Ikete rivuye muri Gana
Igihangange mu vya karate kiyiheba
SINARI niteze ko yobaye ari ukwo ameze. Yambaye ikanzu ndende ikozwe mw’ipampa yera derere, akenyeye mu mafyinga hiwe hatoyi umukanda wirabura w’isantimetero zitanu z’ubwaguke, akaba yawiyegereje ngo umufate neza, ahagaze nk’uwugira arwane, amaboko yiwe yayakongataje kandi ariteguye, ashinze amaguru nk’imambo yayatambikije ibirenge bigaragara. Mu maso hiwe harateye ubwoba; mu ruhanga yahadadaje n’iminkanyari iraza. Amaso yayagize matoyi, arakaze, uyabonye wokwiruka. Nta kintu na kimwe woyabonamwo cerekana yuko yiyorosha, icohavuye gihishura ko afise ubugoyagoye.
Bukwi na bukwi yegera imbere apfuna cane. Ukuboko mu kirere ngo fye! Arakubita urubaho rugaca rukecukamwo kubiri rwasana, ibihimba vyarwo bigwa hasi. Arasubira akazunguruka, ubu hoho akabigira ari mu kirere, amaguru yiwe be n’amaboko abijana buhorobuhoro kugira ngo ageme uwo bariko bararwana yatekewe n’ubwoba. Uyo yoba vy’ukuri ari wa muntu yasaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya?
Ndagenda iyo ari naramvuye ukuboko nshaka kumuramutsa. Ndamubwira nti: “Ubwo wewe ntiwoba uri Kojo? Numvise yuko woba wipfuza kwiga Bibiliya.” Aramfata ukuboko akamwenyura cane, mu maso harangwa igishika n’urukundo. Ya maso yiwe ntagiteye ubwoba, ahubwo ubu biraboneka ko ashashaye kumenya ibintu vyinshi. Yishura ati: “Ego, ndavyipfuza cane rwose. None tuzotangura ryari?”
Turicara mu kabaraza gatoyi k’inzu yiwe dufise Bibiliya be n’ibitabu dukoresha mu kwiga. Aho hantu harapfutse, haratekanye, kandi turashobora kuba twenyene. Turi batatu muri ico kibanza: Kojo, jewe be n’agakende kiwe. Ako gakende, akareha na santimetero 35, gafise agasunzu gatukura be n’utwanwa tureture twera ku gasakanwa, ivyo bikaba bituma gasa n’agatwenza kandi kagakubagana cane. Ni keza, karakunda gukina, kandi kari n’urusaku rurenze urugero, kakaba kaza karakubita irya n’ino, kakicira ku mpapuro zacu, kagashikura amakaramu yacu, kagacumita utuboko twako mu mifuko yacu y’amashati karonderayo utuntu. Nka kurya kw’umuvyeyi amenyereye urwamo n’ugukubagana kw’utwana, Kojo arirengangiza ivyo bintu bisamaza maze akitunira ku cigwa. Ibibazo vyinshi abaza biranyereka ko ari umuntu yiyumvira, ashashaye kumenya. Kumbure karate yatumye aba umuntu yama agavye kandi yiyubara, kuko ata kintu na kimwe yemera atabanje kujijuka kandi akaba yaronse ibimenyamenya bishingiye ku Vyanditswe.
Inyigisho yacu irabandanya neza. Ariko rero, uko igihe kihaca, ndabona iyindi ntambara iriko iravyuka, ikarushiriza gukomera imbere muri we. Ambwira ati: “Ikintu kimwe conyene nkunda muri iyi si ni inkino zo gukubitana.” Ndabona ko mu mutima wiwe afise icipfuzo gikomeye co kurwana, ico kikaba ari ikintu akunda cane yagiye araronkamwo ubuhanga yongera arakiryohora uko bishoboka kwose. Ku myaka 26, ntakunda gusa karate ariko kandi arayizi cane ku buryo amaze kuronka umukanda wirabura, iyo ikaba ari igarade ishikirwa n’abantu bake canke ntibigere bayishikira.
Sinzi neza ico Kojo azogira. Ndibaza yuko atahura ko kuba umukarateka ababaza abandi akoresheje amaboko n’amaguru vyiwe bidashobora kujana n’impuhwe, ikibabarwe be n’ukwitwararikana biranga urukundo ruri mu bakirisu b’ukuri. Yamara, ndazi ko ukuri kwo muri Bibiliya kworoheje imitima y’abantu bari bakomantaye kumusumba. Nimba umutima wa Kojo ugororotse, na we nyene azogenda aroroha bukebuke bitumwe n’ububasha bw’Ijambo ry’Imana. Nkwiye kwihangana.
Umusi umwe inyuma y’umuhingamo, ico gihe hakaba hari hashushe, turi mukurangiza inyigisho yacu, twarasomye icanditswe co muri Bibiliya cakubise Kojo nka kurya kw’umugere wa mvako akubiswe n’uwo bariko bararwana. Asoma ati: “Uhoraho asuzuma abagororotsi: arik’umunyakibi n’ūkunda [“ubukazi,” NW], umutima wiwe urabanka.” (Zaburi 11:5) Asubiramwo bukebuke yivugana ati: ‘Ukunda ubukazi.’ Ya maso asa n’ayagomba kwirabura, amwe yahora akaze kandi ateye ubwoba, atangura kworoha. Arandaba mu maso agaca amwenyura. Aca ambwira ati: “Nafashe ingingo.”
Twe na Kojo ubu turiko dukora igikorwa dukunda cane rwose, turi abigisha bitanga bavyishakiye mu kwigisha Bibiliya ku buntu abantu batwumviriza. Muri iki gitondo tugiye kuraba umusore umwe twahanye isango yitwa Luke.
Turiko turaja iwe, dufata ibarabara ryaga ryuzuyemwo abantu benshi rica mw’isoko. Amameza injojo ariko ibidandazwa usanga atonze ku mabarabara na bene kubidandaza ariho bari. Ivyo bidandazwa ni nk’ibi: ibirundo vy’agapiripiri gahiye n’akadahiye, ibitunga vy’itomati zihiye, ibirundo vy’ubwoko bw’amadodoki, hamwe n’amaradiyo, imitaka, amasabuni, ya mishatsi yo kwambara bita amaperike, ivyombo, be n’ibirundo vy’ibirato be n’impuzu vyamaze kwambarwa. Abigeme baratembereza ibifungurwa birimwo ibirungo vyinshi biri mu masafuriya maninimanini bikoreye birengereye. Baranyuragira mw’isinzi ry’abantu, bagerageza gukwegakwega abantu bashonje ngo babagurire bakoresheje isupu iryoshe be n’isupu irimwo ifi zibabuye, iyirimwo inkara, be n’iyirimwo ibifyera. Imbwa, impene, be n’uduswi tujwiragira biranyuragira mu maguru y’abantu. Urwamo rw’amaradiyo ariko aravuga, urw’amasone y’imiduga be n’urw’abantu ruza rwiyongera ku ruyogoyogo rwo mw’isoko.
Turajana inzira y’ivu idukura muri ico gisagara cuzuyemwo uruyogoyogo tugashika ahari inyubakwa ishaje cane iriko icapa kiriko amajambo ari mu gufudika agira ati: “Aho abari ku rugendo rurerure baruhukira.” Luke, umusore mutomuto w’imyaka irenga gatoyi 20, ahagaze mu rwinjiriro, araduhamagara kugira twikinge izuba gatoyi. Aho hantu aba huzuye imipfuko be n’amakarato birimwo ivyatsi vyumye, imizi yumye, amababi aboheshejwe imigozi, be n’ibivuvu, ivyo vyose bikaba ari ivya nyinabo ageze mu zabukuru, uwo akaba avuza imiti kavukire. Aravanga imiti yisunze amakuru yagiye arahererekanwa mu maruka menshi yarenganye, akaba ahanini ayisekura agaca ayiteka kandi akemeza neza ko ashobora kuvura indwara izo ari zo zose bamwiganiye ibimenyetso vyazo. Luke aratwiteze. Yakuyeho ibintu vyari bisabagiye yongera ashiraho udutebe dutatu tw’ibiti. Turicara twegeranye cane maze tugatangura icigwa cacu ca Bibiliya.
Kojo ni we yigisha Luke. Ndicara inyuma nkumviriza abo basore babiri bariko baraca iryo n’ino inyishu Bibiliya itanga ku bijanye n’igituma hari ugucumukura kwinshi kw’isi. Igihe Kojo afasha Luke gutora icanditswe co muri Bibiliya, nditegereza ukuntu ya maboko yiwe y’ibiguvu ayakoresha mu kuzingurura udupapuro n’ubwitonzi arondera aho ico canditswe kiri. Nca nibuka ko ata gihe kihaciye ayo maboko ayakoresha mu kurwana. Ububasha bw’Ijambo ry’Imana burafata kamere mbi zashinze imizi ziraye muri iyi si ataco yibanga bukazihinduramwo kamere nziza nk’impuhwe n’urukundo. Nibaza ko ata kindi kintu umuntu yoshikako coza gisumba ico.
Turiko turataha, turayaga n’umugabo yicaye mu gitutu c’igiti c’umwembe. Arumviriza yitonze igihe Kojo azingurura Bibiliya agasoma icanditswe. Uwo mugabo amenye ko turi Ivyabona vya Yehova, arataruka, akavuga n’ishavu n’akantu ati: “Mwebwe sindabakunda!” Mu kanya gatoyi Kojo arashavura. Nca mbona arigaruye hanyuma avuga ko tugiye. Duca turibandaniriza.
Turiko turamanukana ibarabara, Kojo ahengamira iyo ndi maze avuga buhorobuhoro ati: “Nadundumiwe hamwe urya mugabo yavuga birya bintu. Urazi ico nari kumukorera?” Ndamubwira mwenyura nti: “Ndakizi.” Na we aca aramwenyura hanyuma turibandaniriza.