ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/9 rup. 25-26
  • Gushinga intahe mu kaguriro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gushinga intahe mu kaguriro
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Nitumenyekanishe ku Bandi Siri ya Kupata Furaha ya Familia
    Igikorwa dukorera Ubwami—1997
  • Urashobora gushinga intahe akaryo kizanye!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/9 rup. 25-26

Gushinga intahe mu kaguriro

IGIHE intumwa Paulo yari mu gisagara c’i Atene, imisi yose yaraja mu kaguriro kwamamaza inkuru nziza yerekeye Kristu. (Ibik. 17:17) Paulo yahisemwo akaguriro kubera ko ari ho abantu b’i Atene bakunda kuba bari.

Abasavyi ba Yehova baracamamaza ubutumwa bwiza bw’Ubwami mu tuguriro, inyuma y’imyaka nka 2.000 iheze Paulo abigize. Kubera iki? Kubera ko ari ho umuntu ashobora gusanga abantu benshi. Muri iki gihe, akaguriro gashobora kuba ikibanza ico ari co cose kiberamwo ivy’ubudandaji. Ivyabona bamwebamwe bamaze guhabwa uruhusha na nyene imangazini, barakoresheje imeza canke akantu kameze nk’umutara kugira batondekeko ibitabu bishingiye kuri Bibiliya.

Nk’akarorero, mu kibanza kimwe kiberamwo ivy’ubucuruzi i New Jersey muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, haratondetswe ibitabu mu buryo bukwegera, aho vyari hakaba hari handitse ngo “Twozigama gute imico runtu mu muryango?” Uti none vyavuyemwo iki? Ku musi umwe haratanzwe ibitabu 153 biri mu ndimi zitandatu.

Umukenyezi umwe yegereye aho hantu hari ibitabu, yarumvirije yitonze ivyo Icabona ca Yehova umwe yariko arasigura. Uwo mukenyezi yaremeranije n’ivyo uyo yariko aravuga yuko bihambaye guha Imana ikibanza mu buzima bwacu no mu muryango wacu. Yararonse ibitabu bikurikira: Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye, Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo be n’igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakimazi.

Hakiri kare ku muhingamo, hari umugabo yaciye iruhande ya nya hantu hari hatondetse ibitabu agomba kwinjira mu mangazini yakurikira. Yarashinze ijisho ku gitabu Urwaruka ruribaza. Umuvukanyikazi yari ahagaze ahari ivyo bitabu, amuravye mu maso, yarabonye ko yashimye ico gitabu. Yamubajije ati: “Hoba hari ico washimye muri ibi bitabu?” Yaremeye akoresheje umutwe, hanyuma atunga urutoki igitabu Urwaruka ruribaza. Yarakimuhereje, akaba yari yamaze kuramvura ukuboko kugira ngo acakire. Yavuze yuko afise abana batatu. Igihe ico kiganiro cariko kirabandanya, uwo mugabo yavuze yuko ahora aganira na bo rimwe mu ndwi. Abana biwe bakuru babiri ni imiyabaga. Igihe yariko aracisha ijisho ku biri muri ico gitabu, yavuze yuko yoshobora kucifashisha bitamugoye mu biganiro bimwebimwe agirana n’abagize umuryango wiwe. Uwo mwamamaji yaramweretse kandi igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, amubwira ko we n’umukenyezi wiwe bazogisangamwo impanuro zobagirira akamaro cane mu bijanye no gufata ingingo zerekeye umuryango. Uwo mugabo yarakengurutse ivyo uwo mwamamaji amubwiye, aratanga intererano, yongera aremera ivyo yari amusavye yuko hogira uwuza kubagendera.

None ivyo Vyabona bumvise bamerewe gute ku bijanye n’uwo musi bariko baramamaza mu kibanza kirimwo amamangazini? Umuvukanyikazi umwe yavuze ati: “Narahimbawe n’uwo muce wo kwamamaza. Emwe, kambereye akaryo keza utoraba!” Uwundi muvukanyikazi yavuze ati: “Yehova avuga yuko ubutumwa bwiza buzokwamamazwa gushika mu karere ka kure rwose k’isi. Uno musi, i Paramus muri New Jersey, iyo nkuru nziza yagize ico ikoze ku bantu bavuga indimi zitandukanye. Vyari bihimbaye cane kugira uruhara muri uwo muce wo kwamamaza mu kibanza kiberamwo ivy’ubudandaji. Abawugizemwo uruhara bose barahimbawe. Bugorovye, nta n’umwe muri twebwe yashaka gutaha.”

Woba ushobora kwongereza imice wamamazamwo inkuru nziza? Umuce nyamukuru twamamazamwo ni inzu ku nzu. (Ibik. 20:20) Mugabo none, ubona worimbura ivyo kwamamaza mu kaguriro canke mu kibanza gikorerwamwo ivy’ubudandaji?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika