku co bise Urutonde rw’ibikoresho vy’intagondwa mu Burusiya.

N’ikindi kandi, abavukanyi na bashiki bacu barasatswe, baraterwa, barafatwa bongera barapfungwa n’igipolisi, ivyo vyose bikaba vyarabaye n’imiburiburi incuro zishika ku 950. Abategetsi b’Uburusiya baritwariye abavukanyi bacu mu manza 11 babagiriza ubukozi bw’ikibi, kandi Ingoro z’Ubwami zitari nke zarasambuwe. Abo bategetsi baranashize mwene vya vyuma bifata amasanamu (bita cameras de surveillance) n’imiburiburi mu nzu ya buri muryango w’Ivyabona vya Yehova, barakoresha ubuhinga bwo kuri telefone bwatuma bashobora kwumva ivyo abandi bavukanyi bacu batari bake baba bariko baraganira kuri telefone, canke bagakoresha ubuhinga bwo kuri orodinateri bwatuma bashobora gusoma ivyo abo bavukanyi bacu bandikiranira kuri orodinateri, ivyo vyose bakaba babigira mu ntumbero yo kurondera ivyo bafatirako kugira ngo itegeko rirwanya intagondwa ribafate.

Umuvukanyi Aleksandr Kalistratov w’imyaka 35 wo mu gisagara ca Gorno-Altaysk ni umwe mu baremetswe inkono ishushe hishimikijwe rya tegeko ryo kurwanya intagondwa, rino rikaba ryaranegurwa cane n’abaharanira agateka ka zina muntu, akaba yagirijwe ngo “akokeza urwanko rushingiye ku madini”. Mu ncuro zose urubanza rw’uwo muvukanyi rwumvirijwe, ni ukuvuga kuva ku wa 7 Gitugutu 2010 gushika ku wa 18 Ntwarante 2011, nta n’umwe mu masura 71 yumvirijwe n’iyo sentare yashoboye kwerekana ubukozi bw’ikibi na bumwe Aleskandr yoba yarakoze canke ko mbere yoba yari afise intumbero yo kubukora. Iyo sentare yarihweje yitonze ibisohokayandikiro be n’inyigisho z’Ivyabona vya Yehova, maze ku wa 14 Ndamukiza 2011, umucamanza amenyesha icese ko ata caha na kimwe kibagira. Ariko rero, umushikirizamanza yarunguruje urwo rubanza, maze ku wa 26 Rusama 2011 Sentare Nkuru yo muri Republika ya Altaï ifata ingingo yo gusubiza urwo rubanza muri sentare y’intango kugira ngo rusubire kwumvirizwa n’uwundi mucamanza. Ku bw’ivyo, inyuma y’aho umuvukanyi Kalistratov yambikiwe izera, agiye gusubira kuza ararengutswa imbere ya sentare, ivyo bikaba bishobora kuzotuma yongera kudenderezwa ngo ni intagondwa.

Mu bisanzwe, urwo rubanza rujanye n’uko Leta yibaza ko igikorwa cacu giteye akaga rwatumye abantu benshi bo muri ico gisagara gitoyi c’i Gorno-Altaysk barondera kumenya ibijanye n’igikorwa turangura. None Ivyabona bo muri ico gisagara, abashobora na bo nyene gushengezwa umwanya uwo ari wo wose, bavyifashemwo gute muri ivyo bihe bigoye?

Mushiki wacu yitwa Inna avuga ati: “Muri iki gihe kitoroshe, nararushirije kubona ko Bibiliya ari iy’agaciro. Nararushirije kubona ko abavukanyi n’abavukanyikazi banje bagize umuryango umwe, kandi ndumva ko narushirije kwiyegereza Yehova!” Naho hari ibisohokayandikiro vyacu vyabujijwe, abavukanyi baratanguje inyigisho nyinshi bakoresheje Bibiliya gusa. Abamamaji bo muri Republika ya Altaï bariyongereye ibice 24 kw’ijana, kandi amasaha bamaze mu busuku bwo ndimiro yiyongereyeko ibice 33 kw’ijana. Abitavye Icibutso baruta abacitavye mu mwaka uheze ibice 16 kw’ijana bakaba baruta abamamaji bose bo muri iyo republika incuro zibiri!

Muri ico gihe nyene, Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya baritwariye Leta y’Uburusiya muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, mu zindi manza 13. Rumwe muri izo ni urwiyamiriza ya ngingo yo ku wa 8 Kigarama 2009 yafashwe na Sentare Nkuru, urundi na rwo ni urwiyamiriza ingingo yafashwe na Sentare Nkuru ya Republika ya Altaï yavuga ko 18 mu bisohokayandikiro vyacu birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa.

[Akajambo k’epfo]

a Uretse imanza 2 gusa mu manza 49 zerekeye Ivyabona vya Yehova iyo Sentare y’Abanyaburaya yaciye kuva mu 1965, izindi zose barazitsinze. Iyo ntsinzi umuvukanyi Bayatyan aheruka gutahukana ni rumwe muri izo manza 2 twatsinzwe.

[Blurb ku rup. 14]

“Vyanditswe mu bahanuzi ngo: ‘Kandi bose bazokwigishwa na Yehova’”

[Blurb ku rup. 25]

“Kuvuga ngo ‘Urakoze’ ntibihagije kugira ngo nserure ukuntu niyumva mu mutima”

[Uruzitiro ku rup. 12]

Ivyavuzwe ku bijanye n’ubutsimvyi bwo gufasha:

• “Ryari ryo rya mbere mu buzima bwanje nshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Nta majambo noronka yo guserura ukuntu nkenguruka cane ako karyo!”

• “Mwarakoze cane ku bw’iyo ntunganyo nshasha. Yaratumye tugira akanyamuneza kenshi.”

• “Cabaye ikintu c’intibagirwa muri kahise k’ishengero ryacu.”

• “Kuba twararonse abatsimvyi bafasha benshi cane vyaragize ico biterereye ku mahoro n’ubumwe birangwa mw’ishengero.”

• “Emwe, Harumagedoni itegerezwa kuba iri hafi cane!”—Vyavuzwe n’umuntu atari Icabona yabonye ingene muri Ndamukiza twongereje umwanya tumara mu ndimiro.

[Uruzitiro ku rup. 43]

‘BARIHA AKAMO K’UMUNEZERO’

IYI si itwarwa na Shetani abigiranye ishavu ryinshi iriko irashikirwa n’amagorwa aguma yiyongera. (Ivyah. 12:12) Mu buryo butandukanye n’abantu bo muri yo, abasavyi ba Yehova “[bariha] akamo k’umunezero kubera bamerewe neza mu mutima.” (Yes. 65:13, 14) Barabandanya badatezura gutumira abantu benshi bashoboka ngo baze gusenga ya Mana y’ukuri, bazi yuko “abahungira muri [Yehova] bose bazonezerwa; gushika igihe kitagira urugero, bazokwiha akamo k’umunezero.”—Zab. 5:11.

[Ibicapo ku rup. 26]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

IRABONEKA MU NDIMI 106

Bibiliya y’isi nshasha Ivyanditswe vy’ikigiriki

ikwiye: 62 vya gikirisu: 44

Afrikaans Amharic

Cebuano Ewe

Efik Gun

Icarabu Hiligaynon

Icongereza Igifiji

Igbo Igihindi

Igiceke Igihiri motu

Igicibemba Igikambodiya

Igicicewa Igikiribati

Igifaransa Igikrewole co muri Hayiti

Igifinlande Igipapiyamento (co muri Curaçao)

Igiholande Igipunjabi

Igihongiriya Igisango

Igikoreya Igishitonga

Igikrowasiya Igisilozi

Igipolonye igisranantongo

Igiportigale Igitamule

Igisamowa Igitumbuka

Igisepedi Ikibirmaniya

Igiserbe Ikiganda

Igiserbe (mu ndome z’ikiromani) Ikiletoniya Igisesoto Ikilituwaniya

Igishinwa (ca kera) Ikiluvale

Igishinwa (coroheje) Ikimalayalame

Igishona Ikinepale

Igisinhala Ikinyazerbayijani

Igislovakiya Ikinyazerbayijani (mu ndome z’igisirilike)

Igisloveniya Ikinyestoniya

Igisupanyoli Ikivyetname

Igisuwede Kannada

Igiswahili Kazakh

Igitagaloge Kikaonde

Igitaliyano Pangasinan

Igitirkiya Thai

Igitsonga Tok Pisin

Igitswana Tongan

Igitwi (akuapem) Ukrainien

Igitwi (asante) Ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyabrezile

Ikibilgariya Ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyakolombiya

Ikidagi Ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamegizike

Ikidanemarke Ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika

Ikigiriki Ururimi rw’ibimenyetso rw’Abarusiya

Ikijeworojiya Ururimi rw’ibimenyetso rw’Abataliyano

Ikimalgashe Uzbek

Ikimalte

Ikinorveje

Ikinyalbaniya

Ikinyarmeniya

Ikinyarwanda

Ikinyendoneziya

Ikirumaniya

Ikirundi

Ikirusiya

Ikiyapani

Ikiyoruba

Ikizulu

Ilingala

Iloko

Kirghiz

Macédonien

Ossète

Xhosa

[Ibicapo]

◀ 76% ◁ 24%

Gushika mu 2011, n’imiburiburi ibice 76 kw’ijana vy’abantu baba kw’isi bari bamaze kuronka “Bibiliya y’isi nshasha” (yaba yose canke igice cayo) mu rurimi bonse

110

100

90

80

70

60

50

40

30

20

10

0

1950 1955 1960 1965 1970 1975 1980 1985 1990 1995 2000 2005 2010

[Igicapo ku rup. 8]

(Ushaka igisoma cose, raba ico gitabu)

Kw’isi yose, abamamaji 2.657.377 ni bo bakoze ubutsimvyi bwo gufasha

2,5 (IMILIYONI)

2,0

1,5

1,0

0,5

0

2008 2009 2010 2011

[Ikarata ku rup. 35]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

UBUFARANSA

BILGARIYA

TIRKIYA

ARMENIYA

AZERBAYIJANI

UBURUSIYA

KOREYA Y’EPFO

[Ifoto ku rup. 6]

Hejuru: Abatsimvyi n’abamamaji barazana abo bigana Bibiliya kwa Jeannette kugira ngo babigishirizeho. (Raba ku rupapuro rwa 8-9)

[Ifoto ku rup. 7]

Abatsimvyi basanzwe be n’abafasha bavuye mu busuku i Madrid muri Espanye

[Ifoto ku rup. 10]

Toshi ariko arabwira inkuru nziza uwakora mu kigo babungabungiramwo abageze mu zabukuru

[Ifoto ku rup. 11]

Alejandro na se bari kwamamaza i Sant Celoni, mu gisagara ca Barcelone muri Espanye ku musi wa nyuma w’ukwezi

[Ifoto ku rup. 13]

Ikigo gitangirwamwo inyigisho c’Ivyabona vya Yehova c’i Patterson, i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

[Ifoto ku rup. 18]

Ingoro y’Ubwami y’i Rikuzentakata mu Buyapani

[Ifoto ku rup. 22]

Hejuru: Abitanze bariko barakura ibihomvagurike mu nzu y’umuvukanyi i Shibata muri Miyagi

[Ifoto ku rup. 22]

Ibubamfu: Uwo mu bagize Komite y’ishami ariko aratanga insiguro ku muhana w’umuvukanyi i Rikuzentakata

[Ifoto ku rup. 22]

Hepfo: Abitanze bariko barategurira imfungurwa za sasita abitavye Iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe mu karere kateyemwo ca kinyamugigima

[Ifoto ku rup. 24]

Bibiliya yo mu kilituwaniya n’iyo mu kiletoniya

[Amafoto ku rup. 31]

Ikaro iriko ivya kera iri ku kibuga c’inkino ca Yankee i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

[Ifoto ku rup. 32]

Abariko barubaka ibiro vyo muri Burkina Faso

[Ifoto ku rup. 32]

Ibiro vyo muri Burkina Faso

[Ifoto ku rup. 32]

Ishami ryo muri Shili

[Amafoto ku rup. 33]

Inyubakwa nshasha z’ishami ryo muri Hong Kong

[Ifoto ku rup. 34]

Icicaro ca ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, i Strasbourg mu Bufaransa

[Amafoto ku rup. 38]

Abanyeshure bafise amabilete yabo. Baranezerewe kubera ko bemerewe kudakurikirana ivyigwa vy’idini kw’ishure

[Ifoto ku rup. 41]

Ivyabona bariko baramamaza i Gorno-Altaysk muri Republika ya Altaï

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika