ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/9 rup. 16-20
  • Umubano wanyu nugume ugizwe n’“igitsibo c’imigozi itatu”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umubano wanyu nugume ugizwe n’“igitsibo c’imigozi itatu”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nimugumize Yehova mu mubano wanyu
  • Igihe ingorane zadutse
  • Iyindi mihezagiro
  • Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Ingene abakirisu botuma umubano uroranirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Umubano w’ababiranye ni ingabirano iva ku Mana y’urukundo
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/9 rup. 16-20

Umubano wanyu nugume ugizwe n’“igitsibo c’imigozi itatu”

“Igitsibo c’imigozi itatu ntigicika vuba.”​—UMUS. 4:12.

1. Ni nde yanywanishije umugabo n’umugore ba mbere mu mubano?

YEHOVA IMANA amaze kurema ibiterwa be n’ibikoko, yaciye arema umugabo wa mbere ari we Adamu. Mu nyuma Imana yarasinzirije Adamu ubutikoma, maze ikoresha rumwe mu mbavu ziwe kugira imuremere umufasha atunganye. Adamu akimukubita ijisho yaciye avuga ati: “Uyu n’igufa ryo mu magufa yanje, n’akara ko mu mara yanje.” (Ita. 1:27; 2:18, 21-23) Yehova yarashimye iremwa ry’uwo mugore wa mbere, aca anywanisha abo bantu babiri ba mbere mu mubano yongera arabahezagira.​—Ita. 1:28; 2:24.

2. Shetani yacanishijemwo gute Adamu na Eva?

2 Ikibabaje ni uko butaraca na kabiri indinganizo y’umubano yashizweho n’Imana yageramiwe. Uti gute? Ikiremwa c’impwemu c’ikibisha, icahavuye citwa Shetani, carahenze Eva gituma arya ku giti kimwe gusa uwo mugore n’umugabo wiwe bari babujijwe kuryako. Mu nyuma, Adamu yarifatanije n’umugore wiwe muri ukwo kugarariza ubutegetsi bugororotse bw’Imana be n’ubuyobozi bwayo bwiza. (Ita. 3:1-7) Igihe Yehova yabaza uwo mugabo n’umugore ico bari bakoze, vyaragaragaye ko ubucuti abo bubakanye bari bafitaniye bwari bumaze gutosekara. Adamu yagirije umukenyezi wiwe mu kuvuga ati: “Umugore wampaye ngo tubane, ni we yampaye ku vya ca giti, ndarya.”​—Ita. 3:11-13.

3. Ni ukubona ibintu mu buryo butari bwo ukuhe Abayuda bamwebamwe batsimbataje?

3 Mu binjana vyakurikiye kuva ico gihe, Shetani yagiye arakoresha uburyo bw’uruyeri butandukanye kugira ngo atume ingo zicanamwo. Nk’akarorero, rimwe na rimwe yarakoresheje abakuru b’amadini kugira ngo bakorereze ivyiyumviro bidashingiye ku Vyanditswe ku bijanye n’umubano. Indongozi zimwezimwe z’Abayuda zarafata minenegwe ingingo mfatirwako z’Imana, zikarekurira abagabo kwahukana n’abagore babo bivuye ku tuntu ata co tuvuze, nko gushira umunyu mwinshi mu mfungurwa. Ariko Yezu yavuze ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo.”​—Mat. 19:9.

4. Indinganizo y’umubano ibangamiwe gute muri kino gihe?

4 Shetani n’ubu aracakora uko ashoboye kugira ngo atosekaze ubucuti abubakanye bafitaniye. Ukwabirana kw’abasangiye igitsina, ababana batabiranye imbere y’amategeko be n’ukuba bitakigoye kuronka uburenganzira bwo kwahukana, birerekana ko muri uwo muce biriko bimugendera neza. (Soma Abaheburayo 13:4.) Kubera ko turi abakirisu, twokora iki kugira ngo twirinde kwoshwa n’ivyiyumviro bitari vyo vyeze ku bijanye n’umubano? Nimuze turimbure ibintu bimwebimwe biranga umubano uhimbawe kandi uroraniwe.

Nimugumize Yehova mu mubano wanyu

5. Imvugo ngo “igitsibo c’imigozi itatu” isigura iki igihe yerekejwe ku mubano w’ababiranye?

5 Kugira ngo umubano uroranirwe, Yehova akwiye kuba afise ikibanza mu bucuti abawugize bafitaniye. Ijambo ryiwe rivuga riti: “Igitsibo c’imigozi itatu ntigicika vuba.” (Umus. 4:12) Imvugo ngo “igitsibo c’imigozi itatu” ni imvugo y’ikigereranyo. Igihe yerekejwe ku mubano, iba ishaka kuvuga umugabo n’umugore, yo migozi ibiri ya mbere, itsibiye ku mugozi nyamukuru ari wo Yehova Imana. Igihe umugabo n’umugore bunze ubumwe n’Imana birabaronsa inkomezi zo kwihanganira ingorane, kandi ico ni co kintu nyamukuru gituma mu mubano harangwa agahimbare ntangere.

6, 7. (a) Abakirisu bokora iki kugira ngo biyemeze neza yuko Imana iri mu mubano wabo? (b) Ni igiki umuvukanyikazi umwe ashima ku munega wiwe?

6 Ariko none, ni igiki abubakanye bokora kugira ngo biyemeze neza ko umubano wabo umeze nk’ico gitsibo c’imigozi itatu? Umwanditsi wa zaburi Dawidi yaririmvye ati: “Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; mber’ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.” (Zab. 40:8) Muri ubwo buryo nyene, urukundo dukunda Imana ruradusunikira kuyikorera n’umutima wacu wose. Ku bw’ivyo, umwumwe wese mu bubakanye akwiye gutsimbataza ubucuti bwa hafi na Yehova akongera agahimbarirwa gukora ivyo agomba. Abubakanye bakwiye kandi kwihatira gukomeza urukundo uwo bubakanye akunda Imana.​—Imig. 27:17.

7 Nimba vy’ukuri ivyagezwe vy’Imana biri mu mitima yacu, tuzogaragaza kamere nk’ukwizera, ukwizigira be n’urukundo kandi bizodufasha gukomeza umubano wacu. (1 Kor. 13:13) Umukirisukazi yitwa Sandra amaze imyaka 50 yubatse, avuga ati: “Ikintu nshima cane gusumba ibindi ku munega wanje ni ubuyobozi be n’impanuro vyo mu vy’impwemu andonsa be n’urukundo akunda Yehova, runo rukaba rukomeye kuruta urwo ankunda.” Banega, amajambo nk’ayo yoba ashobora kuvugwa ku biberekeye?

8. Ni igiki gikenewe kugira abubakanye baronke “impēra” mu mubano wabo?

8 Uko muri umugabo n’umugore, mwoba mugumiza ivy’impwemu be n’ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwanyu? Vyongeye, woba vy’ukuri ubona uwo mwubakanye nk’uwo mufadikanije gusukurira Yehova? (Ita. 2:24) Wa mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Babiri baruta umwe, kuko baronka impēra kubg’ubutame bgabo.” (Umus. 4:9) Mu vy’ukuri, umunega be n’umukenyezi bategerezwa gukora cane kugira ngo baronke “impēra,” iyo na yo ikaba ari umubano urangwa urukundo kandi uramba, ufise umuhezagiro w’Imana.

9. (a) Ni amabanga ayahe abanega bajejwe? (b) Twisunze Abakolosayi 3:19, umunega akwiye gufata gute umukenyezi wiwe?

9 Ikintu cerekana nimba Imana iri mu mubano munaka canke itari muri wo ni utwigoro umunega be n’umukenyezi bompi bagira kugira ngo babeho bahuza n’ivyo ibasaba. Abanega bafise ibanga nyamukuru ryo kuronsa abagize umuryango ivyo bakeneye mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu. (1 Tim. 5:8) Baremeshwa kandi kwitwararika ivyo abakenyezi babo bakeneye mu vy’inyiyumvo. Mu Bakolosayi 3:19, dusoma duti: “Yemwe bagabo, mugume mukunda abagore banyu kandi ntimubagirire ishavu ry’umururazi.” Incabwenge imwe mu vya Bibiliya yasiguye yuko iyo mvugo ngo “ishavu ry’umururazi” irimwo “kubabwira amajambo ababaza canke kubatuka, be no kutabagaragariza ikibabarwe, kutabitwararika, kutabaronsa ivyo bakenera, kutabakingira hamwe no kutabashigikira.” Mu vy’ukuri, inyifato nk’iyo yoba itabereye mu rugo rw’umukirisu. Umunega akoresha ububemutwe bwiwe mu buryo buranga urukundo, atuma umukenyezi wiwe bimworohera kumuyobokera.

10. Abakenyezi bakirisu bakwiye kugaragaza inyifato imeze gute?

10 Abakenyezi bakirisu barondera kugumiza Yehova mu mubano wabo bategerezwa na bo nyene kubaho bahuza n’ivyo Imana ibasaba. Intumwa Paulo yanditse ati: “Abagore bayobokere abagabo babo nk’uko bayobokera Umukama, kubera ko umugabo ari umutwe w’umugore wiwe nk’uko na Kristu ari umutwe w’ishengero.” (Ef. 5:22, 23) Shetani yarahenze Eva mu kuvuga ikinyoma c’uko ngo ukutisunga Imana vyozanye agahimbare kamaho. Biribonekeza yuko ako gatima k’ubwigenge gasigaye kigaragaza mu mibano myinshi. Ariko rero ku bakenyezi batinya Imana, kuyobokera abanega babo banyarukundo si ikintu kigayitse. Baribuka yuko Yehova yagenye Eva ngo abe “umwuzuzo” w’umunega wiwe, ico kikaba ari ikibanza biboneka ko Imana yafata yuko giteye iteka. (Ita. 2:18, NW) Umukenyezi mukirisu yemera n’umutima ukunze ico kibanza Imana yamuhaye, vy’ukuri ni “igitsibo [ku] mutwe” w’umunega wiwe.​—Imig. 12:4.

11. Umuvukanyi umwe yabonye ko ari igiki cabafashije mu mubano wabo?

11 Ikindi kintu cofasha abubakanye kugumiza Imana mu mubano wabo ni ukwigira hamwe Ijambo ry’Imana. Uwitwa Gerald, uno akaba ari umunega ahimbawe amaze imyaka 55 yubatse, avuga ati: “Ikintu gihambaye cane gusumba ibindi cotuma umubano uroranirwa ni ugusomera hamwe Bibiliya be no kuyigira hamwe.” Yongerako ati: “Gukorera ibintu hamwe, na canecane ibintu vy’impwemu, bituma ubucuti abubakanye bafitaniye be n’ubwo bafitaniye na Yehova burushiriza gukomera cane.” Kwigira hamwe Bibiliya birafasha umuryango kugumiza ingingo mfatirwako za Yehova mu muzirikanyi, bigakomeza ubucuti bafitaniye na Yehova bikongera bikabafasha kuguma batera imbere.

12, 13. (a) Ni kubera iki gusengera hamwe bihambaye cane ku bubakanye? (b) Ni imirimo yindi iyihe y’ivy’impwemu ikomeza umubano?

12 N’ikindi kandi, abubakanye bahimbawe barasenga bari kumwe. Igihe umunega ‘asutse ivyo mu mutima wiwe’ asaba ibintu bitomoye bihuye n’uko ivyabo vyifashe, nta nkeka ko bizokomeza ubucuti bafitaniye mu mubano. (Zab. 62:8) Nk’akarorero, ese ingene mumaze kuronderera hamwe ubuyobozi buva ku Mana Mushoboravyose vyorushiriza kworoha kwirengagiza ikintu ico ari co cose mutabona kumwe n’uwo mwubakanye! (Mat. 6:14, 15) Mu buryo buhuye n’isengesho muba mwatuye, ese ukuntu vyoba bibereye ko umwumwe wese muri mwebwe akora uko ashoboye kwose kugira ngo afashe mugenziwe kandi “mu[ga]shishika[ra] kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi.” (Kol. 3:13) Nimwamize mu muzirikanyi yuko isengesho ari ikintu cerekana ko mwiheka ku Mana. Umwami Dawidi yavuze ati: “Abantu bose baguhanze amaso bafise icizigiro.” (Zab. 145:15, NW) Igihe duhanze amaso Imana mw’isengesho dufise icizigiro, nta myitwarariko myinshi tugira, kuko tuzi yuko ‘itubabara.’​—1 Pet. 5:7.

13 Ikindi kintu nyamukuru cofasha abubakanye kugumiza Yehova mu mubano wabo ni ukwitaba amakoraniro y’ishengero bari kumwe be no gukorana mu busuku. Ku makoraniro yacu, abubakanye barahigira ukuntu borwanya “uruyeri” Shetani ariko arakoresha mu gucanishamwo abagize imiryango. (Ef. 6:11) Vyongeye, umugabo n’umugore bama bakorana mu busuku, bariga ‘kuba abashikamye, batanyiganyiga.’​—1 Kor. 15:58.

Igihe ingorane zadutse

14. Ni ibintu ibihe bishobora gutuma abubakanye bata umutwe?

14 Ni ivy’ukuri yuko ivyiyumviro bihejeje gutangwa vyoshobora kuba atari bishasha, ariko ubona gute mubirimburiye hamwe n’uwo mwubakanye? Nimurabe nimba hariho imice imwimwe mukwiye kurushiriza kwitwararika mu mubano wanyu. Yamara rero, mbere n’abantu usanga Imana iri mu mubano wabo Bibiliya irerekana yuko “bazogira amakuba mu mubiri wabo.” (1 Kor. 7:28) Kubera ukudatungana, akosho kabi k’iyi si ata co yibanga be n’imitego ya wa Mubesheranyi, mbere n’imibano y’abasavyi b’Imana b’abizigirwa irashobora gushikirwa n’ibintu bitesha umutwe cane. (2 Kor. 2:11) Ariko Yehova aradushoboza kwihanganira mwene ivyo bintu. Igishoboka co ni ico. Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yarabuze amasho yiwe, abasuku biwe be n’abana biwe. Ariko ku bimwerekeye Bibiliya ivuga iti: “Mur’ivyo vyose Yobu ntiyakoze icaha, canke ngw aherereze amafuti ku Mana.”​—Yobu 1:13-22.

15. Uguta umutwe bishobora gutuma abantu bavyifatamwo gute, kandi abubakanye bashobora gute kuvyifatamwo neza igihe umwe muri bo bimushikiye?

15 Umukenyezi wa Yobu wewe yamubwiye ati: “Mbega n’ubu uracakomeje kwa kugororoka kwawe? Tuka Imana, upfe uveho.” (Yobu 2:9) Mu vy’ukuri, igihe hadutse ivyago canke ibindi bintu bitoroshe, imyitwarariko iterwa na vyo irashobora gutuma umuntu akora ibintu atabanje kwiyumvira. Wa mugabo w’inkerebutsi yavuze ati: “[Agahahazo, NW] g[a]hindura umunyabgenge igipfu.” (Umus. 7:7) Nka hamwe uwo mwubakanye yovuga ashavuye cane amajambo ababaza kubera ingorane canke “agahahazo,” nugerageze kuguma utekanye. Uciye nawe umwishura nabi, vyoshobora gutuma umwe muri mwebwe canke mwempi muvuga ikintu cotuma ibintu vyunyuka. (Soma Zaburi 37:8.) Ku bw’ivyo rero, niwirengagize amajambo ‘atabereye’ ayo ari yo yose yoba yavuye kw’ishavu canke ku gucika intege.​—Zab. 106:33.

16. (a) Amajambo Yezu yavuze dusanga muri Matayo 7:1-5 yerekeye gute umubano? (b) Ni kubera iki kugira uburimbane bihambaye cane mu mubano?

16 Abubakanye bakwiye kwitega ibintu bitegereka. Umwe yoshobora kubona utugeso tunaka tutari twiza kuri mugenziwe maze akiyumvira ati: ‘Ndashobora kumuhindura.’ Ubigiranye urukundo n’ukwihangana, woshobora gufasha uwo mwubakanye kugira ivyo aryohoye buhorobuhoro. Ariko rero, ntiwibagire yuko umuntu aguma araba udukosa uwundi akora, Yezu yamugereranije n’umuntu abona “akatsi” kari mu jisho ry’umuvukanyi wiwe ariko ntabone “ikigiga” kiri mu jisho ryiwe bwite. Yezu yaduhanuye ati: “Nimureke guca urubanza kugira ngo ntimuzocirwe urubanza.” (Soma Matayo 7:1-5.) Ivyo ntibisobanura yuko umuntu akwiye kwirengagiza utugeso tutabereye. Uwitwa Robert, uno akaba amaze hafi imyaka 40 yubatse, avuga ati: “Kugira ngo abubakanye baganire ata guhishanya maze bemere n’umutima ukunze gukosora ibintu vyumvikana umwe muri bo aba yabonye kuri mugenziwe, vyoshobora gukenerwa ko bagira ivyo bahinduye mu buzima bwabo.” Nimugire uburimbane rero. Aho kurazwa ishinga na kamere ushaka ko uwo mwubakanye yogaragaza, niwige gushima no guhimbarirwa kamere nziza afise ubu.​—Umus. 9:9.

17, 18. Igihe ingorane zibaye ndanse, ni hehe dushobora kuronderera imfashanyo?

17 Ibigeragezo vyoshobora kwaduka igihe ibintu bihindutse mu buzima. Abubakanye boshobora guhangana n’ingorane igihe baronse abana. Umwe mu bubakanye canke umwana yoshobora kurwara cane. Abavyeyi bageze mu zabukuru boshobora gukenera kwitwararikwa bimwe bidasanzwe. Abana bageze mu bigero boshobora kwimukira kure y’i muhira. Ayandi mahinduka yoshobora kuva ku kwitwararika amabanga yo mw’ishengero. Ayo mahinduka yose yoshobora gutuma abubakanye bashikirwa n’ibintu bimwebimwe bitesha umutwe be n’imyitwarariko imwimwe.

18 Nimba imikazo iri mu mubano wanyu itumye mwumva murengewe, mwokora iki? (Imig. 24:10) Ntimutane n’akabando! Nta kindi Shetani yoshima kuruta kubona umwe mu basavyi b’Imana ahevye ugusenga gutyoroye. Yorushiriza mbere guhimbarwa hamwe abubakanye bobigira. Ku bw’ivyo, nimukore uko mushoboye kwose kugira ngo murabe neza yuko umubano wanyu uguma ugizwe n’igitsibo c’imigozi itatu. Bibiliya irimwo inkuru nyinshi z’abantu bagumye ari abizigirwa naho baciye mu bigeragezo bikaze. Nk’akarorero, igihe kimwe Dawidi yarasukiye Yehova ibiri mu mutima wiwe mu kuvuga ati: “Mana, ngirira ikigongwe, kukw abantu . . . bampahaza.” (Zab. 56:1) Woba urigera uhahazwa n’“abantu”? Ibigutesha umutwe vyaba biva ahandi canke ku muntu wo mu muryango, niwibuke iki kintu: Dawidi yararonse inkomezi zo kwihangana kandi na wewe urashobora kuzironka. Yavuze ati: “Narondeye Uhoraho, aranyitaba, ankiza ubgoba nari mfise bgose.”​—Zab. 34:4.

Iyindi mihezagiro

19. Dushobora kunanira ibitero vya Shetani gute?

19 Muri iki gihe c’iherezo, abubakanye barakeneye ‘kuguma bahozanya bongera bubaka bagenzi babo.’ (1 Tes. 5:11) Ntimwibagire yuko Shetani aguma yumiye ku ciyumviro c’uko ngo ukutadohoka kwacu kuri Yehova gushingiye ku bwikunzi. Azokoresha uburyo bwose bushoboka, harimwo no gusambura umubano, kugira ngo asenyure ukutadohoka kwacu ku Mana. Kugira ngo tunanire ibitero vya Shetani, turakeneye kwizigira Yehova tugaherezako. (Imig. 3:5, 6) Paulo yanditse ati: “Mu bintu vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”​—Flp. 4:13.

20. Ni imihezagiro iyihe iva ku kugumiza Imana mu mubano?

20 Imihezagiro iva ku kuba Imana iri mu mubano wacu ni myinshi. Ivyo vyaragaragaye koko yuko ari ivy’ukuri turavye ivyashikiye uwitwa Joel be n’umukenyezi wiwe bamaranye imyaka 51. Avuga ati: “Nama nkengurukira Yehova ku bw’umukenyezi yampaye be n’ubucuti buhimbaye dufitaniye. Yarambereye umugenzi nyakuri.” Ni igiki catumye baroranirwa? Avuga ati: “Twamye nantaryo twihatira kugaragarizanya ubuntu, ukwihangana be n’urukundo.” Nta n’umwe muri twebwe azokora ivyo bintu mu buryo butagira agahaze muri iyi si. Naho ari ukwo, nimuze dukore uko dushoboye kwose kugira ngo dushire mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya twongere tugumize Yehova mu mubano wacu. Nitwabigira, umubano wacu uzoba nk’“igitsibo c’imigozi itatu [kidacika] vuba.”​—Umus. 4:12.

Woba uvyibuka?

• Kugira umubano urimwo Yehova bisobanura iki?

• Abubakanye bakwiye gukora iki igihe hadutse ingorane?

• Tumenya dute ko Imana iri mu mubano munaka?

[Amafoto ku rup. 18]

Gusengera hamwe birafasha abubakanye guhangana n’ibintu bitoroshe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika